COMPTE RENDU INTEGRAL DE LA SEANCE PLENIERE DU SENAT DU 12 AVRIL 2016 RELATIVE A L’ADOPTION DU PROGRAMME DE LA SEMAINE DU 11 AU 15 AVRIL 2016

L’an deux mille seize, le douzième jour du mois d’avril, les sénateurs se sont réunis en séance plénière pour la quarante-cinquième séance de la cinquième législature pour adopter le programme des activités de la semaine du 11 au 15 avril 2016.

La séance qui était dirigée par la première Vice- Présidente du Sénat, Honorable Spés-Caritas NJEBARIKANUYE a débuté à 9 heures 38 minutes et a pris fin à 9 heures 56 minutes. Elle  a vu la participation de 33 sénateurs.

Voici en intégralité le déroulement des activités de la séance :

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Nagira ndabashimire ko mwese mwaje muzanye isuka, la majorité, kiretse honorable Jennifer sinzi ko isuka yiwe igwaye canke atarayironka.

Umukenguzamateka KANKINDI Jennifer

Oya nyakubahwa nari nzi ko nacerewe mbona ko umenga nsanga ibintu bigeze kure nca ndayireka. Ndayifise kandi irakomeye.

 

 

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ngira ntaco uhava ukangaza. Urakoze. Nagira turabire hamwe uru rutonde de la semaine du 11 au 15 Avril. Nagire nsabe nyakubahwa icegera ca kabiri c’Inama Nkenguzamateka atubwire ibizokwigwa.

 

Icegera ca kabiri c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze nyakubahwa cegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka.

Urutonde rw’ibizokorwa muri iyi yinga :

Ejo ku munsi wa mbere harabaye inama ya Bureau n’iya Bureau élargi mu gitondo, inyuma ya sasita hari ibikorwa vyo mu mirwi. Uno munsi nkuko mubibona ubu mu gitondo twemeza urutonde rw’ibikorwa bitegekanijwe muri iyi ndwi hanyuma hace haba ibikorwa vyo mu mirwi mu gitondo n’inyuma ya sasita.

Ejo ku munsi wa gatatu mu gitondo n’inyuma ya sasita hazoba ibikorwa vyo mu mirwi. Ku munsi wa kane mu gitondo n’inyuma ya sasita naho nyene hazoba ibikorwa vyo mu mirwi. Ku munsi wa gatanu itariki cumi na zitanu z’ukwezi kwa kane muri uyu mwaka mu gitondo hazoba ibikorwa vyo mu mirwi, ku muhingamo guhera isaha icenda hazoba ibikorwa vyo kwinonora imitsi nkuko bisanzwe iminsi yose ku wa gatanu inyuma ya sasita. Ni ivyo bikorwa bitegekanijwe muri iyi ndwi murakoze.

 

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze. Nagira ntumire abakenguzamateka ni haba hariho abotwunganira kuko muri Bureau élargi na Bureau ibi ni vyo twabonye vyoshobora kuba muri iyi ndwi ariko hagize uwundi yoba afise ikindi gikorwa cihuta yoshobora kwongerako yokitubarira bitabaye gutyo naho urutonde ruca rwemezwa. Murakoze programme de la semaine iremejwe. 

Hariho amatangazo abiri tugira ngo tubabarire. Iya mbere ni uko Nyenicubahiro Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ari muri mission ni mwabona ataje ngaha si kubera yagize ingorane ari ku bundi butumwa hanze. Hanyuma iya  kabiri naho ni ukubamenyesha abakenguzamateka, benshi barabahamagaye ku materefone yanyu ariko numva twobivugira hamwe. Twarifatanije na Nyenicubahiro Umukuru w’Inama Nshingamateka nk’umuryango igihe yagira anniversaire yari yadutumiye hanyuma turavugana yuko umwe wese yotanga amafaranga angana 30.000FBU. Aba hauts cadres du Sénat na bo baratanze vingt mille francs. Ni mwabona bayabakase ntimuze mugire ngo hari icabaye ni uwo munsi mukuru. Sinzi ko benshi bashoboye kujayo nagira mbanze ntumire Honorable Evelyne kuko ni we twari twatumye atubwire ingene vyagenze kuko cari igikorwa cacu. Ntiyobibona ngo ace yihorera.

