COMPTE RENDU INTEGRAL DE LA SEANCE PLENIERE DU SENAT DU 22 MARS RELATIVE A L’ADOPTION DU PROGRAMME HEBDOMADAIRE DU 21 AU 25 MARS 2016, A LA PRESENTATION DU RAPPORT D’ENQUETE SUR LES EQUILIBRES DANS LES CORPS DE DEFENSE ET DE SECURITE ET A L’APPROBATION DES CANDIDATS MAGISTRATS RESPONSABLES DE CERTAINES JURIDICTIONS ET DU MINISTERE PUBLIC

L’an deux mille seize, le vingt-deuxième jour du mois de mars, les sénateurs se sont réunis en l’hémicycle du Sénat pour la quarante et unième  séance de la cinquième législature pour adopter le programme de la semaine du 21 au 25 mars 2016 et approuver les candidats magistrats responsables de certaines juridictions et du Ministère public.

Les travaux de cette séance ont été présidés par l’Honorable Président du Sénat, Monsieur Révérien NDIKURIYO. Trente cinq sénateurs  ont participé à cette séance. Voici l’intégralité du déroulement des travaux de cette séance.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Banyakwubahwa Bakenguzamateka, nkuko ari umugenzo ku munsi wa kabiri turemeza urutonde rw’ibikorwa vyo mu ndwi. Nkuko mubifise imbere yanyu ejo inama ya Bureau na Bureau élargi  zarakoranye hanyuma hariho travaux en commissions, dans l’après midi kuva isaha zine. Uno munsi ni ukwemeza programme hanyuma les travaux en commissions. Ejo travaux en commissions hanyuma kuwa kane turafise analyse et adoption de deux projets de loi murazibona : gestion de la dette publique na bureau d’information sur le crédit. Après-midi hariho présentation ya ya rapport hanyuma vendredi travaux en commissions et activités sportives.

Mugabo ngaha ubwa mbere imbere yuko tugira modification tubaze ngaha abize kuri aya ma projets de loi, abize kuri gestion de la dette publique na bureau d’information sur le crédit twari twavuze yuko abantu bavyiga imbere kugira ngo vyorohe. Twagomba rero tubaze ko biteguye kubera aya mategeko bayashize kuwa kane kugira ngo ama commissions aronke umwanya wo kuvyiga. Mugabo twagomba yuko iyi présentation ya rapport sur l’état des équilibres iza imbere. Ni kuvuga ko dushobora kuyikora nkejo canke uyu munsi inyuma ya sasita kugira ngo ivemwo natwe turonke umwanya wo guca turonka umwanya iminsi ibiri yo guca tuyitanga. Kuko si  vyiza ko dukora ikintu kigaca kiguma kinyegeye ngaha. Kuko urabona tugeze kuwa kane, kuwa gatanu turashobora kubura umwanya kuko turiko twitegurira Pasika. Turashobora kubura audience. Nico gituma twagira turabe ingene rapport twoyigira imbere kugira nanje ndonke umwanya wo gusaba ko nja kuyisigura imbere y’abakuru. Ntidushobora kuyikora hanyuma ngo tugume tuyibitse. Baravyumvise ko vyavuzwe, birashobora no kuvugwa naho hazoba hasohotse benshi mugabo nta kamaro ko kuyigumana muri tiroir twamaze kugira rapport. Nico gituma nagomba mbaze les deux commissions aba dette publique n’aba bureau d’information sur le crédit kugira ngo turabe yuko dushobora kuyizana uyu munsi canke ejo. Iyi rapport. Oui, Honorable Président de la Commission.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Urakoze Nyakwubahwa kumpa ijambo. Hariho contrainte mugabo ego twarayize mugabo le rapprt de l’Assemblée nationale ejo niho yariko iraba multiplié bivuga yuko dutegerezwa gusubira kuyihera ku ntango uno munsi kugira ngo turabe si on est d’abord dans la même ligne ou si on a des amendements à formuler mugabo pour jeudi on sera prêt. Ejo twariko twibaza ko tuzoca dukorana na Ministre.

 

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Twebwe itegeko ntiturikura Jeudi. Itegeko rizokwigwa mu nama ya bose ku munsi wa kane. Turiko turaraba gusa kugira muze tugire presentation ya rapport akanya gatoya. Turabe ko imbere yuko Jeudi ishika ko twoba twagize iyo rapport cane cane iyo rapport ya Jeudi après-midi.

