L’an deux mille vingt-deux, le septième jour du mois de septembre, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la 103èmè séance plénière de la sixième législature relative à l’approbation de la candidature au poste du Premier Ministre de la République du Burundi.
Les travaux de la séance ont été dirigés par le Président du Sénat, Très Honorable Emmanuel SINZOHAGERA. Cette séance qui a vu la participation de 33 sénateurs, a débuté, comme d’habitude, par une prière à 12 heures 21 minutes.
Voici, en intégralité, le déroulement de cette séance.
Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka
La séance est ouverte.
Bubahwa cegera ca mbere n’ ica kabiri mu biro vy’Inama Nkenguzamateka,
Bubahwa Bakenguzamateka,
Namwe Bubahwa musanzwe murangurira imirimo yanyu mu Nama Nkenguzamateka,
Reka dushimire Imana ko yasubiriye kutwongera umunsi wo kubaho kandi nkuko twama tubibamenyesha, hari igihe bisaba yuko duhamagarwa mu mwanya muto. Turabakengurukire rero ku bukerebutsi n’ubwira mwagiranye kuko turavye programme yari adopté, uno munsi mu bisanzwe twaba turi mu bindi.
Ariko nagomba imbere yuko tuja ku gikorwa tugira dutunganye, tumere nk’ abagira amendement gatoya le programme kuko uyu munsi hari hategekanijwe les travaux en commission. Mugabo kugira ngo programme yacu imere neza, twaciye dushirako na approbation d’un candidat au poste de Premier Ministre de la République du Burundi kugira ngo le programme yacu ijane n’ ibikorwa tuzoba turiko turakora. Ni uko rero, nibaza yuko ico ari igikorwa twotangurirako!
On adopte le programme. Murakoze.
Imbere yacu twese dufise urwandiko, une correspondance twarungikiwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu cacu c’ Uburundi. Munkundire ndarisome uko ryanditswe.
Gitega, le O7 septembre 2022,
République du Burundi, le Président,
Au Très Honorable Président du Sénat,
A Gitega
Objet : Transmission d’une candidature pour approbation
Très Honorable Président du Sénat,
Conformément à la Constitution de la République du Burundi, spécialement à son article 130 alinéa premier, nous avons l’honneur de vous transmettre en annexe à la présente, le nom et le CV d’un candidat proposé au poste de Premier Ministre pour approbation.
Vous en souhaitant bonne réception, nous vous prions d’agréer Très Honorable Président du Sénat, les assurances de notre haute considération.
Le Président de la République, Evariste NDAYISHIMIYE.
Babahaye le CV du candidat, sinzi ko mukeneye ko ndabasomera article 130. Article 130 très rapidement kuko mu mwanya hari igikorwa gica gikorwa. Article 130 de la Constitution ivuga iti : « les activités du Gouvernement sont coordonnées par un Premier Ministre nommé par le Président de la République après approbation préalable de sa candidature par l’Assemblée Nationale et le Sénat votant séparément et à la majorité absolue de leur membres.» Iyo ni alinéa premier ya article 130.
Le CV, si vous le permettez, sinibaza yuko twokwirirwa turasoma détail kuko yari asanzwe yari Umushikiranganji. NDIRAKOBUCA Gervais muramuzi, amashure yize murayabona, afise ipete rya Lieutenant Général de Police. Mbona ari ibintu vyinshi cane yakoze, ariko mu vyo twomwibukirako, reka mvuge nk’ ibintu nka bine gusa vya mbere canke mvuge bitanu gusa.
Umushikiranganji kuva 2020 gushika uno munsi.
Hanyuma du 31 octobre 2019 au 28 juin 2020, yari Administrateur Général du Service National de Renseignement.
Hanyuma du 28 novembre 2014 au 31 octobre 2019, yari Chef de Cabinet du Président de la République du Burundi chargé des questions de la Police.
