COMPTE RENDU INTEGRAL DE LA SEANCE PLENIERE DU SENAT DU 23 FEVRIER 2016 RELATIVE A L’ADOPTION DU PROGRAMME DE LA SEMAINE DU 22 AU 26 FEVRIER 2016 AINSI QUE LES QUESTIONS DIVERSES

L’an deux mille seize, le vingt-troisième jour du mois de février, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la 37ème séance de la cinquième législature afin d’adopter le programme de la semaine du 22 au 26 février 2016 ainsi que les questions diverses.

Cette séance qui était dirigée par Honorable Révérien  NDIKURIYO, Président du Sénat,  a vu la participation de 30 sénateurs et a débuté par une prière  à 09 heures 42 minutes pour  prendre fin à 12 heures 38 minutes. Voici en intégralité, le déroulement de la séance.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Banyakwubahwa bakenguzamateka, nkuko mubibona imbere yanyu kandi nkuko bimenyerewe ku musi wa kabiri, turemeza programme de la semaine.

Ejo haheze, harabayeho inama ya bureau élargi. Hanyuma haraba umubonano hagati ya bureau n’ama commissions permanentes bakira delegation ya UIP turanakubitira mu Gitaza igihe c’isaha zitanu n’inusu kuraba kugira ngo tubereke ingene dialogue interburundais igenda.

Uyu musi turemeza programme de la semaine hanyuma duce tubandanya na questions diverses nkuko mwari mwabisavye kugira ngo mutubwire bimwe bimwe mwagiye murabona, ama préoccupations y’abanyagihugu muri vacances yabaye muri janvier.

Ejo gushika kuwa gatanu ni travaux en commissions hamwe na activités sportives. Kandi turavye, nta bindi vyinshi twokwongerako. Iyi programme twibaza yuko yogenda uku nyene kuri iyi ndwi. Nimba hari umuntu afise ico yoshikiriza canke yosaba twongeramwo twomuha ijambo. Atawuriho naho, duce tuyemeza. Programme de la semaine iremejwe.

Tuje kuri point ya kabiri yerekeye questions diverses. Ba nyakwubahwa bakenguzamateka, mu kwezi kwa mbere twari dufise akaruhuko k’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka kandi  twarashoboye kugendera abanyagihugu hirya no hino. Twaranaronse, n’ama rapports yaraje ava mu ntara zose aho batweretse yuko bagendeye abanyagihugu, mbere henshi twagiye turanabibona tubikurikirana ku mboneshakure ku bikorwa mwagiye murarangura. Ntituja rero kuvuga mu majambo menshi muri introduction. Mugabo twagomba duce tubaha ijambo kugira mwebwe nyene muravye umwe umwe mu ntara, kandi tuvuga ku ntara ku ntara, turavye ku ntara bimwe bimwe muvyo abanyagihugu badushikirije, ni igiki cihuta twokora. Twihweje intara imwe imwe yose kuko hariho vyinshi vyagiye biragaragara muri aya mezi, twaragiye turabona mu  ntara zitari nke, aho nashoboye guca uretse mu ntara mvukamwo, mu zindi hariho imvura yabaye nyinshi, ibiraro bigasenyuka, hariho ahantu amazu, imirima, ibintu vyononekaye, ivyo nivyo bintu vyabonetse. Ibindi navyo ni ibintu vya misi yose, abanyagihugu nta nibibazo bakibaza ubu kubera bavuga bati ibibazo turavyiyishurira. Ico tubaza ni ikiba kitunaniye. Ico naco ni intambwe tumaze kugerako aho abanyagihugu bafata ibintu mu minwe bakerekana yuko ari ivyabo kuko nta munyagihugu abaza ikibazo co  gusaba ishure, nta munyagihugu abaza ikibazo co gusaba centre de santé, agusaba ibintu bito bito we nyene yishoboreye. Basaba birya badashoboye. Nico gituma twagomba dusabe tuje kugenda kuri ordre alphabétique, muze kutubwira mwebwe aho mwaciye, muze kugira mu ncamake kuko ico utavuze uza gusanga uwundi yakivuze kuko intara 18 dufashe iminota cumi cumi  ku ntara ni iminota 180, ni amasaha 3. Twoba twahejeje saha sita canke saha tanu n’inusu. Kandi ivyo bamwe bavuze, uravuga uti ico bavuze ni iki n’iki n’iki, ntiwirirwe uragisubiramwo, si mémoire muriko murashikiriza. Nibaza ko muza kugira ama traits gusa kugira natwe tuze kuronka umwanya. Jewe ndaja kuba ndi ngaha iminota mirongo ine n’itanu ya mbere, hanyuma ndagaruka mu minota mirongo ine n’itanu yanyuma kuko hariho abantu ngomba nakire mu mwanya tuvugane. Nagomba rero ntarandiriye duhere i Bubanza kuko niyo ! Procédure niyo ugomba urwanye ?

Umukenguzamateka HAKIZIMANA Gloriose

Nagomba mbaze yuko, murakoze Excellence kumpa ijambo, nashaka mbaze yuko les questions diverses zuno musi zigarukira kuri ivyo gusa canke utubazo abakenguzamateka nabo boba bafise natwo turimwo. Nico kibazo nari mfise.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Bivana n’umwanya ingene muza kuwukoresha. Mugize gestion nzinza, mugabo ntitwaje kwirirwa ngaha. Mugize gestion nziza, sawa. Mutagize gestion nziza, ivyo bindi ntitubishikako, duca tubigira la semaine, ku wa kabiri la semaine prochaine kuko no ku wa kabiri tuzobandanya. Bizovana, mugabo munyarukije, turashobora gusanga twakoresheje nk’isaha n’inusu hanyuma tugaca twiha 30 minutes kugira ngo tuvuge ibindi, ibindi peut être biza gukenera nuko n’aba fonctionnaires bamwe baza gusohoka. Mugabo ibi vyo, kubera ama PV, dukeneye yuko ivyo tuja kuvuga biza gufatwa, nibaza yuko muma services yipanze kugira ngo akore. Tugende rero i Bubanza tubaze mu ntara ya Bubanza ingene basanze vyifashe. Immaculée na SESEMA.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Murakoze Excellence kuduha ijambo. Jewe ndaja kuvuga en gros kuri le calendrier n’ibikorwa twakoze, hama ivyerekeye ibintu vyononekaye kuko dufise ibintu vyinshi cane vyononekaye, honorable SESEMA aca abibabwira.

Muri rusangi rero, mvuze  en resumé, twebwe twaragendeye mu ma communes yose ya Bubanza tukagerageza kugendera imitumba ibiri ibiri. Hari aho vyakunda hari aho bitakunda iyo imvura yaguye cane tutashobora gushikayo. Mugabo, le message yari iyihe ? Ubwa mbere kwari ukubaha ya ma téléphone abakuru b’imitumba. Ubwa mbere Président wa Assemblée ariwe munyabubanza, il a ouvert iyo action yo gutanga ama téléphone abigirira muri commune MUSIGATI tugitangura vacances, hari itariki 9 z’ukwezi kwa mbere.

Bivuga rero ko aho twaciye hose kugira twegere abo  bakuru b’imituma twabasanga kumitumba iwabo kubibaheraho no mu ma communes yabo.

Ica kabiri, aho twaca kwari kwuguruza ibikorwa vyo kwubaka inyubakwa z’abatwara imitumba. Mu ma communes yose ico kintu twaragikoze, twaruguruye ivyo bikorwa vyo kugira ngo batangure kwubaka ibiro vy’abakuru b’imitumba

Ubwa gatatu, hariho quand même ibibazo twagiye turavuga kandi ibibazo vy’inkoramutima. Nayo mu vyerekeye sécurité, en général muri province Bubanza sécurité yari yifashe neza. Ikibazo hari ahegereye RUKOKO kandi namwe muhora muvyumva, hari aho kaza karacamwo bakonona umutekano, sécurité. Mugabo en général muri Bubanza mu kwezi kwa mbere, ni ukuri kandi abantu baritavye ibikorwa cane, baranezerewe nuko tuba turi kumwe nabo muri ivyo bikorwa.

Evidemment hariho ibibazo nibaza ko bihanze Uburundi bwose nko mu vyerekeye le social, ni polygamie n’izo nzoga ziyayura umutwe. Twebwe rero muri Bubanza aho rero turabata (battre) record. Hanyuma rero hariho na problème démographique, ico nyene Bubanza turabata (battre) record kuko on a recensé que, au cours du mois de décembre, havutse abana 400 muri province Bubanza. Ni benshi cane. Les naissances  400 par mois ni benshi gose kandi tutari la population la plus dense de la République.

Hanyuma, ikindi kintu hariho doléances abanyagihugu baduhaye. Izo rero nitwatangura kuzivuga zica ziba zirezire kuko nibaza ko twese mu ma provinces yose tuzihurirako. Hariho ama doléances baduhaye notamment ivyo twari twemeye muri campagne, ku commune ku commune, hariho ivyo basavye twari twabemereye, bakavuga bati ubu rero turabikeneye. Nka twebwe principalement muri Bubanza, ama communes nka yose basaba amatara, nka hose. Hanyuma bagasaba n’amazi cane cane aha mu kiyaya iwacu, amazi ni ikibazo kininiya cane cane gose. Hanyuma rero évidemment bagasaba nuko tubagirira programme y’iterambere tuzobereka ibona kandi twibaza ko tuzoyibagirira. Muri make, mu bintu twagiye turavuga, ni ivyo. Hanyuma rero turavuga icerekeye école fondamentale, ico sinocibagira, kubera bazokora concours national, ubu au mois de mai, au mois de juin, kuko urumva bafatanije aba 10ème n’aba 9ème bakazotoramwo 60% au niveau national, izoba une grande compétition. Bivuga rero yuko les enseignants, les parents et les enfants doivent se préparer pour ce concours là.

Voilà, en résumé, ibindi, ivyononekaye, ndabishikirije honorable SESEMA, niwe qui peut me compléter. Murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze. Honorable.

Umukenguzamateka SESEMA Jean Pascal

Ego, murakoze kumpa ijambo. Ivyononekaye mu ntara ya Bubanza ni vyinshi ku buryo ino mvura ata commune n’imwe yasize. Muri commune Bubanza hariho inzu 8 zasidutse muri zone MITAKATAKA. Ibiraro 2 vyarabomotse, aho twovuga ikiraro co kuruzi Nyamigogo uva i Bubanza uja i Muramba. Ikiraro co kuruzi Kidahwe uva i Bubanza uja mu Nyabitaka.

Muri Commune Gihanga, i barabara rya RN 5 rirageramiwe aho bita i Buringa. Inzu 10 muri village ya 4 zarasambutse, inzu 12 mu Rugunga zarasambutse, inzu 20 zarasambutse aho bita Ndava-Busongo. Imirima y’ipampa muri V4 yaratwawe ahangana hectares 15. Amabarabara y’imigenderanire yarononekaye, aho twovuga nk’ibarabara rya Buramata-Gihungwe.

Muri commune Mpanda, inzu zishika 200 zarasambutse muri commune yose. Hectares 100 z’umuceri zaratwawe. Akuzi Musenyi karuzuye imisenyi ku buryo imvura iguye amazi aca akwiragira mu ndimiro.

Muri commune Rugazi, inzu zishika 35 zarabomotse muri Bugume. Inzu zishika 12 zarabomotse ku Muzinda. Ibihomoka vyaguye kwi barabara Muzinda-Muyebe, ubu abanyagihugu bakaba birirwa barabikura.

Muri commune Musigati niho hononekaye ibintu vyinshi. Inzu zishika 162 zarasambutse mu ma zones yose agize commune uko ari 4. Imirima y’ingo zishika 4520 yarononekaye muri commune yose. Ishure rya Munanira ryarabomotse ryose gushika hasi. Amasomero 2 yo kuri ECOFO Muremera yarasambutse. Amabati yo kuri ECOFO Rugeyo, ECOFO Bubenga na ECOFO Mivyirure ya II yaragurutse. Ibarabara rya Masanganzira-Muyebe ryarononekaye ku buryo uvuye i Musigati uja ku Muyebe ubanza gusubiza i Bubanza ku Mpanda ukadugana ku Muzinda. Utubarabara tw’imigenderanire Musigati-Kanazi, Musigati-Nyabitore, Nyamugerera-Busiga-Bukungu, Kigomera-Mukungu na Munyinya-Kayanga-Masare, Ntamba-Rushiha yose yarononekaye.

Ngivyo mu ncamake ivyononekaye mu ntara yose ya Bubanza. Murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze. Nibaza yuko abafata PV muza kubibaha kubera wagiye uravuga utuntuzeye, ahantu kugira turabe, murazi yuko par exemple nkibi vy’amabarabara, umushikiranganji w’ikigega ca Reta igihe yaza kugira budget mwarabonye nk’amafaranga yo muri Fonds Routier bayagabanije cane. Mugabo kandi hari igihe dusanga hoba hariho ivyihuta. Urumva turaza, bavyegeranye vyose tuzoca turaba rero bamwe bamwe dutegure, none nk’ibarabara ryihuta canke ikiraro amafaranga tukaba twagize make, azoca ava he ? Est-ce que tuzorindira umwaka wose kugira ngo ico kiraro gikorwe canke gipfume kiba kirasanurwa vy’imfata kibanza. Ivyo rero bica biza kudufasha turabe ni hehe Fonds Routier yari isanzwe ikorera kuko hariho utubarabara tumwe tumwe tw’imigenderanire dukorwa na communauté,  commune, iki hariya. Mugabo hariho n’ayandi usanga ari kuri, nka ma RN, routes provinciales usanga bikorwa na ministère ya travaux publics. Vyose tuzoce tubigira tubishira hamwe kugira turabe ni igiki cokorwa. Nibaza yuko ari uburyo bwokenerwa bwihuta tubumusabe.

Bujumbura-rurale siho bari. Intara ya Bujumbura ngo hariho umupaka ngo hagati y’ama communes abiri. Ngira ngo hariho umunyagihugu avuga ko adatwarwa na hamwe, canke abanyagihugu bavuga ko badatwarwa na hamwe, bagiye kuraba hagati ya Isale na Mugongomanga. Bariyo rero, ngira hariho ingorane, ngira ni ahantu hashobora kuba hari abantu bavuga bati twe ntidutwarwa i Mugongomanga kandi ntidutwarwa Isale. Niyo bari rero, ngira bagize descente. Duca dusimba tuje i Bururi, ni Bururi ngira, Bujumbura-mairie ? Bujumbura-mairie.

Umukenguzamateka Emérance AHISHAKIYE

Murakoze kumpa ijambo. Twebwe muri Bujumbura-mairie, ivyo tubabwira ngira ngo namwe muravyibonera kuko niho musanzwe muri, benshi nihobari. Ingorane zihari murazizi. Hanini, mu misi hariho ingora y’umutekano muke. Ariko, ubu bisa nibiriko biraja muburyo kuko n’ama quartiers amwe amwe mu misi iheze hariho abatinya kuyagendera ariko ubu barahaye barayashikamwo. N’umuntu arenganye yaratinya no kuhaca kuko aba atazi ico bahurirayo. Ego, muri iyi misi hariho ama grénades aza aravuga mu gisagara hagati no kumasoko, ariko biriko biragabanuka, kandi abajejwe umutekano baratwemeza neza yuko bariko barabikorako kandi ko mu misi iza hazoba hameze neza cane gose. Hanyuma ibisigaye naho, ama descentes yarabaye muri vacances. Mugabo jewe personnellement sinayakurikiranye kuko nari mu kindi gikorwa nariko ndakora kuko jewe sinagiye muri vacances, nari kukazi ngaha, mugabo abandi baragize ama descentes. Nka kurya i Bubanza bavuze ko batanze ama téléphones kubarongoye imitumba, no ngaha vyarakozwe. Hanyuma abatowe barabonanye n’abanyagihugu mu yindi cadre bipfurizanya umwaka mushasha. Ivyo vyose vyarabaye. Hanyuma, mugabo ko tutari duhari kandi atanumwanya twaronse ngo tuvugane nabo, ama doléances yatanzwe ngaha jewe ntayo noshikiriza kuko siho nari ndi.

Hanyuma mugabo, ku vyononekeye naho, imvura imaze imisi irwa no ngaha ntihasigaye. Ivyo vy’ivyononekaye noca mpa ijambo mugenzanje honorable BARAMPAMA Rémy kugira agire ico ashikirije kuri ivyo. Murakoze.

Umukenguzamateka BARAMPAMA Rémy

Murakoze Excellence kumpa umwanya. Nivyo igihe abakenguzamateka bagira ama descentes jewe nari nsanzwe ndi muri commune ya Ntahangwa nka musitanteri. Ariko, ivyagiye vyononekara umuntu yagiye arabibona. Ahanini kubijanye n’ingene imvura yagiye irwa cane, nobamenyesha yuko hagati y’uruzi rwa Muzazi n’uruzi Nyabagera arirwo rwisuka kandi muri Kinyankonge, iyo périmètre yose iri hagati igihe cose imvura iguye itegerezwa guca ibangamirwa kurusha. Kandi ni ikibazo kidasanzwe kuko mu gihe cose bafata agace bakibaza ko bashobora kugakoreramwo kabe inyishu, ntibizokwigera bikunda nagatoyi.

Muzazi iyo rwuzuye canke Mutimbuzi iyo rwuzuye canke Kinyankonge iyo rwuzuye, vyose vyisesa bimanura kandi musanzwe muzi yuko iri barabara rya CIBITOKE ni ibarabara bavuga bati, baryita ibarabara en digue. Ni kuvuga yuko ni ibarabara ryakozwe bazanye ivu bagaca baduza hejuru. Ama exitoires, ni kuvuga aho amazi ashobora gusohokera en aval ni hake, nahariho harazivye. Nico gituma iyo imvura iguye, muca mubona yuko en amont y’ibarabara umengo ni ikiyaga. Ivyo navyo abanyagihugu baba muri karya karere kose, ni abantu bafise uburyo bubayabaye cane. Ubuzu bwabo buca bugenda bubomagurika, imirima y’imiceri igatwarwa, kakaba nyene akajagari kadasanzwe. Bisobanura yuko ivyagiye vyigaragaza igihe c’imvura nubu birahari. Gatoyi, twari kukibuga c’indege mwarabonye ingene bimeze. Birya vyarashitse tumaze kunabivuga kuko uruzi rwa Muzazi ruza rwaruzuye, ivyo bita en terme technique ensablement. Haruzuye ku buryo ata dénivellation isigaye. Hararinganiye hose. A moindre pluie, amazi aca asanzara. Mu misi yahera canke mu myaka yahera, bahora bagira curage systématique après une période runaka bagasubiza uruzi kuri niveau yarwo. Ntibigikorwa. Nico gituma mubona birya. Nubu naho yosubira kurwa, naho itorwa hano, iguye ruguru, kuko vyose bimanuka, hamera kurya. Naho hano mugisagara atama narimwe rishobora kurwa. Ni ikibazo rero nibaza rero yuko muri rusangi boraba ingene bahakora.

Nsubiye gatoyi nkamanuka hepfo mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, phénomène nkiyo ikunda gushika kuri collecteur bita Mugoyi. Mugoyi ni collecteur niniya cane yakozwe mu myaka yahera kugira ngo yakire amazi yose azanana dans les contre-forts z’igisagara ca Bujumbura. Ni umuseregi munini cane ufise à peu près 4 mètres de profondeurs umanuka. Nayo nyene ubwayo, phénomène d’ensablement yatumye huzura. Haruzuye. Ni kuvuga yuko, twahora twikora kuri curage uko bibaye bakagerageza. Ku maboko ntibikunda. Bama bakoresha imisi yose irya poclin ikaza igapakurura batwara. Nubu rero turiko tuvugana, narwo ruriko ruruzura kandi, bisobanura yuko mu misi iri imbere atagikozwe, phénomène yigaragaza mu buraruko, tuzoyibona hano muri sud.

En peu de mots Excellence, ni ivyo bibazo bihari. N’ama dégats ahari afatira kuri iyo myuzurira nyene. Murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze. Tuzoraba ko tuzoronka umwanya wokubivugana n’ababijejwe. Tuzoraba umushikiranganji, twari twavuze, turaza kubonana muri bureau kwaza n’umushikiranganji ajejwe ibidukikije nabandi dutangure tuvyige hanyuma duce turaba n’abandi bose. Mugabo nibaza ko ivyo vyo kugazura, SETEMU irabishoboye. Sinzi gusa ingene iriko irapanga akazi kubera ivyo bintu vyose vyuzura, nkiyo collecteur uvuze ko igomba kwuzura, SETEMU yategerezwa kubikora kuko nico ijejwe.

Umukenguzamateka BARAMPAMA Rémy

Nivyo, ariko ifise amikoro make. Iyo igomba gukora igikorwa nkico isaba yuko tubikora en synergie hakaboneka igitoro, hakaboneka ibintu nkivyo kugira ngo bazane les engins abandi bazane uburyo. Murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ok, merci. Nibaza ko canditswe, tuzoca tukiraba ingene tugikorerako. Hanyuma, tuje muri province Bururi.

