COMPTE RENDU INTEGRAL DE LA SEANCE PLENIERE DU SENAT DU 29 MARS RELATIVE A L’ADOPTION DU PROGRAMME DE LA SEMAINE DU 28 MARS AU 1ER AVRIL 2016

L’an deux mille seize, le vingt-neuvième jour du mois de mars, les sénateurs se sont réunis en séance plénière pour la quarante-troisième séance de la cinquième législature pour adopter le programme des activités de la semaine du 28 mars au 1er avril 2016.

Cette séance qui était dirigée par Honorable Spès-Caritas NJEBARIKANUYE a débuté à 9 heures 35 minutes  pour prendre fin à 9 heures 45 minutes. Elle a vu la participation de 28 sénateurs.

Voici,   dans son  intégralité,  le déroulement de cette séance:

Icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkenguzamateka

Nyakubahwa cegera ca kabiri c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, banyakubahwa bakenguzamateka mwashoboye gushika ngaha uno munsi, banyakubahwa mujejwe imirimo itandukanye ngaha mu nama Nkenguzamateka ndasubiye kubaramutsa. Ngaha imbere yacu dufise kwemeza urutonde rw’ibizorangurwa muri iyi ndwi, ego nkuko mwabibonye murabona yuko twahaye umwanya ukwiye vya vyirwa vyo kugira ngo dushobore gukoresha ama ordinateurs. Nivyo biriko birakorwa kuva ku wa mbere umunsi w’ejo uheze gushika ku wa gatanu. Uno munsi twari tuzi yuko tuza kwiga document ya rapport ya Cour des Comptes mugabo ntivyashobotse kuko uwategerezwa kuza kuyidushikiriza yagiye kwugurura inama i Ngozi, bivuga ko tuzoca tuyishira mu ndwi iza.

Ejo hahise rero harabaye inama ya Bureau, twarakoranye turi babiri hanyuma tuca turagira inama ya Bureau élargi, naho nyene turaheza turarabira hamwe runo rutonde. Twarabonye ko atavyihutirwa dufise, ko hariho amategeko menshi ataradushikira. Après midi haca haba les travaux en commissions. Mardi, mercredi, jeudi na vendredi naho nyene hazoba ya formation hace haba les travaux en commissions. Nagira rero ndabatumire ni haba hari uwufise ikintu coba cihuta coshobora kwinjira muri runo rutonde atubwire, ataruhari naho duca tuyemeza iyi programme de la semaine. Egome !

Umukenguzamateka Evelyne BUTOYI

Murakoze kumpa ijambo nyakubahwa cegera ca Mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka. Par rapport y’iyi formation en informatique twari twipfuje yuko vyoza biraba les après – midi kuko avant-midi kenshi usanga hariho ibindi bikorwa. Sinzi ko atamasaha yanditse ko ari les après -midi  ou les avant-midi. Twashaka umuco ; murakoze  nyakubahwa.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Twagize ikibazo kubera les après -midi hari les députés ; nibo biga les après-midi. Urumva sinzi ko twoshobora kwigira hamwe n’aba députés !

Umukenguzamateka Immaculée NDABANEZE

Ibi bintu bizohava bitubuza  gukora akazi ko kwiga amabwirizwa kuko niba tous les avants – midi tuzoja kwiga informatique, tuzoheza twige amabwirizwa ryari ? Kuko tuzoba ata ntuze(,ingoga) tugifise  zo kuja kwiga  les après-midi. Kandi en passant nagomba ndababwire yuko twavuganye na Président wa commission  finances wo muri Assemblée la loi sur les systèmes nationaux de payement iri avancée. Ntibazoyiga iyi semaine bazoyiga muri irya semaine ikwirikira. Ni ivyo nagomba kuvuga.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze.  Hariho n’ayandi mabwirizwa tubona ko ama commissions yotegura cane  kumbure turashobora kubona  inyishu immédiate. Nibaza ko, nabonye, n’abagenda  pour le moment si benshi cane. Nagomba  mpe S.G iyo devoir  aturabire  yuko  abariko baragenda surtout bari muri birya vy’ama initiation batanguye kwimenyereza. Nibo nabonye batonda kubwinshi. Arabe ko batokwiga  après – midi mu ba députés kugira les avants -midi ntiducererwe dusigaje 4 semaines. Kandi ni twaheza kwemeza uru rutonde nca ndababwira ama activités ariho kandi dutegerezwa gukora imbere yuko session yacu ihera. Nibaza ko… egome !

Umukenguzamateka Déo BUSUGURU

Murakoze cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka kumpa ijambo. Jewe ibi bintu vya informatique,  niko hari abatangura hari abafise des notions burya kugira ngo twese tugende ku bwinshi uko nibaza vyari kumbure guhera kuri irya test de niveau. Ntayabayeho. Baravuga ngo ni twe twoba twarabihakanye. Simbona neza sur base de quoi twoba twarabihakanye. Kuko urabona nk’ ubu jewe mbona nk’ibi bintu, hari ibintu usanga wewe uzi gushika à un certain niveau wicaye n’abantu bagitangura kwugurura birakugora gutegera kurindira. Bon, ubu rero jewe ndabireke nivyo, mbere n’umuntu yize ordinateur, ikintu gikomeye burya, utariko urabisubiramwo ngo ubikoreshe, bigenda bukebuke. Jewe mbona au fur et à mesure ubu vyokunda bakaduha ama ordinateurs ngaha kuko ibi bintu de base, tuvuge ico mbona ni igihe baturungikiye nka document tukamenya kuyisoma. Ico ni ikintu ca mbere mbona ngaha twari dukeneye. Kugira turabe ko ibikaratasi bidasubira kurundana.

Donc, izo ordinateurs déjà, ubu dufata ko les notions de bases ari acquises. Donc, nous sommes à mesure yo gusohora un document tukayisoma, tukongera tukugara ordinateur. Ivyo déjà tukagenda twimenyereza, twimenyereza. Kuko murindiriye ngo muzobiduha tuzi neza words na excel na powerpoint, tuzoba twamaze kwibagirwa vya bintu vya mbere. None nyakwubahwa babishoboye, niba izo équipements ziri disponibles, barazishira aha muze murabiturungikira uko. Ngaha turafise, umuntu abonye ko hari ibintu bimusovye, ntiyorindira ngo azosubira hariya arashobora kubaza uwo ngaha ati nyibutsa aka kantu kuko quand même base dufata ko une semaine après twayironse. Hanyuma ivyo bintu tukazoza turabikora ari uko dufise iyo ordinateur tuza turiyibutsa. Murakoze nyakwubahwa cegera ca mbere.

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Egome murakoze ku ciyumviro. Nagira ndababwire yuko jewe nashoboye kugenda muri formation nagiyemwo umusi umwe. Ariko narabonyemwo akagorane gatoyi kubera les ordinateurs dufise ni zimwe baduha, nibaza ko na mwebwe mwaronse. Twese turafise portable ? Abadafise ni bangahe ? A bon !

Umukenguzamateka ashikirije iciyumviro

Twararonse zimwe zahahora kandi za kera.

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Zirya sizo.  Reka duhe ijambo SG adufashe.

Secrétaire Général

Hariho iza kera na nshasha le Bureau yavuze yuko nshasha tuzibaha à crédit bakazosubiza. Kubera le budget, twavuze yuko nshasha twoba turagura nkeyi kugira twongereze dukwize 43. Hanyuma avec le nouveau budget tuzogura izikwiye nshasha hanyuma baze bazi « rembourser » hanyuma izo za kera bazidusubize. Nta kibazo.

 

 

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Muravyumvise yuko abadafise nshasha bafise iza kera. Ni ukuba turakoresha izo za kera. En fait aduhaye umuco kuko ntitworindira ngo tuzotangura gukoresha ordinateur ari uko duhejeje formation. Jewe nibaza ko twotangura kugira exercice kugira ngo au fur et à mesure ko twiga tugende turamenyer.Hanyuma rero, nibaza ko twese kandi dufise ama modems kuko bizosaba yuko baturungikira sur nos comptes mails kugira ngo tumenye ingene tuzugurura. Uwudafise modem ngira yoca agenda muri secrétariat général bakamuha modem kugira ngo twihe ryari dutangurana. Jewe numva ndyohewe cane na nouvelles technologies kuko tuvuze ngo tuzotangura ryari, nta muntu azosanga ubupapuro ngaha. Twihe mu ndwi iza ? Murakoze.

SG, à partir de lundi il n’y a pas de papiers ici dans la réunion, tugira tuje kuri modernisation. Dutegerezwa gukoresha ya ma comptes yacu mails, jewe mpora ngenda nkarabayo nkishuza. Mwaraziduhaye mugabo ntimuzikoresha, ntakirimwo. Rero, ni guca mufata mugatangura au niveau ya informatique mukaza muratumenyesha mukaduha ama documents sur nos comptes e-mails.

Hanyuma ivyo biraheze, nagira nsabe ko mwodufasha atakindi cinjiyemwo tukemeza runo rutonde rw’ ibi bikorwa  kugira nahone secrétaire général ace aturabira ko tutazokwiga avant- midi twokwinjira muri groupe y’abashingamateka. Ata kindi kibazo urutonde ruremejwe.

Hanyuma ikindi nagira ndababwire hari uwavuze ko dufise akazi kenshi ngira yari yabibonye ivyo dufise. Aha turafise 11 projets de loi kubera ko zisa n’izihuta twategerezwa kuba twahejeje kuko bavuga ngo ni projets de loi en  rapport avec l’amélioration du climat des affaires,  doing business,  à adopter avant le moi de mai 2016. Mugabo yari amategeko 11 tumaze gukuramwo amategeko 2. Izo tumaze kwiga ni iyi iraba les bureaux d’informations sur le crédit,  murazi ko caheze la fois passée. Iyindi yaheze ni iyijanye na gestion de la dette publique hagaca haba deux projets de loi zasubiye inyuma : le projet de loi portant révision de la loi n°1/09 du 30 mai 2011 portant code des sociétés privées et à participation publique iyo yarasubiye inyuma ntayo dufise. Hari n’iyindi yasubiye inyuma projet de loi régissant les activités bancaires. Ariko rero izi zindi projets  de loi régissant les suretés iri muri commission 3 iri en cours nibaza ko muriko muravyiga.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Ubu twebwe turiko dukora système de payement kuko niyo muri Assemblée Nationale bariko barakora.

Icegera ca mbera c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ego ng’iyi ni point 7 iri ngaha. Urumva n’iyi banditse ko habaye saisie commission 3.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Ego ariko muri Assemblée ntibaratangura kuyiga.

Icegera ca mbera c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Nibaza ko mwoza murakora en parallèle kugirango bize (….)

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Twebwe turiko twiga système de payement kuko niyo bariko bariga. Ni ukuvuga ko tuzoyiga muri uku kwezi mugabo tuzoyigira après iyo.

Icegera ca mbera c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ok, urumva ko iyo ari iyindi muzoca mukorako. Hariho n’iyindi projet de loi relatif à l’insolvabilité du commerçant nayo nyene ni iya commission 3.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Ni kinini kandi muri Assemblée kuva l’année passée muri législature iheze barakiravye ntibaciga none sinibaze ko bazociga kiretse bagize ibintu vya « gafanya mbiyo » nayo ahandi hoho ntivyokunda simbona ko bazociga.

Icegera ca mbera c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Kwari ukugira tubahe information kugira muce muvugana n’abandi bo muri commission kugira murabe ivyihuta. Twebwe twanka vya bindi usanga bacize mugaca mukora mutaruhuka erega no kurwara imitsi tuzohava tuyirwara bamwe bamwe. Muri commission 2 hariyo projet de loi portant code de l’urbanisme, de l’habitat et de la construction. Commission 2 ni Martin na Salvator. Muragifise ? Muce mukiraba kuko ni ica commission 2. Hariho iyindi projet de loi portant système national de payement yavuze honorable ko ayifise, hariho kandi muri commission 2 kwa honorable Salvator projet de loi portant code de l’aménagement du territoire iri iwanyu ni ukuraba mube murayitegura. Naco ni kinini ?

Hanyuma projet de loi portant révision du code forestier pour la commission 5 hamwe na projet de loi portant organisation de la pêche et de l’aquaculture. Kiri muri commission 5. Hanyuma rero twari twavuganye muri Bureau ko  hariho ivyo dutegerezwa gukora en priorité cane cane ni ibi bijanye na climat des affaires murazi ko haba des cotations. Hariho iya mbere projet de loi régissant les suretés mobilières conventionnelles au Burundi hama hakaba na za zindi iyi ya bureau d’information sur le crédit yaraheze, l’insolvabilité du commerçant irimwo mugabo sinzi ko iryo nota twoba turariheba canke two (….)

 

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Jewe simvuze ngo tuyihebe mugabo cette allure, sinzi igihe muri Assemblée bazoyigira. Ce n’est pas un texte facile.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Uwokwama abitegura kugira bije,  umugani wawe,  kugira ngo bije ntibitere ikibazo kuko ibi biri muri bimwe vya cotation hama na projet de loi portant code de l’urbanisme, de la construction et de l’habitant co kimwe na ya ma loi atanu dutegerezwa guheza. Hama n’iyi projet de loi portant révision sur les codes des sociétés privées et à participation publique, iyi yarabaye retiré.

Urumva mu majambo make izituraba ni izi zine mugabo n’iyi barashobora guca bayigarukana ntawubizi. Izi zine nibaza ko twozigira. En fait ni zitatu zisigaye.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka 

Urakoze nyakubahwa cegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka. Jewe nibaza yuko aya ma projets de loi yose dufise twoyaha les commissions kuko hariho amakete yerekana les commissions zabaye saisies mugabo kumbure ngira ntibafise les textes des projets de loi. Ni yaba bazifise, le secrétaire général ariko avuga ko bazifise. Niba bazifise ni mutangure kuziga. Ubundi uba commode iyo wiga wamaze kubona ko muri Assemblée Nationale babihejeje ubona na amendements y’iwabo mugabo niyo zoba zitaraza murashobora kuziga mwebwe nyene mukaba muraraba amandements z’iwanyu kugira ni vyaza bizokworohe.

Izo muriko muravuga ngo ni volumineux ni vyo ni zinini, erega ni ukuziga naho ari zinini kandi turafise umwanya. Nico tujejwe kwiga amategeko muri uyu mwanya dusigaje amayinga ane mukore cane au niveau des commissions natwe au niveau du Bureau duca dusaba le Bureau de l’Assemblée Nationale bakanyarutsa kugira ntibazosubire kubiturungikira la dernière semaine zose, kugira turabe ko twoziga ningoga hanyuma ikindi kumbure twobaza muri gouvernement projet de loi régissant les activités bancaires bavuze ko yabaye retiré.

Or irya projet de loi portant modernisation du système national de paiement, mu bisanzwe yokwigwa projet de loi régissant les activités bancaires ariyo yabanje kwigwa kuko irya ya système national de paiement ni nka un texte d’application. Ni une loi d’application ya projet de loi régissant les activités bancaires au Burundi. N’ico twokibaza neza muri Reta kuko ayo yose arimwo dans le cadre de l’amélioration du climat des affaires du CPIA muri Reta basaba ko tuyinyarutsa, or hariho iyo barotiye (retiré) kandi irimwo.

Nibaza ko muri commission pour me résumer bofata les textes, les présidents des commissions bobagirisha ama nama muzige izo mufise zose, izo mudafise muvuge bazibahe kuko les commissions sont déjà saisies hanyuma au niveau du Bureau tuvugane n’abo muri Assemblée Nationale banyarutse twongere tuvugane n’abo muri gouvernement ku cerekeye le projet de loi régissant les activités bancaires. Murakoze.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Ndasavye ijambo.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Egome.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

N’ubundi banyakubahwa ni uko tubigira, iyo tutaba tubigira gutyo, aussi rapidement, les lois économiques kuko kenshi usanga ari ibintu bigoye mugabo nka code des investissements kubera iki batabivuga dans les lois qu’ils ont retirées, nayo nyene yari muri amélioration du climat des affaires ariko ntibayivuga dans les projets de loi qu’ils ont retirés du Parlement. Bivuga yuko tuzogerageza. Jewe personnellement l’insolvabilité ntinderanja (déranger) kuko ndabizi, la dernière loi sur la faillite j’ai participé à l’équipe yayigize mugabo il faut quand même que tout le monde s’imprègne de la matière. C’est ça en fait aho bigorera. Tuzogerageza.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Jewe nibaza yuko ikintu kigoye mu mategeko, il y a des techniciens dans les ministères murashobora kubatumako muri commission bakaba barasigura kugira ngo umwe wese avyumve. Mukabakoresha kuko bari à notre disposition. Sinon uca usanga ari vya bindi bica biza nkuko abivuze à la dernière minute twese ugasanga twashushe imitwe.

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

 Ugasanga iyindi minsi umuntu arafise agahengwe mugabo hagaca haza ibintu ku munota wa nyuma ugaca usanga stress irakwishe. Nibaza nkuko abivuze ko duca turaba les lois tudafise mu ma commissions muzisabe à temps hanyuma muce mubwira Secrétaire Général arondere les techniciens des ministères babe baraza bazisigure muzumve kugira ngo au moment opportun muzobe muri kuri même pied d’égalité. Egome Honorable Busuguru.

 

 

 

Umukenguzamateka BUSUGURU Déo

Murakoze Nyakwubahwa Cegera ca Mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka kunyongera ijambo. C’était juste pour embrayer ku bintu muhejeje kuvuga mwese muti ayo ma textes ko boyaronka hakiri kare kugira ngo ntihabe kwirukanga ku munota wa nyuma. Jewe niko izo documents les commissions saisies au fond nizo zironka les textes mugabo ndibaza ko tugize Imana ibi vya informatique bikaba bije les textes nibaza ko zoba télechargés natwe abatari saisis au fond tugashobora kuba turazironka. C’est ce qui est fait ?

Icegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkengzamateka

Erega mu bisanzwe itegeko iyo rije umukenguzamateka wese araronka copie. Aba muri commission saisie au fond ou pas kuko mu mategeko n’umukenguzamateka atari saisi au fond arafise kugira des amendements.

Umukenguzamateka BUSUGURU Déo

Mugabo ubu siko umenga biri.

Icegera ca Kabiri c’Umukuru w’Inama Nkengzamateka

Ni yaba atariko biri nibaza ko bobigira ningoga.

Umukenguzamateka BUSUGURU Déo

Rishobora kuba ari ikosa ryanje murantunga mumburane. Mugabo ubu mbona hari une autre facilité integuro ihejeje kuboneka tuyifise muri ordinateur aho turi hose umuntu aho aronkeye umwanya il jette un coup d’œil. Sico kimwe no kugenda uratwara kirya gikaratasi kuko uba waciye muri casier kugitora. Hari naho ugita aho utazi.

Nkavuga nti tukironse comme ça tukabiraba avant tukaba tuzi commisssion qui est saisie au fond s’il y a un amendement quelconque tugomba gutanga, tukayitanga bayakira bakayakira batayakira bakayireka.  Murakoze Nyakwubahwa. 

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Egome twagira dusabe SG mukurindira ko natwe dushira amaguru mu ndobo kuko urabona ko duca dusubira mw’ishule muri ino ndwi muyashire muri comptes mail zacu. Nibaza ko mwese mufise ama comptes mail kandi mwayatanze, uzobona atabironse au plus tard twihe nka vendredi, vyoshoboka ?

Kuko nibaza ko twese tuvugana uzovuga ati jewe naronse ibi bintu tuzovugana tumenye ko à partir de vendredi au moins twihe week end ko twese  twoba tubifise. SG, est-ce possible ? Birashoboka ko vendredi twoba tubifise kugira ngo abakenguzamateka muri week end babe babifise mu ma comptes mail ? Merci. Honorable Victoire. Twihaye ko à partir de vendredi……, nca ndaguha ijambo Evelyne.

A partir de vendredi ko twese tworaba ku ma comptes kugira ngo Lundi tuvuge tuti jewe ntavyo naronse canke narabibonye kugira ngo basubire kuzirungika za projets de loi.

Umukenguzamateka BUTOYI Evelyne

Murakoze kunyongera ijambo. Nagomba batange umuco gato kuko bariko baravuga ko ama adresses e mail dushobora kwibagira les mots de passe numva umengo bariko bavuga ko bazokoresha les adresses zo ngaha. Bisigura neza ko ngaha hariho aboheza baja kuraba kuri les adresses basanzwe bakoresha. Rero nashaka tuvyumvikaneko aho bazocisha. Ni vyiza ko bacisha ngaha kuko zirya za yahoo canke ibiki si iza Sénat. Bisigura neza ko irya twokwita professionnel ni iyo ngaha abazoba barekuriwe kuyikoresha ni twebwe nyene canke abo muri service de la communication canke informatique. Murakoze cane Nyakwubahwa Cegera ca Mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka.

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Les comptes turaba ni les comptes professionnels za Sénat.

Umukenguzamateka Agnès GAHWAYI

Murakoze kumpa ijambo.Nagomba gusaba kuko nabonye umengo d’expérience kwigisha abakuze biragora kandi nubundi biragoye. Nari ngire nsabe nka mardi ko hoboneka umuntu wo muri informatique tuje ngaha harya dushika sambiri akaba ari ngaha nk’ababa baragize ibibazo ari ngaha agenda aributsa umwe umwe ngaha muri salle tuzoca tugenda turi en ordre murakoze.

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ico ntakibazo kirimwo. C’est noté. Nagira ndabashimire nibaza ko atabindi vyiyumviro. Egome  Jenipher.

Umukenguza KANKINDI Jenipher.

Urakoze nyakubahwa kumpa ijambo naje cari ikibazo gitoya cane cerekeye k’umusi wa kabiri iyo twiga ibizorangurwa. Twebwe twama dushika ngaha saha mbiri, saha mbiri na nusu, ntituramenya amasaha meza yo gutonda ngaha. Bamwe bashika saha mbiri, saha mbiri na nusu, saha tatu. Twashaka rero muduhe umuco isaha iyo ari yo. Murakoze.

 

 

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze.Twavuze yuko atakuryamira na burya ubuho tuba dufise vyinshi tuba turiko turakora mu mashini 8 heures twategerezwa kuba turi ngaha. Twavuze yuko atakuja kuri 9 heures. N’uwashitse 8 heures arabura ico akora kubera ataco afise mugabo nitwaba dufise ayo ma documents yose mu mashini dushitse ngaha uca uba urasoma ariko nibaza yuko 8 heures au plus tard 8 heures 30 tuba dutanguye plénière  kugirango ama commissions ace abandanya. Kuko vyinshi usanga bitegwa n’uko les documents nk’ubu twari kwihweza irya raporo ya Cour de Compte na rapport ntitwari bwayironke ; nk’ubu twari gutangura saha tatu ariko ama copies ntitwari bwayaronke.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Ni ikintu kininiya cane…

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Oya pour la commission. Les observations za commission.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Commission y’iwacu ?

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Eeeee.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Oya ntibaho ntazo tugira

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ntazomugira ?

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Oya kuri irya rapport ntazo tugira duca tubikoresha muri loi du règlement abitanga muri plénière gusa. Iwacu ntiyaje kubitanga, bashobora kunkosora mugabo ni ukwo vyahora, twebwe pour nous ni kugira tumubaze ibibazo mugabo ntitubiha la plénière sinzi ico abandi bavyibazako. Dushobora kubikora ubu ko n’umwanya awuduhaye. 

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ngira vyoba ari vyiza parce que iyo commission ibaye saisie iriga en profondeur les documents. Ako kantu kabaye abandi  bakakaronka ngira ntivyoba nabi hari ico mwateguye comme information mukabisangira n’abandi kugira twese tuje hamwe nk’ukwo Honorble BUSUGURU yabivuze ati jewe hariho ivyo ntafise, urashobora gusanga le document d’abord urabona ko ari runiniya hari n’uwutari afise peut être ya rapport ya commission igaheza ikamufasha. Ataco vyica nibaza ko ako ga synthèse mwogatanga muri cabinet bagaca bashira kuri compte zacu turabe izo observations hanyuma umuntu arabe ko umuntu ico ashoboro kwongerako.   

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Je ne vais pas vous contredire mugabo irya yari yaje kuri version électronique si igitabo baduhaye.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Twebwe turabifise.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Normalement barabihaye bose. Ico nashaka kuvuga  muri irya rapport ya Cour des Comptes ni ugusoma ico bita le résumé exécutif niyo igira résumé de tout le rapport. Ni yo synthèse yayo. Donc ni baba barabitanze muri version électronique c’est à la disponibilité de tout le monde.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Les questions de la commission, donc mwebwe ntaco mwabikozeko. Les observations mwabonye kuri irya document baduhaye, muri commission ntakintu à partager avec les sénateurs ?

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Ni à discuter tuzoraba.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Muraraba mubonye bishoboka, igishoboka mugitange.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Kuko agira commentaire juste ya loi sur règlement akerekana les insuffisances zirimwo. Urumva utavyisomeye sinumva naho twobagirira rapport yuko….. kiretse duciye dutanga en même temps la loi sur le règlement na compte rendu budgétaire.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Muraraba muri commission murabe igikoreka mubonye bidashoboka ntaco, abandi bo barumvise ko bashobora kugira iyo exercice bakagira analyse yaco. Usanga atawundi afise une observation twibaza ko twoheza tukagenda mu yandi ma activités akwirikira notamment la formation irabandanya gushika le jour yuko bazotubwira bati tuyimuriye après-midi. Naho vyokunda mwoca mubabwira mukabaha communication yuko bashobora kwiga dans les après-midi kugira ama commissions bagume biga aya mategeko. Murakoze nkaba ndabipfurije umusi mwiza ibikorwa vy’uno musi bigarukiye ngaha murakoze.

Hama pardon hari une information tutababwiye mumbabarire gatoya ni divers, ejo twararonse une délégation marocaine,  twarayakiriye n’aba présidents b’amakomisiyo ( commissions), baraje rero  baradutera intege baravuga yuko ils ont aimé beaucoup le Burundi, babonye ari igitangaza bati ahubwo ivyo twahora twumva si vyo tubonye. Basanze Uburundi bwifashe neza. Hama bashaka yuko le Sénat, les sénateurs, les députés twogira ico dufashanyije avec le Sénat y’iwabo. Ubu rero muri secrétariat général bariko barategura aka document, ce soir turaza guhura turabe yuko hoba partenariat yovuka entre le Sénat du Burundi na Sénat y’iwabo.

Hama ni abagiraneza ba cane b’igihugu kuko barafashanya cane na Ministère ya développement communal bari baje babaherekeje. Kandi murazi yuko Maroc kenshi ihora itanga ama bourses ku banyeshure b’Abarundi urumva ni aba partenaires. Ico bemera ni uko bavuga bati on va aider beaucoup pour la stabilité du pays et aussi pour le développement économique du pays  surtout en échangeant les expériences ati batwereke ingene bashoboye kugira le maintien de la stabilité politique et économique. Ni ivyo,  mugire umusi mwiza.

La séance a été clôturée dans une ambiance de concorde qui a toujours caractérisé cette Institution.

Write a comment

No Comments

No Comments Yet!

Let me tell You a sad story ! There are no comments yet, but You can be first one to comment this article.

Write a comment
View comments

Write a comment

Your e-mail address will not be published.
Required fields are marked*