Du 09 novembre 2012 au 28 novembre 2014, il était le Chef de Cabinet au Service National de Renseignement.
Hanyuma du 15 novembre 2007 au 9 novembre 2012, yari Directeur Général adjoint de la Police National.
Ibindi vy’ukuri, yagize vyinshi cane.
Nagomba nsabe la commission munyaruke kugira ngo muce muduha impapuro zo gutora. Naje muce mumpa fiche yo gutora. Hanyuma duce dusaba Nyakwubahwa ng’aha atubwire abatanze ama procurations.
Icegera ca kabiri c’ Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka
Murakoze Nyeniteka. Nashaka Abubahwa Bakenguzamateka bumvirize abo barungikiye ama procurations.
Honorable KURISASUMA Jean Bosco yatowe mu ntara ya Cibitoke, yasavye yuko Honorable Spès NDAYIZEYE batowe mu ntara imwe aza kumukorera igikorwa.
Honorable BASHEMEZA Daniel yatowe mu ntara ya Bubanza, yasavye Honorable Jean Bosco BARUTWANAYO ko aza kumubera mu kibanza. Aba ndiko ndavuga babahe fiches zibiri zibiri.
Honorable FAIDA Dévote yatowe mu ntara ya Kirundo yasavye Honorable Bénie DUSHIMIRIMANA yuko ahamubera.
Honorable Joseph NTAKIRUTIMANA yatowe mu ntara ya Ngozi yasavye ko Honorable Jean Bosco NTUNZWENIMANA ahamubera.
Honorable Anitha NDAYIZEYE yatowe mu gisagara ca Bujumbura yasavye ko Honorable Déo NYAGASANI batowe hamwe yohamubera.
Honorable Spéciose NITERETSE yatowe mu ntara ya Cankuzo, yasavye ko Honorable NJIJI Désiré yohamubera.
Ubwo ni bwo butumwa mfise Nyeniteka. Duce dusaba abariko baratanga ama bulletins, Honorable Spès mumuhe zibiri, Honorable Jean Bosco BARUTWANAYO mumuhe zibiri, Honorable Bénie DUSHIMIRIMANA mumuhe zibiri, Honorable Jean Bosco NTUNZWENIMANA mumuhe zibiri, Honorable NYAGASANI Déo mumuhe zibiri, Honorable NJIJI Désiré mumuhe zibiri, ni abo.
Umukuru w’ Inama Nkenguzamateka
Très rapidement, abahejeje begeranye kugira ngo commission ice iduharurira. Ni uko rero ni bavyandike harya. Abakenguzamateka bakoranye kuri uno munsi, bahejeje kwemeza izina rya Nyakwubahwa NDIRAKOBUCA Gervais nk’uwugiye kwemererwa kugenwa na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi kuba Umushikiranganji wa mbere wa République du Burundi. Murakoze.
Rero kubera ko mu mwanya isaha umunani haza guca haba Prestation de Serment, bus yabazanye ice ibasubiza inyuma. Twari twavuganye na Secrétaire Général yuko yoraba ingene abatunganiriza kugira ngo mugende muranywa amazi kuko isaha umunani dutegerezwa kuza kuba dushitse muri Palais de Congrès de Kigobe. Nubwo twocerwa, isaha umunani na 15 minutes, maximum na 20 minutes.
Rero kugira ngo ntiduhave dutwara umwanya munini, twebwe kumbure bica bisaba yuko tumanukana courrier dushikiriza Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu c’ Uburundi, mugabo igikorwa cari catuzanye uno munsi ni iki. Dufate akanya ko kubashimira ko mwabikoze mu bubangutsi. Tubipfurize rero kugira urugendo rwiza musubira mu gisagara ca Bujumbura. Abafise aga costume mugahitane hafi kugira ngo tuze kuba dushajije, abakibagiye bace bagahitana muhira.
Turangirize hano Imana ibahezagire. Dusenge.
We will check your location suggestion and release it as soon as possible.