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze nyakwubahwa Président kumpa ijambo. Mu ntara ya Bururi, nkuko vyagenze mu zindi ntara zose, igikorwa ca mbere kwabaye ugutanga ya ma téléphones twagurira abakuru b’imitumba. Twaragabuye, abashingamateka n’abakenguzamateka tukagabura ama communes tugenda gutangamwo. Hanyuma, kandi barabishimye cane abakuru b’imitumba, mugabo nkuko mubizi hariho abandi baca basaba abo mu ma comités mixtes de securité baca bavuga bati na twebwe mwari mukwiye kuduha ama téléphones, n’abandi.

Hanyuma, twaragize amanama y’umutekano mu ntara ya Bururi kuko mu ntara ya Bururi contrairement yo muzindi ntara zimwe zimwe zo mu gihugu gushika nubu hariho ama communes umutekano uhungabana cane cane ni commune ya Mugamba, ni Commune ya Matana kuko izo communes zirimwo abarwanyi binyegeje. Kandi nko muri commune ya Mugamba harabaye n’intambara muri iki gihe twari muri vacances parlementaires ahegeranye na commune Mukike yo mu ntara ya Bujumbura kuko hariho ishamba hagati ya Mugamba na Mukike, aho niho binyegeza. Ariko, umuntu yovuga ko muri iki gihe biriko biragenda neza gusumba mu misi iheze. Ariko, aho muri ayo ma communes abiri, MUGAMBA na MATANA harabaye inama z’umutekano. Hariho ama communes yegeranye gushika ubu arimwo imidurumbanyo. Ni nka commune Matana, Mugamba, Gisozi, Mukike,  Mugongomanga, Rusaka buke buke. Murumva ayo ma communes ingene ameze. Ni ama communes dutegerezwa gukoreramwo cane kugira ngo umutekano ugaruke nkuko vyamye ahandi. Kandi ayo ma communes ahanini ni ama communes muri ya ntambara yo muri 93 yamara imyaka irenga 10, ama communes yari atekanye. Ariko ubu, niyo umutekano uhungabana.

Hanyuma, twaragize inama zo guhimiriza abanyagihugu kugira ngo bagire reboisement, batere ibiti kugira bagerageze kwikingira ingaruka mbi zijanye n’ihindagurika ry’ibihe. Kanatsinda, muri iki gihe, imvura yaraguye nyinshi ibintu birononekara. Nagomba mbere abe arivyo nca njako.

Mu ntara ya Bururi, kubera imvura nyinshi irimwo n’imituragaro n’inkuba, harabaye ibintu vyononekaye vyinshi. Hariho abantu 5 bapfuye bakubiswe n’inkuba mu ntara yose. Hariho abantu 4 bapfuye batwawe n’inzuzi kubera zuzuye cane kubera imvura nyinshi. Nk’uruzi Nyengwe ni uruzi ruri hagati ya province Bururi na province Makamba ruzigabura n’uruzi Siguvyaye n’utundi tuzi duto duto muri commune ya Bururi mu Gasanda.

Harasambutse amashure 40, 40 salles de classes. Ama ménages, inzu zasambutse totalement ou partiellement, zasambutse gose canke mu bice vyazo ni ama ménages 150. Imirima yononekaye abahinga batubwiye yuko ishika ku ma hectares 235. Hariho ibiraro bito bito vyononekaye 16. Hariho amabarabara,  ama pistes rurales yononekaye 24. Hariho ishure muri commune Vyanda yitwa Lycée communal de Bwatemba, ibitabu 30 vyaranyagiwe birononekara gose. Muri commune ya Mugamba hariho transformateur de courant électrique ya REGIDESO yononekaye kubera imvura. Mu ntara, muri commune ya Rutovu, hariho inka 14  n’intama 1 zapfuye zikubiswe n’inkuba. Kandi muri iyo commune ya Rutovu, ku mitumba yayo yose, imirima yarononekaye. No muri commune ya Matana kw’ishure ritoyi ryitwa Rubanga, ama latrines yarasambutse. Hanyuma mu ma nama twakoze, ibindi bibazo hariya mu ntara ya Bururi bavuga, ica mbere ni urwaruka rutagira akazi. Mu ntara ya Bururi hari amashure menshi imisi iheze yari afise ama lycées pédagogiques hanyuma arigisha abana benshi kandi kenshi baba ari abana bavuka muri izo communes nyene kuko ubu abana baba orientés hafi yaho bavuka, iyo hageze rero gutanga akazi k’abarimu bo muri primaire bavuga bati abarimu benshi bari muri mairie de Bujubmra donc nta kazi batanga muri mairie. Intara igira kabiri bavuga ko irimwo abarimu benshi batongera ni Bururi. Urumva rero hari benshi bize lycée pédagogique hageze kuronka akazi ntibashikirwe. Ni ikibazo kigoye gutorera inyishu mugabo kihari.

Ikindi kibazo badutuye mu ma communes menshi ni ikibazo cerekeye amazi, ama adductions d’eau. Uretse ko amazi adakwiye mu ntara kandi si mu ntara ya Bururi ngira gusa, ikindi kibazo ni uko hari abantu baba babijejwe bitwa aba fontainiers communaux n’abantu bo mu ma régies communales de l’eau nibo babitunganya ugasanga hariho nka adduction d’eau ibonetse, habonetse financement ya Banque Mondiale canke iyo uwundi mu bailleur amazi yategerezwa kugenda ahantu hari ishure, hari ivuriro, hari isoko, ahantu haba  hari communauté y’abantu benshi akagenda agashika haheze imisi ugasanga abo ba fontainiers communaux hariho abantu babahenda bakabaha amehara buke buke bakabapfumbatisha bagaca bakwega bakajana mu mihana iwabo. Amazi yari gushika kuri rya shure ugaca usanga ntagishika, ugaca usanga, kandi ico ni ikibazo twe twagomvye guhagurukira cane kugira abo bantu bahanwe kuko ntawanka ko abantu baronka amazi, mugabo abantu ntiboronka amazi aja mu muhana w’umuntu ishure rigaca ribura kandi ayo mazi yari yasabwe kubera ishure. Ivuriro rigaca ribura yari yusabwe kubera ivuriro canke isoko, ahantu hakoranira abantu benshi bakabura. Ugaca usanga bagiye nko muri toilette ntamazi bagira, bigashobora no gutera indwara. Twaragize inama kuri ico kibazo kandi tugomba kugihagurukira cane.

Ikindi kibazo, ku ma chefs lieux y’ama communes twasanze hari ibibazo vy’ama parcelles. Hariho abantu baba bagomba gufasha nk’ama communes kugira imigambi y’iterambere. Ugasanga bagomba kwubaka nk’ahantu ntibaronke ama parcelles kuko usanga yaraheze abantu bagiye barayasaba kera bakayaheza bamwe bakayubakamwo abandi ntibayubake mugabo umugambi w’iterambere ugasanga urabuze aho wubakwa. Kandi muri iki gihe ama communes twayahaye imiliyoni 500, n’ama communes arafise imigambi, iyo migambi igakenera kenshi yuko  bubaka, ari nko kwubaka une école technique professionnelle canke iki ugasanga ntibaronka neza ama parcelles. Ariko ico nibaza ko tuzogitorera inyinshu.

Ahanini nyakwubahwa Mukuru w’Inama Nkenguzamateka ingene ibintu vyifashe mu ntara ya Bururi ni gutyo. Murakoze. Uwari kunyunganira siho ari uno musi.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Bari muri mission umengo bagiye muri Maroc. Nagomba nsabe Cankuzo nabo batubwire na Gitega ice yitegura. Jewe nca ngenda Gitega ihejeje.

Umukenguzamateka BIGIRIMANA Salvator

Murakoze nyakwubahwa mukuru w’Inama Nkenguzamateka. Nkuko mwasavye ko duca tubishikiriza abajejwe gufata icegeranyo, permettez moi de dire l’essentiel. Na twebwe mu Cankuzo twaragendeye abenegihugu muri karya karuhugu. Ahanini twaganira ku bibazo vyari bigezweho muri kirya gihe nko ku bijanye n’inteko mva makungu, ibijanye n’ihonyabwoko no ku bijanye n’ibiganiro hanyuma tugaca duha ijambo abanyagihugu kugira bagire ico bashikirije ku bijanye n’ubuzima bw’igihugu. Aha rero abanyagihugu barerekanye aho bahagaze kuri ibi bibazo bikuru bikuru aho baturahira yuko ivyo vy’inteko mva muakungu batagomba no kuvyumva mu matwi yabo bati ngira ivyo vy’ihonyabwoko biri i Bujumbura bati  twebwe mu Cankuzo nti tubona aho vyoba bizananye.  Ibijanye n’ibiganiro bavuga nkuko abandi bavuga bati turakeneye ko ibiganiro biba bati ariko vyojamwo twebwe bene vyo.

Hanyuma  twaravuganye no ku bindi bibazo bikuru bikuru bijanye n’intara. Ku bijanye n’umutekano twasanze umutekano atangorane biteye. Ariko hariho  ibintu bimwe bimwe bijanye n’umutekano. Ni ukuvuga ko hari ahantu twasanga hariho abantu bahunga cane cane abari ku mupaka nka Cendajuru, Gisagara na Mishiha baja i Tanzaniya. Uriko urabaza abanyagihugu bavuga ko ari ukubera inzara iri mu mihana iwabo abandi ko ari kubera amadeni bafitiye abantu.

Baranatubwiye ko ku mu paka hari imodoka za HCR zaza gutegera abantu bagaca babapakira imodoka bagaca bagenda babajanye. Hari hasanzwe système yo kuja gupagasa ariko ku mu paka haba hariho imodoka za HCR zigaca zibapakira zikabatwara directement no mu makambi y’impunzi bari bateguye. Hariho n’abanyeshure bagenda ari benshi cane kuko bavuga ko bashitseyo HCR ica ibarihira amashure bakiga muri Tanzaniya ivyo bigaca bituma abanyeshure bagenda ari benshi cane. Hariho n’ikibazo kijanye n’indwara ya malaria naco nyene ngirango ni nka hose kuko murazi ko iyo ndwara isigaye imeze nk’ikiza. Twasanze no mu Cankuzo cane cane mu ntara ya Mishiha na Cendajuru iyo ndwara ikaze cane. Mu vyo abanyagihugu bo muri Mishiha bashikirije basavye ko bokwubakirwa ibitaro . hanyuma ikindi kibazo abanyagihugu bashikiriza ni ikijanye n’inzara cane cane yaturutse ku mvura yaguye ari nyinshi irahitana imirima itari mike. Abanyagihugu nka bose basaba imfashanyo kuko bavuga ko batazotera impeshi bataronse  imfashanyo y’imbuto. Biraranatuma haba ubusuma bwinshi bwo mu mirima ku bera abantu baba bashonje.

Ibindi bibazo nyamukuru ni ibijanye n’amashure y’imyuga nkuko n’abandi babishikirije. Bati abana ko bagiye guheza umwaka w’icenda bazoca babandaniriza hehe ? Mbega ibikoresho vyovyo bizova hehe ? Ariko cane cane hari ico basa bisaba ko umushikiranganji yoba ari ngaha kugira agire ico ashikirije kuko bavuga ko muri école fondamentale biga imyuga ariko nk’umwana yiga ku mutumba wa Rukoyoyo mu Cendajuru canke mu Rusigabangazi yigishwa gukoresha ordinateur atayo arabona kandi akazorinda aheza umwaka w’icenda atayo abonye uyo muntu naho yoja kwiga ishure y’imyuga bizogenda gute ? Hanyuma harashikirijwe ikibazo c’amabarabara. Ico kibazo bama bakigarukako ni cane cane amabarabara aja mu ma komine ya Cendajuru, Gisagara na Mishiha hamwe n’ibarabara rya kaburimbo riduhuza na Tanzaniya Cankuzo-Gahumo. Baravuga kandi n’ikibazo kijanye n’amatera n’amazi murumva aho hose ko ari ikibazo bikomeye. Kandi baravuze n’ikibazo kijanye n’agashomeri barakigarutseko cane. Hari n’ikindi kitwononera novuga ko kijanye n’umutekano ni ikijanye n’uburozi. Ejo bundi hariho umuryango w’abatwa abantu bashika kuri batanu baheruka gupfira rimwe ku munsi wa gatandantu. Bivurwa ko bariye uburozi mu Muteriteri sinzi ko bose bumva icarico umuteriteri.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ni umuki ?

Umukenguzamateka BIGIRIMANA Salvator

Urabona usharuye impeke hasigara imvuzo zirya mvuzo rero barazanikira bakaziryamwo ubugari. Ego natwe bwaradutunze. Abatwa rero barakunda kuja guca ingero rero ntibabaha amafaranga babaha izo mvuzo. Rero abo bantu babahaye umuteriteri bashitse mu hira barafungura hanyuma umuryango w’abantu batanu baca barapfa.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

None yarafashwe uwabibahaye ?

Umukenguzamateka BIGIRIMANA Salvator

Baracariko baragira amatohoza. Erega boseuko bagiye guca ingero batashe bashirahamwe bagasangira uko babana mu kirwati. Kandi si n’ubwambere bibaye wanashaka. Ariko bariko baragira amatohoza kugira bamenye uwoba yarabitanze. Hanyuma hariho utuntu twiza canke dushasha hariho umudame yahora arongoye komine Mishiha aheruka guhunguka yashitse ku munsi wa gatandatu yitwa Bazile

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ni umwe bari barakuye ?

Umukenguzamateka BIGIRIMANA Salvator

Oya urya bari bakuye wewe yari yamaze kuza kera. Uyundi wewe yari yajanye na ba tout autre. Ubu rero ejo bundi yaraje yarakiriweari mu hira iwe. Uwundi amaze kumenyesha ko yipfuza kuza  ni uwari musitanteri wa komine Kigamba. Hariho n’ikijanye n’izi nzoga zitemewe n’amategeko hari udu centres wahora usanga isaha zine bamaze kuborerwa ariko ubu kubera ikintu co kurwanya izo nzoga vyagabanutse. N’abapfasoni baravuga ko ubu basigaye babona abagabo babo muhira. Ni ivyo nagira nshikirize muri rusangi ico noba nibagiye honorable Vénerande yonyunganira murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Vénerande aca atubwira n’irindi zina yavuze ko ari umu islam ariko Vénerande ntibijanye nibaza ko ari Aisha.

Umukenguzamateka NIZIGIYIMANA Vénérande

Murakoze kumpa ijambo. Akandi kazina ni Laussa.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Nagomvye kuritora. Uzoze uragashirako tumenye ko dufise umu islam ngaha.

Umukenguzamateka NIZIGIYIMANA Vénérande

Murakoze. Nka vyinshi honorable yabivuze ariko  hari nk’icerekeye amaterefone twebwe twayatanze imbere y’igihe tutaragira ama descentes kugira afashe abakuru b’imitumba kugira bashobora gutanga inkuru ku bitigiri vy’abantu bariko barahunga kugira administration ishobore kubagarukana. Ico cakozwe imbere y’igihe tutaratangura ama descentes kandi baragishimye cane. Ikindi kinagoye ni icerekeye amazi. Cagumye kigaruka muri komine ya Mishiha zone Munzenze nta mazi bagira. Ibido imwe barashobora kuyigura amafaranga amajana icenda kugira baronke amazi yo kunwa. Rero baguma basaba amazi.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Amazi yova hehe ko mbona harya i Mishiha nta sources zihari ?

 Umukenguzamateka NIZIGIYIMANA Vénérande

Zone Mugera irafise amazi amazu yose arafise amazi ariko zone Munzenze nta mazi bafise.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

None harya amzi yovahe ?

Umukenguzamateka NIZIGIYIMANA Vénérande

Ntaho ava nyene. Ariko hariho isoko bariko barondera isoko muri korine Busumanya muri zone ryakamazi mugabo naho nyene vyaranse. Ubu bakoresha ya mazi bavoma  mu binogo. Ayo kunwa nayo bakayaoma muri zone Mugera naho nyene bakayagura amafaranga amajana icenda ibido. Murumva ko ari ikibazo gikomeye cane. Hanyuma ku vyerekeye umutekano abantu baratekanye kiretse iyo nzara n’ubukene bw’imbuto bakadusaba ko twobaha imbuto natwe turabona ko bitotworohera cane. Basaba ko  twogerageza tukabavugira kugira bashobore gutera iyi mpeshi. Ibiharage vyariho nka komine Mishiha yakunda kwimbura ibiharage vyinshi cane ariko ubu imvura yarabitwaye ikiro ubu kigeze ku maferanga 800 gushika ku 900. N’ibigori ntavyo bafise ubu batungwa n’utwo tuyoga ubu benda utuntu twitwa twakwete naho nyene bakura urubere i Tanzaniya. Twakwete ni inzoga y’uburubere.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Twakwete iremewe ?

Umukenguzamateka NIZIYIMANA Vénerande

Ego iremewe. Iyitemewe ni umuraha barawutujije ubu abakenyezi barashima. Barashima ubundi abagabo bahora bagenda bakararayo ntibatahe. Ubu barashima bavuga bati mwarakoze abagabo bacu barataha bakadufasha. Hanyuma ibisigaye ni ivyo vyavuzwe.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze kuri iyo zone ya Munzenze ni ukuraba tugahimiriza abanyagihugu baje mu birwati kugira bace baronka amazi. Benshi umugambi w’ibirwati bibaza ko ari umugambi wo kugira Reta izobakure mu matongo yabo bayabibe. Mugabo nibaza umuntu abasiguriye ineza y’ikirwati kugira bashobore gushikirwa n’ayo mazi n’amatara hanyuma baze baraja kurima. Bagumye harya nta mazi bazoronka. Mbega ni ibirometero bingahe uvuye I Kigamba? Harya umuntu arondeye amazi muri parc ntiyoyaronka?

Umukenguzamateka NIZIYIMANA Vénerande

Hariya ni kure.bari basavye aho muri uyo mwonga witwa kamazi niho bashaka kuyafatira kugira ayo yo muri  Kamazi agume muri zone Mugera ayo nayo yo muri zone Mugera bayarungike ku Munzenze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Iyaba abantu bumvikana bakaja mu kirwati twebwe mu Mabanda CICR yarazanye imiriyoni 400 ira capta amazi yo mu mwonga asanzwe hanyuma irazana imashine iyaduza ku musozi hanyuma agaruka mu gisagara. Kandi munyuma bahavuye bunganisha n’amahera ya Reta ubu amazi ari collectée hanyuma akaba traitée hanyuma agasunikwa ku musozi hejuru cane akagaruka gukwiragizwa mu bice vyinshi. Murumva rero n’ahandi vyogenda uko si ikibazo kiri iwanyu gusa no mu Kumoso hariya muza Gisuru, Nyabitsinda, Kinyinya,giharo, Bukemba,  Kayogoro hose , mu Kumoso. Ariko twibaza ko ari nko muri kazoza ari ugufata nka Maragarazi canke zirya zindi nzuzi tuziduze hejuru ku misozi hanyuma tuyashungururire mu banyagihugu. Ariko ivyo bikunda mugihe abanyagihugu bari hamwe kugira ntibapfe ubusa. None nk’umuntu ari ku birometero bitanu womusanza yo amazi ari umwe gusa kuko hariya bafise amatongo nanini manini. Bosanga co fasha erega n’ikomine irashobora gufasha iyindi komine kugirango baronke amazi. Umwe atanze 25000000 ntihogera igihe dutangura kugira traitement y’amazi hanyuma tukayarungika mu gihugu. Mugabo ari umugambi ufasha benshi. Sinon mu Kumoso ni mu Kiyaya uko  utera uja muri Tanzaniya ni ukumanuka bigaca bigora ingene baronka amasoko y’amazi. Duce tuja mu Cibitoke. Oui, honorable.

Umukunguzamateka BAREKEBEVUGE Alexis

Murakoze kumpa ijambo. Na twebwe mu Cibitoke mu kiruhuko c’abakenguzamateka twarashoboye kugendera abanyagihugu nkuko vyari bitegekanijwa turashikiriza y’amaterefone abanyagihugu, turashikiriza ba ntaho nikora mu makomine yose imfashanyo ijanye n’ibifungurwa abantu barakenguruka. Hanyuma ibibazo biguma bigaruka mu natara ya Cibitoke duhereye nko mu makomine ari mu mitumba abanyagihugu baridoga ko mu mashure abigisha badakwiye banshi ugasanga barundanye mu makomine yo mu kiyaya ariko mu mitumba ugasanga nk’umwigisha umwe yigisha mu birasi bibiri canke bitatu. Bakavuga bati hoboneka ukuntu hohimirizwa abajejwe indero ku buryo abigisha bashika hose. Hariho ikibazo gikomeye jewe maze igihe kirekire muri bino bikorwa nta narimwe twiyamamaza ngo tugende tutemeye ibarabara riva ku Ndava rija Buhayira-Ndora. Kandi ni ibarabara vy’ukuri ntabwo rifitiye inyungu abanyacibitoke gusa. Ufashe ibiharuro nk’umuntu avuye I Bujumbura aja mu Kayanza canke I Ngozi agafata ririya barabara rikozwe neza yotanga gushika uwuciye I Bugarama. Ni hafi cane uvuye kuri RN5 uja Indora ni iminota 15 gusa. Ubu rimeze nabi umuntu akoresha iminota 25 kandi ugenda uraca mu binogo.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ni ibirometero bingahe ?