Umukenguzamateka BUTOYI Evelyne

Murakoze Nyakwubahwa Cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka kumpa ijambo. Ni vyo nkuko mwari mwabinsavye kugira ngo mfashe  Inama Nkenguzamateka, abakenguzamateka bagire ico bakoze ndetse n’abakozi bo mu Nama Nkenguzamateka bagire ico bakoze. Muhejeje kwumvikana ko twotanga ubwo buryo murazi ko ari mwebwe nyene mwamenye aho mubukura twaciye twiyumvira uburyo buraho turaheza twegeranya uburyo bungana 1 370000 . Ubwo buryo twaciye tubona umengo ni uburyo butari buke ku Nama Nkenguzamateka duca twiyumvira ko twogura inka. Ngira ngo twiyumviriye inka kuko jewe ndi umugamba. Umuntu iyo umugabiye inka uba umuhaye ikintu gikomeye cane. Vyerekana iteka. Rero twavuze tuti twebwe mu Nama Nkenguzamateka ntitwotwara ibiseke twotwara inka kuko mu nka harimwo vyinshi. Harimwo n’ivyo biseke ndetse inka mu muryango ni umugisha. Hanyuma inka imaze kuboneka duca twiyumvira ko twoyirungika ishajije.

Duca turagura impuzu iriko logos ya Sénat handitseko n’ukwo tumwipfurije umusi mukuru mwiza kuko ari umukuru w’Inama Nshingamateka ni nka mukuru wacu. Rero ivyo vyarakoretse, hanyuma naho bampaye ijambo hariho umutegetsi wo ngaha yari yagiye atujanye ari nyakubahwa icegera ca kabiri c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, ni na we yafashe ijambo kw’izina rya twese ndetse n’abakozi bo mu Nama Nkenguzamateka.

Ijambo yashikirije ambabarire ndarivuge mu majambo make, ryari ijambo ryiza cane, ijambo ryerekana ko turi umuryango, ijambo ryerekana yuko amaze kudutumira vyatunezereye cane hanyuma tukiyumvira kumugabira inka, inka twari twise Yamugisha mugabo iryo zina turarivako kuko nyakwubahwa umukuru w’Inama Nshingamateka yahavuye abatiza umutambukanyi wiwe amubatiza ngo Mugisha, muca mwumva ko inka itanzwe n’Inama Nkenguzamateka n’abakenguzamateka na mwese itari gusangira izina na inabuja wayo.

Hanyuma twagiye rero kumushigikira nyakwubahwa icegera ca kabiri, abakenguzamateka bari bahari, jewe hamwe na Honorable Gloriose, hakaba haciye haza na nyakwubahwa chef de cabinet, twari kumwe aho iryo jambo yarishikiriza.

Hanyuma umukuru w’Inama Nshingamateka akaba yaradushimiye kw’izina ryiwe n’iry’umuryango kuko gwari urubanza rw’umuryango ko twifatanije na we kuko ntabahenda ryari iteka kubona twese mu bumwe bwacu ngaha mu Nama Nkenguzamateka dutanga akaganuke nk’ako  kandi gashishiriye, tukaba tumaze kwumva ko n’abandi babishimye. Mu majambo make rero ni aho nogeza. Nkaba nsubiye kubashimira kuko vyagenze neza muri rusangi hanyuma ivyoba vyagenze nabi ngira ntabihari, ariko na vyo mwovyihanganira murakoze cane.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze rwose. Hari iyindi communication nayo ; tugire duhe ijambo Honorable Jacqueline. Murazi ko la semaine passée mwari mwavuze ko Honorable Rémy yogenda kubashigikira bakina muri netbal, na jewe narashoboye gushikayo nagire ndamuhe nawe ijambo kugira atubwire ingene vyagenze.

 

Umukenguzamateka SINZOTUMA Jacqueline

Murakoze kumpa akanya banyakwubahwa. Ego nk’uko babivuze turi n’akanyamuneza ntangere  ko kubabwira ko muvyo twaguma tuvuga iminsi yose, umenga turiko turabakoroga  ngaha , tuvuga tuti hariho inkino zizoba. Twarashoboye rero guhura n’abandi bo mu ntara  zo hagati mu gihugu. Samedi twahuye na Ruyigi turayitsinda, hanyuma Dimanche tuca duhura n’iyatsinze Assemblée ariyo Muyinga tuyikubita hasi. Ubu rero gushika uno munsi akamwemwe karacari kose, twarashoboye kuzana coupe nationale. Iri ngaho namwe muze mudushigikire mukuyishikiriza nyakubahwa aho azoshikira, tuze tuyimushikirize  ishishiriye neza tuyimushikirize n’akamwemwe ntangere, muzoba mukoze.

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Egome ni vyo namye niyumvira kuko hampande y’iyo coupe nationale murazi ko dufise  na coupe provinciale. Urumva rero ama roza (roses) ni menshi mwikomere amashi. Nibaza ko muzoheza mugafashanya na Cabinet na SG mukaraba ingene ico gikorwa cogenda kuko ntitwogikoranirako, urumva ko Evelyne yakoze neza kandi mu minota mikeyi. Nagira mumfashe mu kumukomera amashi. Nibaze ko nawe igikorwa azoza akora kizogenda nkuko ico kwa honorable Evelyne cagenze kuko Inama Nkenguzamateka hari ikintu irushije ngira ngo ayandi ma institutions kuko aba sénateurs baritanga kandi dufise n’aba cadres compétents.

Rero iyo ufise aba cadres compétents ntakinanirana, igikuru n’uko umuntu agira suivi yabo akababwira ati nkorera iki. Ivyo ni ukubikengurukira Imana kuko hariho abatabifise ugaca usanga  ibikorwa kenshi bigenda biranka ko bitera imbere. None ko dufise iryo teka Imana yaduhaye, ya faveur wa mu pasteur yatubwira, reka iyi faveur tuyikoreshe hama abandi nabo bashobore  kuyikorako. Murakoze. Atawundi afise iyindi communication nari numva yuko ibikorwa vy’uyu munsi vyogarukira ngaha. Honorable Victoire !

Umukenguzamateka NAHIMANA Victoire 

Murakoze kumpa ijambo. Nibuka yuko imbere ya le 8 mars twari twarateguye igikorwa, twagire tubaze icabitebeje canke ko bizoba ko twari twateguye imbere ya le  8 mars ko tuja gusuhuza abantu tukongera tugahura ngira ico gikorwa caribagiwe. Murakoze kumpa ijambo.

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ahubwo twagira tubaze kuko twari twagihaye commission genre twumve aho mukigejeje. Urumva ko abandi tubahaye igikorwa. None namwe, ahubwo muratwibukije, mugira mwifatishe. Honorable Gloriose, ico gikorwa kigeze hehe ?

Umukenguzamateka Gloriose HAKIZIMANA

Ego murakoze Excellence kumpa ijambo. Jewe vy’ukuri, narabikurikiranye mu ntango turagikurikirana ariko haragera igihe turindira kubera yuko hari hariho une demande yakozwe muri ministère ya solidarité ijanye no kuronka agafashanyo tuzogenda dushiriye abo bantu. Sindavugana na protocole wa 1ère Vice Président kugira twumve aho bigeze kuko ni we yadufashije muri iyo démarche yo gusaba ivyo bintu. Ariko, jewe maze indwi 2 ndi absente mu nama ya bureau élargi kubera mfise utugorane familiale, nari nzi ko ahubwo mwagikoreyeko kuwa mbere. Urumva rero, ariko, ico nari navuganye n’abakozi il n’y a pas longtemps, bari bambwiye yuko turiko turitegura kugira umusi mukuru w’abakenyezi, tukaja gusangira agafanta kuko twarashize hamwe akabahasha hanyuma uwo musi ni wo  musi twociye twinginga abo muri Bureau mukaduherekeza kugarukira kuri abo bantu.

Ariko itariki  zagiye zirahinduka kubera ko ntitwari kugenda mutahari, d’abord hamwe mwari muri mission, ni ho twaronse akanya. Aho twashobora kugenda mwe mwari hanze. Twashatse kurindira kugira ngo tuzogende bimeze neza, ahubwo ngira ubu bica bigenda neza. Murakoze.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze. Twashaka kubasaba ko mwoca mubikurikirana kugira ngo turabe ko muri iyi ndwi twobikura mu nzira, bishobotse. Sinzi ko honorable Gloriose, murabona ko muri iyi ndwi twobikura mu nzira ? Kuko tugumye twigumizako amadeni, tuzohava dusanga dushitse iyindi le 8 mars.

 

Umukenguzamateka Gloriose HAKIZIMANA

Egome, jewe nari nategekanije gusaba uruhusha 2ème Vice kubera iyi semaine sindahari. Nari naje kugira nze gusaba uruhusha. Nzoba ndi absente i Bujumbura, muri iyi misi itanu. Ma vice présidente va s’en charger. Murakoze.

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Nta bwoba yavyemeye nawe nyene arazi ko dufashanya. Honorable Célestin.

Umukenguzamateka Célestin NDAYIZEYE

Murakoze kumpa ijambo nyakwubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka. Jewe si ukugaruka kuvyo honorable mugenzanje ahejeje kuvuga, ariko kwari ukugira nishure ikibazo icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yari yatubajije ejo bundi ati mbega ko nigeze gusinya amakete aterereza vyoba bimeze gute ? None banyakwubahwa, kwari ukugira tubamenyeshe yuko, kurya kuntu amakete yari yanditse, ntitwaterereje dusaba amafaranga. Twari twaterereje dusaba partenariat ku mashirahamwe ari hejuru akorana n’inzego zo hejuru kugirango mbere n’ingene twari twanditse ikete twavuga tuti : kuri izi activités zidushikanye hejuru ziri largement médiatisées twashaka kwifatanya namwe kugirango dusangire intsinzi n’akanyamuneza mushoboye kwifatanya natwe. Donc la SOCABU a donné 500.000fbu twebwe on n’avait pas exigé hanyuma Lumitel 750.000fbu aracabitse hariho na comité ibiraba tuzobereka ingene ariko arakora.

Hanyuma kwari ukugira nunganire ahanini intsinzi yarabonetse kwari ukugira nanje nkenguruke kuko ni discipline nini cane. N’abakinyi nka le 8 mars twarababwiye tuti murabona twegereje ihiganwa muri uru rwego rwa Bujumbura akavinyu ntimugafate tuzokina haciye iminsi ibiri. N’ubu naho twatsinze bagize ico basoma twahejeje urumva ni ukwitanga. Rero ndasubiye kubakengurukira ko mudufata mu mugongo. Twebwe igihe tuzoba twize neza ingene dushobora kwifatanya n’abandi bantu twobiganira neza dans un cadre managérial imeze  neza urwego rw’Inama Nkenguzamateka rukaguma rufise iberwe ku barubona bose. Murakoze.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze namwe turabashimiye. Abashitse batevye namwe muratubabarira n’ubundi twari twigoye murazi ko ubuherutse honorable Jennifer yavuze ati inama itangura 8 heures canke 9 heures duca tuvugana ko 8 heures tuzoba turi ngaha ariko murabona ko n’ubundi vyatugoye. Rero nibaza ko umwe wese ategerezwa kugira ako kigoro akamenya ko isaha zibiri ari akazi iyo kahari kuko duhura rimwe mu ndwi. Twoza turagira ako kigoro ariko rero hagusiba woteba.

Kumbure muca mugenda mwumvise ivyo twavuze nk’aba collègues muca mubegera muje hamwe muganire kuko ntitwosubiramwo ama communications ni yo yabaye menshi sinon en gros muri iyi semaine ni les activités en commissions. Hanyuma les communiqués zatanzwe twagire dusabe muce mubazanya kuko hariho babiri mbona bashitse batevye. Ibikorwa rero vy’iyi ndwi bigarukiye ngaha. Twagire tubasabe ko mwoca muja mu ma commissions kugira mubandanye, ibikorwa biriyo ni vyinshi cane murakoze mugire umunsi mwiza ; tugasaba honorable Charlotte kugira adushire mu kiganza c’Imana.

Ivyo bikorwa vyasozerewe mu kanyamuneze ntangere kama karanga na ntaryo abakenguzamateka mu bikorwa vyabo vya minsi yose.

Write a comment

No Comments

No Comments Yet!

Let me tell You a sad story ! There are no comments yet, but You can be first one to comment this article.

Write a comment
View comments

Write a comment

Your e-mail address will not be published.
Required fields are marked*

Bureau du Sénat


Carte du Burundi

Hymne National

audio

Artist:
Song:
Album: