L’an deux mille vingt-cinq, le trentième jour du mois de septembre, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat à Gitega pour la 12ème séance plénière de la septième législature ayant à l’ordre du jour les points suivants :
Cette séance qui était dirigée par Très Honorable Gervais NDIRAKOBUCA, Président du Sénat, a vu la participation de 12 sénateurs et a débuté à 10 heures 16 minutes.
Voici en intégralité le déroulement de la séance :
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Turuguruye ibikorwa vy’uyu musi.
Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;
Nyakwubahwa cegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;
Ba Nyakwubahwa bakenguzamateka murongoye imigwi yamaho;
Ba Nyakwubahwa bakenguzamateka,
Dukoraniye ngaha kugira ngo turabire hamwe ibikorwa twari twihaye muri izo ndwi zibiri ziheze, hanyuma duce turaba n’ibindi tugiye kurangura muri izi ndwi zibiri dutanguye uno musi. Abakengunzamateka basabwa n’amategeko kugira dukore iyi nama, ndabona yuko bose bakwiye.
Imbere rero yuko turabira hamwe ibikorwa vyo muri izi ndwi zibiri twimirije, ni ngombwa ngo tubanze turabe ibikorwa vy’izi ndwi zibiri ziheze. Murazi neza yuko uyu musi itariki 30/09/2025 twari twiyemeje yuko tuzokora réunion du Bureau, hanyuma tugire réunion du Bureau élargie, hanyuma duce tugira séance plénière yari kurabira hamwe ibijanye na analyse du projet de calendrier pour la période du 1er au 14/10/2025.
Navuze rero yuko vyahindutse kubera yuko hari ibikorwa dufise muri iyo ndwi kuva ku musi w’ejo. Nobasaba rero yuko duhindura le calendrier. Pour le mardi, 30/09/2025, tugire réunion du Bureau na réunion du Bureau élargie nkuko vyari bisanzwe, hanyuma tugire séance plénière, duce dutangurira kuri planification et briefing et échange sur le déroulement des descentes dans les communes. Mu nyuma, duce tuja ku gikorwa nyezina kijanye na analyse et adoption du programme pour la période du 1er au 14/10/2025.
Sinzi yuko hari uwundi afise iyindi observation imbere yuko twemeza iyi amendement? Nta muntu mbona afise iyindi observation. Nabonye yuko hariho uwufise procuration ya Honorable Réverien, nagira ngo twemeze l’amendement du calendrier. Murakoze.
Igikorwa gikurikira ni ukurabira hamwe ibijanye n’ama descentes tugiye gukora mu ma communes yose agize igihugu cacu. Sinzi yuko babahaye le document de travail, ivuga ngo « incamake y’ikiganiro, abakenguzamateka n’abagize inzego zo mu ma communes »? Iyi titre ntiyuzuye. Honorable Cyriaque.
Umukenguzamateka NSHIMIRIMANA Cyriaque
Twebwe titre dufise ni « ikiganiro c’abakenguzamateka n’abagize inzego z’ama communes ».
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Mufise document de 33 pages?
Umukenguzamateka NSHIMIRIMANA Cyriaque
Dufise document de 31 pages?
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Hariho synthèse batarabaha. Bogerageza bakabituronsa.
Iki kiganiro rero kizoduhuza n’abajenama b’ama communes, twiyumviriye yuko tuzogikorana na ba musitanteri hamwe na ba secrétaires exécutifs, abahanuzi ba musitanteri, aba chefs de départements hamwe n’aba chefs de zones.
Kubera iki twiyumviriye iyo population cible? Abajenama b’ama communes ari yo nama mpanuzwajambo ya commune, ni bo badutoye, na bo batowe n’abenegihugu. Ni ukuvuga yuko, abajenama b’ama communes ni bo kiraro ducako kugira ngo dushikire abenegihugu. Ibwirizwa Nshingiro ry’igihugu cacu c’Uburundi, rirerekana neza uko Inama Nkenguzamateka itegerezwa gukorana n’abajenama b’ama communes.
Ni ico rero kidutwaye mu ma communes, na canecane yuko uno musi, igihugu cacu kiri mu ndinganizo nshasha y’ubutegetsi.
Murazi yuko kuva muri 2005, Reta yagumye irondera kwegereza ubutegetsi abenegihugu. Yarakoreshejeje inzira nyinshi. Uyu musi ni ho tubona yuko ubutegetsi bwegereye abenegihugu. L’entité communale ni yo ijejwe ubutegetsi bw’abenegihugu uno musi. Muribuka yuko bashizeho ikigega FONIC coza gusahiriza ama communes, mu nyuma amategeko yagiye arabaho bariyumvira certaines compétences bohereza commune. Uno musi, la loi communale irerekana neza yuko ubutegetsi bwose commune ibufise ata na kimwe gisigaye inyuma. Ni co gituma rero dutegerezwa nk’abatowe baserukira abenegihugu, twisunze ububasha duhabwa n’Ibwirizwa Nshingiro ry’igihugu cacu c’Uburundi, dutegerezwa kuguma hafi abajenama b’amakomine kugira ngo vy’ukuri ubu butegetsi buri mw’ikomine bugire ingaruka nziza ku benegihugu.
Ni co gituma rero aya ma descentes tugiye gukora twipfuza yuko tumenya ubwa mbere kwereka neza abajenama b’amakomine, tukereka neza ba musitanteri, tukereka neza les secrétaires exécutifs, tukereka neza les chefs de départements, tukabereka neza umwe umwe wese ico ajejwe. Kugira ngo ejo, n’amakomine yaragutse asigaye ari manini manini, yagiye afatana hamwe ari abiri ahandi ari atatu, kugira ngo vy’ukuri aya makomine uko yagutse kabe akaryo keza yuko ba Nyakwubahwa baserukira abenegihugu mu nama ya komine bahagararira vy’ukuri iterambere rya komine. Ejo ntituze dusange hari amakomine yasigaye inyuma yibaza yuko hari abazoza kubakorera ibikorwa kandi atabahari ari bo nyene bategerezwa kubikora.
Twerekana kandi yuko abakuru b’amazone na bo nyene ari abanyeporitike kandi na bo nyene yuko ils sont redevables devant le conseil communal ibemeza. Yuko les chefs de départements ari abahinga, yuko bategerezwa gukora akazi k’ubuhinga bakagakora neza kandi bakamenya neza yuko na bo nyene bari redevables devant le conseil communal yabemeje, yuko batwara ayo ma départements. Bakamenya yuko abahanuzi ba musitanteri bategerezwa kuba ba musitanteri nk’umunyeporitike kugira ngo vy’ukuri musitanteri ahagarare ahagarariye les intérêts de la commune ari zo les intérêts z’abenegihugu.