Umukunguzamateka BAREKEBEVUGE Alexis

Ni nka mirongo ibiri. Ni rito cane ariko kubera rimeze nabi bica bigorana. Umukuru w’igihugu aramaze kuhaca kenshi arabona kabisa ko ari ibarabara rikwiye gukorwa.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Riserukirahe ?

Umukunguzamateka BAREKEBEVUGE Alexis

Handya i Ndora nyene kabisa. Iryo bama barigarutseko iyo tugiye kugendera abanegihugu.

Hanyuma mu makomine yo ku mushasha hama hariho ikibazo c’amazi meza mu makomine ya Buganda na Rugombo hamwe n’igice ca Murwi na Mugina kuburyo igihe cose habaye umutasuro twama twiteze ko hategerezwa gutera indwa za cholera n’amacinya. Ikibazo c’amazi imyaka yose cama kiriho. Abanyagihugu baridoga bakavuga batik o mwama mwatwemereye amazi azoteba aboneke  ryari? Hanyuma nk’uko abandi babivuz amakomine yose naho amatara yoba amaze gushika kuri chef lieu de la commune abantu bose barasaba amatara. Ariko hari une priorité nk’amatara avu mu Kabutantwa aja I Nyamitanga aho usanga hariho ibiti bimaze imyaka irenga itanu bihagaze. Hakaba hariho n’ibindi biti biryamye aho bita ku Ndava village bihamaze imyaka irenga itanu navyo nyene vyari birindiriye uyo mugambi ko ushirwa mu ngiro. Biri mugutangura no kubora. Uravye n’amafaranga bisaba ntabwo ari menshi. Ico kibazo naco bama bakidushikirije kenshi. Hanyuma nk’uko abandi bamye babishikiriza igihuhusi c’umuyaga caratumye hashobora kuguru amashure menshi n’amavuriro.

Ivyo rero hari igihe bishika abanyagihugu bakiyungunganya bagatora umuti gatoyi. Amashure yaragurutse nk’umuntu yoza kugira rusansuma harabaye ugutakaza ibintu vyinshi. Hariho ikindi kibazo, bantahonikora iyo tubashikirije karya gafashanyo barashimye ariko kaboneka ari gatoyi kandi ntibakwirwa. Hanyuma abanyagihugu barasaba ko bobandanya iki gikorwa co kubashisha amfashanyo ijanye no kubaka amashure nk’isima. Umugambi wo kubaka barawumvise gose barubaka ibigega bimwe bikabomoka kubera kubura agasima ko kubashigikira. Hariho ikindi gikomeye banyakwubahwa c’iri barabara RN5. Duhereye kuri RN5 Nyamitanga-Ruhwa hariho ahantu henshi abakoze ibarabara usanga batagize ama canalizations neza ku buryo usanga amazi yamaze kuzura ibarabara. Nk’ubu ugiye ku rya kane rya Nyamitanga buramatari n’abanegihugu barageragejwe gukora ivyo bashobora kugira turabe ko two hasibura biranka.

Ni ibikorwa birengeye inguvu z’abanyagihugu. Imwanya n’umwanya rishobora gusiba. Aho nahereye ahantu rimaze gukorwa. Aho hantu riramaze gusiba ryose ku buryo ataco tutakoze ariko turananirwa ni ibikorwa vya Reta. Reta kabisa kuko harasivye. Hanyuma naho kuri iyo RN5 tronçon Nyamitanga-Chanic baguma babaza aho umugambi ugeze nkuko abanyabubanza bagishikirije  ko hariya  igihanga hamaze gucika umwanya n’umwanya hashobora kutarengana. Hanyuma ikindi kibazo ni icabigisha basa kunganisha imishahara kumbure ico kibazo aho cavugiwe co teba kikaja mu ngiro. Hanyuma n’iki kibazo c’abashomeri benshi cane. Abanyagihugu baravuga bati biragoye ko abashomeri baronkera akazi rimwe bati ariko bagasaba ko hoba ibarurwa ry’abahejeje amashure yo kw’igisha bagaheza bakaza bararonswa akazi bakurikije imyaka bamaze bashomereye kuko hari aho usanga hari uwugiheza agashika aronka akazi kumbure kubera azinanye na naka.

Sinzi ngirango nogeza ngaho mugenzanje yogira ico yunganiye kuko hari n’ikindi kibazo abakuru b’imitumba basavye. Naho ayo ma terefone twayabahaye aho maze kuryumva hose baguma basaba n’ama unites sinzi ko kiri iwacu gusa. Ariko twebwe kubera twegeranye umupaka duhana n’ibihugu bibiri kandi éventuellement hashobora kuzanana umwansi baca bavuga bati muraraba uko twebwe dukominika biratandukanye n’izindi ntara. Kandi twebwe duca tuvyumva naho umutekano uri maitrisé tuguma tubona ko umengo mu Rwanda umwansi yohamenera canke muri Congo. Basaba kandi n’agashirukabute uravye ukuntu bitanga. Reka kumbure munkundiye mpe ijambo mugenzanje anyunganire murakoze.

Umukenguzamateka NDIKUMAZAMBO Ida

Murakoze kumpa ijambo. Vyinshi vyavuzwe ndavye ivyo honorable Alexis yashikirije bias nivyo twagiye turakirira hamwe igihe twariko turagira ama descents. Ikibazo c’agarutse kijanye n’ubukene bw’abarimu mu misozi nico kimwe n’abaganga. Baravuga yuko abaganga ku mavuriro mato mato canke n’ibitaro vy’I Mabayi biri kure naho nyene baravugako abaganga bakenye ko barwiriye ku murwa mukuru w’intara. Bagasaba ko baraba ingene bongereza abaganga ku mavuriro ari kure. Hariho n’ikindi kibazo kijanye na polygamie ni ukuri muri izi komine zo mu kiyaya usaga ico kibazo giteye ubwoba cane kuko n’imanza zicibwa zijanye n’abagabo bihereza abagore batatu canke bane ugasanga ntibashobora no kmenya abo bavyaye.

Muri ico gihe aca yitaho abana bo ku mugore w’inkundwakazi gusumba n’ab’umugore ari mu mategeko washaka. Hanyuma n’iki kibazo c’akaborerwe kuko nk’ahariya iwacu mu Rugombo  ni ahantu hari abantu benshi bo mu mihingo myinshi ugasanga hariho abatagira ico bakora bakirirwa baranwa izo nzoga kakirirwa bariba. Mbere hari n’ubusuma bwinshi bwo mu mazu canke mu mirima. Hari naho ujano mw’isoko ugasanga urafashe abariko barabigurisha ni ubusuma buteye ubwoba.

Ikindi naco nari gusubira kongerako muri Rugombo bari bamaze iminsi bafise ubwoba juste kuri centre hari ibihuha bijanye n’ibi vy’umutekano muke ngo muri Congo ngo haba hariho abantu bagomba kwinjira ngo baze guhungabanya umutekano bakagira ingorane. Mu minsi iheze buramatari yashitseyo baravugana  barahez barabona ko Atari ingorane nini ariko ni ingorane iri mu gihugu cose. Ubu baratekanye kuko barahumurije barabwira ko abajejwe umutekano bariko barabikurikirana. Nabari barahunze bibaza ngo intambara igire ibe benshi baragarutse. Nta bindi nokwongerako yabivuze murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze namwe tuje I Gitega turabe.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze nyakwubahwa kumpa ijambo. Twebwe I Gitega habaye vyinshi vyononekaye sinobivuga vyose uwuriko arafata icegeranyo ndaza kumuha aho vyanditse. Dutanguriye kuvyo twakoze I Gitega murazi ko dufise amakomine 11 twagerageje kugira deux groups bamwe bafata amakomine atanu abandi atanu iyanyuma tuyihuriramwo twese.  Igikorwa ca mbere twakoze kwari ugushikiriza ya materefone hanyuma turaheza turahana n’impanuro kugira tubandanye tubumbatiye umutekano na cane cane kugira dutuze za nzoga zitemewe n’amategeko kuko murazi ko hariya iwacu ari nyinshi cane. Abanyagihugu bose baravuze ko zibabangamiye ko bazofasha muri ico gikorwa kandi mwarabonye no kuri iyi samedi passé ko hari ibintu vyinshi vyaturiwe. Hanyuma iyindi mpanuro twahanye nimwe twavugira ngaha murazi ko twayihurijeko twese icuko abanyagihugu batangura kuja baraziganya kugira bashobore kuronka ingene bokwiteza imbere. Barakengurutse ico ciyumviro.

Twarababwiye ko amakomine yose afise poste ko bitumvikana ko abakuru b’imitumba batoba bafise ama comptes muri poste kugira nabo bahimirize abandi bari muma associations kugiranabo buguruze ama comptes baravyumvise tuzoheza dusubire kuraba aho bigeze. Kubijanye n’itangwa ry’amaterefone ngira cabaye iwacu barya bane nabo bavuze bati none ko mwahaye umwe kandi ama collines atandukanye none tuzoshikiriza inkuru gute bati vyoba vyiza nabo tubahaye. Ntitwari kuvuga ko tutazobaha twavuze ko ari intango turabwira abazironse ko batozigurisha bozibungabunga.

Twaravuganye kandi imimbi mikuru mikuru y’iterambere kugira bagume bafasha mu kubaka iryakaminuza y’I Gitega no mu kubaka ikibuga na burya dufise promesse ko mu kwa gatanu twogikoresha. Tuza twahejeje twihaye amezi atatu. Twaravuganye yuko birya bintu usanga mu gutanga baraba ngo umuderegiteri baravye aho akora bobikura ariko tukabigira turavye accréditif y’umuntu wese  ko twasanze umuyobozi wo muri projet canke abakora mu Nama Nkenguzamateka baca bavuga ngo ni aba cadres batoya kandi urazi ko bavuga ko umwuko ni ikiriko. Twavuze tuti rero tuzoraba par rapport yutwo baba bafise turabe ko réellement la part batanze ariyo yoba ikwiye. Hanyuma tugaca dusaba yuko mwodushigikira na twebwe kuko abanyagitega gusa ntivyokunda kirya ni ikibuga international, tugasaba yuko abagenzi boza nabo nyene kutumirira amate. Uwushimye arongeza.

Hanyuma rero ibindi twabonye ni uko habaye inzu nyinshi zasambutse. Hariho inzu amajana atatu na mirongo ibiri n’icenda (329) zarasambutse zikaba zikeneye amabati agera ku bihumbi cumi na kimwe n’amajana atatu na mirongo irindwi. Hariho ibirase mirongo ibiri n,icenda (29) vyasambutse bikeneye amabati igihumbi n’ijana na mirongo itandatu (1160). Hariho amashengero abiri yononekaye nayo akeneye amabati amajana abiri. hariho ama salon de coiffure amwe yagurutse n’ama boutique abiri bikaba bikeneye amabati mirongo indwi.

Mu ntara yose ivyo tumaze kubona dukeneye ibihumbi cumi na bibiri n’amajana umunani vy’amabati vy’ihuta ku vyononekaye cane. Hariho ibiraro bine vyononekaye bikeneye réhabilitation hama hariho n’ama hectares yababa amajana ane na mirongo itanu yononekaye yarimwo ibitegwa mbumbarugo, umuceri, amateke, ibijumbu, imyumbati, ibitoki n’ibindi. Bivugwa yuko umwe yavuga ati abanyagihugu barakenye, urumva ko intara ya Gitega nayo nyene turafise ico kibazo kubera ivyononekaye ni vyinshi, barasaba y’uko twobafasha kuronka imbuto, amase murumva ko iyi mvura yatugiriye ibintu bitari bike bibi.

Hama rero hariho ubukene bw’amazi mugabo principalement twebwe turafise muri komine Giheta murabona Giheta itunze les internats nyinshi, rero irafise n’abihebeye Imana benshi hariho réhabilitation y’amazi kuri centre yaratunaniye nukuri vyaratugoye. Twaragize dévi turagenda muri hydraulique baratwemerera ngo barabizanye mugabo ntibabizane kandi abanyagihugu bavuze bati nibazana les tuyaux twebwe tuzokeresha amaboko tugire iyo réhabilitation.

Mugabo ntiturashobora kuronka ayo mazi, uca usanga rero abana bari dans les internats haba kuri ETM canke muri primaire bagenda kuvoma, ico barakidusavye bavuze bati bishobotse ko réhabilitation iba boba babafashije cane. Bagenda kuvoma mu mwonga bagaca baheba kwiga, urumva hariho kuri bene Yozefu yigako abahungu na bene Thérèse yigako abakobwa bati ibintu bibera muri iyo myonga biteye ubwoba ati ugasanga hariho ubuhungu bwinshi kubera uko kuntu bahurira mu mwonga bavoma. Rero bakadusaba yuko dufashije amazi akaboneka coba ari ikintu gikomeye twoba tugize.

Mu majambo make ni ivyo twabonye. Muri komine Ryansoro hariho ivyo komine yisangije baravuze bati mu ntara yose ya Gitega nyenicubahiro umukuru w’igihugu aramaze gushika mu ma komine cumi ati mugabo ntarigera ahonyora muri komine ryansoro, ati basaba yuko twosaba n’abo akazobagendera mugabo twarababwiye yuko ati ari kubera ari ibinebwe. Urumva agendera abakora ntiyogenda agiye kubaraba. Baca barihanura n’abo ko bagiye gukora kugira ngo ashobore kubagendera. Mu Ryansoro barasaba kandi ikirwati bati bari barasavye mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi babahe gatoyi harya i mahwa ngo baranse nibaza rero ko bazoheza bakaraba ahandi bagishira kuko basaba ko baja kuri route principale, ngira bazoja ahandi hari ibibanza vya Reta.

Nivyo mu majambo make bavuze n’ubushomeri bwinshi mu bakiri bato b’i Gitega barashomereye cane ni hose bakavuga bati bogerageza bakaraba ko ata mashirahamwe borondera canke bakabaha amahera kugira baje mu mashirahamwe bakore imyuga. Ibindi baravuze bati mu mashure nshingiro bariga birya vyo gukoresha les ordinateurs ati mugabo abana ntavyo barabona, aho rero twaratanze impanuro twavuze tuti none turavye imvukira na ordinateurs ico igugwa tuti nta kuntu boza baraterateranya au moins kw’ishure rimwe iyo machine ikaboneka. Urumva twagiye dutanga izo mpanuro twibaza ko mu minsi iza bizogenda neza. Sinzi ko honorable Goreth hari ikindi yonyongererako.

Umukenguzamateka Goretti BIGIRIMANA

Murakoze kumpa ijambo. Hanyuma nta vyinshi mfise nongerako kuko yabivuze nka vyose twari twagize imirwi ibiri mugabo utwo nashaka kongerako ni utuntu tumwe tumwe. Inyuma y’ivyo bikorwa twakoreye hamwe n’abandi naragerageje kugendera les sites z’abatwa zimwe zimwe, hariho ibibazo bimwe bimwe bambwiye nsanga ni ibibazo nkoramutima.

Ko mwaduhaye aka kanya nashaka ndabivugire hano kumbure mudufashe gutora umuti. Narasanze harya mu ntara ya Gitega hari ikibazo c’abana b’abatwa biga mu mashure ya Reta hama muri arya mashure mu mashure nshingiro hariho udufaranga dutangwa duke duke ari utwabazamu canke udukorwa duto duto two kw’ishure.

Ico kibazo rero barakinshikirije, nk’i Mutaho hoho mvuka nagize ndagenda bansanganije ivyo bipapuro vyo kuri ayo mashure nshingiro ariko igitigiri c’ayo mafaranga. Nca nsanga rero abana benshi bariko baragomba kuva mu mashure, abari bashitse mu w’indwi, abari bamaze kugera mu w’umunani ugasanga bavuyeyo kubera ibihumbi bibiri, ibihumbi bitatu bikanka ko baronka ayo mafaranga. Babimbwiye urumva nanje nkaraba nkabona intara yose canke igihugu cose ntivyokunda ku ruhande rw’iwanje ko mvuga ngo ndabemereye aka gatererano.

Ico kintu abayobozi barakinsavye cane ko twobaronderera abantu bagerageza gufasha abo bana muri utwo dufaranga. Hari n’ikindi kandi mu ntara yacu ya Gitega turamaze kuronka abana bashika nka batanu canke batandatu bamaze guheza amashure, abo bose bama batonze iwanje baza kuvuga bati turonderere akazi turonderere akazi. Hariho babiri bahejeje gestion. Hariho abandi babiri bahejeje amashure y’isumbuye, hariho uyundi yahejeje vétérinaire hariya i Bururi ni abo. Abataraheza bo ni benshi. Humanité général bafise ikibazo co kubandanya kaminuza, barifuza ko boronka umuntu abafata mu mugongo kugira bishoboke babandanye kaminuza.

Hanyuma kandi hakaba hari n’ingorane twasanze ku matongo ku batwa baronse arya matongo bahawe na Reta, abenshi ntibararonka zirya mpapuro. Bagiye gusaba impapuro zemeza ko ayo matongo ari rwabo ntibazibaha bababwira ngo turabatijije bakavuga bati none bazodutiza gushika ryari. Urumva baradutuma ni mudusabire natwe izo mpapuro kuko umwanya n’umwanya mu gihe Reta yovuga iti aha hantu turahakeneye bazoca batubwira bati vaho. Kandi ivyo bavuga numva vyumvikana.

Hanyuma kandi hakaba hariho n’ikindi kibazo cerekeye ikintu cashikiye abatwa b’i Mutaho igihe imvura iheruka kurwa hariho abatwa bahawe itongo ku nkombe ya Ruvubu, imvura rero aho irwiriye uruzi rukuzura. Uruzi rwaciye ruja rurabomora bwa buzu bwose. Rumaze kubomora arya mazu, ubu baba ahantu mu kaburi twarashoboye gushikayo n’abashingamateka batowe mu ntara ya Gitega bari ahantu nyene mu kaburi kabapfuye niho baciye baja kuba.

Twarashoboye gutwara utwo twashoboye kuronka mugabo gushika uno munsi imvura ibanyagirira aho ntibarashobora kuronka amahema, ngira mwodufasha mugashobora kuturonkera utwo duhema nukuri mwoba mukoze cane. Buramatari yararondeye arabura, musitanteri ni uko. Ubu abo bantu baba mu kaburi kandi bagasaba yuko bobaronderera irindi tongo bakabakura kuri iyo nkombe ya Ruvubu. Bari babahaye ku nkengera ya Ruvubu. Bakijijwe n’inzuzi hariho uruzi principale Ruvubu n’izindi zisuka murirwo mu kantu kameze nka île. Urumva uruzi rwuzuye ruca hirya no hino. Abo rero bifuza akandi gatongo, twari twabisavye turacarindiriye kandi n’udusakazo aho babaye barasaba indaro muri izo mva ko boronka uduhema.

Hanyuma kandi hari n’ikindi kintu narashoboye kugendera abatwa b’i Gitega, ndavye ubuzima bw’abatwa b’i Gitega batunzwe no gusegasega kenshi harya muri ville. Twari twiyumviriye duca turaja hamwe n’abo ndabagirisha inama turaganira dca turatanguza Club yo kunagura imico n’akaranga k’abatwa. Barabikunda baraja hamwe turategura ubwambere, turategura ubwa kabiri, ubu twashaka ko bishoboka ko bodufata mu mugongo kugira ngo dushobore kugira ibikoresho bimwe bimwe bijanye n’ivyo vy’imico.

 

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Muri bangahe muri Club.

Umukenguzamateka BIGIRIMANA Goretti

Muri Club twagiye turatora ku mutimba ku mitumba abashika bane. Nagize komine yose nakuye Mweya, nkura Mwogo, nkura Mungwa, nkura Zege.   

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Hariya muri benshi rero.

Umukenguzamateka BIGIRIMANA Goretti

Turi benshi cane. Hanyuma kandi narashoboye no gutanguza équipe de football i Mutaho aho mvuka narabahaye n’umupira muri ubu buruhuko. Hama tukaba twashaka ko mwoza muradushigikira kugira baje barahura n’iyindi mirwi itandukanye.

