L’an deux mille vingt-quatre, le premier jour du mois d’août, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat à Gitega pour la 200ème séance plénière de la sixième législature relative :
En plus des honorables sénateurs et des hauts cadres du Sénat, la séance a vu la participation de beaucoup de convives comme le Représentant de la CENI, le Président de la Cour des comptes, les Représentants des Corps Diplomatiques et Consulaires accrédités au Burundi, les Représentants des Commissions spécialisées, les Représentants des organisations internationales œuvrant au Burundi, les Représentants des instances judiciaires, les Représentants des Corps de Défense et de Sécurité, les chefs des services œuvrant à Gitega. Cette séance qui était présidée par Très Honorable Emmanuel SINZOHAGERA, Président du Sénat, a débuté à 10 heures 32 minutes par une prière.
Voici en intégralité le discours prononcé à cette occasion par le Président de cette séance :
Tugire amahoro! Tugire amahoro, ubumwe, iterambere n’ubutungane kuri bose!
Tubasabe mudufashe tuyikengurukire mu kuyihunda amashi menshi cane.
Bubahwa Bakenguzamateka,
Batumire Bahire,
Muri ico kiringo, twarishikiye aho abenegihugu baba bariko bararangurira imigambi biciye mu bikorwa rusangi. Izo ngendo kandi kabaye akaryo keza ko kwumviriza iryo abadutoye bagona no guhimiriza abenegihugu guhinduka berekeza imigambi yabo ku mbonakazoza y’igihugu cifashe mu 2040 kandi kizoba giteye imbere mu 2060.
Kubera ko akaruhuko turangije kahuriranye n’uko abanyeshure bari mu buruhuko, twarabahimirije kwitabira ku bwinshi ibikorwa vyari bitegekanijwe vyo gufyatura amatafari, guca imikobeko no gutera ibiti mu ntumbero yo gukingira ibidukikije.
Bubahwa Bakenguzamateka,
Batumire Bahire,
Kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro na ho, aserukiye Reta, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaritavye ibirori vyo kwatira abasaseredoti n’abadiyakoni, vyabereye muri Paruwasi ya Gishungo yo muri Diyoseze ya Ruyigi. Urwo rugendo rwabaye ngirakamaro mu gutsimbataza ubucuti bwari busanzwe buri hagati y’Inama Nkenguzamateka na Ekleziya Katorika, kuko na none agafuni kabagara ubumwe ni akarenge.
Bubahwa Bakenguzamateka,
Batumire Bahire,
Kw’igenekerezo rya 16 Mukakaro, mu gisagara ca Bujumbura, Icegera ca Mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, ari kumwe n’abakenguzamateka b’abakenyezi, baritavye inama yahuje abakenyezi b’imboneza bo mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka. Abitavye iyo nama barahanahanye ivyiyumviro ku vyerekeye gusabira abakenyezi kuja mu bibanza bifata ingingo hisunzwe itegeko rigenga amatora n’irigenga amakomine, hamwe n’iterambere ridakumira.
Mu ntumbero yo gukarihiriza ubwenge abakenguzamateka n’abakozi, Inama Nkenguzamateka yararungitse intumwa mu rugendo rw’akazi mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya mu gisagara ca Arusha, kuva ku wa 23 gushika ku wa 27 Mukakaro, gukurikirana inama y’akarere yo gukarisha ubwenge ku Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka zihurikiye muri Afirika y’Ubuseruko, ku bijanye n’igenzurwa n’itangwa ry’ivyegeranyo kw’ihindagurika ry’ibihe.
Bubahwa Bakenguzamateka,
Batumire Bahire,
1) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Reta y’Uburundi ry’amasezerano hagati ya Reta ya Bene (Bénin) na Reta y’Uburundi yerekeye ikurwaho ry’impusha z’ukwinjira mu gihugu ku bafise ibitabu vy’inzira vy’ivyubahiro, ivy’abakozi bakuru ba Reta, ivy’akazi n’ibitabu vy’inzira bisanzwe;
2) Integuro y’ibwirizwa rigenga uturere ngwizabutunzi tudasazwe two mu Burundi;
3) Integuro y’ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa shingiro risubiramwo ibwirizwa ryunganira Ibwirizwa shingiro inomero 1/20 ryo ku wa 3 Myandagaro 2019 ryerekeye ingene Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro iringanijwe, ingene ikora n’ingene imanza ishikirijwe ziburanishwa ;
4) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Reta y’Uburundi ry’Amasezerano yerekeye uguhinyanyura amasezerano y’ibijanye n’indege atari iz’igisirikare ku rwego mpuzamakungu yashiriweko umukono i Montréal ku wa 06 Gitugutu 2016;
5) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Reta y’Uburundi ry’amasezerano yerekeye uguhasha ibikorwa bitemewe n’amategeko bigamije kugirira nabi indege atari iz’igisikare ku rwego mpuzamakungu, yashizweko umukono ku wa 10 Nyakanga 2010 i Beijing;
6) Integuro y’ibwirizwa ryemeza Amasezerano yunganira amasezerano yerekeye uguhasha ibijanye n’ukwigarurira ibigendajuru mu buryo butemewe n’amategeko(Amasezerano y’i Beijing yo mu 2010) ;
7) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Reta y’Uburundi ry’amasezerano yerekeye uguhinyanyura amasezerano ajanye n’ivyaha hamwe n’ibindi bikorwa bimwebimwe bibera mu bigendajuru;
8) Integuro y’ibwirizwa ryerekeye iyemezwa na Reta y’Uburundi ry’Amasezerano ahuza ibihugu vyaciye mu ntambara bihurikiye mw’ishirahamwe g7+ (Projet de loi portant ratification par la République du Burundi de la Charte Constitutive du Groupe des Sept Plus (g7+))
Bubahwa Bakenguzamateka,
Batumire Bahire,
Muri ibi bihe igihugu kiriko kiracamwo, abenegihugu tubasavye gukomeza kurwanya abikika mu kiza mu kuduza ibiciro canke kunyegeza ivyo bidandazwa biboneka bigoranye.
Bubahwa Bakenguzamateka,
Batumire Bahire,
Vyongeye, tuzotumako abashikiranganji batandukanye kugira ngo tubashikirize ivyo abenegihugu badutumye muri kano karuhuko twahoramwo.
Tuzokurikirana kandi ko ibikorwa bijanye no kwitegurira irima ry’agatasi biriko bigenda neza, mu kugenzura ko abarimyi bariko baronka imbuto zirobanuye n’umwavu ku gihe.
Tukaba twipfurije Abubahwa Abakenguzamateka ibikorwa vyiza bijanye n’iri sasa, twongera twipfuriza abashitsi mwese mwaje kudufasha runo rubanza gusubira mu mirimo yanyu mu mahoro n’umutekano.
MURAKOZE, IMANA IBAHEZAGIRE!
Après les cérémonies, la séance a été suspendue à 10 heures 50 minutes pour reprendre à 12 heures 11 minutes avec l’inscription des honorables sénateurs dans les différentes commissions, suivie par la mise en place leurs bureau. Pour toutes les commissions, les membres des bureaux ont été reconduits.
En fin, le président du Sénat a présenté pour adoption le calendrier des activités proposées pour la période allant du 1er au 13 août 2024. Ce dernier a été alors adopté à l’unanimité par les honorables sénateurs tel que présenté.
La séance qui s’est déroulée dans un climat d’ambiance parfaite, s’est terminée à 12 heures 30 minutes par une prière.
We will check your location suggestion and release it as soon as possible.