COMPTE RENDU INTEGRAL DE LA SEANCE PLENIERE DU 15 MARS 2016 RELATIVE A L’ADOPTION DU PROGRAMME DE LA SEMAINE DU 14 AU 18 MARS 2016

L’an deux mille seize, le quinzième jour du mois de mars, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la  40ème séance plénière de la cinquième législature pour adopter le programme de la semaine du 14 mars au 18 mars 2016. Cette séance qui était dirigée par le Président du Sénat, l’Honorable Réverien NDIKURIYO, a commencé par une prière. Elle a débuté à 8 heures 43 minutes pour se clôturer à 9 heures.

Voici en intégralité le déroulement des activités de la séance :

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Banyakubahwa bakenguzamateka n’aho umenga mwafatiriwe cane, nk’uko mubifise imbere yanyu uyu ni wa mwanya wo kwemeza programme de la semaine. Nk’uko mubibona ejo twari dufise inama ya bureau hanyuma mu ndwi yose nkuko muja kubibona ni travaux en commissions hamwe na formation en informatique ku bakenguzamateka. Sinziko hari uwufise ico abivugako.

Umukenguzamateka afashe ijambo

Murakoze nyakubahwa mukuru w’Inama Nkenguzamateka, iyi programme ntaco ndayihindurako kinini mugabo…

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ataco uyihundurako dutangura kuyemeza hanyuma duce tuja dans les divers.

Umukenguzamateka afashe ijambo

Mugabo vendredi sportif bari bantumye abagize umugwi…

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Oya ivyo ni après. Dutangura kuyemeza. Salvator.

Umukenguzamateka BIGIRIMANA Salvator

Jewe mbona kuri iyi programme iyi formation du premier groupe des sénateurs umenga iyi semaine haramukiwe iyindi groupe, umenga si iy’aba sénateurs. 

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ababijamwo n’ababitegekanya ni bande.

Umukenguzamateka BUSUGURU Déo

Jewe niyo mvuye bambwiye ngo ni après midi. Abashingamateka, sinzi ko abakenguzamateka n’abashingamateka turikumwe.

Umukenguzamateka afashe ijambo

Oya ntiturikumwe.

Umukenguzamateka BUSUGURU Déo

Abashingamateka bagenda après midi.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Abakenguzamateka n’abo.

Umukenguzamateka BUSUGURU Déo

Uyu munsi avant midi hari cour des comptes donc les avant-midi cour des comptes hama les après-midi ni abakenguzamateka gushika itariki 18.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Donc twe ntiturimwo.

Umukenguzamateka : BUSUGURU Déo

Twe ntiturimwo.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Jean Pierre.

Umukenguzamateka NDAYAHUNDWA Jean Pierre

Enfaite, twebwe hari programme muri semaine iheze Word avancé, twarayigize hanyuma tuzosubira à partir du 28 mars gushika namba ari, mu nyuma duce tugira Excel avancé. Si non twebwe twarahejeje umenga hari prévu ko hazoca habandanya les fonctionnaires. 

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Mugabo handitse abashingamateka. Secrétaire général ari hehe ko ngomba nanje kubaza abantu iyo bari. Ni wewe uri imfatakibanza, utegerezwa kumenya abakurikira ugakurikira  neza ibi vy’inyigisho badusiguriye. Ahantu hose muza kubona participation dusanze abakenguzamateka batajamwo duca tuhashira les travaux en commissions. Mwavyumvise, murakoze rero. Programme iremejwe. Hama rero twagomba duhe ijambo Céléstin.

Umukenguzamateka NDAYIZEYE Céléstin

Murakoze kumpa ijambo. Abagize umurwi wa Netball banteye iteka ryo kubamenyesha yuko urukino rwa nyuma ruheza championnat iheza ruzoba ku wa gatanu isaha icenda kuri E.N.S. bakifuza ko abakenguzamateka bobafata mu mugongo bagashobora kuhashika. Ni urukino twari tumaze gusubiza inyuma gatatu.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ni final.

Umukenguzamateka NDAYIZEYE Céléstin

Ni final kugeza ubu turi imbere.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

None netball si iy’abagore gusa. Ni bande bakina, ni bamanike turabe. Batatu, muri protocole nta n’umwe akina.

Umukenguzamateka NDAYIZEYE Céléstin

Na Assemblée Nationale duhejeje gutsinda Mutuelle de la fonction public. Mutuelle ihejeje gutsindwa tuca duhura na Assemblée Nationale na Sénat. Akaba ari imigwi itinyana nico gituma bagiye barasubiza inyuma gatoyi.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Haba hari abantu benshi.

Umukenguzamateka NDAYIZEYE Céléstin

Oya abantu si benshi nico gituma bashaka ko vyokwigwa kuri iyi journée sportive.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Narabaguriye imipira cumi nibaza ko mu ndwi zibiri izoba ishitse niyo nzobaterera.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Jewe ni co nabonye nobaterera muri Aigles Noires. Sindabatereye nka Prezida wa Sénat kuko nta mahera ya Sénat nakoresheje.  Ndabaterera nka Président wa Aigles Noires. Imipira cumi ya netball. Irimwo muri kit yaje. Nibaza ko abazoba babishoboye boza kubaszhigikira kugira bazoshike muri Final du championnat. Nibaza ko ari iteka muri vendredi sportif ni ukubwira abakozi bose bakaja muri sport. Hari aba fonctionnaires bataja muri sport ? Mwese ama bus azobatware kuri ENS. Iyaba vyakunda mwogiye muriruka gushika kuri ENS kugira mugire aga sport. Mugabo bidashoboka ama bus yose azobatware muje gushigikira umurwi. jewe siho nzoba ndi nzoba ndi muri conseil communal. Rero nagomba ndabasabe abazoba bahari mwese n’aba fonctionnaires muraja kubwira Secrétaire Général n’aba fonctionnaires mwese vendredi gushigikira umurwi wa Netball kuri ENS. Hanyuma ntwawundi afise ikibazo canke ico ashikiriza ? Egome Ruhuna !

Umukenguzamateka Ruhuna Venant

Murakoze kuntiza akanya Nyakwubahwa Mukuru w’Inama Nkenguzamateka. Jewe ni akabazo gatonya nagomba ko mwodushigikira twaravuganye na Honorable Célestin. Jewe ndafise équipe y’abatwa.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Gusa ?

Umukenguzamateka Ruhuna

Ego gusa. Twari twarigeze guhura n’ab’i Muramvya dufashanije n’abapatiri barya b’i Munanira na Musitanteri. Uyu ari gouverneur hanyuma turahurira muri commune Ndava mu ntara ya Mwaro ubu rero nari niyumviriye ko twosubira kuvyura abasangwabutaka nabo ni abarundi nk’abandi. Honorable Célestin adutegurire iyindi équipe atari abasangwabutaka dutegure urukino rwa Kivandimwe duhure.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Hagati yanyu na Sénat hanyuma mutsinde Sénat ?

Umukenguzamateka Ruhuna Venant

Egome. Bishobotse twonayitsinda tugatera imbere kandi kugira ngo habe kunywana no kumenyana hagati y’abasangwabutaka n’abandi benegihugu.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Célestin azotegura iyi y’i Muramvya  hagati ya Mwaro na Muramvya.

 

Umukenguzamateka NDAYIZEYE Célestin

Egome ni muri iyi ntumbero Excellence twabivuganamwo. Tugomba ko abasangwabutaka nabo muri ibi vy’inkino n’imico kama bagire ibibateza imbere bareke kuja baraja gushera.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Nzobaterera imipira. Niyashika dans deux semaines nibaza ko nzoba mfise imipira myinshi.

Umukenguzamateka NDAYIZEYE Célestin

Murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Nico gituma abakenguzamateka mudakwiye kuja murirabisha hirya muvuga ngo ibintu vy’inkino. Kuri encadrement y’abanyagihugu dukeneye ko muboneka muriko muragira encadrement y’abantu. Cankuzo twaraye tuyemereye muri Fédération y’umupira w’amaguru mu Burundi.  Mwaro twaraye tuyishize muri Fédération y’umupira w’amaguru mu Burundi, Rutana yaraye yinjiye muri Fédération y’umupira w’amaguru mu Burundi. En fait  Bururi ntiyinjiye kuko yari isanzwemwo baca barayihanyura ahubwo Rumonge niyo yinjiye.  Nico gituma Bururi naho itari ikwije ama conditions yaca yinjira mu kugira….

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Irya association de football de Rumonge irya yari iy’ intara ya Bururi donc nico gituma mw’ijambo navuze nti Bururi ntisaba ni d’office. Urumwa rero twagomba yuko muja muri encadrement de la jeunesse. Inkino ziragira réconciliation, imigambwe amadini, eka vyose. Il faut yuko mubishira imbere. Twebwe twari twasavye, mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru turafise imipira ishika igihumbi izoshika muri iyi misi, nti tuzobaha ukwo ngo mugende, ibintu bidapanze ntitubaha,  twebwe nti dushobora gutanga muri ibi bintu  vyo gukina mu kinyagihugu, birya vy’imitumba, oya imitumba ni muri Ministère, ivy’imitumba biri muri Ministère ya jeunesse, twebwe ni ibintu biri organisé. Rero dusaba yuko amakomine abishoboye intara zose akinishe championnat des jeunes de moins de vingt ans ivyo twita championnat de quatrième division. Nka Makamba amakomine yose yaramaze kwiyandikisha, Rutana amakomine yose. Hari n’ayandi makomine muzindi ntara ariko arabitegura. Dusaba yuko haba imigwi itandatu mw’ikomine ishobora kugira organisation turashobora kuyiha n’imipira, donc nk’imipira itandatu kw’ikomine turashobora kuyironka .

Donc, ikomine ishobora kuba yagize iyo organisatition tugaca tugira association provinciale ikagenda igakwirikirana tukabaha ama licences abana bakaba enregistrés kandi  avantage yo kuba enregistré ni ukwo mugihe umwana ateye imbere hagize uwumutwara, nka ekipe (équipe) nkuru imutwaye irashobora kuguha maillot canke ikaguha imipira nk’itanu canke akaguha amafaranga kugirango tumuhe transfert ave nko muri cendajuru aje gukina nko muri vital’o ntapfa kugenda ukwonyene mugihe ari ibintu biri organisé, biri structuré. Nico gituma rero nk’ubu iyo mipira wanditse ngo ndafise équipe yo ku mutumba ngo ndaguha oya ivyo ni ivyo muri Ministère, twebwe ni umupira wemewe n’amategeko. Donc, abantu murashobora kugenda kugira organisation mu ma komine yanyu, mu ntara, abana mu ma lycées, naho  mwoba mutagira aba jeunes bari hamwe uravuga uti ishure ya lycée iyi mukazishira muri championnat organisé, murashobora kuzishira muri championnat organisé kuko  amakomine menshi ni amakomine make adafise ishure zitanu za secondaire ubu,  abatazifise barafise école fondamentale ku buryo mubigize neza habuze ama club qui se portent volontaires mwoca mufata ay’ishuri apana interscolaire ikaba championnat communal de football.

Twebwe dukeneye aba jeunnes bazotera imbere. Nk’ubu équipe ya  U23 twarigukina na RDC, RDC yikuyemwo duca tuba qualifié d’office mu kwakane, nk’ubu tuzoca dukina na Nigéria kandi Nigéria tuyitsinze tuzoca  tuja muri coupe d’Afrique y’aba U20 i Rusaka muri 2017. Nico gituma ndabasaba yuko, ntawe duhaye itegeko kubigira mugabo ni vyiza yuko muba muri kumwe n’abanyagihugu, ni vyiza yuko nko mw’ikomine tuzotanga imipira mugabo ni vyiza yuko nawe uyiduganye uti twavuganye na fédération yandungikanye imipira itandatu  umwe wese azoba ari umugwi tugaca dushirako imipira ibiri bazohora bakina match.  Vyari ibintu vyiza.

Jewe nico gituma nagomba ndabasabe za Matana, Matana ndahazi hariho ama talents, naho mwofata za Matana za Lycée Rubanga abana boca baryoherwa. Kandi rero abana baca bagenda bariruka gushigikirana. Ama équipes y’abanyeshure akitwa championnat ku buryo na directeur yitwa Président wa équipe ugasanga niy ’ishure birashoboka, mugabo aba akingiye ishure aba ariyo rivuga riti  umunyeshure naho ava kuri iyo shure akaja gukina kuyindi, ntibamukinisha batamugiriye transfert muri fédération niyo ngorane  c’est à dire aba afise licence na club d’origine. Aho agenda  naho yova i Matana akaja i Makamba.

Kugira akine i Makamba bamuha transfert. Kugira aronke transfert équipe irashobora ku kwegizija (exiger) iti none transfert tuyiguha ku buntu, bati duhe i maillots, duhe imipira duhe ilaki zitanu (500.000) bivana n’ingene umukinyi akina neza. Nimwen’iyvo nibaza rero umwe wese hirya no hino, mugabo dukeneye kubona mwebwe les sénateurs mugenda ku kibuga mugenda mu banyagihugu ufise n’ivyuvuga. Erega uguma uvuga ibintu bimwe barateba bakakurambirwa mu myaka ine  ni myinshi.

Urashobora kugenda gutwenga gusa ugaca witahira, bakavuga bati niho yari yishikiye, kandi bakavuga bati mu mukino wahuza équipe iyi n’iyi kandi umu sénateur naka niho yari. Ivyo rero nivyo bizotuma mugumana n’abanyagihugu bawe kandi mu b’encadra kandi résultat muyibona après deux ou trois semaines, bambe après deux ou trois ans bica biboneka.

Nka jewe  i Makamba naho ntaba ndiyo Aigle noir  baba bazi ko ndiyo sina matatizo nkubu nagize  ni mitumba ica ivuga kw’iradiyo. Uwucenze niyiyumve, bica bigenda neza kandi biraryoshe. Twarigeze gutsinda, umutumba w’iwanje warigeze gutsinda aba polisi bitanu(5) usanze saha mbiri y’ijoro basanze bateye ibitoke, ibitoke biri ku mabarabara kubakira. Erega ni ambiance, nuko mwebwe mutazi ambiance ico arico. Nk’umu chauffeur namuhaye i modoka agaruka isaha  zitanu z ’ijoro. Ndamubaza nti mbe harya ibirometero vingt nivyo ugenda ukagaruka isaha zitanu z’ijoro. Ngo twasanze batwakiriye ngo twagiye n’amaguru nk’ibirometero bitandatu (6) abanyagihugu bagenda bara defila impande y’imodoka   itwaye abakinyi. Ati kandi dushitse twasanze bahejeje gutegura inzoga imfungurwa ati tuvuyeyo isaha zine n’inusu. Nico gituma navuga nti ni ukuza muraraba ingene abanyagihugu baryoherwa kandi bakabegera, n’ibintu bito bito ; sinon nk’izo championnat zo mu ma communes mugiye mwankadra (encadrer), ari imipira ikenye muca mutubwira twebwe muri fédération, mugabo apana birya vyo ku mitumba nababwiye. Ari ivya communes ivyo ndavyemera. Nk’abi i Muyinga mutegerezwa kwumvikana mugatanguza nk’ama communes nk’atatu n’imiburiburi championnat igatangura nko mu ma communes ashobora kuba ari dynamiques.

Hariya muri nord commune Giteranyi n’ahantu hari abantu benshi. Nka Kirundo Busoni ifise abanyagihugu benshi ni hafi 300.000 kw’ i commune imwe isumvya abanyacankuzo abantu. Vyari ivyo rero sinon twahejeje akazi, ibikorwa vy’uno munsi bigarukiye ngaha. Abanyarumonge nibaza ko tuca tugenda dutangura sasita kuko ndafise akanama mu mwanya.

Write a comment

No Comments

No Comments Yet!

Let me tell You a sad story ! There are no comments yet, but You can be first one to comment this article.

Write a comment
View comments

Write a comment

Your e-mail address will not be published.
Required fields are marked*