Nari nifuje kandi no gutanguza iyindi Club y’imico ngaha ku Buterere bivanye n’ukuntu ndababona birirwa ngaha mw’ibarabara. Twari twagerageje kukivugana na Premier-vice arambwira ati umunsi wojayo wombwira nkaguherekeza, naco nyene nashaka kugira ngo, kuko abantu b’iwacu baragoye, ugiye abanza kuraba ico uzanye imbere yuko mwicara mukaganira. Nashaka kubasaba ngo muzomfashe rero kugira ngo bikunde ndabashikire n’abo. Hanyuma ivyo nari mfise ni ivyo murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze. Ivyo bimwe bimwe numva ari ibintu vyumvikana cane cane nk’ivyo yashikirije mu ma rapport y’iwanyu amabati ibihumbi cumi na kimwe ntiwibaze ngo ni ugusasa. Kuri ibi vy’abatwa guheba amashure ni ukuja baraciga sinzi mbega amashirahamwe yanyu, reka tuzobiganira uyundi munsi. Ico kibazo c’abana baheba amashure, c’abana b’abatwa muzoze tukiganire muri bureau twenyene tukiganire neza tumenye amashirahamwe yanyu akora iki, nta mfashanyo mufata en charge nde, ibitari pris en charge ni ibiki kugira tumenye neza ico umuntu yosaba.

Nk’aba bavuga bati kuri université urazi ko mu minsi iheze hari uwabajije ati kubera iki iyo muzanye les nominations tutabonamwo abatwa. Twavuze tuti za muratanga rapport tuze turamenya ni bande, bageze he bari amaja he kugira tuze turabavugira twese turi hamwe. Tukibaza n’iki cavuzwe ngo hari bangahe bahejeje, na kaminuza ni ukuyiga none ni ukuraba hakenye iki. Amahera y’ishure gusa.

Umukenguzamateka BIGIRIMANA Goretti

Abo ni abo mu ntara ya Gitega gusa.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Oya ndiko ndavuga nka humanité nka babiri, uvuze uti turihire babiri twobarihira  mugabo none urishe minerval biba biheze. Erega ni ukuraba muri kaminuza hakenewe ibintu vyinshi. Yoba hehe, yogirante urumva ivyo vyose ni ibintu vyo guteranya mugabo hamwe umuntu ashoboye kurihira abantu babiri uyundi akarihira bandi  babiri, amahera ya minerval si amahera menshi naho yokwiga muri privé, usanga ari lac zingahe kumwaka zitanu, bariha ibihumbi ijana ijana n’ingahe kuri trimestre ivyo tubivuganye umuntu yogira.

Impapuro z’amatongo ico barakimbajije ndi mu ngendo, narababwiye nti ingorane zikiri mu bintu vy’amatongo ni uko kenshi hariho amatongo Reta iha abatwa bagaca bayarya. Hariho n’abandi badandaje amabati y’inzu bakaja baja mu mucamo munsi y’itongo ry’uwundi. Donc rero haracakenewe sensibilisation hamwe abantu baba conscients hanyuma bakazibaha.kuko biyumviriye bati tuzibahaye ahubwo boca bazidandaza gusumba gusa Reta yomenya ko yayabahaye ntibayabake.

Mugabo ingorane yariho ubwambere kwari uko baca babidandaza. Bagaca bigira ugasanga yavuye aho yahora agaca agenda ahandi kubera bari babibonye ahantu henshi babahaye bagaca bayadandaza donc ugasanga no ku nzu akayakurako akayadandaza agaca yigira ugasanga yubatse ahandi ku mucamo. Donc hari hakiri ikibazo si non izi mpapuro ntivyari vyiza mugabo nibaza ko hariho ikibazo nka mwebwe muri imbere mutegerezwa gukora nimba murondera n’amashirahamwe abafasha mukagenda muri sensibilisation cane bakaba sédentaire. Abantu bakaba nyene ahantu bikemerwa nyene ko babaye ngaho mugabo bakaguma ngaho définitivement kugira ngo baronke les avantages zitari nke.

Hanyuma les Club sawa, équipe ya football mayons nzoguha nibaba bazi gucenga umupira tuzovugana ndagusabire mayons, uranyibutsa itariki indwi nzoba ndi ngaha hari abakinyi b’intamba bazoza, bazoza bazizanye nawe uce uja kuzibashikiriza uce uja kubagurira ibirato vyo gukina vy, ama godions hama baze baraseka umupira neza. Uwambere azokina azoca aza gukina muri Aigle noir i Makamba tumwinjize, kugire aze iwacu twebwe umurwi w’iwacu urakaze.

Hanyuma imbere yuko duheza bariko baravuga i Gitega ivyerekeye ivy’ikibuga . burya muri Mai ntimuzoba muraheza kuko burya ntimugire ngo biroroshe ubibona neza uriko urakora. Kugira les escaliers, hariho tribune tout d’abord itarubakwa hariya ruguru, hariho tribune itegerezwa gusubirwamwo iyi tribune nkuru. Twavuze ko kubera ari iya kera ni akaranga k’intara izoguma kurya nyene tuzoyisubiramwo gusa hasi, gusubiramwo amabati no munsi les vestiaires kugire bayemere mugabo ya match nababwira yo mu kwezi kwa gatanu ntituzoyizana kuko ntihazoba harahera. Ivyarivyo vyose naho itoba muri Mai, umwanya wose muzoheza narabemereye ko umugwi nserukiragihugu wa Tanzaniya na Président de fédération mwarikumwe yaragiye kuraba kirya kibuga kandi équipe twaravuganye ko izokururukira i kigoma n’indege duce tuyizana ice i Makamba iduge i Gitega kurukina urukino rwo kwugurura kirya kibuga. Mwebwe muheza muri Juin, muheza muri Juillet hariho promesse. Rero amahera nayo mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru twarabaterereye ibihumbi amajana atandatu na cumi na bine (614.000 dollars) vy’amadorari environ un milliard, ubu ho ni un milliard deux cent cinquante millions uravye. Muri fédération, twebwe tuzobaterera cinq millions (5.000.000Fbu), twibaza ko début Mars haje versement tuzoca tubaha.

Ibindi tuzobaha ni appui technique donc les vestiaires kugira zemerwe zitagerezwa kuba zifise standard, nka Rumonge yaramaze kwemerwa twararondeye un inspecteur turamurihira un ticket araza, turamurihira na frais de mission urumva kuri inspection ntangorane arivyo dufasha.

Hama na Muyinga twobamenyesha yuko umwanya wose bishobora gutangura bigenze neza mu kwezi kwa gatanu turashobora kuba twaronse accord de principe hanyuma kenshi turakunda gukora ibibuga mu ci kugira imvura itasure twarahejeje. Nibaza rero ko na Muyinga mwoba muriyumvira ingene irya tribune umenga nta ba ingénieur bakozeho mwobomora karya ko hepfo cane cane. Hariho aga tribune gateye isoni, twibaza rero ko n’i Muyinga twoshiraho 600.000 dollars naho nyene yoyo bazoyifasha ijana kw’ijana.

Gitega FiFA yashizemwo 500.000 dollars, twebwe dushiramwo 114.000 dollars mugabo na mwebwe naho boduha 500.000 dollars, turafise amahera asigaye, turacafise kuri compte 250.000 dollars ya réservé kuri compte y’iwacu ku buryo twoca twongereza naho yoba ari ijana na mirongo twoyashirako kugira ngo Muyinga ironke mugabo tutibagiye na Ruyigi.

Reka kuguma mumanika kuko nord mumenye ko muri bamwe, tuvuze Muyinga na Kayanza iba irimwo. Eeeh baricamwo imice ukamenga ukamenga Kayanza ni Nord-centre bakagomba kwikura kuri Muyinga. Dutangura les régions, twatanguye Centre, Nord, Est hama duce tuza muri Ouest, Ouest dusanze bataraheza abanyabubanza kuko Cibitoke twasanze i Buganda ni gito cane indani. Bubanza idahejeje kare, Kayanza irashobora kuba irafata ikibanza turavye ingene ibibuga vyubatse.

Umukenguzamateka afashe ijambo

Hariho ikindi twagiye tubasaba numva nokivuga ngaha, ni ya parlement. Aho twaca hose bagenda bavuga bati twebwe muri campagne nkuko honorable Alexis yabivuze ati hari ibintu twagiye turemera. Nyenicubahiro yavuze ati jewe bikagenda neza, ibuye rizoca rishingwa aho hantu kandi murazi ko na mbere bakimubajije yaduze aca avuga ati jewe ivyo bintu ivy’anje narahejeje hasigaye Parlement mugabo turakenguruka kuko intambwe yabaye kubera baguma bacibutsa, biri muvyo basaba n’abo murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

None ni les parlementaires abo baguma babisaba. Ico gikorwa caratanguye, jewe mfata ko ico umukuru w’igihugu avuze ni itegeko uwutagomba kurikurikiza biramusha. Ni ukuvuga umukuru w’igihugu atanguye discours fata inkaratasi mwandike mugabo ujejwe intwaro tuvuze nka ba buramatari usanga bamwe bamwe basamara. Umukuru w’igihugu ariko aravuga nta nkaratasi baba bafise. Ugasanga discours yaheze ntiyibuka nivyo yavuze n’amategeko yatanzwe. Mu bisanzwe agitangura uca utangura kwandika, ivyo yagiye aravuga vyose ni nk’amategeko mashasha aba aje muca muyashira en application ayadasaba kwirigwa araca mu nzego zimwe zimwe zindi. Si non amategeko atanzwe aca akurikizwa.

Twebwe rero baravuze bati twubake parlement jewe naragikurikiranye cane, igihe naja i Gitega naraciyeyo ndahagendera hanyuma Vice président niwe yatanguye kugira reconnaissance d’abord yo kuraba ingene hameze, mu nyuma ndagenda turavugana, abatanzaniya barambwira bati twebwe turashobora kubaronderera les bailleurs ati abashinwa, sociétés zikomakomeye.

Iyi week-end mwarabonye yuko ku munsi wa kane bashitse ku mugoroba baraza twagize séance de travail samedi hamwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta n’abahinga bo muri ubwo bushikiranganji n’abahinga bo muri batiment hamwe n’abiwacu hanyuma baragenda kugendera amakete muri Assemblée, turafise ibitabo, turafise na plans, urumva rero twaciye dukora kuburyo ku munsi wa gatandatu baragendeye i Gitega hanyuma barahabona baca barabaha les plans sinzi ko babahaye les flashs. Mwarabahaye les flashs?

Uwishuye yari i Gitega        

Ego vyose twarabahaye.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Kuri flash baciye babibaha kugira baje kugira adaptation muri forma y’igishinwa donc gufata les plans zose. Batwemereye 15 jours kubishira muri forma y’igishinwa hanyuma na disposition kubera au départ bari bavuze yuko terrain y’igitega badashobora gufata parlement ngo ihoteri ngo ije inyuma, ni akarorero kubera ni amaja ku mwonga bakagomba ko bashobora kuyishira ku murongo nimba uvuye kuri Sainte Thérèse ushikira kw’ihoteri ugaca ubandanya kuri Parlement canke ugashikira kuri Parlement ugaca ubandanya kw’ihoteri.

Nibaza rero yuko twizeye kuvyo batubwiye ko itariki 15/04/2016 ama Reta yose ashobora gusinya amasezerano ya financement y’uwo mugambi, nimba tuzoriha mu myaka mirongo itatu bakaduha délai de grâce y’ukuyubaka tugatangura kuriha yatanguye gukora. Ivyo rero ni abanyagitega babisavye mugabo kandi na twebwe muri Parlement twarabishizemwo kuko iyo tugumye tuvuga ibintu murabona nk’ubu Présidence kuva muri 2006 yemewe tukisamaza nico gituma twavuze tuti Vice-prési dent ace arongora uyo murwi ujejwe gukurikirana abashikiranganji bakenewe kugira ngo nimba hariho indéminisation zitangwa, nimba hariho des problèmes, nimba dukeneye des documents kugira ngo nimiburiburi nko mu mezi atatu, ane tube dufise les documents zose zikwiye muri Parlement kugira ngo bashoboye gutangura batangure. Tukibaza rero ico ko atari ikibazo kigoye tuzogikora kandi turibaza ko tuzogishobora kuko twabonye umengo barabishoboye ni nabo bubatse parlement ya Tanzanie à Dodoma kandi usanga hari les projets nyinshi bariko barubaka nka port de Bagamoyo kuri 14.000.000.000 de dollars, bariko barubaka chemin de fer muri Djibouti, Addis Abeba, barafise za Nigeria Abidja  nibo bariko barayubaka yose presque les aéroports n’ibindi.

N’ibugendana mugomvye bazoca bafyonderako aéroport zibe zibiri, irya irimwo amazi indege zice zururukira muri centre mugabo muce mugira autoroute hagati ya Bujumbura na Gitega kugira ngo abashitsi bazoje bararonka ingene bagenda kuja muri Parlement n’ukumanuka ambouteillage zigabanutse.

Nagomba ndabasabe ndaza kugaruka nakire abantu, Vice-Président ace abandanya ahagarikiye ibikorwa muce mubandanya ariko mucagagure. Hanyuma jewe ndagaruka hasigaye nka 30min kugira duheze baca bambwira. Murakoze.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Nagira nibutse intara ikurikira havuye Gitega haca haza Karuzi. Duhe ijambo abanyakaruzi. Ok honorable Kionie.

Umukenguzamateka MANAYANJE Kionie

Murakoze kumpa ijambo. Hanyuma nkuko abandi bagiye barabishikiriza na twebwe intara ya Karusi mu buruhuko twaragendeye hamwe hamwe gusa twarahagabura n’abashingamateka hanyuma ibikorwa vyagiye birarangugwa hariho igikorwa co gitera ibiti. Mu makomine yose haratewe nk’ibiti bishika ibihumbi cumi.

Hanyuma uwundi mugambi twahimirije cane abamusitanteri b’amakomine ni ikintu co kwubaka arya mashure nshingiro, amashure azokwakira abahejeje école fondamentale.

Hanyuma ikindi naco umugambi intara ifise hariho umugambi wo kwubaka stade, uyo mugambi ugeze ku ntambwe ishimishije twaratanguye kurondrera intererano hirya no hino, abavukantara, abenegihugu, incuti duterereza hirya no hino. Hanyuma twari tumaze kwegereza amabuye n’umusenyi ahazokwubakwa iyo stade.

Hanyuma na mwebwe turabaterereje murabe ingene intara yokwisuganya mukadufata mu mugongo n’abakunzi bayo bose mukadufasha. Hanyuma ikindi twarahimirije abenegihugu kwitabira umugambi wo kuziganya no kuguranana hagati y’abo. Uwo ni umugambi cane cane uri i Karuzi aho abenegihugu bagira imigwimigwi y’abantu mirongo ibiri na batanu bakaza baraterera udufaranga duke duke baronka ingurane guryo gurtyo kandi turabona ko bifashije abanyagihugu benshi gushika ubu usanga ubukene buriko buragabanuka. Bakaba baronka ukuntu bisuganya.

Hanyuma hejuru y’ivyo rero intara irafise ingorane kubera imvura yarononye ibintu vyinshi cane cane nko muri komine Gihogazi yegereye za Ngozi aho uruzi Ruvubu rwaseseye mu mirima hama irononekara cane gose, amahegitare ashika ibihumbi bibiri yarononekaye, imiceri, imboga zo mu myonga vyose biramera nabi. Hariho n’amazu yagurutse ico gihe rero abenegihugu bobafata mu mugongo bakaza barabaronderera imfashanyo.

Hanyuma kucerekeye amazu yagurutse abanyagihugu baragerageje gufatana, dufate nkubu inzu yagurutse barafashanya bagasubizaho nk’utubati twononekaye bakamusanurira bukebuke mugabo urumva ko navyo nyene bidashimishije bagasaba n’abo nyene ko boronka udusakazo.

Hariho kandi n’ingwara ya malariya n’ayo nyene iragisibije. Hariho n’iyindi ngorane twasaze abenegihugu bidogera cane kuko mu ntara ya Karuzi itangwa ry’umwavu ntirikunda kumera neza cane kuko hari igihe usanga abadandaza aribo biyandika ari benshi ugasanga atwaye amatoni menshi, umwavu ugaca uhera abenegihugu batobato ugasanga ntibashikiriwe.

Ivyo twari twavuganye na Buramatari nawe aravugana n’abo vyega kugira ngo barabe ingene ico kibazo cokemuka mugabo yaratubwiye yuko ubu yahimirije ko abantu bandika bogira urugezo rw’umwavu atarenza kugira ngo abandi bose bashikirwe.

Hanyuma ingorane ikomeye rero ngaha i Karuzi ni ikibazo c’amaterefone carabaye akayoberabahinga. Twebwe twariyungunganije turatanga amafaranga ariko bishitse ngaha twasanze batwandikiye imitumba 98 kandi dufise 145. Urumva amaterefone mirongo ine n’indwi gushika n’izi saha ntiturayaronka mugabo gusa muri vacance jewe naraciye ngaha barambwira ko stock yaheze ati turindiriye perezida kuko yari mu bikorwa ati turindiriye ko ashika azogire ayandi ma demande muri lumitel.

Ubu rero abanyagihugu bageze ko baja barabivuga ku maradiyo yuko intara ya Karuzi ku materefone atakigenda.

Icegera ca Kabiri c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ko twari twasavye amaterefone angana n’imitumba yose yo mu gihugu vyagenze gute kugira ngo zihere.

Umukenguzamateka MANAYANJE Kionie

Ngira ni iki kibazo banditse igitigiri kidakwiye.

Icegera ca Kabiri c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ok.

Umukenguzamateka MANAYANJE Kionie

Hanyuma rero baridoga cane gose murabe ingene mwodufasha kive mu nzira kuko habura terefone 47 zonyene ni ukuvuga amakomine atatu niyo atararonka. Ikindi naco abakuru b’imitumba b’abakenyezi twa dutenge ntibaraturonka. Hariho kandi ivyo turiko turiyamamaza twemerera abenegihugu. Twebwe turafise ingorane muri Commune Nyabikere hariho ahantu bigeze kwimba bashaka kuhashira hôpital ariyo irya hôpital baciye batwara i Karuqsi kuri centre. Irya du cinquantenaire hanyuma rero urumva abenegihugu kubera aho kantu hari ikibuga bari baerammaze kuhagira plan y’iyo hôpital mugabo rero gushika ubu haracari ibinogo abantu benshi kandi baramaze gupfirayo. Nayo imboregwa iguyeyo haramaze kugwayo abantu babiri hari n’abandi bavunikirayo urumva baguma basaba bati gusa barabe. Mugabo bari batwijeje bavuga yuko kubera hari district mugabo itagira hôpital yuko bazoheza bahubaka iyo hôpital ya district. Urumva n’ico mworaba kuko abanyagihugu baracidogera cane mukaraba ingene mwodufasha.

Hanyuma ikindi naco hariho n’irindi barabara riva muri Shombo ryinjira mu Nyabikere naryo nyene bari baritwemereye yuko harico bazorikorako naryo nyene abenegihugu bararisaba cane bati hamwe ryokorwa vyoba ari vyiza. Ahanini ni ivyo murakoze.

Icegera ca mbere c’Ukuru w’Inama Nkenguzamateka

Tuje kuri Kirundo,  Kayanza ahubwo.

Umukenguzamateka NITERETSE Martin

Murakoze Nyakwubahwa kumpa ijambo. Mu Kayanza nkuko vyagenze n’ahandi na twebwe twaragize descentes dukoranye n’abashingamateka. Twegeranya abatowe ku mitumba mu ma Communes atatu atatu hanyuma tugira n’amanama sectorielles ku bijanye n’uburimyi, ubworozi ku bijanye n’ivy’indero n’ibindi. Ibitenge twarabitanze, mwaragize neza kubiduha kugira ngo tubishikirize abenegihugu batowe nk’abakenyezi kugira barongore imitumba n’amaterefone yarakwiye nta manquant twagize.

Muri rusangi rero twasanze vyifashe neza naho dufise umubanyi mubi harya hakurya y’iwacu ujabuka muri Nord, umutekano wifashe neza ku rugero rushimishije.  Kuko abajejwe intwaro n’umutekano n’abenegihugu bakora neza cane n’abajejwe ubutungane. Mugabo hariho rero ivy’ubugizi bwa nabi buva kukunywa inzoga z’umurengera n’inzoga zimwe zimwe zitarekuwe n’amategeko mugabio batanguye campagne yo kuzisesa.

Hariho abana bariko bariyongera cane cane mu gisagara ca Kayanza. Abana bo mw’ibarabara turiko turafata ingingo zidasanzwe kugira basubire iwabo. Kuko twasanze ingingo zose twafashe tubafasha ahubwo kugira ngo baze.  Kuko twari twagize encedrement yabo n’abatari hafi bac abaza bati turaronse aho turya umuceri.Rero twaciye dufata izindi ngingo.

