IKIBAZO GISHIKIRIJWE UMUSHIKIRANGANJI AJEJWE INYUBAKO ZA RETA Y’UBURUNDI N’UMURWI WAMAHO UJEJWE IBIBAZO VY’INTWARO, KWEGEREZA UBUTEGETSI ABENEGIHUGU HAMWE N’UKUGENZURA INGENE BASERUKIWE MU NZEGO ZIRONGOYE IGIHUGU KU BIJANYE N’INYUBAKO ZA RETA, IBIKORESHO HAMWE NO KUGWIZA UBURARO

  1. INGENE IBINTU VYIFASHE N’IGITUMA HATEGUWE IKIBAZO

Mu ntumbero yo gushikira iterambere rirama ku rugero rungana mu bice vyose vy’iguhugu, Reta y’Uburundi yafashe ingingo yo guteza imbere ubutunzi n’imibano mu kuremurura uburere bumwe bumwe. Ari naco catumye gutandukanya Umurwa mukuru wa poritike n’Umurwa mukuru w’ubutunzi biba nkenerwa.

Itangazwa ry’Ibwirizwa n°1/04 ryo kuwa 4 ruhuhuma 2019 rishinga Umurwa mukuru wa poritike i Gitega n’Umurwa mukuru w’Ubutunzi i Bujumbura ni ryo ryaje gushira mu ngiro intumbero yo gutandukanya Umurwa mukuru wa poritike n’Umurwa mukuru w’ubutunzi, mugabo kandi no kwemeza neza umugambi wa Reta wo kwegereza uburongozi abenegihugu.

Gutyo rero, Bujumbura iba ibaye Umurwa mukuru w’ubutunzi hisunzwe ubwinshi bw’ibikorwa vy’ubutunzi biharangurirwa, Gitega nayo, kubera iri hagati mu gihugu ica iba Umurwa mukuru wa poritike (raba ingingo ya mbere n’iya 2 z’iri mw’ibwirizwa ryavuzwe).

Ingingo ya 3 y’iryo bwirizwa nyene itegekanya ko hari ubushikiranganji buzokwimurirwa ku murwa mukuru wa poritike n’ubuzogumizwa ku murwa mukuru w’ubutunzi buzotegekanwa n’itegeko ry’Umukuru w’igihugu.

Mu gushira mu ngiro iyo ngingo, ubushikiranganji butandatu bwaradomweko urutoke; nabwo bukaba bwari ubu bukurikira:

  1. Ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu, Inyigisho z’ugukunda igihugu n’Iterambere ry’uburere (amakomine);
  2. Ubushikiranganji bw’Ubutungane, Ugukingira akaranga k’igihugu n’Ugushingura ikimangu ca Reta ;
  3. Ubushikiranganji bw’Indero n’Ukwigisha imyuga ;
  4. Ubushikiranganji bw’Ibidukikije, Uburimyi n’Ubworozi ;
  5. Ubushikiranganji bwo gutwara ibintu n’abantu, ibikorwa vya Reta, Ibikoresho n’Ugutunganya amatongo ;
  6. Ubushikiranganji bw’agateka ka zina muntu, Imibano n’iterambere ry’abakenyezi.

Ariko rero ntivyatevye, ubushikiranganji bumwe bumwe bwarafatanijwe, amazina arahindagurika biboneka neza ko gushira mu ngiro nyezina uwo mugambi bitoroshe. Akarorero ka hafi n’igisata gikukira ubushikiranganji bw’Intwaro yo hagati mu gihugu cari carimukiye ngaha i Gitega none baheruste kugisubiza i Bujumbura.

Hambavu y’uwo mugambi hariho n’aho usanga inyubako za Reta zabaye nabi mbere n’ukubomoka zikabomoka kubera ukutitabwaho n’ababijejwe. Ahandi naho, usanga harubatswe inyubako ariko ntizigere zikora ico zagenewe; ukibaza ko ari umugambi wari warizwe hakabura insiguro yavyo. Inyubako nk’izo turazisanga ahantu hatari hake mu mihingo yose y’igihugu tukabona ko ari uruhombo rukomeye ku gihugu uravye uburyo ziba zaratwaye mukuzubaka.