Umukenguzamateka NDABANEZE Immaculée

Ego ndabizi ndabizi. Twebwe twabisavye ngira ngo Honorable Martin est d’accord avec moi twabisavye muri Bureau élargi kugira dukore les projets de loi.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Turashobora rero kugira présentation ya rapport mwebwe mutarimwo kuko ntibisaba quorrum ? Kuko jewe nkeneye yuko mu ndwi iza murabona siho nzoba ndi sinshobora kugenda bagize présentation ya rapport nanje ntayitanze. Nibaza ko dushobora kuvyumvikanako ivyo. Sinshobora kugira présentation du rapport ngo ndayimarane 10 jours ntarayitanga. Nico gituma nsaba yuko bitagoranye, mbega les projets de loi zose ni iziwanyu ? Iyindi ni iyo kwa nde ? Martin mwebwe ni gute ?

Umukenguzamateka NITERETSE Martin

Twebwe nta kibazo hariho contrainte gusa ya accéleration ariko twateguye ko na Ministre tuvugana uno munsi. Nibaza ko ejo twebwe dushobora kuba turi libres.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Reka rero ejo basi ku mugoroba muzoba muhejeje ndabizi. Ejo isaha y’icenda dukore presentation ya rapport sur l’état des équilibres mu nzego z’umutekano mercredi après-midi kugira ngo nanje nce mba ndasaba jeudi nzoje kuyitanga. Si sawa? President wa commission d’enquête!

 

 

Umukenguzamateka NSESEMA Jean Marie  Pascal arongoye Commission d’enquête

Murakoze kumpa ijambo. Jewe nibaza yuko naho mwoyishira uno munsi ubu nyene ndasimba ntore rapport ntakindi.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Wewe ba uragenda. Duce tugira uko nyene. Twasezeranye rero mardi ubu nyene pendant une heure tuzoba duhejeje. Kuko ntacongerezwa. Ntuja kubaza ivyo utagiye kuraba nagende azane rapport kugira bice vyoroha. Rero murabona yuko ubu nyene duca tugira  ico gikorwa, baca batanga iyo rapport twagomba dusabe iyi programme de la semaine yemezwa uku nyene. Ni ukuvuga ko iyi présentation du rapport tuyishize hehe ? Mu mwanya ni ukuvuga isaha zine.  Mugabo dusabe yuko  abakenguzamateka bose baguma ku kazi. C’est-à-dire ko baja mu ma commissions umwanya wose turashobora kubakenera. Ntivyumvikana nibaza ko umwe wese yatonze ku kazi. Ni ukuvuga yuko muca muja mu ma commissions mukaba murakora. Turabakenera. Sivyo ? Nibaza ko atawatonze muhira twese twatonze ku kazi.

Umukenguzamateka wundi ativuze izina

Murakoze Nyakwubahwa Président kumpa ijambo. Mu mwanya bariko baregeranya irya rapport iyi bagiye kuduha ijanye na forces de défense et de sécurité kumbure hatobaho umwanya na mutoya kugira babigwize natwe kumbure tuje kuza dufise copie yavyo.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Rapport ntitubaha copie. Oya murigumya turavuga. Ni kuvuga nta copie. Muratubabarira ni ukuvuga mugabo nta copies zibaho. Nta ngorane kandi. Twese baratubwira hanyuma tugire commentaire ku vyo twumvise. Nta copies zigirwa. Oya ntanumwe atumva na jewe baraja kuvuga arakoresha copie imwe ntuze NSESEMA hanyuma araja kurumpa mu nyuma. Na jewe ntayo mfise. Turumviriza hanyuma tuvuge tuti ko mwagize uku ingorane mwahuye nazo ni izihe zimeze gute ?

Uwundi mukenguzamateka afashe ijambo

Ni igisirikare ?

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Oya ni ivy’igisoda navyo nyene. Na vyo nyene ni vy’igisoda kandi wewe waragize formation. Yaragize formation muri Service Militaire Obligatoire. Igituma tubabwiye tuti mugume ku kazi ntitukeneye ko protocole isubira kubahamagara kuko hariho ama documents tutaribwaronke dushitse muri salle tudafise. Nico gituma tuvuze tuti mugume muri ku kazi. Protocole ntisubire kuvuga ngo iriko irabaterefona mwebwe muri mu ma commissions mugume mu ma commissions. Ni co gituma tuvuze tuti iyi tuyemeze mugabo présentation ice iba mu mwanya. Murakoze rero Programme iremejwe. Mu kurindira yuko Prezida wa Commission d’enquête ashika kandi dutanguye ivya rapport barya baca bagenda bose. Abakozi bose n’aba conseillers bose. Chef de cabinet ntaco araguma ngaha wenyene mugabo ntabandi baguma ngaha,na Secrétaire Général ntaco nagume aho. Mbere boba baragenda kuko ntacihuta.

