Compte rendu intégral de la séance plénière du Sénat du 31 octobre 2018 relative aux cérémonies de clôture de la session parlementaire ordinaire d’août 2018

L’an deux mille dix- huit, le trente et unième  jour du mois d’Octobre, les honorables sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la 197ème séance de la cinquième législature sous la présidence du Très Honorable Président du Sénat, Monsieur Révérien NDIKURIYO, pour procéder aux cérémonies de clôture de la session ordinaire d’Août  2018. Les travaux de cette séance ont vu la participation de 26 sénateurs et beaucoup d’invités à savoir le Président de la Cour constitutionnel, le Président de la Cour Anticorruption, le Président de la Cour des Comptes, le Vice- Président de la Commission Electorale Nationale Indépendante (CENI) ainsi qu’une forte représentation des Missions, Corps diplomatiques et consulaires accrédites à Bujumbura.

Voici, en langue nationale,  l’intégralité du discours prononcé à cette occasion par le Très Honorable Président du Sénat :

IJAMBO RYO GUSOZERA  IBIKORWA VY’ISASA RISANZWE RY’INAMA NKENGUZAMATEKA RY’UKWEZI KWA  MYANDAGARO 2018

RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA Reveriyano NDIKURIYO, UMUKURU W’INAMA NKENGUZAMATEKA

 

Nyakwubahwa Cegera ca Mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;

Nyakwubahwa Cegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;   

Banyakwubahwa Bakenguzamateka ;

Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare Ntahinyuzwa ;

Banyakwubahwa Bashikiranganji ;

Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro ;

Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare ijejwe gucungera amatungo ya Reta;

Nyakwubahwa Mushikirizamanza Mukuru wa Republika;

Nyakwubahwa urongoye umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora;

Nyakwubahwa Mukuru w’Igisagara ca Bujumbura;

Banyakwubahwa muserukira ibihugu vyanyu mu Burundi;

Banyakwubahwa muserukira amashirahamwe    mpuzamakungu mu Burundi;

Banyakwubahwa mwese mwitavye ibi bikorwa vy’uyu musi ;

Bamenyashamakuru mwitavye ibi birori;

Batumire bahire;

 

1. Tubanje gushimira Imana yo yatugiye imbere mu mirimo yose twaranguye mu kiringo c’isasa risanzwe rya Myandagaro dusozera uno munsi. Turabakengurukiye kubona mwaretse amabanga n’imirimo mwari mufise kugira muze kudufasha runo rubanza.

 

2.  Ibwirizwa Shingiro ritegekanya, mu ngingo zaryo z’179 n’190  ko Inama Nkenguzamateka ikorana mu nama zisanzwe gatatu mu mwaka, inama imwimwe ikamara amezi atatu. Inama ya mbere itangura ku wa mbere w’akazi w’ukwezi kwa Myandagaro, inama ya kabiri igakorana ku munsi wa mbere w’akazi w’ukwezi kwa Kigarama, inama ya gatatu igakorana ku munsi wa mbere w’akazi w’ukwezi kwa Ndamukiza.

3. Twisunze rero ibitegekanijwe n’Ibwirizwa Shingiro, kuri uno munsi wa gatatu, igenekerezo rya 31Gitugutu, umwaka w’2018, Inama Nkenguzamateka ya Republika y’Uburundi irashashe kugira ngo isozere icese ibikorwa  vy’isasa risanzwe rya Myandagaro twari tumazemwo amezi atatu.

4. Muri kino kiringo turiko turasozera, twisunze ingingo y’163 y’Ibwirizwa Shingiro rigenga Igihugu c’Uburundi itegekanya ko “Inama Nshingamateka n’Inama Nkenguzamateka zemeza amabwirizwa kandi zikagenzura ibikorwa vya Reta”,

 

Mu bijanye n’iyemezwa ry’amabwirizwa,

 

5. Twaremeje integuro z’amabwirizwa umunani ku nteguro icumi n’indwi Reta yaturungikiye.Izo nazo ni izi zikurikira:

  1. Projet de loi portant modification de la loi n° 1/15 du 9 mai 2015 régissant la presse au Burundi ;
  2. Projet de loi portant ratification par la République du Burundi de l’Accord de  prêt n°11/721 entre la République du Burundi et le Fonds Soudien de Développement(FSD) relatif au projet d’aménagement et de bitumage de la route nationale n°16 Bururi-Gitega, « Phase 1 : Bururi-Gakuba », signé le 24/05/2018 (Ramadan, 1439 A.H.) ;
  3. Projet de loi portant ratification par la République du Burundi de l’Accord de prêt n°989 entre la République du Burundi et le Fonds Koweitien pour le Développement Economique Arabe relatif au projet de construction de la route nationale n°3, tronçon Rumonge-Nyanza-Lac ;
  4. Projet de loi relatif à la stabulation permanente et interdiction de la divagation des animaux domestiques et de la basse-cour au Burundi ;
  5. Projet de loi portant ratification par la République du Burundi de l’accord de don n°D276-BI pour le financement du projet pour la restauration et la résilience du paysage entre la république du Burundi et l’Association Internationale de Développement (IDA), signé à Bujumbura le 24 mai 2018 ;
  6. Projet de loi portant ratification par la République du Burundi de l’Accord de don n°3200-BI entre la République du Burundi et l’Association Internationale de Développement (IDA) relatif au financement du projet d’amélioration des apprentissages en début de scolarité, signé le 18 juin 2018 ;
  7. Projet de loi portant modification de la loi n°1/18 du 15 mai 2014 portant création, mandat, composition, organisation et fonctionnement de la Commission Vérité et Réconciliation ;
  8. Projet de loi portant ratification par la République du Burundi de l’Accord de prêt n°1332P entre la République du Burundi et le Fonds de l’OPEP pour le développement international (OFID) relatif au financement du projet de construction de la route nationale n°3 Bujumbura-Rumonge : tronçon Rumonge-Nyanza-Lac, signé à Vienne le 27 août 2018.

 

 

Mu bijanye no gucungera ibikorwa vya Reta,

 

6. Twarakurikiranye ingene amabwirizwa twemeje ashirwa mu ngiro. Ni muri iyo ntumbero  twasohoye itangazo ryibutsa Reta y’Uburundi ko yosuzuma ko Ibwirizwa N°1/01/ryo ku wa 23 Nzero, umwaka w’2017 ritegekanya ingene Reta y’Uburundi ikorana n’amashirahamwe yigenga mvamakungu ririko rirashirwa mu ngiro nk’uko ryemejwe, cane cane mu ngingo yaryo ya 18 itegekanya ko mu guha akazi abakozi b’Abarundi, hategerezwa kwisungwa ibitigiri vy’ubwoko n’ibitsina nk’uko biri mw’Ibwirizwa Shingiro rya Républika y’Uburundi.

7. Twisunze ingingo y’168, agace k’8, twaritavye ibikorwa vy’inama zaduhuje n’abagize Inama Nshingamateka ku wa 28  Myandagaro no ku wa 10 Gitugutu, umwaka w’2018. Mu nama yo muri Myandagaro, twari turamutse twihweza ibiri mu cegeranyo cakozwe n’umugwi washinzwe n’igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu kijejwe agateka ka zina muntu. Inama yarangiye dutangaje icese ko ico cegeranyo cuzuye ibinyoma vyambika ibara bikongera bigatyoza inzego zirongoye igihugu cacu. Mu nama yo muri Gitugutu, twari turamutse dushikirizwa ivyaranguwe n’umugwi ujejwe gutohoza ukuri no kunywanisha Abarundi.Ivyapfundikiwe muri iyo nama nivyo vyatumye Ibwirizwa rigenga uwo mugwi rihinyanyurwa, ugahabwa uburenganzira bwo gutohoza ku vyabaye mu Burundi, uhereye kw’igenekerezo rya 26 z’ukwezi kwa Ruhuhuma, umwaka w’1885 gushika kw’igenekerezo rya 4 Kigarama z’umwaka w’2008. Ihinyanyurwa ry’iryo bwirizwa rizotuma kandi hongerezwa igitigiri c’abazoba bagize uwo mugwi, aho bazoba ari icumi na batatu mu gihe bahora ari icumi n’umwe.

8. Twisunze ingingo y’192, twaremeje amazina indwi  y’abagomwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu ngo baje mu mugwi ujejwe gutunganya amatora mu Burundi.

9. Twarashize ahabona icegeranyo cerekeye ingene inyubako zimwe zimwe  mu  igisagara ca Bujumbura zitisunze amategeko, twongera turerekana ingene Reta yogarukana mu minwe yayo amatongo ayegukira.

 

Mu ma makomine no mu Ntara z’igihugu,

 

10. Twaragendeye abenegihugu bo mu makomine atandukanye kugira ngo tubahimirize bahindure ingendo, bateze imbere ingo zabo n’igihugu cabibarutse. 

 

11. Mu nama twaremesheje irimwo abakozi bose bo mu Nama Nkenguzamateka kw’igenekerezo rya 17 Nyakanga, umwaka w’2018, baradutuye ikibazo cerekeye amategeko abagenga. Tugiye gukora kugira ngo ico kibazo gitorerwe inyishu ibereye.  Muri iyo nama kandi, twarapfunditse ko Inama Nkenguzamateka igiye kwimukira mu Ntara ya Gitega.

 

12. Kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu, umwaka w’2018, twarifadikanije n’Abarundi mu rubanza rwo kwibuka imyaka 57 iheze incungu y’ukwikukira kw’Uburundi, umuganwa Rudoviko Rwagasore agandaguwe. Kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu uno mwaka,twaritavye ibikorwa vyo kwibuka imyaka 25 incungu ya Démocratie Nyenicubahiro Président Melchior NDADAYE amaze agandaguwe.

 

Mu bijanye n’imigenderanire,

 

13. Twaritavye ibikorwa vy’inama ihambaye yabereye mu gihugu ca Afrika y’epfo. Ihangiro ry’iyo nama kwari uguhanahana ivyiyumviro vyotuma amahoro n’umutekano bitsimbatara muri Afrika no kw’isi yose, n’ingene amatati ari mu bihugu bimwe bimwe yotorerwa inyishu zibereye. 

 

14. Twaritavye  kandi ibikorwa vy’ihuriro vy’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka vyabereye mu bihugu bitandukanye: i Genève mu gihugu c’Ubusuisse, i Niamey mu gihugu ca Niger, i Bruxelles mu gihugu c’Ububirigi n’i Saint Petersbourg mu gihugu c’Uburusiya.

 

15. Kuva kw’igenekerezo rya 21 gushika kw’igenekerezo rya 24 Gitugutu, umwaka 2018, twarakiriye intumwa zaje zirongowe n’Icegera c’Umukuru w’Inama  Mpanuzwajambo ijejwe ibibazo vya politique y’Igihugu c’Ubushinwa mu ntumbero yo gukomeza Ubucuti no gufashanya hagati  y’Inama Mpanuzwajambo ijejwe ibibazo vya politique y’Igihugu c’Ubushinwa   n’Inama Nkenguzamateka y’Igihugu c’Uburundi. 

 

16. Tuzobandanya imirimo yo gukomeza ubucuti no kwunga ubucuti n’izindi Nama Nkenguzamateka n’ayandi mashirahamwe duhuriramwo. Vuba cane, kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kw’igenekerezo ry’icenda Munyonyo, uno mwaka w’2018, tuzokwitaba ibikorwa vy’Inama igira 73 ya Komite Nshingwabikorwa n’’Inama igira 41 y’ihuriro ry’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka z’ibihugu vya Afrika, ikaba izobera i Abuja mu gihugu ca Nigeria.

 

Muri buno buruhuko dutanguye,

  • Tugiye kubandanya igikorwa twatanguye co gusuzuma ko itunganywa ry’ibisagara rikorwa hisunzwe amategeko.  Tuzobandanya dusaba ko Reta ifatira ingingo zibereye abo bose bubatse hatisunzwe amategeko.
  • Tuzobandanya kandi gutegura ibikorwa vyo kwitegurira kwimurira Inama Nkenguzamateka mu gisagara ca Gitega, kugira ngo mu misi ya vuba, Inama Nkenguzamateka itangure gukorera muri ico gisagara ca Gitega.
  • Tuzokomeza kandi igikorwa twatanguye co guhimiriza abanyeshure kwirinda inda z’indaro.
  • Tuzokomeza igikorwa co guhimiriza abenegihugu ngo bijukire ibikorwa, biteze imbere bongere bateze imbere Igihugu cabibarutse;

 

17.Mu kurangiza, nk’uko bitegekanywa n’ingingo z’179 n’190 z’Ibwirizwa Shingiro, tuzokwongera guhurira muri ino ngoro kw’igenekerezo rya 3 Kigarama, umwaka w’2018, twugurura isasa risanzwe rya Kigarama.

 

Nihahangame Uburundi, Abarundi n’incuti z’Uburundi;

 

Imana ibazigame, yongere izigame Uburundi;

 

 Murakoze

 

C’est sur ces vœux que la séance a pris fin.

Write a comment

No Comments

No Comments Yet!

Let me tell You a sad story ! There are no comments yet, but You can be first one to comment this article.

Write a comment
View comments

Write a comment

Your e-mail address will not be published.
Required fields are marked*