Compte rendu synthétique de la séance plénière du Sénat du 01 août 2018 relative aux cérémonies d’ouverture de la session ordinaire d’aout 2018, à l’adoption du programme de la période du 01 au 03 aout 2018, à l’inscription des sénateurs dans les commissions permanentes suivie de l’élection des leurs bureaux

PS1

L’an deux mille dix- huit, le premier jour du mois d’août,  les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle  du Sénat pour la 179ème séance de la cinquième législature pour procéder aux  cérémonies d’ouverture de la session ordinaire d’août 2018, à l’adoption du programme de la période du 01 au 03 août 2018, à l’inscription des sénateurs dans les commissions et à l’élection des bureaux des commissions.  Les travaux de la séance qui étaient dirigés par Très honorable Président du Sénat, Monsieur Révérien NDIKURIYO, ont débuté avec une prière à 9 heures 15 minutes et ont vu la participation de 30 sénateurs et d’un nombre important d’invités à savoir le président de la Cour des Comptes, le Maire de la ville de Bujumbura, les représentants des missions diplomatiques et des organisations internationales œuvrant au Burundi.

Voici l’intégralité du discours prononcé à cette occasion, en Kirundi, par le Président de la séance :

  IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYAKWUBAHWA NDIKURIYO REVERIYANO, UMUKURU W’INAMA NKENGUZAMATEKA RYO KWUGURURA  IBIKORWA VY’ISASA RISANZWE RY’INAMA NKENGUZAMATEKA RY’UKWEZI KWA MYANDAGARO 2018

PS

Nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;

Nyakwubahwa cegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;   

Banyakwubahwa Bakenguzamateka ;

Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare Ntahinyuzwa ;

Banyakwubahwa Bashikiranganji ;

Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro ;

Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare ijejwe gucungera amatungo ya Reta;

Nyakwubahwa Mushikirizamanza Mukuru wa Republika;

Nyakwubahwa urongoye umurwi w’igihugu ujejwe gutunganya amatora;

Nyakwubahwa Mukuru w’Igisagara ca Bujumbura;

Banyakwubahwa muserukira ibihugu vyanyu mu Burundi;

Banyakwubahwa muserukira amashirahamwe    mpuzamakungu mu Burundi;

Banyakwubahwa mwese mwitavye ibi bikorwa vy’uyu musi ;

Batumire bahire;

Tubanje gushimira Imana yo yatuzigamye muri buno buruhuko ikongera ikazigama n’igihugu cacu.

Kw’igenekerezo rya 29 Ruheshi umwaka w’2018, igihe twariko turasozera ibikorwa vy’isasa risanzwe  rya Ndamukiza, twari twabamenyesheje ko tuzokwongera guhurira muri ino ngoro kuri uno munsi, kugira ngo dutanguze ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Myandagaro, nk’uko Ibwirizwa Shingiro rya Republika y’Uburundi ribitegekanya mu ngingo zaryo z’179 n’190.

Kw’izina ry’Inama Nkenguzamateka y’Uburundi no kw’izina ryacu nyene, turabahaye ikaze. Turabakengurukiye kubona mwaretse amabanga n’imirimo mwari mufise kugira ngo muze kudufasha runo rubanza.

Muri buno buruhuko twahoramwo, twararanguye ibikorwa bitari bike. Bimwe bimwe ni nk’ibi:

  1. Kw’igenekerezo rya kabiri Mukakaro umwaka w’2018, twaritavye ibirori vyo guhimbaza isabukuru rigira mirongo itanu na gatandatu Uburundi bwisubije intahe yo kwikukira. Icivugo c’uwo munsi mukuru cari iki “Dutsimbataze intahe yo kwikukira mu kugendera Ubumwe n’ibikorwa vyo soko y’amajambere”.
  2. Kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro umwaka w’2018, Icegera ca Mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaritavye ibikorwa vyo gushigikira indero mu mashure aho ishure la “Préférence” ryubatswe ku musozi Gahahe, Komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura ryariko    rirasozera ibikorwa vy’umwaka w’ishure wa 2017-2018.
  3. Mu ntumbero yo gukomeza ubucuti dufitaniye n’amashengero atandukanye, kw’igenekerezo rya 21 Mukakaro, umwaka w’2018  intumwa z’Inama Nkenguzamateka zarifadikanije n’ama diocèse ya Bururi, Ruyigi na Archidiocèse ya Gitega aho bari baramukanye imanza zo kwatira abasaseredoti n’abadiyakoni.
  4. Kw’igenekerezo rya 27 Mukakaro, umwaka w’2018 twaratanguje ibikorwa vyo kwubaka ishure shingiro ku musozi wa Kigutu, hasanzwe harangurirwa imigambi myinshi y’iterambere. Turateye akamo abandi Barundi baba mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi (diaspora burundaise ) ngo bateze imbere igihugu cabibarutse nk’uko  umurundi yatanguje imigambi iteye igomwe i Kigutu, ubu akaba aba muri Reta zunze ubumwe za Amerika, ariko arabikora.
  5. Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka z’Uburundi zaraserukiwe mu Nama Nshingamateka y’Ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa(APF) yabereye i Québec mu gihugu ca Canada kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kw’igenekerezo rya 10 Mukakaro, umwaka w’2018  . Abari muri iyo Nama, bisunze raporo yashikirijwe n’intumwa z’Inama Nshingamateka y’ibihugu bikoresha ururimi rw’igifaransa (APF) zagendeye Uburundi kuva kw’igenekerezo rya 20  gushika ku rya 22  Munyonyo umwaka 2017, barakuyeho ibihano iyo APF yari yarafatiye Uburundi mu mwaka w’2015.Turongeye gutera akamo Inama Nshingamateka y’ibihugu vya Buraya (Parlement européen) ko na yo nyene yokuraho ibihano yafatiye Uburundi.
  6. Twarakiriye intumwa z’ihuriro ry’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka z’Ibihugu vy’akarere k’ibiyaga binini (CIRGL)  kw’igenekerezo rya 10 Mukakaro umwaka w’2018. Izo ntumwa zari zije kwirabira intambwe Igihugu c’Uburundi gishitseko mu kubungabunga amahoro n’umutekano inyuma y’imigumuko n’itembagazwa ry’ubutegetsi vyabaye mu mwaka w’2015.Izo ntumwa zarakeje Uburundi ku ntambwe ishimishije bugezeko mu kubungabunga amahoro n’umutekano.
  7. Icegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaritavye ibirori vyo guhimbaza imyaka 100 (ijana) y’amavuko ya Président Nelson MANDELA yahoze ari Umukuru w’Igihugu ca Afrika y’epfo,  akaba yarabaye n’umuhuza mu matati y’ Abarundi. 

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaritavye kandi ibikorwa vyo gutanguza icese Inama yitiriwe Afrika n’igisagara ca Cape Town vyabereye muri Afrika y’epfo kuva kw’igenekerezo rya 17 gushika ku rya 19 Mukakaro uno mwaka.

  1. Twarifadikanije n’urwaruka ruri mu buruhuko mu bikorwa vyatunganijwe vyo guteza imbere igihugu.Twaritavye kandi ibikorwa  vyo gushigikirana vyabereye mu makomine yose y’Uburundi kw’igenekerezo rya 28 Mukakaro, umwaka w’2018.
  2. Twaragendeye ibibanza bimwe bimwe biriko birubakwamwo amazu kugira ngo twirabire, twebwe nyene, ko amategeko akurikizwa, cane cane ayagenga ibidukikije n’iterambere ry’ibisagara aho twasanze hari abantu bubatse ahari hagenewe inyubakwa rusangi nk’ibibuga, amashure, amavuriro n’ibindi.

Muri kino kiringo c’isasa risanzwe ry’ukwezi kwa Myandagaro gitanguye uno munsi,  

  1. Twisunze ingingo y’163 y’Ibwirizwa Shingiro rya Republika y’Uburundi, tuzokwiga integuro z’amabwirizwa icumi na zitatu(13) ziri ku rutonde Reta yaturungikiye. Ni izi zikurikira:
  2. Projet de loi portant ratification par la République du Burundi de l’Accord modifiant pour la deuxième fois l’Accord de Partenariat  entre les membres du groupe des Etats d’Afrique, des Caraïbes et du Pacifique d’une part et la Communauté Européenne  et ses Etats membres d’autre part signé à Cotonou le 23 juin 2000 et modifié une première fois à Luxembourg le 25 juin 2005 ;
  3. Projet de loi portant Ratification par la République du Burundi de l’Accord sur l’Etablissement de la Force en attente d’Afrique Orientale ;
  4. Projet de loi portant ratification par la République du Burundi du Protocole de la Communauté Est Africaine sur la Paix et la Sécurité ;
  5. Projet de loi relative à la stabulation permanente et interdiction de la divagation des animaux domestiques et de basse-cour ;
  6. Projet de loi portant Code de l’offre des soins et Services de santé ;
  7. Projet de loi portant réglementation du médicament, de l’exercice de la pharmacie, la profession d’opticien et de l’Art des Tradi-praticiens ;
  8. Projet de loi régissant les capitaux ;
  9. Projet de loi portant création, délimitation de la commune Buhayira et délimitation de la commune Murwi en Province Cibitoke ;
  10. Projet de loi portant adhésion de la République du Burundi à la Convention  de 1954  relative au Statut des apatrides ;
  11. Projet de loi portant adhésion de la République du Burundi à la Convention de 1961 relative à la réduction des cas d’apatridie ;
  12. Projet de loi portant dispositions particulières au commerce du pétrole et des produits pétroliers au Burundi ;
  13. Projet de loi portant ratification par la République du Burundi de l’Accord de prêt n°11/721 entre la République du Burundi et le Fonds  Saoudien de Développement (FSD) relatif au projet de bitumage de la Route Nationale n° 16 Bururi-Gitega « Phase 1 : Bururi-Gakuba » signé à Ramadan, 1439 A.H. le 24 mai 2018 ;
  14. Projet de loi portant ratification par la République du Burundi de l’Accord de prêt n° 989 entre la République du Burundi et le Fonds Koweitien pour le Développement Economique des Pays Arabes relatif au projet de construction de la Route  Nationale n° 3, tronçon Rumonge-Nyanza-Lac.

Ba Nyakwubahwa Bakenguzamateka ;

Batumire bahire ;

Twisunze kandi ingingo y’163 y’Ibwirizwa Shingiro,

  1. Tuzokomeza amanama twatanguye mu makomine y’Uburundi ku civugo “Duhinduke, dukure amaboko mu mpuzu, twiteze imbere, duteze imbere igihugu cacu”. Twihaye ihangiro ko tuzoba twagendeye amakomine yose y’Uburundi imbere y’ukko umwaka w’2019 urangira.   
  2. Tuzobandanya igikorwa twatanguye co guhanura abigeme, cane cane abari mu mashure matomato n’ay’isumbuye kugira ngo birinde inda z’indaro. 
  3. Tugiye guhimiriza abenegihugu kugira ngo batuze imiriro ya Nyakanga. Tuzobandanya kandi igikorwa co kubahimiriza ngo batere ibiti aho hose imisozi itambaye mu ntumbero yo gukingira ibidukikije.
  4. Vuba cane, tuzotumako intumwa ya Reta kugira ngo itumenyeshe ingene ibwirizwa N°1/01 ryo ku wa 23 Nzero 2017 ritegekanya ingene Reta y’Uburundi ikorana n’amashirahamwe yigenga mvamakungu (organisations non gouvernementales étrangères) ririko rirashirwa mu ngiro, na cane cane mu ngingo yaryo ya 18 itegeka ko mu guha akazi abakozi b’abarundi, hategerezwa kwisungwa ibitigiri vy’ubwoko n’ibitsina nk’uko biri mw’Ibwirizwa Shingiro  rya Republika y’Uburundi.
  5. Mu ntumbero yo gukomeza demokarasi no gukundisha abenegihugu igihugu cabibarutse, tuzobandanya kubahimiriza  kugira ngo babandanye guterera ibikorwa bijanye n’amatora Uburundi bwimirije gutunganya mu mwaka w’2020.
  6. Mu bijanye n’imigenderanire, tuzobandanya  gukomeza no kwunga ubucuti n’izindi Nama Nkenguzamateka n’ayandi mashirahamwe duhuriramwo.
  7. Imbere yo kurangiza, twongeye kubakengurukira kuba mwitavye ubutumire twabarungikiye.
  8. Mudukundire kandi  twifadikanye na mwe mwese mwitavye runo rubanza mu gukeza umugwi nserukira gihugu “Intamba mu rugamba” ugizwe n’urwaruka rutarenza imyaka mirongo ibiri, kw’iteka baraye bateye igihugu cacu mu kuronka uburenganzira bwo gukina inkino za nyuma ( phase finale) z’igikombe ca Afrika zizobera mu gihugu ca Niger. Uburundi bwaheruka gutera intambwe nk’iyo mu mwaka w’1995. Hakaba hari haheze imyaka mirongo ibiri n’itatu Uburundi budashika kuri urwo rugero.
  9. Mu  kurangiza,twagomba twipfurize ba Nyakwubahwa Abakenguzamateka imirimo myiza yo muri kino kiringo c’isasa rya Myandagaro. Tukaba dutangaje icese ko twuguruye ikiringo c’isasa risanzwe rya Myandagaro kuri uno munsi wa gatatu igenekerezo rya mbere Myandagaro umwaka w’2018.

Nihahangame Uburundi n’Intahe yo kwikukira

Nihahangame Uburundi n’incuti z’Uburundi

Imana ibazigame yongere izigame Uburundi

Après une petite suspension des travaux, la séance s’est poursuivie avec la présentation du programme de la période du 01 au 03 août 2018 qui était libellé comme suit :

Mercredi le 01 août 2018 à 9 heures, il y a eu les cérémonies d’ouverture de la session ordinaire d’août 2018. A 9 heures 30 minutes, il y a eu une réunion du bureau pour arrêter le projet de programme de cette période.

A 10 heures, les sénateurs se sont réunis en séance plénière pour procéder à l’adoption du programme pour la période  du 01 au 03 août 2018, à l’inscription des sénateurs dans les commissions permanentes, suivie de l’élection des Bureaux des commissions ;

Les journées de jeudi le 02 et vendredi le 03 août 2018, seront consacrées aux travaux en commissions et l’après midi de vendredi comme d’habitude, les sénateurs et le personnel du Sénat sont conviés aux activités sportives.

Le programme a été adopté et les sénateurs ont procédé à la mise en place des commissions permanentes et de leurs bureaux. La composition de ces dernières sera communiqué dans la plénière qui suivra.

Au terme de la séance, les communications suivantes ont été données :

Premièrement le président de la séance a fait savoir que les tournois de cette année 2018 au niveau de l’EALA se dérouleront au Sud-Soudan dans la ville de Djouba et que le Sénat a déjà disponibilisé les maillots de l’équipe de Net-Ball qui représentera le Parlement du Burundi ;

Deuxièmement, dans le cadre du projet de reboisement dans quelques provinces du pays, le Président du Sénat a informé les sénateurs que  les sachets sont disponibles ;

Les sénateurs et les fonctionnaires du Sénat ont été informés sur le prochain déménagement du Sénat à Gitega et que mardi le 07 août 2018 les sénateurs et le bureau échangeront sur les modalités pratiques;

Enfin, le Président du Sénat a rappelé à l’assemblée présente de participer à la fête communale du 04 août 2018.

C’est sur ces mots d’ambiance du retour au travail que la séance qui s’est déroulée dans un climat de parfaite harmonie a pris fin à 10 heures 15 minutes.

Write a comment

No Comments

No Comments Yet!

Let me tell You a sad story ! There are no comments yet, but You can be first one to comment this article.

Write a comment
View comments

Write a comment

Your e-mail address will not be published.
Required fields are marked*