Si ivyo gusa, hari n’ibikoresho bigenewe ubuzi bwa Reta ugasanga bifashwe nabi cane ngo ni iivya Reta. Ivyo navyo ni nk’amamodoka usanga atabwa kandi boshobora kuyagurira ivyuma bibuze hama bakayagurisha icamunara; gutyo bakagaruza mu kigega ca Reta amahera atari make. Aha twovuga amamodoka atagaguje ahantu hatari hake mu mihingo yose y’igihugu c’Uburundi ahari ubuzi bwa Reta. Ivyo na vyo bikaba vyatewe n’ingingo Reta yafashe yo kudasubira gutanga amamodoka ku bakozi bayo (Charroi zero).

Ntitwokwirengagiza kandi imiringoti itwara amazi imeneka ntisubirizwe canke amabati atoboka ntasubirizwe bigatuma amazu aba nabi kubera amazi anyengetera mu mpome.

Ni muri iyo ntumbero Inama Nkenguzamateka ibicishije ku murwi wamaho ujejwe ibibazo vy’intwaro, kwegereza ubutegetsi abenegihugu hamwe n’ukugenzura ingene baserukiwe mu nzego zirongoyeigihugu yashimye kubatumako ngo mutange umuco ku bibazo ifiseko amakenga.

  1. IBIBAZO NYEZINA

     Ikibazo ca mbere 

     Mu ntumbero yo gushira mu ngiro iri bwirizwa inomero 1/04 ryo ku wa kane ruhuhuma 2019 rishinga umurwa mukuru wa poritike i Gitega n’umurwa mukuru w’ubutunzi i Bujumbura, Reta y’Uburundi yaragiraniye amasezerano y’ingurane y’amafaranga y’amadorari y’abanyamerika n’ibanki yo mu gihugu c’Ubuhindi (Exim Bank) angana imiriyoni ijana na zibiri (102.000.000$) yo kwubaka inyubakwa Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka zizokoreramwo.Amatwi adusumira, hambavu y’iyo ngurane, hari n’iyindi y’amadorari y’abanyamerika imiriyoni 59 ategekanirijwe inyubakwa zitandatu (6) z’ubushikiranganji i Gitega n’i Bujumbura.

Nyakwubahwa Mushikiranganji,

  1. mwotubwira ibikorwa nyezina vyo kwubaka iyo nyubakwa aho      biteye ?
  2. ikibazo co kuronsa imizibukiro ahazubakwa iyo ngoro y’Inama        Nshingamateka na Nkenguzamateka coba caravuye mu nzira ?
  3. mwotumenyesha ubushikiranganji buzubakirwa inyubakwa i Gitega       ubwo ari bwo ko tuzi ubushikiranganji bumwe bumwe bwafatanijwe,      amazina   agahindagurika?
  4. ni kubera iki izo nyubakwa zose uko ari zitandatu zitokwubakwa i Gitega narirya ubushikiranganji bwari butegekanijwe kwimukira i Gitega bwari butandatu nyene kugira ngo mbere n’umurwa mukuru wa poritike ubonereho kuronswa inyubakwa zibereye ijisho narirya izihari ari nkeya ?
  5. mu gushaka kubandanya mwubaka i Bujumbura ntimubona ko ari ubundi buryo bwo kuburagiza uwo mugambi?
  6. mbega ko tubona Inama Nshingamateka ibandanya yubaka aho isanzwe ikorera mu Kigobe, mubona vy’ukuri umugambi wo kwubaka ingoro y’amakoraniro i Gitega uzohava uja mungiro koko?
  7. imyaka 9 irarangiye isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igatokombera (27 janvier 2013). Mwotubwira aho imyiteguro yo kuyubaka gushasha  igeze ?

Ikibazo ca kabiri

Kuva hagiye mu ngiro umugambi wo gushinga umurwa mukuru wa Poritike i Gitega Abakenguzamateka n’abakozi bo mu Nama Nkenguzamateka barasavye ngo boroherezwe mu kubaronsa amaparasera yo kwubakamwo ariko amaso yaheze mu nzira.

Nyakwubahwa mushikiranganji,

  1. mwotumenyesha igituma ayo maparasera ataraboneka na cane cane ko tuzi ko n’igisata co gutunganya ibisagara OBUHA cimukiye gukorera mu ntara ya Gitega ?
  2. hoba habuze iki ngo ico gisabo kije mu ngiro?

Ikibazo ca gatatu

Hari umurwi w’abahinga bo mu Nama Nkenguzamateka mu kiringo giheze wakoranye n’umurwi w’abahinga bo mu gihugu c’Ubushinwa bemeranya kwubaka izo nyubakwa z’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka harimwo ikigo c’amanama bakazishikiriza harimwo n’ibikoresho vya nkenerwa vyose ku madorari y’abanyamerika  angana n’imiriyoni mirongo icenda na zitanu (95.000.000 $).

Igitangaje, ni uko Inama Nkenguzamateka yabimenyesheje ubushikiranganji murongoye bukabandanya buvyirengagiza bukemera umugambi uzimvye w’Abahindi ku rugero rurenga imiriyoni indwi z’amadorari kandi atanzu y’amanama itegekanijwe.

Nyakwubahwa mushikiranganji,

  1. ninde azokwemanga ako gahombo? ni Reta canke ni ubushikiranganji murongoye ubwabwo ?mbega habuze iki kugira uwitwa koyatsindiye isoko atangure ibikorwa ko tubona igihe kitari gito ayo masezerano abaye ?

Ikibazo ca kane

Kuva ku ntwaro y’Umukuru w’Igihugu Yohani Batisita BAGAZA, Reta yari yaramaze gutangura guha intara ya Gitega ibikoresho n’inyubakwa kugira ngo ibe nziza kandi ihurumbirwe. Aho, twovuga inyubakwa zakorerwamwo n’Ubushikiranganji bw’Uburimyi n’Ubworozi, Ubushikiranganji bwo gutwara ibintu n’abantu, ibikorwa vya Reta, Ibikoresho n’Ugutunganya amatongo n’ubw’Ibidukikije.

Yamara rero, abari bajejwe ubwo bushikiranganji bamye na ntaryo barondera ivyitwazo kugira basubire gukorera i Bujumbura. Kenshi na kenshi, batangura gushiraho amazu bita ubuserukizi (bureaux de liaison), ari nayo yahava acika amazu akorerwamwo n’ubushikiranganji bwose.

 Nyakwubahwa Mushikirangaji,

  1. mwotwizeza ko ubushikiranganji murongoye bugiye gushira mu ngiro umugambi wo kwubaka izo nyubako zose zitegekanijwe kwubakwa i Gitega kugira ngo ivyitwazo vyo kutaduga k’ubushikiranganji bumwe bumwe bihere ?
  2. mbega ko ubushikiranganji n’amabiro ya Reta amwe amwe  bigikorera mu mazu bapanze, ni igiki gitegekanijwe kugira dusezerere burundu ivyo bintu vyo gupanga ?
  3. nta kuntu ku mahera Reta itegekanya gukoresha ku mwaka ku mwaka yoza irategekanya kwubaka n’imiburiburi igorofa imwe yokoreramwo ubushikiranganji gushika aho izovavanura n’umugambi wo gupanga mu ntumbero yo kugabanya amahera ikoresha ku mwaka?

Ikibazo kigira gatanu

Inyubakwa za Reta zimwe zimwe zirafatwa nabi gushika aho zononekara mbere zikanabomoka bivanye n’ukudakoregwamwo ico zagenewe canke kutitabwaho n’abazikoreramwo.  

