COMPTE RENDU INTEGRAL DE LA SEANCE PLENIERE DU 1er DECEMBRE 2022

L’an deux mille  vingt-deux, le 1er jour du mois de décembre, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat à Gitega pour la 113ème  séance plénière de la sixième législature pour procéder aux cérémonies d’ouverture des activités de la session ordinaire de décembre 2022.

Les travaux de la séance ont été dirigés par le Président du Sénat, Très Honorable Emmanuel  SINZOHAGERA. Cette séance  qui a vu la participation de 15 sénateurs, a bénéficié de la présence du Gouverneur de la province Gitega, de certains ambassadeurs et représentants des corps diplomatiques et consulaires accrédités au Burundi, des représentants des organisations internationales, des représentants des corps  de défense et de sécurité et de quelques chefs des différents services œuvrant  à Gitega. La séance a débuté comme d’habitude par une prière à 10 heures 52 minutes.

Voici en intégralité le discours prononcé à l’occasion de ces cérémonies :

Nyakwubahwa  Cegera ca Mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;   

Nyakwubahwa Cegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;   

Banyakwubahwa Bakenguzamateka ;

Ba Nyakwubahwa muri mu bagize Reta y’Uburundi ;

Ba Nyakwubahwa muserukira ibihugu vyanyu, amashirahamwe y’abenegihugu na mpuzamakungu ngaha mu Burundi

Nyakwubahwa urongoye Sentare Nkuru ya Gitega;

Nyakwubahwa Mushikirizamanza Mukuru wa Repuburika mu Ntara ya Gitega;

Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare y’akazi mu Ntara ya Gitega;

Nyakwubahwa Buramatari w’Intara ya Gitega;

Nyakwubahwa Musitanteri wa komine Gitega;

Ba Nyakwubahwa mujejwe inzego z’Umutekano n’ukwivuna abansi;

                 Bubahwa mwese;

                 Batumire bahire;

1. Twashaka kw’izina ry’abagize ibiro vy’Inama Nkenguzamateka no kw’izina ryanje nyene nshimire Imana cane ko yaturavye ryiza mu karuhuko kamaze umwanya muto, kubera ibikorwa twahamagariwe kurangura ku neza y’abenegihugu, ikatuzigamira muri ivyo vyose twaranguye, tukaba dusubiye guhurira muri ino ngoro nkuko twari twabibasezeraniye igihe twasozera isasa risanzwe rya myandagaro, ndabasabe mumfashe duhe icubahiro kibereye iyo Mana y’Uburundi n’abarundi mu kuyikomera amashi menshi cane.

Naho twese twagarutse amahoro, hari umwubahwa umukenguzamateka NITERETSE Spéciose yabuze uwo bubakanye tukaba tumusabiye ngo Imana yakire uwo muhisi, yongere yirure abasigwa biwe bose muri ibi bihe bidasanzwe kuri we. Tukabasaba kumuba hafi.

               Bubahwa bakenguzamateka,

               Batumire bahire,

2. Mu karuhuko twahoramwo nk’uko mwabikurikiranye, twararanguye ibikorwa bitari bike mu kiringo c’isasa ridasanzwe ryo kuwa 17 gushika kuwa 25 Munyonyo, rikaba ryari ryisunze n’ingingo y’245 y’ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi. Muvyo twasabwa kurangura muri iryo sasa harimwo, kwemeza izina ry’uworamutswa urwego rw’umuhuza w’abarundi, kwakira indahiro yiwe, n’iy’abaherutse kwemezwa n’Inama Nshingamateka ngo baje mu murwi wo kuvugana ukuri n’ukunywanisha abarundi ariwo CVR.

Vyongeye twaremeje integuro z’amabwirizwa zine, izo nazo akaba ari izi zikurikira; 

3. Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’amasezerano inomero E1280-BI yerekeye imfashanyo y’umugambi wo guhangana n’ikibazo c’ugutwara abantu n’ibintu mu Burundi (PRT) hagati ya Reta y’Uburundi n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere (IDA);

2. Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’amasezerano yerekeye imfashanyo IDA inomero E0700-BI hagati ya Repuburika y’Uburundi n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere igenewe Umugambi wo gufasha mu bijanye n’urudandazwa mu karere k’ibiyaga binini (PFCIGL);

3. Integuro y’ibwirizwa rijanye n’igice ca kabiri c’uburyo kigenewe umugambi w’ukurwiza umwimbu no kurwanya kubaho nabi (PIPARV-B) biciye mu kigega c’uguhangana n’ihindagurika ry’ibihe no gukingira ibidukikije (FVC) ;

4. Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Repuburika y’Uburundi ry’amasezerano yerekeye imfashanyo IDA inomero E0930-BI hagati ya Repuburika y’Uburundi n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere igenewe umugambi w’ugushigikira ubutunzi mu buhinga bwa none (PAFEN).

              Bubahwa bakenguzamateka,

              Batumire Bahire,

3. Muri iri sasa risanzwe rya Kigarama, Reta y’Uburundi yaraturungikiye integuro z’amabwirizwa zitandatu tuzokwiga tukongera tukemeza nkuko ingingo y’193, 198 z’ibwirizwa Shingiro zibitegekanya, nazo zikaba ari izi zikurikira :

I. Integuro y’ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Shingiro rihindura ibwirizwa inomero 1/08 ryo ku wa 17 Ntwarante 2005 rishinga igitabu c’amategeko aringaniza sentare n’ububasha bwazo ;

II. Integuro y’ibwirizwa risubiramwo igitabu c’amategeko yerekeye ingene imanza z’amatati ziburanishwa, zicibwa n’ingene zikurikizwa ;

III. Integuro y’ibwirizwa risubiramwo ibwirizwa inomero 1/004 ryo ku wa 09 Mukakaro ritunganya umwuga w’ubushingwanzandiko n’ingene ukorwa hamwe n’amategeko agenga abashingwanzandiko ;

IV. Integuro y’ibwirizwa ryemeza amasezerano y’ubudandaji hagati ya Reta iharanira demokarasi ya Congo na Reta y’Uburundi ;

V. Integuro y’ibwirizwa ryemeza ko Uburundi bwemeje amasezerano hagati ya Reta ya Indoneziya na Reta Y’Uburundi yerekeye ukutabanza gusaba uruhusha rw’ukwinjira mu gihugu ku benegihugu bafise ibitabu vy’inzira vy’ivyubahiro n’ivy’akazi ;

VI. Integuro y’ibwirizwa risubiramwo amategeko agenga umwuga w’abashingwamanza.

Mu guserukira abenegihugu,

4. Twaragendeye abenegihugu badutoye kugira twumvirize twongere twibonere ukwo bariko bararangura imigambi yo kwiteza imbere. Tukaba dushimira Imana ko n’ubwo imvura y’agatasi yatasuye iteba, mu gihugu cose imvura yarahashitse imirima ikaba imeze neza, tubandanye dusaba Imana ibandanye ituronsa imvura ikwiriye n’akazuba gakwiye kugira imbuto zose zimererwe neza. Twaranashoboye kwibonera ko ifumbire iboneka ku benegihugu bayirihiye bikaduha icizere ko Reta yafashe nka nkama akamo twayiteye mu gutunganya neza ibijanye n’igisata c’uburimyi nk’uko abenegihugu bari babidutumye. 

       Bubahwa Bakenguzamateka,

       Batumire Bahire,

5. Mu ntara twatowemwo, twarakurikiranye ingene amabwirizwa n’amategeko twemeje ariko arashirwa mu ngiro, turongera kandi turumviriza ingorane z’abenegihugu, tutibagiye kubahimiriza kubumbatira amahoro n’umutekano.

6. N’ubwo twari mu bikorwa vyinshi kubera  isasa ridasanzwe, abagize Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka bari baronse akaryo imbere y’ivyo, ko  kugendera  intara za Ngozi, Ruyigi, Bubanza na Mwaro.

Muri izo ngendo, harakozwe ibikorwa bitandukanye harimwo gushigikira abenegihugu mu bikorwa vy’iterambere no kugendera ahariko harangurirwa imigambi y’iterambere. Kabaye kandi akaryo ko kuganira n’abenegihugu ku bibazo bitandukanye bibahanze, tutibagiye no kubatekerera impanuro aho twasanga ari ngombwa ko tubakebura.

7. Ku ruhande rwacu mu karuhuko twarimwo twaragendeye ama komine ya Marangara, Mwumba, Nyamurenza na Tangara yo mu ntara ya Ngozi. Muri ayo ma komine, twarumvirije imyitwarariko y’abenegihugu twongera turatanga intumbero y’ingene bimwe bimwe vyotorerwa umuti, mu kiringo tukirindiriye abagize urwego nshingwantwaro rwa reta kugira tuze tubashikirize ibindi bisaba inyishu z’ubuhinga.

8. Twaranongeye turabahimiriza kubungabunga amahoro n’umutekano hamwe no gukorana ubwira kugira ngo biteze imbere. Bimwe muvyo twabasavye harimwo, gukingira ibidukikije, kurwanya guharika n’ingeso mbi, kurwanya akaborerwe, kuvyara ku rugero, kwubaha amategeko y’igihugu, kurwanya ibiturire, no gutatura amatati bituye abahuza bo ku mitumba.

9. Ntitwibagiye  kandi guhamagarira abenegihugu guhangana n’iduga ry’ibiciro mu kurwiza umwimbu. Twarongeye kandi turahimiriza abenegihugu guhindura ingendo mu bijanye n’ihindagurika ry’ibihe, dusaba ko botangura kuvomera indimo aho bishoboka hose. Ku ndongozi canke abahuza bo ku mitumba vyavuzwe ko harimwo abaharitse, twasavye ko boca basubirizwa kuko bari mu bahungabanya umutekano w’ingo n’imiryango.

10. Mu rugendo twagize ku mutumba Kirungu wa komine Nyabitsinda y’intara ya Ruyigi, twarifadikanije n’abenegihugu b’iyo komine mu bikorwa vyo kwubaka ivuriro ryo ku mutumba Kirungu. Ibikorwa birangiye, twarabatekereye impanuro harimwo guheraheza kwubaka iryo vuriro vuba, kwivuza kwa muganga iyo barwaye, gukoresha imisegetera, kugira isuku, gufungura neza, no kuvomera indimiro mu ntumbero yo guhangana n’ihindagurika ry’ibihe.

             Bubahwa mwese;

             Batumire bahire;

11. Ivyegera vy’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka na bo nyene muri aka karuhuko barishikiye ku kivi. Umwubahwa icegera ca Mbere yaritavye ibikorwa vyo kwubaka ibirasi vy’amashure ariko arubakwa muri komine Ndava mu ntara ya Mwaro. Yaranongeye aragendera intara ya Bubanza mu makomine ya Rugazi, Musigati na Gihanga aho yagiye arifadikanya n’abenegihugu mu bikorwa bariko barangura mu kwubaka inyubako rusangi nk’amashuri, amavuriro, n’ukuraba intambwe bagezeko mu kwiteza imbere, aho ni nko mu kurwanya ubukene babicishije mu kworora amafi, inkoko n’ibindi. 

12. Umwubahwa Icegera ca Kabiri c’Umukuru W’Inama Nkenguzamateka na we, yagendeye intara ya Ruyigi, aho yakurikiranye ari kumwe n’abashingamateka n’abakenguzamateka batowe muri iyo ntara ibijanye n’iyubakwa ry’umugende w’amazi uhuza ama komine ya Nyabitsinda na Kinyinya. Yarongeye kandi araremesha inama yamuhuje n’abaserukira abenegihugu n’ubuzi butandukanye bo mu ntara ya Ruyigi.

13. Si ivyo gusa, mu karuhuko ka Munyonyo, abagize Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka hamwe n’abakenguzamateka baritavye ibirori vyo kwakira urumuri rw’amahoro aho rwaba rushitse mu ntara bavukamwo, kakaba kari n’akaryo ko kwugurura inyubako zitandukanye zabonetse biciye mu kwitanga kw’abenegihugu.          

                                Bubahwa mwese;

                                 Batumire bahire;

14. Mu gisata c’imigenderanire, Inama Nkenguzamateka, iserukiwe n’Umukuru wayo, yaritavye ibikorwa vy’Inama ya 14 y’ihuriro ry’abakuru b’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka z’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko. Iyo nama yabereye i Nairobi mu gihugu ca Kenya; abayitavye bakaba bigiye hamwe ibijanye n’imigenderanire y’izo Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka. Barongeye kandi bahanahana ivyiyumviro ku kungene iryo huriro ryoba rumwe mu nzego zigize umuryango w’ishirahamwe rya Afrika y’ubuseruko.

15. Ku butumire bwa Mugenzi wacu arongoye Inama Nkenguzamateka y’igihugu ca Maroc, twaragendeye urwo rwego tuyoboye intumwa zigizwe n’abakenguzamateka, n’abandi bakozi, aho twagize urugendo shure rwo kuraba ukuntu urwo rwego rukora; turaheza turavugana ingene twohanahana ubumenyi nkuko biri mu masezerano yo gufashanya hagati y’Uburundi n’ubwami bwa Maroc.

16. Muri ico gihugu ca Maroc, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yarahaye umubonano uwurongoye urwego rw’abahanuzi (Président du Chambre des Représentants) hamwe n’abashikiranganji b’ico gihugu harimwo uwujejwe ubudandaji n’uwujejwe uburimyi. Ibiganiro vyari bishimikiye ahanini ku gukomeza ugufashanya muri ivyo bisata.

17. Twaragize urugendo i Harare mu gihugu Zimbabwe aho twaganiriye n’uwutwara Inama Nkenguzamateka y’ico gihugu ku bijanye no gukomeza imigenderanire hagati y’izo nzego ndetse hakaba n’umurwi w’abakenguzamateka woshirwaho mu kurabira hamwe ibisata twofashanyamwo. Twaravuganye kandi ko bodushigikira kugira twinjire muri rya soko rusangi rihuza akarere k’amajepfo ya Africa, hamwe no kuraba ko ivyapfundikiwe muri ya nama ya ASSECAA vyoshirwa mu ngiro. 

18. Umwubahwa Icegera ca Mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaritavye inama ya 61 y’ishirahamwe ry’Inama Nshingamateka na Nkeneguzamateka rihuza ibihugu vya Afrika, Caraïbes na Pacifiques, OEACP, yabereye i Maputo muri Mozambique. Muri ico gihugu nyene yaritavye ibikorwa vy’ihuriro ry’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka y’ibihugu vya Afrika, Caraïbes na Pacifiques n’iz’ibihugu vy’ubumwe bwa Buraya, ACP-EU.

19. Umwubahwa Icegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, yaritavye ibikorwa vy’inama, biciye ku buhinga bwa none, itegura Inama Mpuzamakungu y’ama nama Nshingamateka na Nkenguzamateka izoba mu mwaka uza w’2023, ku bijanye no kurwanya inzara no gufungura nabi, yatunganijwe n’ishami rya ONU rikurikirana ibijanye n’ugufungura (FAO).

20. Vyongeye, hari n’izindi ntumwa z’abakenguzamateka baserukiye urwego mu nama mpuzamakungu y’Inama Nshingamateka yo mu karere k’ibiyaga binini, yari ihagaze ku kurabira hamwe ingene abakenyezi bokwijukira kuja mu nzego zo gutunganya amatora. Iyo nama yabereye i Lusaka muri Zambiya ku magenekerezo ya 19 na 20 Munyonyo,

21. Ku magekenezero ya 23 na 24 Munyonyo uwu mwaka,  Inama Nkenguzamateka kandi yaraserukiwe mu bikorwa vy’Inama huriro ry’amanama Nshingamateka na Nkenguzamateka y’ibiyaga binini i Nairobi mu gihugu ca Kenya. Iyo nama yari yerekeye ukwiga ingene igihe cose hotegurwa imigambi batosiga inyuma ikibanza c’umukenyezi. Imigambwe nayo nyene yari yatumiwe mur’iyo nama.

22. Mu bijanye n’imigenderanire kandi, ntitwogenda tutabamenyesheje ko Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yitavye inkino z’iyihuza n’izindi Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka zo mu bihugu bigize ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko, EAC. Izo nkino ziriko zibereye i Juba ku murwa mukuru w’igihugu ca Sudani y’epfo. Zatanguye kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo, zikaba zizorangira kw’igenekerezo rya 2 kigarama z’uyu mwaka.  

23. Nk’uko bitegekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro rya Repuburika y’Uburundi, abakenguzamateka baritavye ibirori vyo kurahira kw’Umuhuza w’abarundi hamwe n’abari mu murwi CVR. Ivyo birori vyabereye mu ngoro y’amakoraniro yo mu Kigobe, kw’igenekerezo rya 22 Munyonyo 2022.     

        Bubahwa Bakenguzamateka,

        Batumire bahire,

24. Mur’iri sasa risanzwe rya Kigarama, tuzorangura ibikorwa bitegekanijwe n’Ibwirizwa Nshingiro, haba mu kwemeza integuro z’amabwirizwa Reta yaturungikiye, gukurikirana ishirwa mu ngiro ry’amabwirizwa yemejwe, hamwe no guserukira abenegihugu, ariko kandi tuzokurikiranira hafi ingene urwego rw’abahuza ruriko rurakora mu gutunganiriza abenegihu ata nkunzi.

25. Tuzobandanya duhimiriza abenegihugu, kuzigama amazi y’imvura kugira ngo babigire umugenzo kuko ashobora gufasha kuvomera imirima nk’imboga, tuzonasaba Reta biciye ku bushikiranganji bw’uburimyi ko ata mugambi wagutse woshirwaho kugira abenegihugu bafate ko isi ibangamiwe n’inkurukizi zihindagurika ry’ibihe; ari naco gituma bokora ibishoboka vyose kugira ngo bigishe abenegihugu kuziganya amazi y’imvura.

Ni no kuri ico cifuzo turangirije ijambo tunabashimira ko mwama muza kudushigikira igihe cose bikenewe mu manza z’Inama Nkenguzamateka, tukaba tubifurije gusubira inyuma amahoro iyo mwaje muva.

Tukaba rero dutangaje icese ko twuguruye ibikorwa vy’isasa risanzwe rya kigarama umwaka w’2022,

Imana Ibahezagire.

Inyuma yo kwugurura ibikorwa, harabayeho inama y’abagize bureau y’Inama Nkenguzamateka hamwe na bureau élargi kugira bashireho ikirangaminsi c’ibikorwa bizokwigwa kuva kw’igenekerezo rya 01 gushika igenekerezo rya 14 Kigarama 2022. Urwo rutonde rw’ibikorwa bazokora rumeze uku gukurikira :

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

La séance est ouverte. Bubahwa muri mu bureau vy’Inama Nkenguzamateka, bubahawa bakenguzamateka, nagomba ndabatumirire mwugurure téléphones zanyu kugira turabire hamwe urutonde rw’ibikorwa tuzokora muri zino ndwi zibiri ziri imbere.

Igenekerezo rya 08 Kigarama 2022, hariho Projet de ratification par la République du Burundi de la Charte africaine de la jeunesse, adopté à Banjul en Gambie. La commission saisie au fond, c’est la commission IV. Ku munsi wa kabiri igenekerezo rya 13 Kigarama 2022, turafise Conférence des Présidents. Muraza gusoma Règlement intérieur du Sénat, muca mubona abagize iyo nama. Ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 14 Kigarama 2022, turafise ibikorwa bitatu nyamukuru :

  1. Tuzokwumva le rapport de la descente sur terrain de la commission permanente chargée des questions administratives, de la décentralisation et de la représentativité dans les institutions ;
  2. tuzokwakira les rapports des missions à l’étranger effectués par les honorables sénateurs et échanges de débat sur ces rapports ;
  3.  hazoba la restitution des observations et préoccupation de la population, recueillis par les honorables sénateurs dans leurs circonscriptions pendant les vacances parlementaires du mois de Novembre 2022. Kur’uyo munsi nyene tuzokwemeza ikirangaminsi kindi inyuma y’ibi bikorwa.

Twagomba rero dusabe ko buri ntara yose yoduha un petit rapport y’ivyo abenegihugu babashikirije, hanyuma duce tugira synthèse yavyo, kugira présentation izoce yoroha.

Ng’urwo rero urutonde rw’ivyo tuzokwiga muri zino ndwi zibiri. Sinzi ko mufise des observations sur ce projet du programme. Alors on adopte le programme. Le programme est adopté. Murakoze, duce tugenda rero guherekeza mugenzi wacu, Honorable NITERETSE Spéciose yabuze umugabo wiwe.         La  séance qui s’est déroulée dans une ambiance conviviale  a été clôturée à 12 heures 11 minutes par une prière.        

Leave a Reply

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *