Compte rendu intégral de la séance plénière du 05 fevrier 2018 relative aux cérémonies d’ouverture de la session ordinaire de février 2018

L’an deux mille dix-huit, le cinquième jour du mois de février, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la 157ème séance plénière de la cinquième législature pour  procéder aux cérémonies d’ouverture de la session ordinaire de février 2018. Cette séance qui était dirigée par Très honorable Président du Sénat, Monsieur Révérien NDIKURIYO, a débuté par une prière et a vu la participation de 32 sénateurs et d’un nombre important d’invités à savoir le Président de la cour Suprême, le Président de la Cour Constitutionnelle, le Ministre de l’Environnement, de l’Eau, de l’Aménagement du territoire et de l’urbanisme qui avait représenté le Gouvernement,  le Président de la cour anticorruption, un Représentant de la Commission Nationale Electorale Indépendante  et les Représentants des missions diplomatiques et des organisations internationales oeuvrant au Burundi. Les travaux de cette séance ont commencé  à 15 heures 15 minutes pour prendre fin à 15 heures 30 minutes.

Voici le discours prononcé par Très honorable Président du Sénat, Monsieur Révérien NDIKURIYO, dans son intégralité.

Nyakwubahwa  Cegera ca Mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;   

Nyakwubahwa Cegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ;   

Banyakwubahwa Bakenguzamateka ;

Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare Ntahinyuzwa ; 

Ba Nyakwubahwa muri mu bagize Reta y’Uburundi ;

Nyakwubahwa Mushikirizamanza Mukuru wa Republika y’Uburundi ;

Nyakwubahwa Mukuru wa Sentare icungera amatungo ya leta;

Nyakwubahwa Mukuru w’Igisagara ca Bujumbura;

Nyakwubahwa urongoye umugwi wigenga ujejwe amatora mu Burundi;

Banyakwubahwa muserukira ibihugu vyanyu mu Burundi;

Banyakwubahwa muserukira amashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi;

Namwe ba nyakwubahwa mwese mwitavye ibi birori vy’uyu musi

  1. Nagomba Kw’izina ry’abagize Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka, no kw’ Izina ryanje nyene ndabaramutse nongera ndabifuriza umwaka mwiza w’i 2018 uze ubabere Umwaka wo gukamisha amahoro ibikorwa, uwo gutera imbere kuva mu ngo zanyu, mu miryango, no mu Gihugu cacu. Tubifurize kandi umusi mukuru mwiza w’ubumwe bw’abarundi aho tumaze imyaka 27 twiyemereje amasezerano yabwo, kanatsinda ubumwe bwacu nizo nguvu igihugu cubakiyeko kandi kigenderako.
  2. Kuri uyu munsi wa mbere igenekerezo rya 5  Ruhuhuma umwaka w’i 2018, Inama Nkenguzamateka iramutse yugurura  icese ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Ruhuhuma, Turashimiye mwebwe mwese mwashoboye kuza kwifadikanya natwe muri bino birori. Turabahaye ikaze muri ino ngoro dusanzwe turanguriramwo imirimo abenegihugu badushinze.
  3. Mu kiringo c’ukwezi kw’akaruhuko, kabaye akaryo keza ko kwegera abanenegihugu, gukorana n’abo, kubumviriza,  turasangira ikivi n’ikiyago. Tukaba twiteze ko mu misi ya vuba ba Nyakubahwa Abakenguzamateka bazoshikiriza ivyegeranyo vy’ingene mu mihingo inyuranye y’igihugu ibintu vyifashe.
  4. Nk’abandi bakenguzamateka bose, abagize Ibiro vy’Inama Nkenguzamateka, barishikiye mu ntara baturukamwo gusangira ijambo n’ibikorwa n’abenegihugu.
  5. Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka arikumwe n’Icegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nshingamateka baragendeye imiryango ifise amatongo ari ahazubakwa ingoro z’izorangurirwa mwo Imirimo n’abaserukira abenegihuhugu kugira ngo bavugane ibijanye n’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi.

              Ba Nyakubahwa Bakenguzamateka,

              Batumire Bahire.

  1. Kubijanye no Gukomeza imigenderanire hagati y’Inama Nkenguzamateka hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu duhurikiyemwo be n’izindi Nama Nkenguzamateka, Twaritavye inama ya mbere yahuza Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka y’ibihugu vya Afrika yerekeye ukunagura Afrika, mugushigikirana mw’iterambere yabereye I Dakar muri Sénégal ku ma genekerezo ya 17 na 19 uwu mwaka turimwo.

               Mu rugendo twagize mu gihugu ca Ghana twaragendeye Inama Nshingamateka, turaganira n’abayirongoye, turaboneraho n’akaryo ko kubayagira aho Uburundi buteye mu gukomeza amahoro n’umutekano, politike, n’agateka ka zina muntu. Tukaba kandi twaranarabiye hamwe ibisata twofashanya mwo mu gukomeza ubucuti n’imigenderanire hagati y’inzego ziserukira abenegihugu b’ibihugu vyacu.

              Ba Nyakubahwa Bakenguzamateka,

              Batumire Bahire.

  1.  Turakengurukiye abenegihugu ko bitavye akamo ka Leta ko gukura amaboko mu mpuzu, ari naco gituma umwimbu w’irima ry’agatasi wagenze neza, ku rugero ruhimbaye cane, naho hamwe hamwe hibonekeje imvura y’igihuhusi n’urubura bikonona imirima n’amazu. Ariko tukabasaba kudasesagura umwimbu ahubwo tukabasaba kuwubungabunga.
  2.          Turashimiye Leta ingene yitayeho ineza y’abakozi ku ngingo yafashe yo kuraba uko yo kuraho buke buke ubusumbane bw’imishahara, tukaba twizeye ko ari intango nziza izotuma abakozi barushirizaho gukora neza cane.

Twashaka kandi dushimire Leta ku gikorwa ciza co kwakira impunzi ziva muri Republika iharanira demokarasi ya kongo, ziriko zihunga uruhagarara ruri mu ntara ya Kivu y’ubumanuko. Tukaba dukenguruka kandi ingene baciye babashira mu bibanza bikingiwe, tukanasaba abajejwe intwaro mu makomine bashikiyemwo KO bobafata mu mugongo mu kurindira ko Amashirahamwe abijejwe abafasha.

  1. Turashimiye cane Ishirahamwe ry’Amanama Nshingamateka na Nkenguzamateka akoresha ururimi rw’Igifaransa (APF), ku butumwa baturungikiye inyuma y’urugendo rya koze ku ma genekerezo ya 20 na 21 Munyonyo umwaka uheze, aho ryari rije kuraba uko ibintu vyifashe mu Burundi. Mu butumwa ryaturungikiye, abagize ibiro vy’iyo nama, basaba ko Inama ya bose yosubira gusuzuma ingingo y’uko uburundi bwitaba kaburorezi. Kikaba ari icizere c’uko ibirangurwa mu gihugu bishimisha amashirahamwe dusanzwe duhurikiyemwo.

 

                      Banyakwubahwa bakenguzamateka

        Batumire bahire,

10. Iri sasa risanzwe rya Ruhuhuma, Reta yaraturungikiye integuro z’amabwirizwa tuzokwiga  13. Izo nazo zikaba ari izi zikurikira:

  1. Projet de loi portant Système National de Paiement ;
  2. Projet de loi portant Ratification Par la République du Burundi de l’Accord modifiant pour la Deuxième fois l’Accord de Partenariat entre les membres du groupe des Etats d’Afrique, des Caraibes et du Pacifique d’une part et la Communauté Européenne et ses Etas membres d’autre part signé à Cotonou le 23 juin 2000 et modifié une première fois à Luxembourg le 25 juin 2005 ;
  3. Projet de loi portant Ratification par la République du Burundi de l’Accord sur l’Etablissement de la Force en attente d’Afrique Orientale;
  4. Projet de loi portant Ratification par la République du Burundi du Protocole de la Communauté Est Africaine sur la Paix et la Sécurité;
  5. Projet de loi portant révision du code de Procédure Pénal;
  6. Projet de loi relative à la stabulation permanente et interdiction de la divagation des animaux domestiques et de basse-cour ;
  7. Projet de loi portant sur la gestion des pesticides au Burundi;
  8. Projet de loi portant ratification de l’accord de crédit concessionnel pour la réalisation du Projet de migration vers la radiodiffusion télévisuelle numérique au Burundi, qui est le nouveau dossier ajouté;
  9. Projet de loi portant Codes de l’offre des Soins et Services de Santé;
  10. Projet de loi portant ratification Réglementation du médicament, de l’exercice de la pharmacie, la profession d’opticien et de l’Art Tradipradiciens;
  11. Projet de loi, portant code de l’Hygiène et Assainissement au Burundi ;
  12. Projet de loi portant révision de la loi n°1/15 du 09 mai 2015 régissant la presse au Burundi.
  13. Projet de loi portant ratification par la République du Burundi de l’Accord de création de la Banque Africaine d’Import-Export (AFREXIMBANK) signé à Abidjan en République de Côte d’Ivoire le 8 Mai 1993.

      Banyakwubahwa bakenguzamateka

      Batumire bahire,

  1. Turamaze kwumva abavuga, bakongera bakandika, ibitandukanye n’ubugombe bw’abenegihugu  baba abarundi canke abanyamahanga, kubijanye n’integuro y’Ibwirizwa Nshingiro rishasha. Twashaka tubamenyeshe ko abenegihugu aribo ubutegetsi buvako kandi ko kurenga kuvyo basaba bidatandukanye n’uguhemuka.  Ku banyamahanga nabo twashaka kubasaba ko itunganywa ry’ivyigihugu c’igenga kandi cikukiye ari uburengenzira bwabeneco. Tukabasaba gusa gushigikira aho bikenewe. Tugashimira Leta ko yatunganije amanama yo gusigurira abenegihugu, ingene Ibwirizwa Nshingiro ritunganijwe kugira ngo baze bagire ico barivuzeko barizi.
  2. Kuva na kera na rindi abarundi bamye bitunganiriza ibijanye n’intwaro atawe babanje gusaba imfashanyo kandi bakabishobora. Nico gituma igihugu cacu twarazwe na ba sokuru dutegerezwa kucubaka  twisunze imico n’akaranga baturaze. Ntawohava rero aza kw’itambika imbere y’iryo ragi kuko twariyemeje kurikomeza no kurigendera.
  3. Mu misi yavuba tugiye kuzotunganya umwiherero kugira ngo dusubire twibukanye kahise k’igihugu cacu na cane cane mu gusesangura imizi y’indyane za kurikiye itunganywa ry’ivy’intwaro mu mwaka 1929 ku ntwaro y’ababirigi. Ivyo bizotuma hamenyekana imvo n’imvano y’umugera w’amacakubiri, tumenye inzira twocamwo ngo tuwurandurane n’imizi.
  4. Inama Nkenguzamateka irateye intege umurwi yashizeho ugizwe n’abakenguzamateka hamwe n’ababunganira b’abakozi ku gikorwa co kwumviriza abafise ibibazo, tukanabashimira ingene bitanga tubasaba kubandanya bakira ababitura na cane bakabaha intumbero y’ingene botunganirizwa.
  5. Duhamagariye kandi ba Nyakubahwa Abakenguzamateka kwama na ntaryo mwitanga ijoro n’umutaga, nkuko mwama mu bikora kugira ngo mubere mu ngoro koko abenegihugu babizigiye. Ako kamo tugateye kandi abakozi bo mu Nama Nkenguzamateka bose ko boshishikara kw’itanga batiziganya mu kurangurana umwete n’ubwira imirimo bajejwe kugira turwize umwimbu. Natwe twiyemeje kubaba hafi kugira ngo Uru rwego rurangurane ubwira imirimo rwahamagariwe kurangura.
  6. Tuzokomeza ingendo mu ma komine yose nkuko twahora tubikora, kugira ngo duhimirize abenegihugu, ingene bohinduka mu kubaho kwabo maze biteze imbere bongere bateze imbere igihugu. Tuzobandanya kandi igikorwa co guhimiriza urwaruka na cane cane rw’abigeme kubijanye no kwirinda gutwara imbanyi bakiri ku ntebe y’ishure.

              Banyakwubahwa Bakenguzamateka

            Batumire bahire,

  1. Imbere yo gusozera, tukaba dusubiye ku bakengurukira ku kuntu mwaje kudushigikira muri kino gikorwa twongera tubasaba ko mwokwama mudushigikira kuko ukwubaka igihugu bisaba ingumvu z’umwumwe muri mwebwe.
  2. Tukaba dutangaje  icese ko twuguruye  ikiringo c’isasa risanzwe rya Ruhuhuma  kuri iri genekerezo rya 5 Ruhuhuma umwaka wa 2018. Tunabatumirira kuza gusangira akarahuri k’umwaka mushasha  mu kibanza  ababijejwe baza kubereka  Murakoze.

     Imana ibahezagire    

Write a comment

No Comments

No Comments Yet!

Let me tell You a sad story ! There are no comments yet, but You can be first one to comment this article.

Write a comment
View comments

Write a comment

Your e-mail address will not be published.
Required fields are marked*