Abasitanteri barafise ikibazo co kwiyunguruza kuko imodoka bahawe zose zarashaje ni ukuvuga ko mu ma Communes icenda imodoka zigenda kandi zigenda nabinabi ni nka zine ziri kuri traito ni ikasanga zaraheze bigaca bigorana rero muri gestion de la commune.

Hari ingorane idasanzwe rero y’abarimyi b’ikawa bashoye umwimbu wabo muri SOGESTAL Kayanza nubu batararonka amafaranga yabo kandi ari umwimbu wa 2015. Bakavuga bati none twebwe tuzoguma dushira ba Nyaringa birire natwe tuguma inzara itwica. Twarabahaye impanuro mugabo murumva ko ari ikibazo natwe kiduhanze cane. Mugabo ayandi ma sociétés yarabarishe mugabo SOGESTAL vraiment yagize nabi cane.

Hariho ubugizi bwa nabi abantu biba ivyuma vyakoeshejwe mu kugazura no gutunganya imyonga naho nyene harafashwe ingingo zidasanzwe mu ma conseil communaux haciye hafatwa ingingo zo kubahana abafashwe bariko baronona ivyo bikoresho hamwe na ces marais aménagés. Co kimwe n’inka ziragirwa mu myonga nazo zirayabomora. Hariho n’abantu barwanije ibitegwa birimwa mu ma soko dufashe akarrero k’igitegwa c’umuceri. Kuko bashaka kwirimira ibikaju. Kuko imyonga ya za Mbarara na Ruvubu bari bamenyereye kwirimira ibikaju nivyo baciye bakuramwo na za nzoga ziri prohibées. Ubu rero bamaze kuhatunganya, uwuyoreje umuceri bac abaza bagaca bawurandura. Twavuze ko hofatwa ingingo zidasanzwe kugira abo bantu bateshwez kuko ni destruction méchante des plantes.

Imvura rero niyo yononye vyinshi cane kuko mu nama sectorielle twagiranye n’abajejwe uburimyi n’ubworozi twasanze imirima y’imicerinaho itaranduwe plus de 50% yaratwawe ahandi yuzuyemwo ivyondo kuburyo uruzi rwa ruvubu rwaduze imetero zirenga zitatu par rapport ya niveau yarwo. Ubu henshi production yagabanutse ku rugero rutari munsi ya 50%. Murumva ko ari ikibazo kidasanzwe. Aho rero si mu mwonga gusa no ku mitumba niko vyagenze kuko ibiharage ntanumwe yasoromye kiretse nk’abari bateye ibigori barashoboye gusoroma dukeya ku mitumba mugabo mu mwonga ntan’umwe yasoromye.

Mugabo hagati aho hariho ico imvura yaciye ifashasha. OTB Rwegura yaciye iduza umwimbu kuburyo batafise na capacité suffisante de traitement des feuilles vertes de thé cuieillies. Ahubwo hariko haba proposition yuko hoba iyindi Usine hafi yayo. KUko milieu villageois uternanije na blocs industriels ubiteranije baca babizana i Teza no kuyandi ma Usine kuko umwimbu uhari ni mwinshi kandi hari habaye na extension idasanzwe twibaza ko mwobidufashamwo kuko na Ministre de l’Agriculture twarabivuganye yavuze ati tushize inguvu hamwe ntacopfa kuko ni igikorwa c’igihugu.

Hariho abigisha bakwiye mu mashure nshingiro. Kuko na cane cane abigisha bagiye muri ibi vy’imigumuko n’abagize ubwoba n’abagize ibibazo bindi  bagnana 30. Bigasaba ko basubirizwa mugabo ntibaratangura gusubirizwa. N’ayandi mashure rero ama extension bariko baragira bakaba barondera abigisha baja kuyigishamwo.

Hariho abahejeje amashure ya Enseignement general vyanse ko babajana muri arya mashure ya formation pédagogique kuko mu ntara yose baduhaye abanyeshure 60 ku banyeshure bose bari bahejeje enseignement general 2000. Urumva ko ari deficit nini. Abantu baca baba découragés bakavuga bati none aya mashure twiga ntitube professionnels 60/2000 c’est trop peu. Twari twasavye na Ministre de l’Enseignement aratwemerera mugabo araheza asohora ingingo itandukanye n’ivyo twari twavuganye.

Mugabo ntaco ngira muzobidufashamwo turabe inyishu tworonka. Ikabazo kidasanzwe rero ni ikibazo ca Malaria ku buryo ama centres de santé yose yarengewe n’ibitaro vyo vyararengewe. Abantu bazindutse isaha cumi z’ubuca bakageza isaha cumi na zibiri z’ubwira batarakirwa na Muganga.

Vyaratubabaje cane kuko hariho n’aho twasanze abatu bagwa ku mirongo bariko barivuza. Twaravuganye n’umushikiranganji w’amagara y’abantu turaba ukuntu twotora inyishu dans l’urgence malheureusement ntivyakunze kuko yatubwiye ko ata recrutement n’imwe ashobora kwemera. Twari twavuze ko dufise n’amafaranga makeya yo ku ma centres de santé no ku ma districts duti tupfume dushiraho basi abakutsakivi bakenya kuko turafise aba chômeurs infirmiers naho nyene yaranse avuga ati mubazanye baca bahembwa twadufaranga mwoguze n’imiti.

Umu infirmier sans médicaments ni nk’umunyezamu ari ngaho. Sinzi ingene twobifata twarahaye impanuro abenegihugu kugira barabe ukwene bokwigenza ariko nubu la pression ni niniya nkubu urasanga ku mu tumba dans une semaine baharura abantu batanu bapfuye. Tous les week end twama turi mu ma levée de deuil. Nta week end n’imwe tudafise levée de deuil. Murumva ko ari ikibazo kidasanzwe.

Hanyuma hariho abantu batema batongora ibiti hanyuma ntibabisubirize naho nyene twarabonye ko ari ikibazo kigaca gifatana n’abantu batera ibiti vy’imikaritusi mu ndimiro. Twebwe turafise ikibazo ca exiguité des terres mugabo uri umuntu afise itongo ririmwa agaca ariteramwo imikaritusi  abari impande yiwe bose bagaca bataha. Ico rero twari twavuze tuti ko turi muri politique de reboisement ni politique nationale on va poser la question hejuru baduhe intumbero. Tuvuze tuti birandure kandi turi muri politique de reboisement national uca umenga turikoturwanya la politique nationale. Iyo ni impinyanyuro yokorwa au niveau supérieur twebwe ntitwoba des rebelles sur ce point.

Hanyuma hariho abanyeshure bashika 11956 bo mu mashure nshingiro bahevye amashure mu mwaka uheze ku mvo zitandukanye harimwo abigeme batwazwa inda n’abahungu biyita ngo barashushe mugabo usanga ari aba taxis moto kenshi.  Bavuze ko hariho ibwirizwa turindiriye ko riva muri signataire muri promulgation twibaza ko ryoza kudufasha kuko kenshi usanga ari umu mineur ateye inda umu mineur nyene. Nk’abo ba taxis moto usanga afise 15 à 16 ans canke uwundi munyeshure nyene amubinze akayimutera ugaca usanga biragoranye mu bihano.

Hariho n’ubukene bw’ibirase post fondamentales, abana ntibabona neza iyo bazobashira mugabo ngira ngo hazoba impinyanyuro avec les 500.000.000 FBU benshi twarumvikanye ko boca bagira des écoles d’enseignement technique. Arivyo boca bakoresha kuri zirya 500.000.000FBu.

Hanyuma hariho ikibazo co guharika no gucikiza kijanye na babandi batera inda b’aba mineurs hakaba n’ikibazo co kwunguruza les justiciables et  les témoins baja muri cour d’appel i Ngozi bavuye mu Kayanza kuko le parquet na sentare urumva baca bagira itinérance bakaja kubaburaniriza i Ngozi ivyabona kugira babishikaneyo bigaca biba ikibazo ugaca usanga nk’ama dossiers pénaux ariko aratebagana. Bagasaba bati nimba bishoboka mu butungane boduha uburyo bwa itinérance kugira dukore neza.

Baravuze n’abatwara ama sentare y’intango cane cane bavuga ko boba bigenza nabi bagaca imanza za ngondagonde abo twavuze ko botugirira icegeranyo kugira tubishikirize umushikiranganji amenye agakoni abakubita bibaye ngombwa abahindurire amabanga.

Abarongoye imitumba nabo nyene bagumye basaba ko ngo bohembwa nk’abandi bakozi ba Reta mugabo on les a découragés kuko uwatowe si umu fonctionnaire. Mais ils insistent kuko bakeneye amafaranga. Abarongoye imitumba na barya bane batowe hamwe.

Hari ikibazo ca transformateurs zahiye mu ma communes nka yose : Butaganzwa na Matongo n’ayandi ma communes abiri sindayibuka neza. Ama transformateurs yarahiye dusavye ko bayasubiriza bakwega ibirenge. Nibaza ko transformateur ihiye ntisubirizwe kiba ikindi kibazo. Hariho n’iyindi transformateur yahiye yo muri Commune Muruta mugabo ikibazo cayo caravuye mu nzira. Bari banse gufatanya (connecter) ngo ni iya Regideso ngo ntibashira kuri énérgie rurale. Haba ikibazo hanyuma ngira ngo umushikiranganji wa énérgie yabanje kwirukana abantu je crois six ou sept, habaye résistance ngo nta matara arimwo ngo nta capacité ifise. Aba techniciens bakavuga bati ifise capacité triple y’umuygankuba itanga. Urumva bica biboneka ko ari ibintu vya sabotage nyene.

Munyihanganire ngomba mpeze. Hariho abenegihugu bo mu Kayanza ibintu bavuze umuntu atogenda atabashikirije.  Hariho amazi ya rusengo barayakeneye rwose, kandi barasaba ko ibwirizwa nshingiro ryohinyanyurwa mu ngingo zayo zose zitegekanya ibiringo vy’umukuru w’igihugu kugira uwo bipfuza bamutore igihe cose bazoba bamufiseko icizere. Ivyo babibwiye abashingamateka bati nimwe tuzi ko muhinyanyura amabwirizwa ati ivyo turabibatumye.

Natwe tuti ejo bundi bazoza mu biganiro mugabo ntimuze mugende mutabivuze. Bariyamirije umuzo wa MAPROBU barongera baradomako urutoke ku nyifato itabereye y’Umukuru w’igihugu c’u Rwanda ashigikiye abatera u Burundi baciye muri ico Gihugu ciwe.

Ubwa nyuma abenegihugu bo mu Kayanza bariyamirije imvugo yo gucanishamwo abarundi hitwajwe ijambo ihonyabwoko kuko mu Burundi ntabwoko bugeramiwe. Aha baratanze uburorero bati aha jewe ndi umuhutu umukobwa wanje yagiye kurongorwa n’umututsi. Ati iryo honyabwoko ni umukobwa wanje agomba yice umugabo wiwe canke n’umugabo agomba yice umukobwa ? Ati ivyo rero nibabijane hiyo ayo ni ama chantages bariko baragira.  Mukurangiza rero abrakengurutse cane ingabire bahawe na cane cane ama téléphones n’ibitenge bagasaba ko mwobongera abatashikiriwe kugira nabo baronke. Murakoze. Mugabo ngira ngo hari ivyo noba nibagiye ngira ngo honorable Victoire yonyunganira.

Umukenguzamateka NAHIMANA Victoire

Murakoze kumpa ijambo. Nari ngira mbanze ikibazo gihambaye cane Martin atagarutse ko mu ntara ya Kayanza. Ni problème de la démographie. Abantu ni benshi cane rwose nagire mbere ngendereho nsaba na bagenzi banje bari ngaha ngira mu mvugo yabo aho baroye n’iwabo bavuga bati ntimube nko mu Kayanza kuko baratubariye yuko Commune ya Gatara ifise abantu bangana n’i commune imwe yo mu Bushinwa. Iki rero urumva giciye gicangana na ya polygamie Martin yavuga cane cane iyo polygamie twarayisanze mu batwara abandi. Abakuru b’imitumba usanga abenshi ngira ngo muri bo usanga womengo batanga akarorero.

Polygamie irakomeye cane ku buryo usanga nk’umuntu afise ingo nka zine ari umwe. Afise umukenyezi kw’itongo ugasanga agiye ku ga centre gatoyi aciye azana uwundi aramupangiye ashize aho arimutse agiye ahandi. Akarorero twebwe muri Matongo turafisde umukuru w’umutumba twaciye tunasaba yuko bamukura amaze kugera ku bagore batandatu bose agenda abashira ku miji mitomito.Mugaca mwumva muciye mubifatanya n’iki kibazo c’igwirirana ry’abantu ko ari ikibazo kandi abakenyezi birabababaza cane kuko abashingantahe iki kibazo c’abana benshi bavuka ntaco babibonamwo. Iki nagira ndakigarukeko.

Ikindi naco ni iki c’abigisha bahunze. Hariho abigisha iwacu bahunze mugabo umengo nta ngingo yo kubakura canke yo kubahagarika yaribwaboneke. Hagaca ama groupes pédagogiques 30 atagira umwigisha ayakurikirana. Murazi amagroupes pédagogiques menshi asanzwe afise n’abana benshi. Ntushobora gukura umwigisha mu rindi shure ngo aje gufasha. Ni ukuvuga hariho amashure mirongo itatu hariya mu Kayanza abana batonda bakirigwa barakina hanyuma bagataha.

Bulamatari yari yatubariye ko bariko bariyungunganya batore abahejeje les lycées pédagogiques barondere uduhera dukeya baheze biyungunganye babafashe baze gufasha abo bana mugabo umenga ministère yaciye yanka. Ca muraba rero aho tugeze umwaka ugira uhere hari amashure 30 atagira umuntu n’umwe yinjira. Nagomba kugishimangira kugira ngo mwebwe muri ngaho imbere yacu murabe uko mwovugana numvise n’abandi b’i Muyinga bavuga ko ministre yanse murabe uko mwovugana na Ministre kugira ngo ibi bintu bikorwe kuko urumva kwicar       a mu Biro ntibikwiye gusa il faut que twicara mu Biro n’ivyo turaba biriko biratungana. Murabe ingene mwovugana n’ababijejwe kugira ivyo  bibazo vy’abana batonda bagakina umupira canke bakabatuma kurima mu murima hanyuma bagataha murumva ko ari ikibazo. Yopfuma aguma muhira agafasha abavyeyi. Ico nagomba kugihagararako kuko turateye isoni tugeze muri février   muri  juin vancances zizoba zitanguye sinzi mu bibazo abo bana ico tuzobasaba ni hamwe twama turenganya abana ngo ni ikijuju ngo ageze muwa gatandatu acaco azi natwe ataco twamukoreye.

Ikigira kabiri nagomba gushimangira ni iki c’ubutungane. Jewe sinzi mu zindi ntara ko ariko bimeze ariko mu ntara iwacu igiturire kirarengeje mu manza. Murazi hari ingorane z’amatongo. Habaye ingorane z’amatongo hagaca hajamwo n’igitutire kenshi usanga abatsindwa ataribo bari gutsindwa. Twebwe baratubariye ahantu twagiye i Matongo bati harageze ahou mu juge ahamagara abantu bagacira bati mbega none umuriyoni ubona yokunda kugira ngo bigende neza ? Ati oya ati duza ku miriyoni 2. Ndafise n’uburorero bumwe bumwe vyagiye biba nonatanga. Kandi igitangaje n’iyo bahinduye abantu tubona bo babagumizaho.  Ntituzi igituma. Bivuga biti ni mudufashe kuko ndazi ntibiba aha iwacu gusa biba n’ahandi henshi.  Ni ikibazo ca bose. Nibinjire mu butungane barabe ingene bukora, hariyo igiturire kirengeje urugero. Kandi mugiye mu vy’amatongo umuntu anyazwe itongo kubera igiturire kubera ryatanzwe ryari gwiwe naha haca hakurikira ibintu vy’umutekano muke. Kwicana, kurogana n’ibindi.

Ni nko mu giporisi naho nyene  hari igiturire kidasanzwe. Jewe nagomba kubabwira ko jewe nagiye mu Kayanza natiye imodoka Probox basanvye igiturire kane kw’ibarabara. Carte nayerekana bahejeje kukinsaba. Nasabwe kane kw’ibarabara. Nibaza ko atari mu kayanza gusa ni hose.  Urumva Probox uko bayibonye ni ifirimbi. Nagira nti biba ahandi muri Kayanza n’iwacu i Matongo. Ikirindiro kiri hambavu ya Commune carampagaritse ngo uyo ni Président wa Conseil communal. Nca ndarengana mugabo bampagaritse kane. Bivuga yuko no mu banyagihugu kuri ibi vy’amatongo barabvuga bati nk’umuntu urashobora kumpfungisha yakoze amakosa avuganye na chef de poste ugaca usanga ku mugoroba yamaze kuva mu munyororo. Vyarabonetse mu Kayanza na Martin yari yabivuze ariko jewe nagomba kubishimangira. Ni ama secteurs ababaje abenegihugu cane kandi nibaza ko twari dukwiye guhagurukira kugira ngo umutekano, murazi ko tugenda tuvuga muri campagne ngo tuzorwanya igiturire. Ico ngira kiri mu vya mbere tugenda twigisha mugabo à la limite igiturire cotuma gishikira abakuze hako gikora ku bantu batobato muri twebwe.

Hanyuma rero nagira ndanagaruke no ku giterwa c’amabungo. Jewe mva mw’i commune ibamwo amabungo cane mugabo ubu yaratewe n’indwara twebwe abenegihugu b’i Matongo  niho  twari dufise uburaro n’uburamuko. Imvura yaraguye imboga zirahoroka twagomba murabe, Ministre w’uburimyi twaravuganye ariko twagomba mufashe kugira ngo ibikorwa bikorwe n’ingoga kugira ngo ibungo ribuze hariya ku kibira iwacu inzara iba ihejeje kwinjira.

Icanyuma n’uko abanyeshure bahejeje lycées pédagogiques murazi ko batagira aho baja. Basigaye batubarira ngo erega tweho ntitwize amashure ni yagamukama. Ngira ni ikibazo ca twese. Jewe naravuze nti none twopfuma tubakoresha service civique obligatoire bigishe aba bana batariko bariga ? Sinzi nibaza umengo hejuru hogira igikorwa kuko nabonye ni ica twese si ica bamwe bamwe. Numva nari guherezako nuko Prezida yagiye mu bindi bikorwa.

Bavuze ikibuga c’umupira jewe nashaka mubinyandikire mushobora no kumubwira mumumbaririre. Ikibuga c’umupira twari tukigejeje kure hari naho ibintu ari  vyinshi ariko twari dukeneye impunga gatoya gusa kugira ngo duheze. Natwe twari twipfuza intererano Martin naho atabivuze. Mu ma démarches turimwo naho yogira aho ashika twaterereje. Niyaba hari igishoboka dusigaje akantu gatoya gusa kugira ngo turonke piste. Turaterereje ngaha muri Sénat nimwagira ico mwisumbije muraheza mutubarire muzoba mukoze. Ngira mu Kayanza ivyaho nivyo.

 

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze. Hinge ndabaciremwo gatoya. Duhane iminota. Muvuge kurya navuze les documents essentiels turazitanga. Nibaza ko mwogira résumé ukavuga uti muri iki gisata hari ibi n’ibi n’ibi. Ibikenewe n’ibi. Hanyuma les détails murazitanga mu ma services administratifs murakoze.

Umukenguzamateka MUHIRWA Jean Marie

Ego murakoze cane. Nari nabibonye ahubwo. Rero ibivugwa hirya no hino muri rusangi hari ivyo usanga duhuriyeko ariko de façon générale nagomba ndababwire yuko abenegihugu bo muntara ya Kirundo ko bishimiye cane ibikorwa vyaranguwe n’abo bitoreye muri vacances parlementaires bakaba baciye bagenda bagize comparaison y’ama legislatures yahaciye n’iyi y’iwacu. Wamengo ahandi kare ntibababona bakanadukeza kandi burya ngo qui commence bien finit bien. Rero mu Kirundo twahereye mu vy’ukuri kuri retraite y’imvukira z’intara yose ya Kirundo. Aho twabwirizwa kwirimbura kugira turabe aho tugeze kugira ngo turabe ingene twokwinegura.

Aho ubwambere ho twagomba guhera ku mutekano kuko c’est le poumon de tout. Ku mutekano rero murabona ko Kirundo turi hafi y’umubanyi atatubaniye neza na gato kandi n’intara yaronse abantu batari bake bahungiye harya hakurya. Si n’uguhunga gusa wamengo ni n’urudandazwa kuko il y avait une clientèle idasanzwe baza kubakoka. Twabanje kugendera ku mitumba ama comités mixtes de sécurité ahana umupaka n’Urwanda na cane cane muri Busoni tukaba twaraniyungunganije kugira ngo arya amakomites atigera aryama umukondorazosi turabe ingene twobashigikira mu bikorwa vyabo vya minsi yose.

