COMPTE RENDU INTEGRAL DE LA SEANCE PLENIERE DU 16 FÉVRIER 2016 RELATIVE A L’ADOPTION DU PROGRAMME HEBDOMADAIRE DU 15 AU 19 FEVRIER 2016

L’an deux mille seize, le seizième jour du mois de  février, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la trente-quatrième (34ème) séance de la cinquième législature pour adopter le programme hebdomadaire du 15 au 19 février  2016

En l’absence du Président du Sénat,  c’est  Madame NJEBARIKANURIYE Spès Caritas première – Vice président  du Sénat, qui a dirigé cette séance plénière du 16 février 2016. Vingt neuf (29) sénateurs  avaient participé à cette séance qui a débuté par une prière à 9 heures 21 minutes pour prendre fin à 9 heures 42 minutes.

Voici en intégralité le déroulement des activités de la séance :

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Mwaramutse, dukoraniye ngaha kugire dushobore kwemeza runo rutonde rw’ibizokorwa bizorangurwa muri iyi ndwi.

Ku munsi wambere aho hari ejo harabaye inama ya Bureau élargi murazi ko twamaze gutora abarongoye imigwi yamaho haca haba na les travaux en commissions.

Uno munsi ku wa kabiri ni ibi turiko turarangura hariho séance plénière kugira ngo dutore iyi programme du 15 au 19 février 2016 hace haba na travaux en commissions.

Mercredi le 17 février 2016 hariho les travaux en commission izobandanya no ku wa kane. Ku munsi wa gatanu imbere ya sasita  hariho « analyse et adoption du projet de loi portant code des communications électroniques et des postes » hanyuma inyuma ya sasita hari ibikorwa vyo kwinonora imitsi.

Nagira banyakubahwa bakenguzamateka ndabahe umwanya kugira ngo murabe ico mushobora kwongerako kuko iyi niyo programme twari twashoboye gukora turikumwe n,abatwara imirwi yamaho ariko murahawe ikaze kugira murabe ko hari ikintu mwoshobora kutwongererako. Atakihari duca twemeza programme. Apparemment mbona umenga muravyemeje. Le programme iremejwe.

Hariho amatangazo ashika nk’abiri canke atatu. Iyambere ni iyo kubibutsa yuko hariho équipement batuguriye muri Sénat, aho twavuga yuko bodufasha avec des outils nécessaires kugira tugabanye le coup du papier murabe muritegura rero mu minsi iza.

Jewe kuva tuzironka n’uko mbona honorable Rémy yazanye ico gikoresho kandi ataranakironka sinzi ingene vyamugendeye turamushimiye cane. Mu minsi iza nta mpapuro muzosanga ngaha hantu kandi baratubwiye yuko babahamagaye kenshi ngo muje kwiga informatique abatarayimenya.

Apparemment ngira turayizi twese kuko ntituyitaba n’ukuvuga rero yuko turi capables d’utiliser les machines reçues. Mukazobona tuje intebe igaragara ntimuzovuge ngo baturenganije. C’est le moment d’utiliser la modernisation en utilisant les TIC. Mube muritegura rero kuko yabaye investissement yambere turonse kugira ngo tubuze yuko hoba gaspillage du papier. Nibaza ko secrétaire général yavyumvise.

Abataramenya neza muragenda mwegere muri administration babereke kugira ngo les informaticiens nabo babandanye baduhe les comptes mail, muze muraduha na les documents à temps kuko hari igihe uza uzisanga ngaha muri plénière mugabo iyo ziri mu machine uba wayiravye hakiri kare. Murabe aussi ko les réseaux ziriko zirakora neza. Iyo ni iyambere.

Iyakabibiri ni ukubamenyesha ko les cadres bafise formation sur l’archivage ni hagira uwo murondera ntimuze mwibaze ngo yasivye akazi hariho formation izoba muri iyi semaine y’aba cadres batanu.

Hanyuma hariho délégation izoza ngaha ya CIRGL (Conférence Internationale sur la Région des Grands Lacs) iri présidée par le président de l’Assemblée Nationale uyu ni uwo muri Angola hama azoba ari kumwe n’umu sénateur, le Président du Sénat wo muri Kenya bazoza kugira ya suivi, muribuka ko Président yigeze kugenda ati murashika murabe le suivi de la sécurité au Burundi. Turabatumiye rero  twitange nkukwo twakiriye abambere n’aba bazogende bamenye ukuri  kuri i Burundi.

Hama hariho ikintu twiyumviriye, ubwambere twari twiyumviye yuko coba sur…, muratubabarira basaza bacu twari twabakumiriye, twiyumviye umenga vyaraba cane les dames kuko twabonye umenga ni twebwe bigoye kubika mugabo deuxième vice- président yaciye avuga ati oya na twebwe turabikeneye, dushaka guhamagara umu expert tubifashijwemwo na commission genre kugira dutegure ako ga programme neza baze kutwereka ukugene notre mandat yoba utile sur le pays et aussi sur nos familles kuko kenshi iyo ama mandat aheze hari abo bigora gusubira kumenyera asubiye mu bundi buzima, twagomba kuvyitegurira hakirikare.

Aussi il y a une communication, tugitangura muribuka ko twavuze ikintu ca fond de pension complémentaire. Ubu rero twahereye muba cadres turababwira yuko dutegerezwa gutegura kazoza kuko imbere ni heza, imbere ari heza rero urahategura kugira habe neza kuko utahateguye haca hababa. Mukabona accréditif de ce moi hari akantu kavuyeko  mumenye yuko ntitubabaza kuko ni ineza ya twese. Umukozi mutoya amaze kuvyumva twebwe urumva biraturaba kuko nitwe dufise umwanya muto ngaha. Ntimuzotangare rero izoba ari ya fond de pension complémentaire bakuyeko.

Twiyumviriye ko minimum botwara ari nka 10% kugirango dutume uwudukoresha adufata mu mugongo kuko ugiye musi ya 10% hari uwutotanga n’igihumbi canke igihumbi n’amajana atanu urumva ntaco biza kudufasha. Mugabo ugiye kuri 10% au moins uzotanga cinq mille par mois, urumva cinq mille par mois ni passable kugira umuntu agushirireko bindi bibiri bibe ndwi mugabo ubike ubikira kazoza.

Sinzi rero yuko sur ce point, kugira ngo ukore ku mushahara w’umuntu, sinzi ko muduhaye autorisation. Au niveau y’abakozi twaramaze kugikemura nibaza yuko, babirembeje kuko déjà bo hari n’abari baragitanguye, bari bageze kure. Hari hasigaye twebwe iwacu. Benshi umenga ntibituraba kandi ari twebwe biraba cane cane. Ntivyumvikana ingene umukozi wawe uwo ukoresha yobika we nawe ntubike. N’igitangaza ahubwo, je narinzi ko bitangurira ngaha bija hariya  mugabo urumva yabaye sens inverse.

Ariko rero ikibi ni uguheba, ko dutanguye niyumvira ko tutazosubira inyuma. Ngira ndabahe sur cette information ni haba hari uwufise ico abaza abaze gatoyi. Atakihari naho bati imbere yuko badukata batugirire exercice bagire 10%  bace bahamagara umu sénateur bamubwire  bati wewe burya fond de pension complémentaire ukuyeko aya. Ngira vyoba vyiza. Mugabo ico twababwiye ni uko uwuzoja munsi ya 10 nitwaja gu contribua ( contribuer) ntituzomuha. Sinzi ko mwumva. C’est pour vous inciter parce que   bavuga fond  de pension gushika kuri 20%, 80% ni non imposable. None ugiye munsi ya 10, ntituzoza. Natwe twarababwiye tuti  ni mwihangane mwihate mugire 10% de salaire de base hama muri budget, baze badufashe abari muri commission budget ; badufashe, honorable Rémy muzoca muduhasha murabe pourcentage  twogira muri accompagnement kugira muri prévision budgétaire tuyasabe. Bidakunze 2017 tuyasabe. Iyo niyo communication dufise, sinzi ko hari uwufise ico abivugako ! Egome !

 

 

Umukenguzamateka Victoire NAHIMANA

None iyo fond de pension complémentaire tuzogira ibidasa canke tuzogira ibisa twese ?

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze. Fond de pension complémentaire murabona gusa biragoye kuko twese ntituvyumva kumwe. Hari nk’uwumva ndiko ndavuga iyi 10 akumva umenga baramwishe.

Ahubwo iyaba vyokunda nogize 50% parce que utaratangura umenga ni fardeau baguhaye. Mugabo nkuku kwa twebwe twamaze kuyijamwo wumva umenga yoba vyakunda, ni uko usanga ufise d’autres obligations, wotanga yose. Urumva ntibikunda kuko uba ufise d’autres obligations. Twavuze tuti reka batangure kuva kuri 10 kubandanya. Uwumva agira ati je n’ukuri ndavye imbere ndabona ko mandat iheze ashobora kubura agatoro ashobora kuva kuri irya 20% ni iya montant brut, ni amahera non imposable sur l’Etat. Ugiye en dehors iyo partie ushizeko niho baca batangura kw’’imposa. Urumva c’est pour vous inciter, iyo 10 twavuze tuti nawenu reka twihate tugire la moitié y’iyo pourcentage turekuriwe. Uwubishoboye araduga mugabo la contribution de l’employeur mushikanye 10 iba unique. Sinzi ko muvyumva  niho bitandukaniye. Ni ukuvuga ko nk’ubu uduhaye nka 6% canke 3% iba quotité unique pour tout le monde. Nico gituma tu b’insita (inciter)  yuko,  narababwiye n’aba personnel, ntanumwe arekuriwe kutaziganiriza akazoza.

Habuzemwo n’umwe ntituzoza ni kugira ngo tubahimirize kuza kuko uriko urarya amafaranga biraryoshe. Mugabo uriko urayabika umengo barakwambuye. Ariko uyaronse inyuma warayibagiye urumva akanyamuneza. Rero tubahimiriza guhindura mentalité, abarundi ntitubika, dutangure twige kubika duke duke. Murakoze.

Ngira ngo, sinzi ko hari iyindi observation sur la question. Twoha ijambo honorable Evelyne.

Umukenguzamateka BUTOYI Evelyne

Murakoze kumpa ijambo. Jewe ni par rapport y’iyi programme ya vendredi. Numvise umenga hariho igikorwa c’igihugu, birya vya dialogue interburundais bizobera mu ntara zitatu. Bururi, Mwaro, na Cankuzo.  Intara zitatu. Hama nca mbona umenga hariho abakenguzamateka batandatu batazoba bari disponible kugira ngo dutore iri tegeko n’abandi bashobora kuba bari mu bindi bikorwa bindi vy’igihugu. Nari namye ndiko ndiyumvira rero ko ata ngorane yohaba kuko dutegerezwa kuritora dukwiye. Mugabo nkaca mvuga nti peut-être haca haza birya vy’ama procurations. Nagomba gusa kukibabwira kugira ngo mwumve ko bashobora kuba badahari kuko ni ibikorwa biduhamagara, bibahamagara nk’abavuka muri izo ntara.

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Hagiye batandatu, turashobora…, quorum irashobora kuba atteint. Nta bari hanze ? Reka duhe ijambo Deuxième vice-président.

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ikibazo honorable Evelyne yabajije, nibaza ko gifise intérêt kuko effectivement hariho abakenguzamateka batari ngaha muri iki gihe, mugabo kumbure barashobora kuzoba baje. Abo batandatu, mugihe abo bandi boba baje, abo batandatu boshobora kugenda muri ivyo bikorwa, kandi ni vyiza ko badasiba mu ntara zabo. Ico twosaba ni uko bogerageza guterefona abakenguzamateka bose cane cane nk’abo batahora ino, hari aho ataba azi ko hari urgence agashika mugabo agaca asiba. Bakaba conscientisés ntihagire uwuzosiba, bakaba sensibilisés nabari ngaha bakavyumva yuko atawosiba ku musi wa gatanu. Hariho umukenguzamateka umwe agwaje umwana, niwe nibaza ko azoba atari ngaha, yamaze gusaba uruhusha. Ariko abandi nibaza ko bobahimiriza ntibazosibe kugira quorum ikwire. Murakoze.

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze. Donc, programme irabaye maintenu. Honorable Pierre.

Umukenguzamateka NDAYAHUNDWA Jean Pierre

Naje sinari bwa sabe uruhusha ndafise rendez-vous yo kwa muganga avant-midi hariho opération bazongirira.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Uribuka gusiga procuration. Murakoze duce dutangura kuryana akara tuvugane ko atawurekuriwe gusiba sauf ari cas grave ibaye hanyuma abasigaye nabo bazoduga mwibuke gusiga ama procurations.

Umukenguzamateka HAKIZIMANA Gloriose

Mubisanzwe procuration ikora quorum yabanje gukwira ni 29. Urumva tutakwije murumva ko vyohava bitera ingorane. Sinzi ko mwompa akanya ngaca ngirako kugira sinsubire kubasaba ijambo.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Reka tubanze duheze ibi. Comme hakenewe quorum tuzoca tubura umwe. Mwaro ico yodufasha ni iki ? Mwaro yoza agaca asohoka ariko yamaze gutonda. Birashoboka ?

Umukenguzamateka afashe ijambo

Quorum ni 29 canke ni 28 ?

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Mwamukuyemwo hamwe na honorable Charlotte? Muce mutangura mubibutse muti vendredi hari igikorwa gikomeye dukeneye gukura mu nzira. Murakoze duhe ijambo honorable Gloriose.

Umukenguzamateka HAKIZIMANA Gloriose

Murakoze kunyongera ijambo. Ni une communication pour la commission genre ko twoca duhurira muri salle des commissions mu kanya gatoyi. Murakoze.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Hariho iyindi communication abakenyezi b’abakenyererarugamba duce duhurira muri permanence ubu nyene kiretse abaronse agahusha. Ariko aba bafise igikorwa birumvikana ko tudashobora kujana ariko ku gikorwa kiza gukurikira turaja kuvugana baheze badusangeyo. Ibikorwa vy’uno munsi bigarukiye ngaha umunsi mwiza. Nagire nsabe honorable Evelyne asubire adusabire umuhezagiro.

Write a comment

No Comments

No Comments Yet!

Let me tell You a sad story ! There are no comments yet, but You can be first one to comment this article.

Write a comment
View comments

Write a comment

Your e-mail address will not be published.
Required fields are marked*