Dukinge hakiri kare ko dusubira muri vya bindi vy’imyereka hagati y’abajenama b’amakomine na ba musitanteri birirwa biruka ngo bagiye gukurana, yuko iki gihe atari igihe co gukurana ahubwo ari igihe co gukora pour la commune kugira amakomine yose aje muri compétition positive, ejo twisange ya ntumbero yatumye haba découpage na délimitation tuyishikako où chaque commune ihamagarirwa n’imiburiburi kuba chaque mois yatojeje amafaranga atari musi y’imiriyoni mirongo itanu. Ni ukuvuga yuko amakomine yose uko ari 42 ategerezwa buri mwaka kuba yaratojeje amafaranga make ashoboka imiriyoni amajana atandatu ku mwaka.
Ivyo rero nk’abatowe n’abajenama b’amakomine tukipfuza yuko tumenya uko ibintu bimeze. Tukabasigurira amategeko ico avuga nico abarekurira, hanyuma tubereke ico kwegereza ubutegetsi abenegihugu, ico amategeko ategekanya, duhejeje kubibereka na bo tubahe akanya ko kubaza ibibazo. Ivyo bibazo babajije tubibishure, tubahe intumbero mugabo kandi turondera un réseau hagati y’amakomine na Sénat ku buryo ibibazo vyose bizoba biri mu makomine tuzobimenya à la minute kugira ngo ivyo dushoboye gufasha tubifashe hakiri kare nk’abantu turi muri ibi bibanza twabishizwemwo n’abajenama b’amakomine.
Mu yandi majambo, abajejwe inama z’amakomine ni aba patrons bacu, muze kumbabarira kuri iryo jambo. Mugabo na bo bagaca bahinduka abasuku b’abenegihugu, na twebwe duca duhinduka abasuku b’abenegihugu.
Ni iyo ntumbero rero y’ibi biganiro tugiye gukora. Tukipfuza yuko tuzova muri ibi biganiro twashoboye kwegeranya ibibazo vyose biri mu makomine, biri mu nama mpanuzwajambo z’amakomine kugira ngo tuzoshobore kuvyegeranya tumenye le point de départ y’amakomine yacu, aho ahagurutse ava hanyuma tuzogende tugira évaluation ku musi ku musi uko ariko agenda yiteza imbere, uko ariko agenda ashira mu ngiro imigambi ya Reta y’igihugu cacu.
Le document rero mufise ni nini, ni document ikoze neza. Ni ukuri dukengurukire abahinga bayikoze. Mugabo batugiriye réstitution vendredi. Twari twaciye tubasaba yuko bogira iyindi document ntoyi, synthèse na yo nyene bayikoze. Ni synthèse de neuf pages. Nibaza yuko ica iba référence. Ariko umuntu kugira ngo ashobore kubisigura neza, n’iyo yindi document yoba ayifise akazifita zose uko ari zibiri.
Ikindi, hariho agakoni dutegerezwa kwitwaza mu kuja gusigura aya mategeko. Ni uko dutegerezwa kuba dufise Ibwirizwa Nshingiro, tukaba dufise kandi Ibwirizwa rigenga komine. Amabwirizwa yose avugwamwo ngaha twoba tuyafise hafi yacu. Turizeye neza yuko ba Nyakwubahwa abakenguzamateka ibiganiro tugiye kugira bizogira akamaro gakomeye ku migenderanire hagati y’amakomine n’Inama Nkenguzamateka. Kandi tukibaza neza yuko ibiganiro tugiye kugira bizohereza imbono abajenama b’amakomine ba musitanteri, abajejwe ama départements, aba secrétaires exécutifs, umwe wese abone ivyo ajejwe. Gutyo dukinge ama chevauchements yovuka aha n’ahandi ejo tugasanga ahubwo aho gukorera abenegihugu bariko bakubitana imyereka.
Aha rero sinagiye muri documents. Murazi yuko twagize imirwi indwi. Twagize les membres du Bureau na chefs b’ama délégations, hanyuma duca dushiramwo abatwara ama commissions permanentes, ni batatu, hanyuma duca dushiramwo n’uwutwara questure, na we nyene, duca tugira sept groupes. Sept groupes rero kubera turi bake, hari aho uza gusanga hagenda umwe mugabo azoba ari kumwe n’abandi ba cadres bo ngaha muri Sénat kugira bashobore kumufasha. Umenga ni vyo nagira nshikirize. Twipfuza yuko ubu buke bwacu ari bwo bwohindukamwo efficacité du Sénat kandi birakunda. Nibaza yuko nagize monopolisation y’ijambo, reka mpereze ijambo abandi na bo. Ntibarabazanira la synthèse ? Mugabo naho mwasomye le document, nibaza yuko hatabuze les observations mwamaze kubona na zo twoba turazikorerako. Ijambo ni iryo uwo ari we wese ashaka kurifata. Ntawufise observation? Vyose bitonze neza?
Aga synthèse: Incamake y’ikiganiro abakenguzamateka bazogirana n’abagize inzego zo mu makomine. Mu ntumbero yo kurangura imirimo tujejwe, abakenguzamateka twipfuza kugendera amanama y’amakomine ari na yo yadutoye. Tukabonana kandi n’abarongoye amakomine, abahanuzi ba musitanteri, abakuru b’amazone na ba buramatari barongoye intara. Harabuzemwo les chefs des départements et les secrétaires exécutifs ngira ngo babuze uko babita mu kirundi. Murabiraba ino paragraphe ya mbere irabuzemwo les chefs des départements et les secrétaires exécutifs. Muri izo ngendo abakenguzamateka n’abatumire bacu, twipfuza kuganira ku ruhara rwacu mu vyerekeye ubuzima bw’amakomine no ku mugambi wa Reta wo kwegereza ubutegetsi abenegihugu. Aha rero ni ukubumvisha neza. Reta yamaze kubegereza ubutegetsi, kuko avec la loi communale irabivuga neza.
Ikigabane ca mbere
Gutora amabwirizwa no kugenzura ibikorwa vy’amakomine
Ibwirizwa Nshingiro, amabwirizwa menshi n’amategeko ntunganyabikorwa mu Nama Nkenguzamateka, birerekana ingene abakenguzamateka dutorwa n’ububasha bw’Inama Nkenguzamateka.
Itorwa ry’umukenguzamateka
Ingingo y’ijana na mirongo icenda na gatanu y’Ibwirizwa Nshingiro ivuga yuko dutorwa n’abagize inama z’amakomine agize iyo ntara.