Ku nyubakwa zidakorerwamwo ico zagenewe twotanga akaroreo ku nzu zubatswe i Mishiha mu Ntara ya Cankuzo aho hari inzu zari zigenewe kwakira inka zigenewe kubagwa, ububagiro hamwe n’iyo kudandarizamwo inyama n’ubu zitararangurirwamwo iyo migambi kuva zubakwa.

Ku nyubako z’uburaro nazo, twotanga uturorero nk’inzu zahora zibamwo abakozi ba IRAZ ngaha i Gitega muri karitiye ya Shatanya hamwe n’inzu zabamwo abafundi b’indimo bakorera mu mugambi w’uburimyi witwa « Culture vivrière de haute altitude (CVHA) », tubaye turavuga izo kuko ntitwozidondagura ngo tuzimare.

Nyakwubahwa Mushikiranganji,

  1. mwoba mufise urutonde nyezina rw’ahantu hose hari amazu ya Reta ataco ariko ararangurirwamwo mu ntumbero yo kwiyumvira iyindi migambi yoyarangurirwamwo ?
  2. mwotubwira muri make ibikorwa mwategekanije ku bijanye na benayo mazu yabamwo abakozi ba Reta ariko ubu batakiyabamwo none ariko yononekara ayandi abomoka ?
  3. nta kuntu izo nyubakwa zononekaye zosubirwamwo neza hanyuma mukazipangisha kubazikeneye nayo izitararangurirwamwo imigambi zagenewe zigakoreshwa iyindi migambi mukurindira ko imigambi zagenewe ija mu ngiro ?
  4. mutegekanya iki kugira ngo iyo nyifato igayitse yo kwonona ibintu ngo ni ivya Reta ihagarare burundu ?

Ikibazo ca gatandatu

Mu ntara ya Bujumbura mu bice vya Kabezi, mu gisagara ca Bujumbura kuva Ruziba gushika mu Kibenga, …eka mbere no gushika za Cibitoke uciye kw’ibarabara rija ku kibuga c’indege, hariho ibibanza vyari bigenewe kurimamwo ipampa. Hariho n’ibindi vyari bigenewe inyubako rusangi, ibibanza bikingiwe (espaces verts) be n’ibibuga vyo kwinonora imitsi. Ivyo bibanza vyinshi, vyaratanzwe na Reta kugira abantu bavyubakemwo hadakurikijwe amategeko.

Nyakwubaha Mushikiranganji,

  1. muriko mukora iki kugira ngo ivyo bintu birangire, ibibanza vyose birangururirwemwo imigambi vyagenewe?
  2. mbega ko tuzi ko hafashwe itegeko ribuza kwubaka ku metero 150 uvuye ku kiyaga ca Tanganika ariko tukabona amazu abandanya yubakwa ku bwinshi, mutegekanya iki kugira ngo mushire mu ngiro iryo tegeko mwongere muhashe burundu ababandanya bakora ivyo bintu ?

Ikibazo c’indwi

Kuva aho Tanganyika itanguriye kuduga gushika aho ikivuko ca Bujumbura giterwa n’umwuzure, barabaye barakinga mugushira amabuye manini cane ku nkengera zegereye ikivuko. Iruhande y’ico gikorwa, hariho n’umugambi wo kwubaka uruhome rukomeye kugira bakingire ikivuko amazi ntasubire kuhatera. Hambavu y’ivyo bikorwa vyose harategekanijwe umugambi wo kwubaka neza ico kivuko ca Bujumbura hamwe mbere n’ica Rumonge.

Nyakwubaha Mushikiranganji,

  1. mwotubwira aho ibikorwa vyo kwubaka urwo ruhome bigeze ko turiko turegereza igihe c’urushana aho imvura iba ari nyinshi cane ?
  2. mbega ibikorwa vyo kwubaka ivyo bivuko vyovyo bigeze he ?

Ikibazo c’umunani

Kuva Gitega ibaye Umurwa mukuru wa poritike haravuzwe ko hagiye gutunganywa neza kurusha uko hahora eka mbere n’ibibanza bimwe bimwe vyari bihejeje gutunganywa barabuza benevyo kwubaka ngo hakenewe amazu y’amagorofa. Aho vyasaba ko umurwa mukuru wa Poritike utunganywa neza ukundi gusha (Plan de viabilisation VIP).

Nyakwubahwa Mushikiranganji,

  1. mwotubwira aho integuro y’uwo mugambi yoba igeze ?
  2. mbega hoho Umurwa mukuru wa Poritike uzogarukira hehe ?

Ikibazo c’icenda

Mbega ko twaherutse hafatwa umugambi wo kwubaka ibitaro mu makomine yose agize igihugu c’Uburundi,

Nyakwubahwa Mushikiranganji,

  1. mwotubwira aho uwo mugambi ugeze ?
  2. ni ikomine zingahe zitararonka ivyo bitaro ?

Ikibazo  ca cumi

Hariho imigambi itari mike yo kwubaka amabarabara yo hagati mu gihugu ahuza intara n’izindi, kandi turakenguruka ko Reta imaze kwubaka ayatari make. Ariko rero hariho amabarabara nka RN 11 rica mu kumoso rikazohuza Cankuzo, Rutana, Ruyigi na Makamba hamwe RN 13 (Cankuzo na Gahumo) imigambi yo kuyubaka isa n’iyibagiwe.

Nyakwubahwa Mushikiranganji, mwotubwira aho imigambi yo kuyubaka igeze narirya haheze igihe kitari gito yaravuzwe yamara ntitubone ishirwa mu ngiro yayo ?

Ikibazo ca cumi na rimwe

Amabarabara yo mu bisagara nka vyose bigize intara z’’Uburundi yarononekaye kubera amazi menshi y’imvura nayo icibagiwe co ni ibiraro bihuza intara n’izindi canke ikomine n’izindi.

Nyakwubahwa Mushikiranganji,

  1. mbega hoba hariho umugambi utegekanijwe wo kusasa amabuye (pavage) mu makaritiye utarabamwo be no mu yindi mirwa mikuru y’izindi ntara nk’uko mwabigize ku murwa mukuru w’igisagara ca Ngozi n’amakaritiye amwe amwe agize igisagara ca Bujumbura ?
  2. mbega ko tubona ibiraro bimwe bimwe bigabura intara n’izindi canke ikomine n’izindi bigeramiwe n’ibomoka z’inkombe vyubatsweko,  mutegekanya iki kugira ngo mubigarukire amazi atararenga inkombe na cane cane ko bikozwe hakiri kare vyotwara uburyo butari umurengera?

Ikibazo c’icumi na kabiri

Ku bijanye n’ibikoresho, twovuga cane cane amamodoka atagaguje ahantu hatari hake mu mihingo yose y’igihugu c’Uburundi ahari ubuzi bwa Reta. Ivyo navyo bikaba vyatewe ahanini n’ingingo Reta yafashe yo kudasubira gutanga amamodoka ku bakozi bayo (Charroi zero).

Nyakwubahwa Mushikiranganji, nta kuntu izikigendeka mwozironderera ivyuma bibuze mukabishiramwo hanyuma mukazigurisha izindi nazo mukagurisha ivyuma n’ababikeneye mu ntumbero yuko zitoba impfagusa no gutuma harangwa isuku?

Ikibazo c’icumi na gatatu

Amabiro menshi ya Reta usanga amazi yisesa kubera imiringoti n’amarobine apfa ntasubirizwe ari navyo bituma usanga hari ibirarane vyinshi vya Regidezo. Ikindi kandi twovuga naho usanga amabati atoboka bigatuma amazu aba nabi kubera amazi anyengetera mu mpome.

Nyakwubahwa Mushikiranganji, mutegekanya gute gukosora iyo ngendo mbi ibandanya yibonekeza igatuma Reta ihagirira uruhombo runini ?

Laisser un commentaire

Votre adresse e-mail ne sera pas publiée. Les champs obligatoires sont indiqués avec *