Inyuma yaho twararabiye hamwe igikorwa gikomeye gihanze intara ariko tugira tugisozere. Ni ikijanye n’ukwubaka Kaminuza. Duca tugirako rero na mwebwe tubasaba ko mwodushigikira ku kanyuma. Kuko hariho un projet d’intercommunalités zo mu ma communes ya Kirundo twariyungunganije turakwiza hafi imiriyoni 70 kugira ngo dushigikire uwo mugambi uve mu nzira tunagirako dusaba kugira ngo Reta ice idushigikira yugurure vuba. Tugasaba ko hojamwo ibisata vy’inkoramutima bijanye na réalités du terrain zo mu Kirundo. Aha tugasaba igisata ca Agronomie na élevage. Urabona Kirundo ni ikigega c’igihugu. Tugasaba kandi n’ama sciences environementales kugira ngo tugarukire iyi ntara yacu yama yahuye n’ihindagurika ry’ibihe eka kandi tugasaba ko na birya biyaga dufise ko hojamwo faculté ya hôtellerie et tourisme. Tugasaba kandi kuko hariho umugambi wo kwubaka ibitaro vyinshi dusanzwe dufise bibiri, hariho n’ibindi bibiri bigira vyubakwe. Twarasavye ko hojaho igisata ca Filière de la santé publique.

Haruhande rero y’aho abenegihugu twarabagendeye mu gutanga amaterefone eka umwe wese mw’i commune avukamwo yarifatanije n’abenegihugu mu bikorwa vy’iterambere rusangi. Aha ngiye ku mw’itwarariko uhanze nyabuna abenegihugu ivyo badusaba ni nk’ivyo ahandi badusaba nuko twokwiyamiriza twivuye inyuma y’uyu canke uriya yaba umurundi canke umunyamahanga yoshaka gutesha agaciro ivyavuye mu matora. Ikindi basaba nuko nkuko abandi babisdhikirije MAPROBU n’ukwivanga kw’amahanga mu bibazo internes vy’igihugu twogira cirimoso.

Ikindi casabwe nkoramutima ni ibarabara novuga ryofasha muri intégration sous régionale ibarabara ryari ryemewe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu muri 2012 rihuza frontières zibiri (frontières zo mu Gasenyi na Kobero) aha uba uciye i Busoni ukinjira i Bwambarangwe ugaca winjira i Butihinda no mu Giteranyi gushika i Kobero.

Ikindi nibaza ko kiriko kiratora inyishu, basaba ko umuyagankuba rero w’i Bwambarangwe na Gitobe vyonyaruka kugira nabo biruhutse iterambere ribashware. Ibi nibaza ko aha twarabitunganije bizonyaruka. Ikindi rero basaba ni ikibazo kiduhanze mu vy’amazi mu ma communes abiri i Bugabira n’i Busoni. Aha rero i Bugabira isoko riri muri Vumbi n’i Busoni birasaba inguvu nyinshi mugabo aha nyene ndakeka ko turiko turagerageza ibintu bigeze kure igisigaye twebwe nk’abatowe ni ugusunika.

Hanyuma ikindi rero kugira simpave ndondogora ; ni ukwibutsa. Ni ibitaro vy’akarere k’ubuvuzi ka Busoni hamwe n’ibitaro vy’akarere k’ubuvuzi bwa Vumbi niho hari hasigaye ndibaza ko les lettres d’accord vyoba bigeze kure m’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, ngira vyahuye n’ikibazo kubera abanyamahanga bashatse kudufata kugakanu kubera ivyo badutegeka ngira bizofata inzira ntangorane. Kugira mperaheze rero hariho ikibazo nkoramutima kuduhanze tubasaba ko mwodushigikira, n’ikibazo kijanye na réaménagement des marais za hariya mu ntara y’iwacu, hariho marais ya nyavyamo iriko irakorwa n’abashinwa ariko hakaba hariho marais de kabuyenge y’ibwambarangwe na gitobe y’ama hegitari arenga amajana abiri na mirongo ine.

Iyi marais rero yo mu kabuyenge bari bayitanze bayihereza entreprise yari groupement d’entreprises chino -burundais ariko uwaserukira iyi groupement ni umurundi, ageze hagati na hagati y’ibikorwa twasanze capacité financière ziwe zitamwemerera kubandanya yaraswaganije, on avait engagé presque un milliard de franc burundais, ubu rero turamaze à peu près deux ans iyo marais iraho abenegihugu niho hari habatunze, barima umuceri, amateke eka avec d’autres cultures maraichères ubu rero turifumbereje. Hakaba hariho rero umugambi tutakengurutse twumvise muri maison ikwirikirana ku munsi ku munsi bino bikorwa communément appelé projet Bugesera boba bipfuza guheba ino marais de Kabuyenge ngo bashire inguvu beaucoup plus kuri marais Nyavyamo, yoba ari peine perdue. None uwo muriyaridi umaze kuba engagé tubihebe, mbega abenegihugu bakoze gushika ubu bataranahembwa il y a presque deux ans bishuza plus de 60 million ntibarahembwa. Rero twashaka ko mwodufasha mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi ko ahubwo aho guheba yoba ari injure à la raison y’ababikwirikirana ku munsi ku munsi tubanze duheze uno mwonga kugirango aya mafaraga ntabwo ari ingabire ni amafaranga Reta izokwishura kuko ni financement yo muri BADE, ni amadeni Reta yafashe, rero twipfuza yuko mwodufasha kugirango ubushikiranganji bukure mu nzira kino kibazo, nkaba mperaheje nkibaza ko mushikanje Honorable Jennifer yabinsavye, ivyo mvuze nivyo yari gushikiriza kuko yari no mu karuhuko k’iteka, turanamukeje kuko yaribarutse Imana ibahezagire.

Icegera cambere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze nibaza ko umuntu yotumako umushikiranganji abijejwe kuko urumva un milliard ntiwoyita gutyo mukaza gutangura ibindi ngira azoheza aduhe umuco. Haca haza muri Muramvya duhe ijambo Honorable Gloriose kuko i Makamba Anésie ari muri mission uwundi murabona ko yafatiriwe.

Umukenguzamateka HAKIZIMANA Gloriose

Murakoze Excellence kumpa ijambo ariko ibikorwa mu kubikora turafise umukenguzamateka Celestin niwe yari aserukiye umugwi nashaka afate ijambo jewe ndavuga akanya gatoyi cane.

Icegera cambere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Egome Honorable Celestin.

Umukenguzamateka NDAYIZEYE Celestin

Murakoze sinza kuvuga vyinshi. Nkukwo n’abandi babivuze na twebwe akaruhuko twakagize neza nk’ukwo n’abandi babigize.

Twebwe abashingamateka n’anakenguzamateka nkuko nari nafashe initiative yuko tuza turabishira k’urutonde nkaba umwanditsi, twari twiyumviriye imbere y’akaruhuko ko tugira ibikorwa Imana iradufasha turabishikako mu migwi itandatu. Ubwambere ni ku bikorwa rusangi, hama no kwugurura ibiro vy’ibikorwa vy’abashingamateka n’abakenguzamateka;  ica gatatu ni kugarukira ku basinzikajwe n’ibiza vyaba ivy’imvura canke abandi bakenye, hama ica kane ni amaterefone twatanze, ica gatanu ni ugushigikira inkino n’imico kama, ica gatandatu ni mu buzi butandukanye ama doléances arimwo umuvukanyi ahava ashikiriza n’ingorane mu mashure, haba m’ubucamanza n’ibindi.

None rero ubwambere abanyagihugu badutoye baratanze indamutso kubashingamateka n’abakenguzamateka na cane cane indongozi kuko n’impanuro barazi kuzitanga kuko batubwiye bati turabona ko umenga hariho akarusho mukutwitaho cane, baranaduhanura bati tubona neza babivuze mu majambo y’ikirundi kimeze neza bati twari tuziko abashingamateka n’abakenguzamateka nikwo muraduserukira mugabo burya twari tuzi ko ari guhindukiza ikaruvati cane mugabo muratwitayeho mu bikorwa. None rero murumva ko batanga impanuro tubagume iruhande.

Ico c’ibikorwa rusangi mu majambo make twaza imisi yose k’uwagatandatu iruhande yabo ariko hariho ama communes abiri abashingamateka n’abakenguzamateka twagiye hamwe kugira tuhahurire kubera batabifisemwo umwete cane ni ama commune ya Muramvya na Kiganda. Abanditsi baraza kubibona ku matariki twagiye ikiganda na Muramvya kugira ngo tubatere intenge babone yuko umwera uva ibukuru ugakwira hose, bamenye ko hari ivyiza vyinshi biva mu bikorwa rusangi.

Ica kabiri ibiro vy’abashingamateka n’abakenguzamateka bidufasha kugira ntituze turakirira abantu nko mu bunywero kuko haraba utuntu tumwe tumwe dushobora kugurukana inkuru tutavuze canke bakagomba no kutwihereranya kugira batubwire insaku. None rero ngaha biradutera iteka, ku misi ya mbere abashingamateka n’abakenguzamateka turahana rôle ari k’urutonde twebwe nyene gwihishwa gwacu kuko bashobora kugira bati umukenguzamateka Gloriose ko ariho ari nca ngenda kuko aranyorohereza, uwundi munsi ninabona ari naka nce ngenda mugabo twifitiye twebwe dukoresha bakaza. Ahanini ama doléances turayumva tugeze ku munsi wa mbere ugira gatatu tubumviriza.

Ivyogushigikira abahuye n’ivyago n’ibiza, muri Muramvya niho haguye imvura nyinshi na Mbuye twaragerageje turashira agatererano hamwe turabagarukirako kandi n’ubushikiranganji bwo gufatana munda bwaradufashe mu mugongo turagerageza ku matarike atandukanye, muraza kubibona sindabarambire mu gwandiko turaza kuruha abariko barafata ivyegeranyo. Muri mbuye na Muramvya ako gafashanyo karabashikiye kandi no kuri télévision mwaranavyiboneye.

Igikorwa co gutanga ama terefone kwari ukugirango abo ashikiriye bamenye ico bayakoza, twayatanze mu bihetangabo bibiri, ica mbere kwari ukugira lancement oficiel na cane cane kubera hari n’umukozi turi kumwe ngaha , umuyobozi ngaha mu Nama Nkenguzamateka ajejwe ivy’amategeko Directeur législatif yagize uruhara runini kugira ayo ma terefone aboneke natwe tukazobandanya ibikwirikira ariko rero kwari ukugira tunamushimire hanyuma hari kwitariki ya cumi n’umunani. Hanyuma rero kuyandi matarike atandukanye duca turaja mu ma communes kugirango tuzibashikirize bamenye ico bayaronkeye atarayo kuja kudandaza canke ngo banayagurishe. Urumva rero ikomine imwe imwe yose irafise abatowe barashoboye kuronka akanya ko kuyabashikiriza icese.

Navuze uruhara rw’inkino nakwo twarabifashijemwo cane kubera intara ya Muramvya hariho ivyayisinzikaje mu mitima kubera hariho nk’abantu bari bashigikiye inkino z’umupira w’amaguru no mu kwinonora imitsi birya vya athletisme bagiye mu migumuko hanyuma bamwe barapfunzwe abandi bari hanze hanyuma twe turabifata mu mugongo tuti aha abantu begereye abantu benshi nk’aba intara irashobora kwubama kubera tutazi ivyo biyumvira abantu bari mu minwe y’abantu batakiri ngaha, bataciyumvira neza imigambi y’igihugu nacane cane muravyumva ko hari n’abari no mu Rwanda, hari n’abandi bari mu gasho bafashe n’ama pancartes yokwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu kandi bajejwe inkino vyaradutsitaje cane duca tubaguma hagufi turashira intererano hamwe kugira ntibasibe muma higanwa yo mu mupira w’amaguru ariko abera ngaha na cane cane ko nka twebwe mu Nama Nkenguzamateka gufise umukuru w’Inama Nkenguzamateka ajejwe ishirahamwe ry’umupira w’amaguru bakaza bumva intara ya Muramvya irasivye twaratanze intererano twese kugirango tubakotirize amafaranga.

Hanyuma hariho ikibazo ca stade y’I Muramvya buramatari yakiriye itagira remise et reprise kandi iheranye cane kandi yatwaye amahera menshi, hanyuma turiko turafasha kugirango igiharuro c’ibiheranywe kiboneke, umugwi wokugira relancement des travaux wige neza ingene vyokorwa mu muco, ikintu ca twaye amahera meshi gishobore kugira ico kimariye abanyamuramvya no mu gihugu cose hama kitubungabungire amahoro n’umutekano, umubano mwiza kidusanurere n’amagara yacu. Hama bishobotse kishobore guteza mbere abantu mukwiyungunganya kuko haruho abahinga babinonosoye bashobora kutwereka ingene stades tutoziraba nk’ibishusho mugabo zigashobora kuzanira akarusho abene gihugu.

None rero igice ca gatandatu ni ukubumviriza imisi yose tubaguma hagufi kuko twabagumye hagufi ukwezi kwose kubera badutoye. Hariho rero n’ibindi bibazo vyo mubisata bitandukanye.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Umwanya uriko urakujana.

Umukenguzamateka NDAYIZEYE Celestin

Ego umuvukanyi yoca abishikiriza mu majambo make. Murakoze.

Umukenguzamateka HAKIZIMANA Gloriose

Murakoze Excellence gato muri make juste ni point imwe yo kubabwira ko ivyo abanyagihugu badusavye turi kuri terrain ahanini ni birya nk’abandi bavuze birya vy’amaterefone, urumva sinokwirigwa ndavuga baravuga bati nk’ama unités, muraraba muduhe n’utu unités, numvise vyinshi vyavuzwe batubajije. Ariko hariho n’ikibazo cavuzwe  kijanye n’ubushomeri bw’urwaruka mu gihugu cose. Ndibaza ko ari ingorane national mugabo mu ntara ya Muramvya urwaruka baratwitavye cane nyagihe baritaba  n’ibikorwa rusangi tuduze baratubwiye bati muragerageza mutugarukire murabe ingene akazi koboneka cane cane  muri birya vy’abarimu kuko ibibanza sinzi uwabivuze ko ari mu Kayanza. Batanze bike cane gose abashomeri ari benshi cane m’urwaruka.

Hariho rero n’ikibazo c’imbuto harasabwe ko boronswa imbuto kubera ko ari n’amakomine abiri yabaye sinistrées Muramvya na Mbuye muri ivyo vy’imvura, barasaba yuko bobafasha muri ubwo buryo. Ahanini mu gisata c’ubutungane naho nyene barakeneye ibifashwa, en faite m’urupapuro twateguye birimwo numva umenga sinobagoza ivyo cane ariko nari mfise akantu nashaka gusangira n’abakenguzamateka bagenzi bacu bo mu gwego gw’igihugu, twebwe mu ntara ya Muramvya turafise ukuntu twiyungunganije, numva umenga twobisangira n’abakenguzamateka; numva umenga hari ikintu bibafasha, twariyungunganije tugitangura législature turumvikana yuko twokwuguruza un compte bancaire hamwe n’aba députés n’aba sénateurs hama buri kwezi turagira cotisation y’amafaranga ibihumbi ijana k’umukenguzamateka n’abashingamateka ukwo turi batanu tukiyumvira yuko mu bihe ubu unye nkumbure ni mu ntango ya législature ama deni ntituraronka menshi kuberako abavuye ruguru cane cane, aha ndiko mvuga kubavuye ruguru urashika ukagira installation ugasanga uburyo buriko burakugora cane, nkumva umenga ni ikintu twosangira, abobishobora bobigira vyogira ico bizobafasha kuko nibaza nko mu mwaka tumaze kuronka utuduga, hageze ko tuduga tuzoronka agatoro vyoroshe, hageze mu bihe bitugoye turonke ingene twiyungunganya. Numva umenga ni ivyo vyonyene nobabwira kuko ibindi bijanye n’ibiraro amazi yatwaye nabishizeko kuri liste ko numva n’abandi ariko babigenjeje. Ako niko twari gusangira ni expérience nziza na mwebwe muzoyikorereko.

Icegera cambere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze cane ngira bavyumvise abatarabikora, ndazi ko no mu Kayanza biriyo, ndaziko I Gitega biriyo; ho bimaze igihe sinziko hari izindi ntara zabitanguye abatarabikora murabikora kuko ni ibintu vyiza cane birafasha iyo umuntu agize ati descente umuntu atateguye muca mwikora kuri ako ga compte canke agize iyindi activité iri très urgent.

Twagire tuvugane rero yuko ubu uye murabona aho amasaha ageze, tugire duhe consigne ajejwe communication, après cinq munites ils vont éteindre hama uwundi ace abandanya. Ubutugire tuje kuri Muyinga.

 

Umukenguzamateka NTAWUNKUNDA Ildéphonse

Murakoze kuduha ijambo twebwe  i Muyinga twarakoranye hamwe n’bashingamateka n’abakenguzamateka turabanza ubwambere turagira inama hama  turavugana ivyo tuzokora. Icambere twakoze n’ukwo twabanje kuja kurondera agafashanyo twoshira abantu twibaza ko bagowe cane tukaronse twaciye tugendera, hariho aba démobilisé bamugaye cane baba hamwe, twarabafashije, turasubira kandi turagendera ababikira, abarezi b’ibimuga, ababikira bameze abatamakazi bakuze cane n’ababikira bo mu Giteranyi b’urukundo, les sœurs de Calcuta. Aho hari mu ntumbero yo kugira tubipfurize umwaka mushasha kandi babone yuko turi présent kuri terrain.

Ica kabiri twaciye twiyumvira kuza gutanga amaterefone na vya bitenge ariko twiyumvira ko tubanza gutora ikomine imwe tugiriramwo lancement. Iyo commune yabaye Muyinga, turatora umushingamateka umwe araja imbere, twaravuganye ivyo tuja kuvuga, hanyuma turakora hanyuma duhejeje duhamagara abakuru b’imitumba, abadandaza, aba fonctionnaires bose baraza. Ariko ica mbere twabanza kubabwira yuko tuje kubashikiriza ivyo twaranguye muri iyo période y’amezi atatu tumaze muri session tumazemwo amazi atatu, turababwira ibikuru bikuru twakoze twisunze les discours baba bashikirije. Bamwe twaja turazitora turazitwara turagira exposition yazo turababwira ivyo twaranguye.

Hanyuma tuvuyeyo duca tuja gukora ikivi rusangi c’était un après-midi turatera ibiti hama turabaha amaterefone bo muri Commune Muyinga, duhejeje duca turigabura tuvuga yuko umusi ukwirikira tugenda mu ma komine  mugabo umwe wese agenda muri komine yatowemwo agende atwaye amaterefone na vybitenge avec consigne ko dutegerezwa kubaha le même message. Duca duhera kukivi rusangi turabaha amaterefone, duca tugenda rero muri salle turabaha ya message ijanye n’umutekano, birya bavuga kw’ihonyabwoko turatanga umuco kubijanye n’ibiganiro no kubijanye n’umuzo w’abasirikare no kwifurizanya umwaka mushasha. Hanyuma duhejeje twaciye tufurizanya umwaka mushasha rero hanyuma tugenda twumvikanye yuko umushingamateka wese aho agenda aca aronka une occasion asangire n’abo yagendeye, hanyuma twese turatamba turatarika ariko duhejeje iyo nama ico twabonye cavuyemwo cane iki kibazo cavuzwe c’abarimu   b’aba D6 kuko bavuga ko abarimu baba D6 bataronka akazi kiguma kigaruka, bati none ayamashure twize tukaba twayize batworiyanse, tukaba twize kwigisha bti none kwigisha umwaka wambere, uwakabiri vyotunanira ko bavugango bategerezwa guha akazi aba D7, bati nivyaba ari ivyo navyo nibatugirire mise à niveau twige turonke iyo D7 hanyuma dushobore kuronka akazi bati naho ubundi mbona umengo tuzoca tuguma muhira.

Ikindi twumvise hariho les moniteurs  agronomes bavuze yuko ku misozi hari ikibazo c’inka zitembera zigaca zona hagaca hama imanza zidahera, bati nta tegeko mwoshiraho ko mwarinze muza kutugendera ryotuma bibuza ko inka ziyerera ku mitumba kuko vyoca bibuza ko haba imanza nyishi zidahera zituruka kwona ?

Ivyo biheze vyo kugendera amakomine tugatanga amaterefone n’iki harabaye ico twaciye tugira co kugendera les services déconcentrés zo mu ntara. Twarazigendeye duhera kuri cabinet yo kwa Gouverneur bien entendu, hanyuma turagendera même les ONG nka CRS turayigendera, turagendera OBR, OBR twaritwumvise yuko fraude yasaze cane mu ntara ya Muyinga, tugendera service ya anticorruption, tugendera, service ya urbanisme, iya aménagement du territoire na Police nationale, DPE, DPAE, BEPES, turagendera  REGIDESO n’ibindi.

Ivyo twasanzeyo bikuru bikuru n’ibihe ? Ni ukwo twasanze ko nko muri DPAE bati twararonse amapikipiki mugabo ntagitoro baduha. Bati agronome communal arafise ipikipiki, ntagira carburant, ntagira les frais d’entretien bati wewe wumva none, turazibitse zirahagaze, twaragiye muri DPE ikibazo twasanze ari ic’abarimu bake nkuko n’abandi babivuze canke ugasanga abarimu babahaye akazi ugasanga baba kuma chef lieux des communes bagakora à 15 km ugasanga uwo mwarimu aguma ahagaze gushika sayine ngo arindiriye imodoka imutwara.                                  

Icegera cambere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Urakoze. Hakwirikira Mwaro. Mugerageze murabe résumé du résumé.

Umukenguzamateka GAHWAYI Agnès

Murakoze kuduha ijambo. I Mwaro twari abakenguzamateka batatu mugabo umwe yari agwaye niyashoboye kuza muri ivyo bikorwa. Twakoze co kimwe n’abandi  ivyo bikorwa kwari kugira échange sur les préoccupations z’intara hanyuma tugatanga arya ma terefone twebwe ibitenge ntavyo twari twaronse arico gikuru mbere bagumye badusaba aho bigeze mugabo tuzogisubiramwo nibaza ko ari ikintu coroshe hanyuma turongera turipfurizanya umwaka mwiza à chaque fois aho tugeze. Twebwe twabikorera hamwe tukagenda mw’ikomine imwe imwe kandi tukayiha umwanya ukwiye tukararayo bakabaza ibibazo vyose tukavyishura mugabo aha rero turagerageza gushira hamwe particularité  y’imwaro abandi babivuze, ivy’imvura nyishi, ibiraro vyatwawe, twebwe si na vyinshi cane hari ivyo bashoboye gusubiriza baravyiyubakira n’amaboko yabo bagashiraho ibiti ibiraro bikomakomeye ntaho vyaroye. Hama imirima nikwo hari ibigori vyaciye vyera ningoga nibaza ko atanzara nyishi iri muri commune Mwaro, ibintu vy’ibijumbu ntavyatwawe ivyo mu mwonga na vyo usanga babirima cane cane muci vyari vyaheze donc iyo ngorane ntayo ngarukako.

Ikintu novuga ivy’umutekano wari ukwiye kiretse abagizi ba nabi baza baratera ahantu hamwe hamwe cane cane muri commune Gisozi bavuye, nk’ukwo nyakwubahwa deuxième vice président yabivuze , muri Mugamba cane cane muri Mukike. Barabakoma bagaca bagenda muri Mugamba ni ahantu hari, nkukwo yahavuze, akuzi baca bajabukira hakurya ni naco gituma bibagora gushobora kubakwirikirana cane. Ariko twarababwiye ingene bakigira kuko twebwe twari kumwe n’abatwara ikambi ya Mwaro, commissaire, Gouverneur abo bantu baguma baduherekeza aho turoye hose iyo misi yose twagiye mu makomine. Rero hariho abantu bamwe bari bapfuye mugabo turababwira ingene bacungera umutekano. Baranezerewe rero n’aya materefone kuko baca bahana inkuru mugabo bakagira ikibazo mbega gushika ahantu twatabarijwe tuhashika gute ko dufata ama moto tukiyungunganya, ibitoro hanyuma mugabo bakaza kudufasha twamaze kuzunguruka aho  hantu babafata canke ntibabafate. Ico rero ni ikibazo ca hose naco nyene.

Hariho rero ubusuma bumwe bumwe butewe n’inzoga zitemewe n’amategeko kuko banyoye baca baja kwiba kuko ntibakora. Baranywa uwo mudiringi bagaca baja kwiba kuko ntibarimye, ntibagira ico barya bagaca baja kwononera abantu. Hanyuma rero nobabwira particularité y’imwaro ico nagomba mvuge k’umudringi ubu rero barawujana kuwusabisha umugeni utawufise ntumuronka. Ico ni ikintu batubwiye mw’ikomine imwe mugabo twaravuze yuko ico kintu tudashobora gusubira gusanga kikiriho twarabahaye ikiringo c’ amezi abibiri babe babikuye. Iyo mihana ni imihana ibiri yonyene mugabo urumva aho niho basabiranira abageni ahandi ntiboyijana. Iyo mihana ibiri rero ngo yarabananiye mugabo twibaza ko tuzobishikako.

Ikindi twavuze ni ukwo guharika nk’ukwo abandi babivuze igwirirana ry’abantu rituma ata terambere rihari. Aha iwacu rero muri Mwaro kiragoye kuvaho ni ukuri mugabo abandi baguma babigira. Twarabahaye akarorero ko mu Kayanza, Kayanza ni partage d’expérience. Kugira Kayanza babone ko amatongo yaze kera pour l’information abanyakayanza nyene baca bafata uwo mugore wa kabiri bakamushira ku nderuzo umengo be no mu Kirundo, n’ukwo mutabizi twebwe twarabirondeye, bakamutwara iyo yaje ava. Inderuzo rero irateye ubwoba c’est-à-dire wapfuye ntivyasubiye kuba. Ubu niho ngira bisubiriye; numvise Madame Gloriose.

Iyindi expérience mu Cibitoke hari umuntu yari afise abana ijana na cumi na batatu aheruka gupfa rero abo bana bose nta n’umwe yize nta n’umwe yagize gute, abo bantu ijana na cumi na batatu b’umugabo umwe ku bagore benshi,aheruka gupfa kuko barazwi mu matohoza. Rero bariko baratinya kuko twebwe n’isi ntimera cane rero n’ingorane y’amatongo imanza baravyumva.

Hanyuma ikindi gikomeye cane nashaka gusaba ngaha, twebwe ivyo guca imanza vyatunaniye muri Mwaro. Ntubona nka Gisozi aha hamaze imisi hafatwa abafise ibigwanisho ukabona ko bagiye gufungwa ari batandatu n’ukuri umbwire ufatanywe itonga ingene uca urekurwa ukigamba bamwe bakurekuye bakanywera n’inzoga iruhande y’abajejwe umutekano bavuga yuko naho babafashe bagarutse, mwanashaka jewe iyo information nari nayironse ko bariko baragurisha amaka iwabo, turabitegereza tubwira abajejwe intwaro, gouverneur, ibiki ngo babikwrikirane mugabo barabirenzeko barabarekura ntituzi ko atari abo bagaruka bakaza kwica, urumva baba bafise inkoho n’amagerenade. Ico ni ukukitubariza cane abo bantu batandatu barazwi naho baba barababona, bafatanywe inkoho zizwi n’abanyagihugu babibona mugabo ntibamazeyo amezi abiri bamazeyo ukwezi kumwe, ico kirababaza cane abanyagihugu natwe tukabona umengo ntiduca tugisaba ngo tukironke buno nyene. Ico kintu ni ikintu co kudufasha cane dutuye mwebwe.            

Icegera cambere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ngozi nta n’umwe ahari, Rumonge. Ca muza murahera kubikenewe. Egome

Honorable Joseph.

Umukenguzamateka BANYANKIYUBUSA Joseph

Murakoze kumpa ijambo nyakwubahwa. Nk’ukwo abandi babivuze iwacu mu Rumonge igikorwa co gutanga ama terefone twaragikoze muri vacances kandi caranezereje cane abakuru b’imitumba ariko muri Komine Rumonge nk’ukwo abandi babivuze hariho ikibazo kijanye n’ubutungane aho usanga hatangwa ibiturire vyinshi ndetse mbere n’abitwaje ibigwanisho bafatwa usanga barekurwa.

Hanyuma ikindi nagomba gushikiriza ni ikijanye n’ibarabara rya Rumonge-Bujumbura murabona yuko kenshi ryama ryabayemwo ibihomoka bitari bike, abanyagihugu baradusavye ko iryo barabara ryotunganywa kugirango imigenderanire ya Rumonge-Bujumbura imere neza.

Hanyuma kandi twaragendeye muri komine Muhuta aho abanyagihugu badusavye  ko amabarabara  y’imigenderanire ahuza amazone yo muri iyo komine atifashe neza. Muhuta kandi twasanze ifise ikibazo c’amatara. Muhuta nka yose nta matara bafise.

Hanyuma twaragendeye abanyagihugu bo muri komine Bugarama aho twasanze hariho centre de santé imaze imyaka cenda iriko irubakwa n’ubu itarahera, barasavye kandi ko n’ibarabara rigenda kw’ikomine ritameze neza kenshi usanga babireka bagakorera kw’ibarabara.

Hanyuma ikindi twagomba gusaba muri komine Rumonge hariho programme yuko hokwubakwa ikivuko ariko gushika ubu haraheze imyaka itari mike bavuga yuko cokwubakwa n’ubu ntikiratangura.

Kubera rera ivyo abandi bavuze bijanye n’ubukene usanga abantu benshi badafise ibikorwa nk’abahejeje amashure abashomeri usanga ari benshi. Muri komine Rumonge kandi mu nama ya conseil communal twaravuganye ikintu kijanye na zirya miriyoni amajana atanu zizohabwa commune aho twasavye ko mwodufasha cane muri FONIC birya bintu vyo gutanga amasoko bironona cane amafaranga y’amakomine basavye ko mworaba ingene ayo mafaranga yoshikirizwa commune mu gapfuma mutanga umuntu ayakwirikirana. Muri komine Rumonge kandi barakeneye amazi, igisagara ca Rumonge nta mazi meza gifise, mworaba ingene mwofasha kugirango amazi aze aboneke.  Hydraulique muri komine Rumonge yarasavye uburyo abenegihugu ariko haciye imyaka itanu ahandi itandatu batarashobora kuronswa amatara babemereye.

Hari kandi centre de santé Kagongo yubatswe na Reta ubu imaze imyaka ibiri itarugurugwa.

Hama muri commune Rumonge hariho amabarabara ya pavé agenda mu ma quartiers y’igisagara ca Rumonge akenewe. Mu ma nama twagiranye n’abenegihugu bagiye bayasaba.

Nk’ukwo mwabivuze muri commune Rumonge harakenewe abigisha, abigisha usanga benshi bari mu gisagara ca Rumonge canke hafi y’amakomine mu ntara mugabo hagati mu misozi usanga abigisha atabariyo. Amashure meshi rero ntibashobora kwiga neza. Hanyuma mu ntara ya Rumonge amashure ya centre de métier nta bikoresho vyinshi bafise, bafise ibikoresho bike barasaba ko mwobongereza ibikoresho.

Hanyuma muri commune Rumonge harabomotse amazu angana ijana na mirongo itanu n’abiri (52), hakaba hakenewe amabati angana ibihumbi bitatu n’majana umunani(3800). Hanyuma kandi hariho  uruzi rwa  Murembwe na Dama vyaruzuye cane ku buryo vyononye ama hectares angana mirongo umunani n’atanu (85) harimwo imyumbati ibigori n’ibindi. Urumva abenegihugu barakeneye imfashanyo kugira bashobore kubandanya babaho. Muri commune Rumonge kandi twaratanze imfashanyo muri vacances mu ntara yose mu ma communes yose atanu, ariko twabaye duke. Bikunze ko mwodufasha tukaronka utundi vyoba ari vyiza cane, kuko turafise ama centres y’abahungutse.Ibigwati vy’abahungutse bishika bitanu (5) bifise abanyagihugu batari bake, aho mbere badusavye ko bishobotse Reta yobaronsa amatongo yo kurima kubera imfashanyo zibashikira bageze kure.

Hanyuma muri commune Bugarama hari ahantu muri zone Bugarama nyene baravuze iko hari ikibazo c’urubibe, numvise ngo mu bihumbi bibiri na cumi na kabiri ( 2012) hariho ministère ya intérieur yarasohoye igicapo c’ingene amakomine ahanye imbibe . None ngo boba bafatiye ahatariho, n’ukuvuga ko urubibe rwategerezwa kurenga ahantu bita mu Rutunga, mugabo uravye ubu rurenga mu nyaruhongoka, bakavuha bati kumbure mwobafasha kugira ngo bigende neza.

Hanyuma ikindi novuga n’icerekeye ama nama twagiye turakoresha, aho twasanze abanyagihugu benshi badusaba ko boronswa imfashanyo z’amabati kubera ko usanga benshi muri abo ari abakene , ari bantahonikora.  N’ivyo murakoze ivyo nari nategekanije.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

 Umwanya ! Rutana ?

Umukenguzamateka  wo mu Rutana  SINZOTUMA Jacqueline

Murakoze kumpa ijambo.Jewe nashaka gutangura gusaba, Kumoso yama ari Kumoso irashobora kuba ifise ibibazo vyinshi muze kunyongera iminota ibiri niyo ntaba ntaraheza.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Oya. Vuga ibikenewe kuko murazi ko twasavye ko boca baduha ibindi, résumez.

Umukenguzamateka  wo mu Rutana  SINZOTUMA Jacqueline

Rero ikintu ca mbere twatanguye gukora, twatanguye kwihutira ibintu vy’ama téléphone. Hanyuma tuvuye muri ivyo vy’ma téléphone twaciye tugendera ama communes agize intara yose. Twatanguye kugendera commune Gitanga aho twasanze ibiraro vyose vyinjira muri commune Gitanga utashobora gushikayo vyarabomotse vyose kubera  imvura. Iyo commune nyene kumusozi nta biti bihari imvura ihitana amabuye yose yo kumusozi akaja mu ruzi rugaca rushobora kuzura ntihagire n’umwe ashobora kugenda. N’abana barashobora kumara indwi, imvura yaguye, barashobora kumara toute une semaine batagiye kw’ishure, kubera bataronka aho baca.

Hanyuma tuvuye ngaho nyene twaciye tugendera centre d’handicapés yo mu gakwende nyene aho hari ibimuga bikenewe kuza birafashwa cane.Ntibashobora kuza bararonka imfashanyo uko abandi bashobora kuzironka kuko bari ahantu badashobora gushika bose, batahazi. Ico badusavye aho rero mu Gakwende badusavye yuko  boronka exonération ku buryo ivyo bakuye hanze batoza barabifata, ngo baze barabitoza ama taxes. Hanyuma ikindi naco  Reta ico yobafasha nuko yobaha umusozi wogutera ko ibiti kugira bashobore kuba nabo baronke ibiti vyo kuza baracana.

Tuvuye  mwi commune twaciye tugirisha inama yahuza les membres des conseils communaux , les chefs des services communaux , les chefs des collines , les chefs des zonzs , les représentants des confessions religieuses, les représentants des sociétés civiles , les représentants des démobilisés et de ceux qui sont en pensions , les représentants des  jeunes chômeurs , les Présidents des partis politiques au niveau communal , les chefs lieux de la province. En plus les catégories et les fonctionnaires qui étaient présents bose baca bategerezwa kwinjira. Aba fonctionnaires bose bategerzwa kwinjira abo muri iyo commune.

Hanyuma tuvuye ngaho twaciye duca mu Kivoga aho twarondeye les orphelinats. Aho naho nyene barafise ingorane kuko batunze abana bava mu ntara zose z’igihugu bagaca babatwara hariya nyene aho bashobora kubaho.Tuca tugendera kandi Bukemba. Abatishoboye b’i Bubukemba  nabo nyene barashoboye kudutura ibibazo bimwe bimwe ari vyo vy’ibi imvura iguma irwa hose, iguma ibatwara imirima ntibashobore kwimbura.

Twaragendeye kandi abarwayi b’imibembe I Ggiharo. I Giharo hariho abantu barwaye imibembe cane bakeneye nabo nyene kuza baragenderwa, bakeneye abaza barabashikako. Aba nyamwema naho nyene bariho hariya barabatoteje cane, baca barabashira ahantu mu du centres kugira baze barabacungera, murazi ko mu minsi iheze…… Hariho kandi ama associations bafise inanansi twaragendeye ayo ma associations les six hectares n’ahandi barimwe ibiyoba, abo kandi twarashoboye kubashikako. Mugabo ico bakeneye, barakeneye yuko bobaha aho bashora ivyo bintu baba barimye kuko bica bibapfako ubusa kandi bafise vyinshi. Nk’inanasi zozo ziraboneka cane ihinguriro bararikeneye.Barasavye kandi  i Giharo RN11 rihuza Muzye na Kinyinya rimwe rica ribandanya mu Cankuzo.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze murabona ko  umwanya urabaheranye, tugiye mu ntara ya Ruyigi.

Umukenguzamateka yatowe mu ntara ya Ruyigi, NIZIGIYIMANA Benoîte

Murakoze kuntiza kano kanya.Na twebwe mu Ruyigi twaragendeye abenegihugu mu ntara yose, kandi twe twakora kw’i commune kw’i commune. Ahanini twagira amanama ajanye n’ugukoranya urwaruka, abatowe kuva hasi, abakozi ba Reta n’abandi bandi abikorera utwabo nk’abadandaza n’abandi.Ahanini na twebwe bagiye baradutura ibibazo bimwe bimwe. Na twebwe nk’ahandi ikintu ca mbere twabonye, kubera twebwe twegereye Tanzaniya , harabonetse yuko ko hariho abantu benshi bahungira i Tanzaniya. Aho naho twasanze ahanini bajanwa n’amadeni.Ariko igitangaje nuko hariho n’abanyeshure benshi bahunga, ugasanga rero mu banyeshure, naho nyene hahunga abafise amanota make, ariko ugasanga hagenda umukobwa n’’umuhungu bagenda bajanye.

Ikindi cabonetse ahanini baragumye badutura ibibazo bijanye n’uguharika kubera twe hariho n’igice kinini ca Kumosso, ugasanga ngaho haca haboneka ibibazo yuko ingo nyinshi zica zisambuka ugasanga habonetse abana benshi badashobora kwandikwa n’abakenyezi besnhi usanga batawe. Harashikirijwe kandi n’ibibazo vyerekeye amabarabara; aha rero kubera iyi mvura kubera mubisanzwe igice ca Kumosso hegereye imisozi, usanga  mukiyaya rero ibiraro vyose vyarabomotse. Aha twotanga nk’akarorero, mubisanzwe kenshi Kumosso usanga ibiterwa vyose ivyo bimbuye babibika muri Kirimiro. NK’ibarabara riva mu Kinyinya rikaca i Nyabitsinda rikaja i Butaganzwa iryo ntirikora kandi uburyo bwo kwiyunguruza hagenda OTRACO imwe gusa . Iryo rero ntirigikora kuko hari ikiraro cacitse burundu. N’ukuvuga niyo OTRACO yahora ija hariya ubu isigaye ica mu Rutana. Naho nyene yahora igenda kabiri ubu isigaye igenda rimwe gusa. Ugaca usanga rero ari ibindi bintu, kuko ubu ibidandazwa abanyagihugu baca Babura ingene babizana ubu baca bavyijanira i Tanzaniyahako hakubijana mu Burundi.Urumva gica kiba ikibazo gisanzwe.

Hanyuma harabonetse kandi n’ikibazo c’inzu nyinshi zasambutse muri Butaganzwa, Butezi na Nyabitsinda aho hari n’ibirasi cumi na bibiri (12) muri Butaganzwa na Nyabitsinda vyasambutse burundu. Mu bijanye nyene n’ivyo vy’imvura ama addiction y’amazi yo muri Kumoso yarabomotse burundu kubera amabuye menshi ava ku musozi aca atera aja mu kumoso nyene kubera ava hejuru k’umusozi yarabomoye rero ama addictions y’amazi.

Ikindi cagaragaye nuko muri Buyogoma, n’ukuvuga tuvuze ama communes ari muri Buyogoma usanga kenshi na kenshi ibintu vy’inzoga navyo nyene, zirya zitemewe n’amategeko usanga abanyagihugu benshi ata n’inguvu bagifise, ugasanga kurima, mugabo ivyo biri mu ntara zose, ubu nta mugabo agifasha umugore kurima kuko ntanguvu bagifise.Bikagaragara kandi nk’umunyagihugu ubu arwaye agira ikibazo c’abamuterura. Ubu abantu basigaye baterurwa n’abagore kuko abagabo inzoga zamaze kubica nabi.

Hanyuma ikindi kibazo kihari ni kirya c’ibarabara ryacu Gitega-Ruyigi,urabona ko twagize imana bakaba bariko baradukorera igipande kimwe i Butaganzwa hagaca haza ikindi kibazo tuti none ko rizoruhukira i Butaganzwa hoho rija mu Ruyigi rizokorwa ryari? Ntanicizero turaronka hazoca hasigara aga tronçon  gatoyi kuko kuva I Gitega – Makebuko – Butaganzwa rizoba rikozwe hagaca haigara agace kadakozwe. Hagaca haza kandi Ruyigi – Cankuzo hakozwe. Urumva rero ako gapande kaca kasigara hagati. Nk’uko honorable Jaqueline wo mu Rutana yavuze na rirya barabara rica kunkengera riva Rutana rikaja Kinyinya rikaja  Cankuzo  rikaja i Muyinga bagumye baridusaba cane kuko mukurikora baraca agapande gatoyi ukamenga harimwo ikaburimbi noneho na vyose ntirigikora rero.Urumva n’ikibazo.Jewe sinovuga vyinshi vyose biranditswe.

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze. Nagira nsubize Nyenicubahiro ijambo yampaye, mugabo nawe nyene tukamubwira yuko dukeneye ko atuyagira kandi twihaye cinq minutes (5) kugira ngo tuze kuja kuri  ca gikorwa kindi ca kabiri. Murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Jewe n’itatu!

Icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

 Makamba

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze kumpa ijambo nyakubahwa vice- prezida.Mu ntara ya Makamba twe twaragendeye intara mu mpera z’ukwezi guhera kubera ukwezi  kwa mbere kwaheze ngwaye, mugabo naragerageje naho nari ngwaye ndavuga nti ivyo abandi bakoze sinoreka kubikora. Twaragendeye rero, kubera n’abandi baciye bandindira, twaciye tugira deux communes par jour kuburyo mu minsi itatu twari duhejeje.Twaragendeye rero intara yose.Umutekano dusanga ari sawa. Ikibazo cibonekeje hariho abantu bapfuye baguyeko n’igihomoka twarabashiriye n’imfashanyo abari basigaye muri commune Vuguzo. Hanyuma ibibazo vyibonekeje duciye kwibarabara rikuru RN3 kuri niveau ya Mukungu. Ubu bariko bararikora baragize déviation n’ukurindira, hariho déviation bariko barakora kugira ngo abanya Makamba bashobore kugenda. Kuko  kare kugirango baje i Bujumbura  waca uca  mu Mugamba canke i Gitega.

Hanyuma ikindi cibonekeje n’ibijanye n’impunzi kuko zitoroherezwa gutaha, kandi bakabisaba. Urumva twari dufise amakuru yose akenewe. Hanyuma ibindi navyo abanyagihugu n’ibisanzwe n’ivya minsi yose, imvura irarwa cane, ibintu bikononekara, mugabo nkuko abandi babivuze ntakamaro yuko ndabigarukako. Muri make rero mu ntara ya Makamba, ni nk’ivyo. Twibaza yuko n’izo mu zindi ntara kugira tubaze abashikiranganji bakenewe. Ministre wa Solodarité yavuzwe cane turabona yuko azohava azanana na ministre  wa Environnement, ministre wa Travaux publics, ministre wa Finances abo bose n’aba ministre turavye ivyo twagiye turavuga bazohava bakenerwa. Ya trois minutes nayihejeje naciye nja muri résumé y’ibindi.Ivyo twagiye turavuga vyose kugira duheze twabonye ko abashikiranganji bakenewe ari ministre wa Solidarité cane cane. Arashobora kudakenerwa kuza ngaha bivanye n’ibibazo, tworungika nka une déléguation y’aba depite bakaza kuganira nawe. Nk’ibi vyo gufasha abantu bahuye n’ivyago twarabonye nk’umushikiranganji w’ibidukikije imvura niwe ayiganza.Ubu basigaye bavuga ngo imvura iraza kugwa ngo buke buke, ikaca irwa cane. Baratubwiye kuri météo ngo irwa buke buke mugabo ugasanga ni nyinshi. Urumva nawe tuzomubaza n’ibindi, ibi bibomoka vyose vy’amabarabara. Kubera iki izi za Rutana n’izindi nyinshi maze kugendera intara, Cankuzo ntivuge ko ntayigendeye nari nayemerereye ko ndayigendera mugabo twasanze, nk’igihe nagenda mu Rutana kubera Makamba hari dialogue nararavye kuca mu Cankuzo nkabona sinzoba nahejeje kugendera amakomine yose nj’i Makamba jeudi ngo nce nsubirayo nabona ari kure. Nca nkorera  hafi mu Rutana, hafi y’i Makamba. Mugabo nabo nyene sinabibagiye.

Nk’ibi rero vy’ibibomoka benshi bagumye baravuga bati, turavye nko muri Rumonge mu ntara ya Rumonge bati nta kuntu irya misozi, irya myonga yose iza kw’ibarabara twoyitera imigano ? Donc tugatera nk ‘ikilometero uduga ruguru, imigano arya ma ravins yose twiha imetero mirongo ibiri (20m) uja ku musozi no muri ravins hose ugatera igitara c’imigano.Kuko twabonye imigano ikuze irashobora gufata isi. Ngira nka Ntahangwa murabona ingene iriko irabomoka kandi na Nyakabiga yashikiriwe. Ino munsi ya Nyakabiga hashikiriwe  hose ikiraro kiriko kirabomoka na hariya uja mu Kigobe ku buryo tuvuga tuti turondere ibintu basi bifata isi kuko  ni twagomba ngo tuha caniliser twubake n’i ciment ntayo tuzoronka.Usanga rero ari des milliards Reta nayo ica imera nk’iyi sita  entre temps ibiriho biriko birabomoka.

Tukaraba tuti irya myonga yose  ahantu hari isi y’ibiraro kubera iki tutotera ibiti bibifata hafi y’ikiraro mugabo bidafise imizi isitura ikiraro,  mugabo bifise imizi ishobora gufata amabuye kuko umugano ntushobora gusitura ikiraro, mugabo urashobora kubuza amazi kuza arimba. Ivyo vyose bagiye barabi proposa hanyuma tukagira chance yuko hariho na pépinières z’imigano zatanguye gukorwa. Nanje ndafise imigano ishika amajana angahe bampaye ngomba nje kuraba ahantu ku ma barabara ntera hafi kugira ngo turabe nko muri kazoza tutoyitera mu gihugu cose kuko uko izoba mwinshi duca dukora ibintu vyinshi : ama cures dents iki tukura mu bu chinois tuca turondera  aka machini kabikora, n’intebe nziza. Urumva tuzoba turiko turarondera matières premières entre temps dukingira n’isi, dukingira n’ibiraro, dukingira n’amabarabara kuko nk’iri barabara ndafise inquiétude yuko,  iri rya Mabanda, naho ririko rirakorwa ; rya Mabanda gushika ino, naho rizohera arya mazi akiza kurya nibaza ko ……ubu kuko niyo barikora rizohezwa gukorwa muri 2020 nibaronka ayandi ma tranches, bizohure vyakuze kugira ngo n’imiburiburi turyubatse  ntirizosubire kuzana amabuye kurya twayabonye.

Rero abo ba ministres tuzobatumako  yaba ministre wa Finances, yaba ministre wa  Travaux publics, yaba ministre wa Environnement ; ministre wa solidarité turashobora kumugendera ntitwirirwa no kumujana ahandi kugira ngo tubaze nk’ibi vyo gufasha abantu hari intara zasinzikiye kuruta izindi. Twe i Makamba nivyo twarasinzikaye mugabo sico kimwe n’ahandi ngiye ndabona numva nk’aho bavuze nka za Cankuzo usanga barageseye rwose. Sico kimwe nibaza yuko  intara zose ntizinganya kumererwa nabi. Tworaba  izamerewe nabi rwose akaba arizo dusabira. Naho koba aka geste kugirango umuntu aronke ingene ashika mu bantu, umuntu yokagira. Sinzi rero yuko hari ibindi mugabo muze muraraba n’amasaha.

Twagomba tubaze commentaires deuxième-vice.

Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Oui mfise ama commentaires makeyi ku hantu vyagiye biravugwa, hariho nk’ahantu hagiye haravugwa inzara kubera imvura yaguye ikonona ibintu. Commentaires ngomba kugirako nk’abantu  bari ku ma provinces frontalières, za Cankuzo bavuze inzara, Cibitoke n’ahandi. Je nashaka muzofahe abarongoye intara mwigishe abanyagihugu ntibahunge ngo kubera hari inzara.Bareke kugenda i Tanzaniya mu Rwanda ngo kubera hariho inzara.Twokwiyungunganya mu Burundi abafise inzara cane tukabafasha kugira ntibirirwe barahunga. Kuko guhunga bavuze mu Cankuzo ko baguma bagenda i Tanzaniya, guhunga ntibamererwa neza ngo n’uko bahunze. N’abana babo usanga batiga. Kandi mwigishe abanyagihugu bareke kudandaza umwimbu wose.

Hariho za Kirundo bara produiza ( produire) vyinshi cane, Cibitoke barimbura vyinshi cane. Mugabo vyinshi bija mw’isoko. Kudandaza si bibi kugirango bashobore kuronka ibindi, bashobore kwikenura mugabo ntibodandaza vyose.Hariho, à quelque chose malheur est bon, nko mu ma région naturelles mu Butusti no mu Mugamba ntibadandaza indya, la société n’est pas très monétarisée ; ce n’est pas une bonne chose, mugabo birasubira bikagaruka bikagira ingaruka nziza kuko ntibasonza. Mu Kirundo iyo imvura yagenze neza umu nyagihugu wo mu Kirundo arimbura nk’ibiharage canke ibindi bisumba incuro zine canke zitanu ivyo umunyagihugu wo mu Bututsi nk’iwacu i Matana yimbura.Mugabo kubera vyose bija mw’isoko amahera nayo aragoye kujera (gérer). Twese turabizi bica bibagora amahera agahera umwimbu nawo waheze. Mugabo umu paysan, umunyagihugu hariya iwacu i Matana Mugamba no mu Butusti arimbura ibitari vyinshi akaronka ivyagaburira abana, nivy’azotera. Agize Imana agacikishako  dukeyi two gushora ça va kugira agure isabini n’umunyu, isukari n’utundi ça va.

Muri 2007 je nari umushingamateka harabaye inzara nyinshi mu Cibitoke bara créa commission mu nama Nshingamateka, une commission chargée d’étudier les causes des différentes famines cycliques au Burundi. Je nari muri iyo commission.Tugenda mu Cibitoke kuraba igituma.Dushitse mu Cibitoke, nuko Honorable Alexis yagiye Ida ; niho akiri dushitse mu Cibitoke tuja kw’isoko kuraba,  abashingamateka bose bari muri commission baciye basuma. Hari indya nyinshi : ivyamwa, ibiharage, ibigori, umuceri. Hanyuma tugenda mu bureau kwa Buramatari,  Buramatari siho yari ari hari umu conseiller umwe yigeze kuza kuba umushingamateka mu gihe abo kwa Rajabu bavuyemwo, yari umu conseiller wa Buramatari ico gihe.Tujayo turabaza none bigenda gute ko bavuga ngo abantu bariko bahungira i Congo barashonje kandi twabonye kw’isoko ibntu vyuzuye ? Aca aratubwira ati abantu bo ngaha imyimbati itahari baca bavuga ko bashonje, kuko imyimbati yari yarwaye mosaîque ; ati kuko ibindi vyose ntibabirya barabishora. Alors la conclusion n’uko twabonye c’est une question d’éducation de la population, abanyagihugu, kandi n’ikibazo cane cane  ca administration  kandi mugabo natwe duserukira abanyagihugu n’ikibazo cacu. Ni ukubigisha kubera iki ? Ivyamwa vyose mw’isoko ? Inanasi amatomate, ibintu vyose, ico gihe baciye batubwira ko bafise ikibazo co kuronka, unité de transformation des fruits nk’uko babivuze abo mu Rutana n’abandi bo ngaha.Kubera iki ivyo vyose vyoja mw’isoko ngo n’uko atamyumbati ihari. Kandi imyimbati ce n’est même pas très riche. Eka bwaba ubutsima bw’imwumbati, barya ubuswage, barya  isombe, mais ce n’est pas riche. Ibindi vyose barabifise ngo bikaja mw’isoko.Bakatubwira bati umuceri wose uja mu Rwanda ibindi i Bujumbura. Ce n’est pas normal. N’ukubigisha. kwigisha abanyagihugu mu Kirundo, mu Cibitoke  hose mu gihugu. Ko umwimbu, wogurisha le surplus mugabo ibindi vyo gutunga umuryango ukama ubifise ukaronka n’imbuto. Bamenyereye ko ONG irizo zizana imbuto, ONG zizogenda kuko nta nico zitumariye ahanini.

Iyo niyo commentaire ya mbere nagomba kugira. Commentaire  ya kabiri nashaka kubaza umukenguzamateka wo muri Rumonge i Bugarama  hari centre de santé ngo imaze imyaka cenda (9 ans) yaruzuye mugabo itarugururwa ; none ikibuze ni iki ?

Umukenguzamateka wo muri Rumonge Joseph BANYANKIYUBUSA

Niyo mu Ruteme imaze imyaka cenda bariko barayubaka  kandi ntirahera. Ikabazo nyamukuru, centre de santé, usanga hariho ikiraro gihuza commune Burambi na commune Bugarama cubatswe n’ibiti, hanyuma ni kure cane abaronse isoko ryo kubaka rino centre de santé, abambere barabihevye bararondera abandi babandanya nabo nyene barabihevye. Ubu bahaye abagira gatatu kugira ngo barabe ko ino centre de santé yohera

Icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka

Hanyuma iyo mu Kagongo ?

Umukenguzamateka wo muri Rumonge Joseph BANYANKIYUBUSA

Mu kagongo yoyo yaraheze.

 

Icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka

Yaraheze mugabo ngo imaze imwaka ibiri ngo ntibarayugurura.

Umukenguzamateka wo muri Rumonge Joseph BANYANKIYUBUSA

He mu nama ya commune bavuze ko tugiye gutegura birya bitanda n’intebe ama meza kugire ibe équipé. Ego.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka

Ego ico kirumvikana n’ukuyekiipa (équiper) hanyuma mukavugana nabo muri santé bakayugurura. Mu ruteme ndahazi cane sinzi ko ejo wewe wari……

Umukenguzamateka wo muri Rumonge Joseph BANYANKIYUBUSA

Ego niho nari mu Gitaza.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’Inama nkenguzamateka

Nababwiye ko abanya Bugarama tuzinanye kuko Gouverneur wa Bujumbura rural yitwa Ignace Ntahombariye jewe  ndi gouverneur agiye mu Ruteme, mu Ruteme nahantu hagoye kuja kandi barahahevye, muri zone Bugarama. Agiye mu Ruteme yaja ngaha i Bujumbura agaca mu Mugamba. Je yaca ananterefona ati ingo umperekeze tujane kuko ndinda guca mu ntara yiwawe.Mu Ruteme narahabonye n’ahantu hagoye gushika, perdu, l’admnitration igaca imera nk’iyahahevye.Ariko honorable Président yaravuze ati ama marchés nibayahebe abanyagihugu barashobora kwubaka iyo centre de santé; bakeneye encadrement y’ababatwara. Barakwiye kwubaka iyo centre de santé bonyene, boyuzuza n’ayo mahera bakabafasha kugura ibikoresho gusa ivyo vy’ama marchés haragoye kuja ndabizi, barya ba gagna ama marchés usanga badafise imiduga ikomeye cane bakanka kujayo n’ikiraro kimeze nabi hagati ya Burambi, Mugamba- Burambi – Ruteme kwinjira muri Ruteme. Ndahazi.

La première vice-présidente yatubwiye mu Ryansoro. Mu Ryansoro naho nyene, hariho gouverneur yitwa Ntibarirarana Tharcisse, bamubwiye ngo aje mu Ryansoro mugabo abanya Ryansoro bamubwira bati twe tuja mw’ikoraniro mu ntara ya Bururi kuko nta gouverneur tubona na rimwe.Hanyuma aca aranterefona turajana nari gouverneur.Mu ryansoro hariho ahantu hubatse ishuri twagomba kwinjira. Baca bamubwira, hari muri 2003, baca bamubwira ngo twaheruka gouverneur yitwa Basumingera. Uyu nawe yari uwo kuri Bagaza yari yavuye ku butegetsi 1987. Niwe gouverneur baheruka baca basubira kubona Ntibarirarana 2003 tujanye. None wumva iyo commune, n’uko mutoyiduha, sinon nohavuye ndayisaba ikaja muri Bururi. Mugabo tukireke vyoca Bizana iyindi ntambara. Ni ukubwira abategetsi bakayigendera, ubu hoho la prémère vice- president du Sénat umushingantahe wiwe niho avuka nibaza ko c’est une occasion yuko i commune ya Ryansoro muyifata nk’izindi commune co kimwe na Giheta, n’izindi.

Hanyuma commentaire ya gatatu nogira henshi bararima bakimbura vyinshi, ivyamwa cane cane mu Cibitoke nababwiye ama tomates,  y’ama nanasi, umushingamateka wo mu Rutana yatubwiye ko hariya mu Rutana bafise inanasi nyinshi bakabura unité de transformation. Nibaza ko ico coba une priorité, tworondera kumbure umushikiranganji w’uburimwi n’ubworozi hamwe n’awa commerce et industrie. Mu gihugu henshi barafise umwimbu, namye numva babivuga kw ‘iradiyo, barafise umwimbu mugabo bakabura transformation.Bakabura unite de transformation, ukasanga birabononekara. Bamwe babivuga mw’iradiyo mu ntara nyinshi yuko bimbura ivyamwa, cane cane inanasi, hariho n’abafise ama tomates n’ibindi vyamwa bakabura ico babikoza kandi bica bipfa ningoga. Hari n’abavuze bati naho uha abanyagihugu, hari mu Cibitoke kw’iradiyo bariko barabivuga, naho uha abanyagihugu batavyimbuye, umuhaye inanasi imwe zibiri k’umuhana, mugabo izindi zica zipfa kuko ziba ari nyinshi cane.N’ikibazo rero gikwiye kuja k’umutima tukagifata nka nkama.

Ica nyuma ni reboisement, yariko arabivuga honorable Président, on insiste plus.Birakenewe cane, heureuselent que mu ma communes yose mu gihugu cose hariho campagne de reboisement kugira turabe ko twokwikingira inkukura ijanye n’hindagurika ry’ibihe. Hanyuma hari ikibazo nari nibagiye co mu Rumonge, commune Bugarama, nta urubibe ihana na commune Muhuta. Kare frontière yari i Rutunga. 

Umukenguzamateka wo muri Rumonge Joseph BANYANKIYUBUSA

Urumva igicapo babahaye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati, basohoye, urubibe ruca ngaha mu Rutunga, mugabo ubu urubibe ruri mu Nyaruhunguka.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka

N’ukuvuga ko Muhuta yarabatwaye igipande!

Umukenguzamateka wo muri Rumonge Joseph BANYANKIYUBUSA

Hee hariho igice cagiye muri Muhuta c’iwacu.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nkenguzamateka

Hariho itegeko rivuga délimitation des communes de Bujumbura, la province de Bujumbura bita Bujumbura rural, kera kuko izo communes zariyo, umuntu yoziraba ; nibaza ko ariryo ryavyononye. Murakoze honorable Présiedent.

 

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze ngirango kubera programme ya saha cenda (15heures) twe turafise programme ya saha cenda? Sinzi ko, mwe mushobora kuba mutagiyeyo, mugabo  saha cenda  twebwe turafise akazi. Kandi  ubu ni saha ndwi (13 heures). Nico gituma je ntatahuye igituma muguma mubaza ibibazo ba  Kionie hariya i Karusi. Karusi bayisimvye ?

Icegera ca kabiri c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Honorable Président naho, ngira kumbure ndakimuvugire, nari nacanditse ko ndakibwira mwebwe. Igihe twatanga ama téléphone province Karuzi, ngo bavyanditse nabi bavuga ama collines make, bakuramwo 47. Mugabo bobo abakenguzamateka n’abashingamateka kuko bobo bazizi, batanze amahera akwiranye n’ama téléphones.Baca baronka ama téléphones habuze 47. Nibaza ko ariyo mvo. Amahera barayafise bifpuza ko mwobabariza muri Lûmitel izindi téléphones.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Oya  ntidushobora kubaza kuko twatse 2.913. Nizo baduhaye. Nizo. 47 nibazirabe muri stock. Hee none ko baduhaye izikwiye! Imitumba 2913 y’igihugu cose. Protocole muce mubaza ababijejwe. Nta motif. Nimba hari umuntu yifyondeye atwara nyinshi hariho uwarabijejwe guzitanga, niyumvira ko bica bitorerwa umuti.90 ni za Bubanza ni za Cankuzo, mwebwe ni 145. Yose ndayazi ku mutwe intara zose. Urumva ama télephones yaje akwiye. Hariho ama telephones…, sinzi ko bayatanze, hariho ama telephones bari badusavye muri Buyengero, muri Rumonge.TABU yari yasavye ama télephones angana n’imitumba ya communes Rumonge ayo aha abakuru b’umugambwe. Nimba rero barayatanze, ayo ma télephones yo kwa Tabu ni uguca muyarondera. 

 

Write a comment

No Comments

No Comments Yet!

Let me tell You a sad story ! There are no comments yet, but You can be first one to comment this article.

Write a comment
View comments

Write a comment

Your e-mail address will not be published.
Required fields are marked*