Ubwa kabiri
Ububasha bw’Inama Nkenguzamateka ku makomine
Ibwirizwa Nshingiro, amabwirizwa n’ayandi mategeko y’igihugu cacu, araha Inama Nkenguzamateka ububasha bwo gukurikirana ibikorwa vy’amakomine. Ubwa mbere Inama Nkenguzamateka iratora amabwirizwa atunganya intwaro n’ibikorwa vy’amakomine. Ingingo y’ijana na mirongo itandatu na kane n’ingingo y’ijana na mirongo icenda na kabiri z’Ibwirizwa Nshingiro, utu ni uturorero muri iyo document baca bavuga nuko ivuga. Arashobora guca abasomera imwe muri izi uko ivuga. Muri iyo yindi document birimwo. Iyi ni document de référence kugira ngo biborohere.
Gushikirizwa icegeranyo c’umuhuza w’abenegihugu na Reta kuri ico cose cerekeye intwaro y’igihugu. Ingingo y’ijana na mirongo icenda na kabiri, agace ka kabiri ni ingingo ya gatandatu agace A y’ibwirizwa numéro 1/04 du 24 janvier 2013 rigenga urwego rw’umuhuza w’abenegihugu na Reta. Umuhuza arafise ububasha bwo kugenzura ikomine agaca adushikiriza icegeranyo.
Ubwa gatatu
Ububasha bwo gutohoza ibikorwa mu ntwaro y’igihugu kandi bikenewe tugashikiriza ibikwiye gukorwa kugira ngo ntihagire intara n’imwe canke umurwi n’umwe ukumirwa mu vyo Reta irangurira abenegihugu. Iyo ni ingingo y’ijana na mirongo icenda na kabiri agace ka gatatu k’Ibwirizwa Nshingiro.
Ububasha bwo kugenzura ibikorwa Reta ikorera mu makomine, ingingo y’ijana na mirongo itandatu na gatatu y’Ibwirizwa Nshingiro.
Izi ngingo ni ukuza muraziraba hari igihe usanga bidahuye neza.
Ububasha bwo kugenzura ubutunzi bwa komine, ingingo y’ijana na kabiri, n’ijana na gatatu hamwe n’ijana n’idwi z’ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Nshingiro numéro 1/18 du 07 juin 2014 risubiramwo intwaro muri komine. Ingingo ya mbere agace ka kane k’ibwirizwa numéro 1/20 du 20 juillet 2022 ryerekeye amafaranga ya Reta. Ubwa gatandatu, ububasha bwo kugenzura amafaranga komine yahawe na Reta, ingingo ya mirongo itatu na gatatu y’ibwirizwa numéro 1/16 du 25 mai 2015 riha amakomine ububasha bwa Reta « loi portant modalité de transfert de compétence de l’Etat au Commune », muze kuriturabira neza yuko ritonze neza.
Irya indwi, ububasha bwo kugenzura ikurikizwa ry’amabwirizwa mw’i komine. Ingingo ya mirongo ine na rimwe y’ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Nshingiro numéro 1/18 du 07 juin 2014 risubiramwo intwaro muri komine, mu ngingo yayo y’ijana n’umunani n’iy’ijana na mirongo itandatu na gatandatu z’ibwirizwa risubiramwo intwaro muri komine, hamwe n’ingingo y’ijana n’umunani n’ijana na mirongo itandatu na gatatu y’Ibwirizwa Nshingiro, kugira inama Umukuru w’igihugu n’Umukuru w’Inama Nshingamateka ku bibazo vyose. Ingingo y’ijana na mirongo icenda na kabiri y’Ibwirizwa Nshingiro agace ka gatandatu.
Ubwa gatatu, kugenzura ibikorwa vy’amakomine ingene vyokorwa.
Ibwirizwa Nshingiro n’ayandi mategeko y’igihugu cacu araha Inama Nkenguzamateka ububasha bwo gukurikirana ibikorwa vy’amakomine, kugenzura umukuru w’ikomine ariko akurikiza amabwirizwa. Ingingo za mirongo ibiri na kane, ijana na mirongo ibiri na gatatu, ijana na mirongo ibiri n’umunani, ijana na mirongo ibiri n’icenda, ijana na mirongo itatu, ijana na mirongo itatu na gatatu, ijana na mirongo itatu na kane z’amategeko ntunganyabikorwa mu Nama Nkenguzamateka. Ubwa kabiri ububasha bw’imirwi yamaho mu kugenzura ibibera muri komine, ingingo ya mirongo ibiri na gatatu y’amategeko ntunganyabikorwa mu Nama Nkenguzamateka.
Ku bijanye no kwegereza ubutegetsi abenegihugu
Intangamarara
Ibwirizwa Nshingiro rya Repuburika y’Uburundi ryo ku wa 7 ruheshi 2018, mu ngingo yaryo y’amajana abiri na mirongo umunani rivuga riti « ikomine ni igisata nshingwantwaro ryigenga ». ibwirizwa numéro 1/5 du 11 mars 2023, rishinga intara, amakomine, amazone, imitumba n’ama quartiers n’imbibe zavyo na ryo ryerekana yuko ikomine ari igisata nshingwantwawo cigenga, ciserukira imbere y’amategeko, gifise ububasha bwo gufata ingingo kandi cifitiye uburyo bw’amafaranga gikoresha butandukanye n’ubwa Reta.
Ingingo y’ijana na mirongo umunani na gatanu y’Ibwirizwa Nshingiro, yerekana yuko abakenguzamateka batorwa n’abajenama b’amakomine. Ingingo y’ijana na mirongo icenda na kabiri, itanga ububasha ku Nama Nkenguzamateka. Agace ka mbere, kwemeza ibihinduwe mw’Ibwirizwa Nshingiro no mu yandi mabwirizwa yunganira Ibwirizwa Nshingiro, harimwo n’amabwirizwa agenga amatora. Agace ka gatatu, kwemeza amabwirizwa yerekeye ibimbe nivyo intara zijejwe muri politique yo kwegereza ubutegetsi abenegihugu. Reta yarahaye ububasha butari buke amakomine « transfert des compétences » hariho n’ibwirizwa rihindura amakori n’amatagisi n’ibindi « loi sur la fiscalité communale ».
Reka ngire ico mvuga sur la loi sur la fiscalité communale, ico kwereka ba Nyakwubahwa abajenama b’amakomine. Ejo bundi wasanga ikomine itoza amakori uko yishakiye ku ngingo ya conseil communal. Ubu la loi sur la fiscalité communale irerekana ukuntu ibintu vyose bitozwa, kugira ngo Reta ikurikiranire hagufi wa mutungo wa komine, ejo ntihagire ikomine izosubira inyuma ngo ice yitwaza ngo hariya batoza menshi natwe twatoza makeyi. Kubera yuko uwushoye igitungwa mu gihugu cose, yaba impene, bazobigura kumwe. Kubera ukuntu abakenguzamateka batorwa, hari ubucuti budasanzwe hagati yabo n’abagize inama y’amakomine. Ni co gituma badahengeshanya kuba hagufi kugira ngo babashe gutorera umuti ibibazo bihanze amakomine amwe amwe mu mabwirizwa n’izindi nyandiko vyerekeye kwegereza ubutegetsi abenegihugu mu Burundi.
Ivyerekeye abakenguzamateka
Amategeko ntunganyabikorwa mu Nama Nkenguzamateka
Ingingo y’indwi
Inama ya bose ifise uburenganzira bwo guca irya n’ino ibibazo vyose bijanye n’ububasha bw’Inama Nkenguzamateka nivyo ijejwe gukora. Nko gutora amategeko, kwemeza impinyanyuro z’Ibwirizwa Nshingiro n’amabwirizwa aryunganira harimwo n’amabwirizwa agenga ivy’amatora. Kwemeza amategeko yerekeye imbibe z’inzego z’intwaro z’intango, ivyo zijejwe n’ububasha bwazo.
Mu vyo umugwi wamaho wa kabiri ujejwe, harimwo canecane gukurikirana ibibazo bijanye n’itunganywa ry’intwaro, ivyerekeye inzego z’intwaro z’intango no kwegereza ubutegetsi abenegihugu. Indinganizo y’imigambi ngenderwako y’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi iriko irarangura mu kiringo co kuva mu mwaka wo mu 2023-2027, iravuga ibitari bike ku bijanye no kwegereza ubutegetsi abenegihugu, nko gukarihiriza ubumenyi abatowe mu nzego z’intango, mu vyerekeye integuro y’amafaranga akoreshwa, gukomeza imigenderanire hagati y’abakenguzamateka n’abatowe mu nzego z’intango, mu gutunganya amahuriro yo guhanahana ivy’iyumviro n’ibindi.
Bimwe mu vyaranguwe n’Inama Nkenguzamateka mu vyerekeye kwegereza ubutegetsi abenegihugu
Inama Nkenguzamateka yararanguye ibitari bike. Nko gutora amategeko yerekeye kwegereza ubutegetsi abenegihugu, gutunganya amahuriro y’abakenguzamateka batowe mu nzego z’intango, gushinga ishirahamwe ry’abatowe mu nzego z’intago ubu rikaba ryitwa ishirahamwe ry’amakomine yo mu Burundi n’ibindi.
Ivyerekeye abarongozi bo mu makomine
Ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa Nshingiro numéro 1/10 ryo ku wa 07/06/2024 risubiramwo intwaro mu makomine rivuga iki? Igice ca kabiri c’iryo bwirizwa kirerekana ububasha bw’ikomine, les compétences de la commune. Muri rusangi turisanga mu ngingo ya 6,7 na 8.
Ikigabane ca kabiri cerekeye indinganizo ya komine. Igice ca mbere c’ingingo y’icenda kiratomora yuko ivyo bisata ari inama mpanuzwajambo y’ikomine, urwego nshingwabikorwa n’inzego mpanuzwajambo, organe consultatif dusanga mu gice ca gatatu ingingo ya 60.
Inama mpanuzwajambo y’ikomine
Ingingo ya cumi ivuga yuko, inama mpanuzwajambo ya komine ari igisata kigenzura ibikorwa vy’urwego nshingwabikorwa vy’ikomine.
Ingingo ya 27 na yo ivuga yuko inama mpanuzwajambo y’ikomine yemeza igatanga intumbero, igakurikirana kandi ikagenzura ibikorwa vy’ikomine.
Ubutegetsi nshingwabikorwa mw’ikomine
Ingingo ya 35
Ubutegetsi nshingwabikorwa bwo mw’ikomine bugizwe na musitanteri ari we mukuru wabwo, umunyamabanga nshingwabikorwa, abakuru b’ibisata, ni ukuvuga 11 chefs de départements, uwujejwe akarere k’ubuvuzi mw’ikomine n’abahanuzi ba musitanteri.
Ku bijanye na musitanteri
Ivyo musitanteri w’ikomine ajejwe tubisanga mu ngingo ya 48 y’ibwirizwa risubiramwo intwaro mw’ikomine. Musitanteri ni we arongoye kandi atwara ikomine.
Umunyamabanga nshingwabikorwa w’ikomine
Ingingo ya 53
Umunyamabanga nshingwabikorwa w’ikomine ni umuhuzabikorwa mu vy’ubuhinga mu bikorwa vyose birangurirwa mw’ikomine. Il est le coordinateur technique de toutes les activités de la commune.
Ingingo ya 54
Irerekana yuko umunyamabanga nshingwabikorwa mw’ikomine ajejwe kunganira musitanteri mu bikorwa vyose bijanye n’intwaro. Kumuserukira mu vyo amutumye iyo yafatiriwe n’ayandi mabanga n’ibindi. Ni na we kandi asubirira musitanteri iyo bigaragaye yuko atagishoboye kurangura amabanga ajejwe.
Abahanuzi ba musitanteri
Ingingo ya 58
Mw’irangurwa ry’amabanga ajejwe, musitanteri yunganirwa n’abahanuzi bagizwe n’umuhanuzi ajejwe ivy’amategeko, umuhanuzi ajejwe ibibazo vya politique, umuhanuzi ajejwe ivy’ubutunzi, imibano n’imicokama n’umuhanuzi ajejwe guhanahana amakuru n’imigenderanire.
Abarongoye ibisata : les chefs des départements
Mu ntumbero yo gushira mu ngiro neza politique yo kwegereza ubutegetsi abenegihugu, ibisata bitandukanye bigize ubuzima bwa komine, vyarinjijwe muri iri bwirizwa ryunganira Ibwirizwa Nshingiro. Kugira ngo abenegihugu boroherezwe mu vyo bakeneye kandi haboneke n’akarusho mu vyerekeye iterambere, ikomine ifise ibisata 11 ari na vyo twamaze gushikiriza muri iki kiganiro. Umwe wese muri abo babirongoye afise igisata ciwe ajejwe.
Abakuru b’amazone
Zone irongowe n’umukuru wa zone, ikaba ifise abahanuzi babiri. Uwujejwe ivy’amategeko n’intwaro n’uwujejwe imibano, ubutunzi n’iterambere. Ingingo ya 73 ivuga yuko umukuru wa zone aserukira musitanteri w’ikomine. Ni we muremesha akaba n’umuhuzabikorwa vy’iterambere vyose vy’ikomine muri zone arongoye. Ingingo ya 74 iratomora neza amabanga ajejwe.
Mu gusozera
Reta y’Uburundi iritwararitse cane umugambi wo kwegereza ubutegetsi abenegihugu. Amategeko menshi yarashizweho canecane iriha ububasha amakomine n’iriyaronsa uburyo bwo gukora biciye mu makori, amatagisi n’ayandi mafaranga ikomine irekuriwe gutoza. Reta irashigikira kandi imigambi y’iterambere y’amakomine ibicishije mu kigega FONIC gishigikira amakomine na canecane mu vyerekeye inyubako rusangi.
Inama mpanuzwajambo y’ikomine n’abagize ubutegetsi nshingwabikorwa mu makomine, bafise uruhara rudasanzwe mu gutunganiriza abenegihugu, mu gutsimbataza amahoro, intwaro ibereye n’iterambere rirama kandi ridakumira mw’ikomine bajejwe.
Abakenguzamateka batorwa n’abagize inama mpanuzajambo z’amakomine. Ni co gituma ari ubucuti budasanzwe hagati y’iyo migwi ibiri y’abatowe ihuriye ku guharanira ineza y’abenegihugu n’inyungu zabo. Inama Nkenguzamateka ntiyahengeshanije kuba hafi amakomine na canecane kuva aho hagarukiye intwaro rusangi mu gihugu mu mwaka wa 2005, abenegihugu bagasubira kwitorera ababarongora mu mutekano.
Gushira mu ngiro politique yo kwegereza ubutegetsi abenegihugu ntivyoroshe. Ariko akagumye bagumako. Turikumwe twese birashoboka. Ntakizotubuza kuzoshika ku mbonakazoza y’igihugu cifashe 2040 n’igihugu giteye imbere mu 2060.
Ibisigaye ni ugutanga ijambo. Ni ivyo mu majambo make ka ga synthèse kavuga. Nibaza yuko baza kubaha document. Nihaba atawufise ikibazo duca tuja kuri point ikurikira ya projet de calendrier kugira duce duhereza n’umwanya Honorable Cyriaque.
Umukenguzamateka NSHIMIRIMANA Cyriaque
Murakoze Nyeniteka. Muriko muratubwira abatumiwe muri iyi nama, muri aya mahuriro, numvisemwo ba Buramatari.
Umukuru w’Inama Nkenguzamataka
Ba Buramatari bazoba baje kutwakira kandi murazi yuko bafatirwa na vyinshi. Sinibaza rero yuko ahantu abakenguzamateka baba bariko bararemesha ikiganiro nk’iki hashobora kubura umu délégué wa Buramatari. Gusa baciye bamushiramwo na we mu ba délégué ariko Buramatari wewe azoba aje kutwakira kuko tuzoba turi mu ntara yiwe. Ahandi ho ikiganiro kiramuraba kuko turiko turamufasha. Tuzoba turiko turafasha administration na canecane yuko intara ari nini. Ibiganiro rero, turazi yuko bizozanira akarusho gakomeye Nyakwubahwa Buramatari. Jewe kandi ndizeye neza
yuko abajenama ba komine yuko bazovyumva. Mwari mwahejeje? Honorable Cyriaque.
Umukenguzamateka NSHIMIRIMANA Cyriaque
Ego, ariko kuri page 23, nibaze yuko hoba hari ho n’ahandi, tuvuga inama ya komine canke tuvuga inama mpanuzwajambo ya komine?
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Tuvuga inama mpanuzwajambo ya komine. Bavuga gute? Muraturabira mw’Ibwirizwa Nshingiro ingene vyanditswe. Numva ari birebire. Abandi nibavuge. Ni inama ya komine canke ni inama mpanuzwajambo ? Ubu citwa gute mu mabwirizwa ? Abanyamabwirizwa, bayita inama ya komine canke inama mpanuzwajambo ya komine? Madame Goreth? Muturabire, inama ya komine yitwa inama mpanuzwajambo ya komine. Muduhe terme tugenda tuvuga kugira ngo tugende tuvuga bimwe, ejo ntituzohave ngo dusange turiko turavuga ibitari mu mategeko. Abahinga ni mukirabe. Honorable Cyriaque bandanya.
Umukenguzamateka NSHIMIRIMANA Cyriaque
Vyari ivyo murakoze Nyeniteka.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Honorable Ferdinand.
Umukenguzamateka NDAYISAVYE Ferdinand
Murakoze Nyeniteka nanje kumpa akanya. Ico nashaka nshikirize ca mbere cari ico Honorable Cyriaque ahejeje gushikiriza kuko ubwa mbere guhera nko muri 2015 harigeze kuba havugwa inama mpanuzwajambo za komine, mugabo muri uyu mwanya turiko turaraba henshi bavuga inama za komine akaba ari na co gituma mutanze intumbero imeze neza kugira ngo baturabire ijambo twokoresha.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Bazita inama z’amakomine?
Umukenguzamateka NDAYISAVYE Ferdinand
Ego henshi ni ko bazivuga.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Erega ngaha hari ho bamwe bamwe bazirongoye kandi hari ho n’abazirimwo. Muzite uko zitwa kandi muce mubikosora.
Umukenguzamateka NDAYISAVYE Ferdinand
Hanyuma ikindi kibazo nari mfise, kiri kuri article 54, kuri page 7 ya kino cegeranyo. Kumbure bavuze yuko mu vyo umunyamabanga nshingwabikorwa ajejwe, mu vyo akora, ari na we kuri phase ya nyuma kandi akaba ari we asubirira musitanteri iyo bigaragaye yuko atagishobora kurangura amabanga ajejwe. Mugabo nariko ndaraba iyo article 54 ku ga point kagira cumi ngira ni ko bashatse kugirira traduction kari mu gifaransa, kavuga gutya:« assurer l’intérim en cas d’empêchement dument constaté de l’administrateur communal ». Rero ngaha mu kirundi nibaza yuko boca bahinyanyura bakabigira uko vyitwa kuko woca umenga c’est de fils kumusubirira au lieu yuko aba aramusubirira muri ico gihe vyibonekeje.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Yoba ari bombe duteye. Muvyite uko vyitwa.
Umukenguzamateka NDAYISAVYE Ferdinand
Hanyuma ica nyuma sinzi mbandanije kubiri kuri programme, umengo ni co caca gikwirikira, nagumye nibaza nti mbega ko turiko turakora ibi bikorwa mu gihe hari ho igikorwa c’urumuri, hamwe bihuriranye muri iyo komine, habaye igikorwa c’urumuri vyoca bigenda gute ? Murakoze.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Ivyo uherejeko ntavyo numvise.
Umukenguzamateka NDAYISAVYE Ferdinand
Nariko ndavuga nti sinzi yuko ntoba nsimbiye ku yindi point iri kuri programme yerekana ingene ibikorwa bisanzwe bimeze. Nariko ndavuga nti ko dusanzwe turi muri période yuko urumuri ruriko rugendera ama komine, nka hamwe umurwi wosanga washize igikorwa kuri uwo musi w’urumuri vyoca bigenda gute ? Murakoze.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Ico ngira ko ndacishura, abarongoye imigwi baripanze yuko babanje kuraba le calendrier y’urumuri, hanyuma baca bategura ibikorwa bisunze le calendrier y’urumuri. Nibaza yuko le calendrier y’urumuri yuko tuyifise muri groupe, nibaza yuko tuza turagira ajustement turavye aho urumuri ruri kugira ngo aho ruri vy’ukuri ntidusekane n’urumuri. Erega si urumuri gusa kuko hari ho n’ayandi ma activités ariko arakorwa. Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu cacu ciza c’Uburundi ariko arashikiriza ba musitanteri. Ivyo vyose abarongoye imirwi baca babikorerako de façon que bataja gusekana na Nyenicubahiro ahantu agiye gukorera. Uko ni ko natwe duheza tugakora.
Umukenguzamateka NTAKARUTIMANA Sabine
Murakoze kumpa ijambo Nyeniteka. Jewe mfise akabazo ku kijanye na ABELO. Mwavuze yuko Inama Nkenguzamateka yafashije mugushinga umurwi w’abatowe mu nzego z’intango, mugabo ubu na ho bikaba vyarahindutse bakaba bayita ishirahamwe ry’ama komine yo mu Burundi. Jewe n’ukuri mumbabarire ntavyo nzi. Jewe rero nashaka numve isano riri hagati y’iyo ABELO yari ihari, n’iyi y’ama komine.Est- ce que abantu batowe mu nzego, baremerewe kwinjira muri iki gishasha ca ACO Burundi? Canke ni ibijanye n’amakomine gusa aja hamwe? Bavuze ama komine ni ibiki ?
Ni abantu bari mu makomine, ni bande bagize iyi ACO Burundi ? Kubera barashobora kubitubaza, natwe turi bashasha baje gukorera mu makomine, none twebwe nk’abatowe mu nzego zo hasi, kera hari ho iri shirahamwe ABELO, mbega abarijamwo bagengwa n’amategeko ayahe yo muri uwo mugwi ? Ubu ko cahindutse, est- ce que baciye bagira transfert ya objectif ya ABELO y’ico gihe, ubu ni yo bashize mu ma komine muri iki ca ACO Burundi ? Murumva yuko bizotugora mu gihe tudafise inyishu dutegerezwa kubaha ?
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Reka ndagitangire inyishu. Twebwe tugomba gukora igikorwa duhabwa n’Ibwirizwa Nshingiro. Iyo ABELO na ACO Burundi ni Associations sans but lucratif. Sinibaza mbere yuko twogitako n’umwanya twebwe. Twebwe tworondera ukuntu duha inguvu le canal iri hagati y’abakenguzamateka n’inama z’amakomine. Abo bandi nimba ubona kiguma kigaruka, kiguma kigaruka nyene kuko carimwo agafaranga. Sinibaza yuko rero ico kintu ca ACO Burundi na ABELO yuko twogitako umwanya munini. Jewe n’ukuri mbere ntihagire umuntu bizoza kumena umutwe. Twebwe ico dushaka ni uko Inama Nkenguzamateka vy’ukuri, ikomine iyiyumvamwo ikabona yuko, uwo mu nama ya komine abonye umukenguzamateka amubonemwo inyishu y’ibibazo bahura hariya muri komine. Kuko tukaza gushiramwo abo bandi na bo bica bigorana, ni co nibaza. Kuko ahandi hoho, utwo twose ni twa twigoro Reta yagiye iragira twokuraba ukuntu yokwegereza ubutegetsi abenegihugu. Mugabo uno musi ubwo butegetsi babufise bwose turavye amategeko agenga komine uno musi.
Ntihagire ikomine n’imwe iguma itabona yuko uno musi ivyayo ari yo ibijejwe ngo ejo tuzohave dusanga yarasigaye inyuma. Donc, ico dushobora gukora nk’abakenguzamateka, dutegerezwa gushira aya makomine yose muri compétition positive. Iyi compétition positive igamije la bonne gouvernance kugira ngo amafaranga yose atozwa muri komine akore ivy’abenegihugu. Ico tugishitseko, vyose bizoba bitunganye. Kandi dutanguranye na bo dès le départ, ndazi yuko tuzoshika neza. Ivyo bindi rero nibaza yuko, ivyo vya ABELO na ACO Burundi twobicako turengana zose zari inzira abakenguzamateka bariko barondera ukuntu boshikira cane ababatoye, nibaza yuko yari inzira muri izo.
Hari uwundi afise ikibazo ? Deuxième-vice.
Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze Nyeniteka kumpa ijambo. Mu bisanzwe ABELO na ACO BURUNDI ni terminologie gusa zahindutse, si non iyi ABELO yari Association Burundaise pour les Elus Locaux, mugabo les contribuables canke les partenaires, ce sont les communes. Ntabwo batumira umuntu ku gatwe kiwe ngo ni uko ari communale. Hatumirwa les communes ni zo zagira ama contributions au sein y’iyo Association. Baca basanga rero barihenze yoba Association des Communes du Burundi, ni ho cahindutse, si non les participants muri iyo Association bose ni bamwe. Ce sont des conseillers communaux. Donc, kivuga kumwe ni appellation gusa yahindutse, murakoze.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Ahubwo hari ho ikintu batatubwiye ngaha tugenda twisunga. Amakomine umengo muri Banque des jeunes ni aba actionnaires na Banque des femmes. Ivyo vyose tugende tubizi ba Nyakwubahwa bakenguzamateka. Kuko ivyo vyose birashobora kuza. Kuko les communes ni aba actionnaires muri Banque des jeunes no muri Banque des femmes. Ivyo vyose ni two twigoro Reta yariko irakora kugira ngo yegereze ubutegetsi abenegihugu kugira amakomine aserukire abenegihugu, aba jeunes, aba mamans n’abakobwa, kugira ngo na bo bashobore kuza bararonka imitahe bitagoranye. Ivyo vyose twari utwigoro Reta yagiye irakora muri ico gisata co kwegereza ubutegetsi abenegihugu.
Aho na ho urumva tuzoca tubahamagarira yuko nk’abaserukira abenegihugu, bogenda babikurikiranira hafi bakaraba neza yuko iyo migwi y’abo bantu iriko yegera izo banki vy’ukuri, kugira ngo na bo baronke izo ngurane. Ivyo vyose urumva biri mu vyo tuzotegerezwa kubashikiriza. Atawufise ikibazo twoca tuja kuri projet de programme rero.
Tuje kuri projet de programme des activités pour la période du 1er octobre au 14 octobre.
Mercredi le 1er octobre, activité de la première journée de descentes dans les communes du pays par les honorables sénateurs ;
Jeudi le 02, deuxième journée ;
Vendredi le 03, troisième journée ;
Lundi le 06, travaux en commission.
Kubera yuko mardi tuzoba dufise congrès, il faut que abantu bose begera hafi y’ahazobera congrès.
Mardi le 07 congrès du Parlement, présentation par le Premier Ministre de la République du Burundi du rapport de la mise en œuvre du Plan de Travail et du Budget Annuel « PTBA » en sigle du Gouvernement pour le deuxième semestre exercice 2024-2025 ;
Mercredi le 08, quatrième journée de descentes ;
Jeudi le 09, cinquième journée de descentes ;
Vendredi le 10, sixième journée ;
Lundi le 13, commémoration d’assassinat du Prince Louis RWAGASORE et mardi le 14, réunion du Bureau élargie, séance plénière analyse et adoption du projet de programme pour la période du 15 au 31 octobre.
Murumva rero amakomine kubera yuko yegeranye, urumva yuko ari igikorwa coroshe cane mu misi itandatu tuzoba amakomine yose tuyazungurutse, tuyamaze. Tuzoza kwibuka notre Héros d’Indépendance le 13 amakomine yose twamaze kuyashira ku kivi, twabonye n’ingorane yose afise. Sinziko hari uwufise observation sur le projet de calendrier, ijambo ni iry’iwanyu. Atakibazo kihari rero twemeze le projet de calendrier, turayemeje.
Murakoze. Nce nsaba rero ba Nyakwubahwa bariko badukorera igikorwa c’ubuhinga kuri aya ma descentes na canecane ko twabonye yuko harimwo ibintu vya logistiques, imiduga n’ibindi bace babijako. Les équipes zizogenda z’appuya (appuyer), tugende tuzimenyesheje ba Nyakwubahwa abakenguzamateka. Twasanze rero ari ikibazo. Hari ahazoja abakenguzamateka umwe, twasanze hari ahari batatu ni muri Butanyerera, mugabo twabonye umengo two vyajusta (ajuster), dufise mandat national ntakibuza yuko dukorera ahariho hose.
Twabonye yuko Honorable Ferdinand yojana na Honorable Imelde. Duca tubona yuko Honorable Léonard yojana na Honorable Cyriaque, dufise mandat national. Sinzi uko muvyumva. Hanyuma ni ikiganiro c’abakenguzamateka n’abajenama b’amakomine. Ahagiye babiri, abakenguzamateka bose bicara kuri podium n’umu délégué nkeka yaserukiye intara, n’ahoja batatu bokwira bose kuri podium. Ni ikiganiro c’abakenguzamateka n’abajenama b’amakomine.
Ba Nyakwubahwa tuzoba turikumwe bo muri Secrétariat Général ni abahinga bacu. Na bo nyene uwuzobona hari ico ashobora kudu sifflant ni ukucandika akakirungikira ba Nyakwubahwa abakenguzamateka bazoba baremesheje ikiganiro. Ico duca dusaba kindi, abantu bazoba bajejwe gufata ivyegeranyo, tubasabe muzobe fidèle. Kuko twipfuza yuko ibiganiro niyo vyahera tuzovyegeraniriza hamwe vyose tukabona le point de départ y’amakomine yacu, uko agiye gutangura aja gushira mu ngiro la politique de décentralisation y’igihugu. Kuko ni igitabo kizodufasha cane kuko mu nyuma tuzosanga tuvuga duti amakomine yavuye aha, yagiye araduga bukebuke, abo bizogora na bo bamenye aho vyagiye birabagorera.
Nibaza rero abazoba bajejwe gufata ivyegeranyo, ndanasaba na ba Nyakwubahwa abakenguzamateka mubareke abantu bisanzure bavuge ibibazo vyose bahura na vyo, na canecane abo tuzoba turiko tugiranira ibiganiro, mubahe umwanya ukwiye bisanzure bashikirize ibibazo vyose.
Hanyuma ikindi ni le cadre légal yerekana uko Inama Nkenguzamateka ikorana na les entités locales décentralisées. Nibaza yuko ahazoba hari les médias locaux ni ukubareka bagakwirikirana ibiganiro vyose kuva ku ntango gushika ku mpera. Nta bintu vy’ibanga tugiyemwo ni ivyo twipfuza yuko abenegihugu bose bamenya hanyuma bamenye ivyo barekurirwa n’amategeko. Ni ukureka ama médias akabikwirikirana vyose kugira banadufashe no kwerekana ama défauts amwe amwe azoba yabonetse kugira ngo n’abandi b’ahandi bavyumve bati aha hari ibibazo ibi n’ibi n’ibi. Nibaza yuko bishobora gufasha. Turangize rero duhereze l’équipe technique kuja gutegura. Honorable Léocadie.
Umukenguzamateka NDACAYISABA Léocadie
Murakoze kumpa ijambo Nyeniteka. Jewe sinagomba gufata umwanya munini. Nagomba kugaruka kuri logistique kuko mbona umenga harimwo utubazo tutaramenya, bagiye kubitegura ngira ngo baheze babidusangize kugira ngo tubone neza ingene bizogenda, ivyerekeye ama déplacements kugira ngo umuntu abone yuko n’ayo ma médias bazoba batumiye kuko mbona umenga ntitwotumira les médias locaux gusa harakenewe ko na RTNB iba irimwo kuko ubu mu ntara iriyo, abo muri ABP n’abandi kugira ngo igikorwa kizobe médiatisé neza. Numva umenga harimwo ibintu vyinshi tutaramenya ingene bizoba bitunganijwe kuko urumva ni ejo ngira bahava baca babidusangiza tubimenye neza.
Ikindi nagomba kuvuga ni uko umenga hariho igikorwa boba baratubwiye c’amakaye, yoba ari occasion nziza yuko icoba carabonetse muri izi descentes twoca tugirako dusiga dukoze ico gikorwa ciza tugafasha aboba barabuze agakaye ko kuja kw’ishure mu buryo tuzoba twashoboye kuronka. Murakoze ni ico nagomba nongereko.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Murakoze cane. Ico gikorwa c’amakaye na co nyene ni uguca tugikora. Abatarashobora kuyashikiriza duce tugenda tuyashikiriza abo bazoba batweretse, les vulnérables gusumba abandi, ntanicobuza aho mwoshika mugasanga bishoboka yuko no gushika mw’ishure mukaraba uwutayafise yatonze atagira amakaye mukamuha amakaye na co nyene nibaza yuko cofasha. Muzokwiga uko mubikora.
Hanyuma ico kindi kijanye na logistique nibaza ko muri Secrétariat Général babikoze. Hanyuma nibaza yuko au niveau des équipes tuzojana, nibaza yuko atari ama équipes baduha atari coordonnées. Nibaza yuko birya twakoze tukavuga duti uwutwara délégation w’umukenguzamateka ni kanaka, nibaza yuko na bo nyene mu bo bashinze hazoba hariho uwutwara l’équipe technique kugira kuvugana vyorohe hako umuntu yirirwa arahiga bose amenye ati hagize ico nkenera nzobaza kanaka.
Ariko ivyo vya logistique, ni vyo birihuta. Kuko murabona ibintu vy’igitoro na vyo nyene ntivyoroshe nibaza ko babiteguye. Tuvuye ngaha imigwi yose baca bayegera kugira ngo bavuge uko biteguwe ivy’imiduga n’ibindi, vyose uko bipanze. Honorable Jean Baptiste.
Umukenguzamateka BARANYIZIGIYE Jean Baptiste
Murakoze Nyeniteka Mukuru w’Inama Nkenguzamateka kumpa ijambo. Eka na jewe sinja kure y’ivya logistique, ni ikibazo giciye kinza mu mutwe uko nyene kuko abo tuzogendera, abo tuzohura turazi yuko bari mu ma services atandukanye kandi bazoba bava ahatandukanye na burya uno musi ikomine zagutse. Nkaca nibaza yuko ku butumire bwo bwaragiye bazi yuko bazoba batumiwe n’Inama Nkenguzamateka. Mbega ivyabo vyoba vyifashe gute ku bijanye n’uburyo kugira ngo duhejeje ikiganiro kumbure ntihaze hagire abaturaba mu maso canke bavuge bati mbega ivyacu bipanze gute ? Ni ikintu giciye kiza mu mutwe kugira ndakibaze. Murakoze Nyeniteka kumpa ijambo.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Urakoze cane. Sinari nagiye mu ma détails ni vyo. Twarabategekanirije frais de déplacement kuko turazi ko uno musi ivyo kwiyunguruza bitoroshe. Hariho abo tuzoba turikumwe bazotegerezwa kubahereza frais de déplacement y’ibihumbi mirongo itandatu. Twarabiteguye vyose kuko turazi neza yuko déplacement itoroshe uno musi utobwira umuntu ngo uno musi naze uca usanga bitoroshe. Nibaza yuko ikibazo cawe cari aho. Hari ho iyo frais de déplacement twabategekanirije. Hanyuma nta bindi njamwo abakenguzamateka ivyabo birazwi ntavyo ngarukako. Honorable Léonard.
Umukenguzamateka HABIMANA Léonard
Murakoze Nyeniteka kumpa ijambo twongera dushima integuro y’iki gikorwa uko yagenze, turabona bimeze neza. Hanyuma n’ama documents de travail twayaronse. Ariko hariho complément nashaka gusaba. Ubuheze turi i Ngozi muri formation, baratwemereye ama documents harimwo n’ayajanye na décentralisation. Rero nashaka gusaba iyo document ni twaba twoyironka na canecane kuri présentation sur la décentralisation ntihobura akajambo na kamwe umuntu akuramwo kakagira ico gafashije. Murakoze Nyeniteka.
Umukuru w’Inama Nkenguzamateka
Izo documents kubera iki mutazibarungikiye ku ma emails yabo ? Mubasabe ama email yabo muzibarungikire zirya document bigishirijeko i Ngozi mu kurindira yuko muzikora muri bwa buhinga twabasaba mwoba murabarungikiye ku ma emails yabo kugira uwushatse kubikoresha abe arabikoresha.
Reka rero ndabakengurukire. Ndakengurukira cane l’équipe technique yaduteguriye aya ma descentes kuko biraboneka neza yuko babifatiye umwanya ukwiye ariko kandi ndabasaba yuko n’ubundi igikorwa babandanya bakigira icabo kugira vy’ukuri ico twipfuza yuko dushikako tugishikeko na canecane yuko ikomine niyaba ihagaze neza n’igihugu cacu kizohagarara neza. Ibibazo biri mu benegihugu ni vyaba bitorerwa inyishu au niveau commune canke zone amahoro n’ituze mu gihugu bizoboneka.
Nsabe rero Imana mushobora vyose yoyo igihe twagira atelier i Ngozi yabonye ko n’iki gikorwa twogikora, yabonye ko yobirongora yo nyene ikabiroranya kugira vy’ukuri abo tugiye kugiriranira ibiganiro babibonemwo inyungu zizoza zifasha umwenegihugu kugira ngo bavyitwararike cane. Na canecane tubahamagarira yuko ivyo bakora vyose babanza kuraba référence y’amategeko umwe wese akabanza kuraba ivyo amategeko amurekurira nivyo atamurekurira. Kuko hariho abantu bashika mu mabanga ntiyigere araba mbega amategeko ansaba iki ? Akabikorokeramwo uko nyene ari na hamwe uca usanga ejo canke hirya y’ejo hariho ibintu vyagoranye. Ugaca usanga rero biciye bigorana. Murakoze rero. Nsabe abo muri Secrétariat Général na bo bace badukorera ivyo tubasavye kugira ngo abantu bace bipanga ejo bace baja ku kivi. Imana irongore ivyo bikorwa tugiyemwo kandi iduhe amagara meza, ibandanye itumurikira murakoze. Nce nsaba Honorable Joséphine ace adusabira umuhezagiro.
Inama ya bose yabaye mu mutekano n’umwumvikano ntangere, yarangijwe n’igisabisho igihe c’isaha zitanu n’iminota mirongo ine n’ibiri.
We will check your location suggestion and release it as soon as possible.