[Haciye akanya inyuma ya rapport d’enquête yabereye ahiherereye] Umukuru w’Inama Nkenguzamateka ati :

Banyakwubahwa Bakenguzamateka nkuko twari twabibabwiye, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yatwandikiye ibaruwa nagomba nsabe yuko Icegera ca mbere yobasomera kugira mwumve ibirimwo hanyuma duce tubandanya.

 Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

A Son Excellence Honorable Président du Sénat à Bujumbura. Objet : transmission des candidatures pour approbation.

Excellence Honorable Président, conformément à la constitution de la République du Burundi spécialement en son article 187, nous avons l’honneur de vous transmettre en annexe à la présente les Curriculum Vitae des candidats magistrats responsables de certaines juridictions et du ministère public pour approbation. Vous en souhaitant bonne réception, nous vous prions d’agréer Excellence Honorable Président du Sénat l’assurance de notre haute considération. Le Président de la République, Pierre NKURUNZIZA.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murumva rero ka kazi twariko turakora mu mwanya uheze ko duciye turonka aho turabira. Twavuze tuti reka tuje turimenyereza ingene tuzoja turabigenzura. None urabona biciye biza. Abo mu ma services barihe ? Babitanze ?

Umukozi wo muri service ijejwe gutunganya ibijanye n’inama y’abakenguzamateka bose hamwe no kwandika ivyegeranyo

Hari abakenguzamateka 34.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Ibikoresho navyo ?

Umukozi wo muri service ijejwe gutunganya ibijanye n’inama y’abakenguzamataka bose hamwe no kwandika ivyegeranyo

Ntavyo baduhaye.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

None batuzanye ngaha ata document ? Documents de travail zirihe ? Benshi babiri babiri barafise documents de travail turashobora gutangura. Nkuko Vice-Président ahejeje kubidusomera Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yaturungikiye amazina cumi n’icenda mu bibanza binyuranye mu nzego z’ubutungane kandi  Reta y’Uburundi yaturungikiye Nyakwubahwa Umushikiranganji w’Ubutungane kugira ngo atubwire umwidondoro w’aba bantu bagomwe. Twagomba rero dusabe Nyakwubahwa Umushikiranganji aramutse abakenguzamateka hanyuma ace aja kw’ido n’ido mu nyuma turaja guha ijambo abakenguzamateka nabo  kubera bava mu ma provinces bagire ico babavuzeko.

 

 

Umushikiranganji  w’ubutungane

Nyakwubahwa Mukuru w’Inama Nkenguzamateka, Nyakwubahwa Cegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, banyakwubahwa bakenguzamateka, mbanje kubaramutsa nongera ndabashimira kuri aka kanya mumpaye ko gushika imbere yanyu kugira ndabashikirize ubutumwa Umukuru w’igihugu yandungikanye kugira ndabashikirize amazina amwe amwe yabagomwe kugira barongore ama sentare n’ama parquets m’ubushikiranganji bw’ubutungane. Ni igikorwa cakozwe giciye mu nzira amategeko ategekanya, hanyuma kandi cakozwe citondewe cane kubera yuko si ibintu bikoroka biva mw’ijuru. Iyo umuntu agenywe kugira arongore sentare canke Parquet, ategerezwa kuba ari umuntu w’ijunja n’ijambo akaba ari n’umuntu atunganye adakorakora  atonona na gatoyi. Ico rero kugira tugishikeko bisaba yuko abo bantu twagiye turabakontorora tukabona yuko abo bantu twajeje ayo mabanga bayarangura nk’ukwo bikwiye.

Muri ico gikorwa rero nticoroshe cane kuko abononyi bama barondera kwama bonona bakarondera nokugira inguvu cane gusumba abatonona ari naco gituma mwombabarira nkabanza nkabasaba yuko imvugo z’ibihuha zose n’ububeshi bashikirijwe kuko vyaciye kuma réseaux sociaux bica no kugendera umwe umwe muri mwebwe bamwumvisha yuko umuhikiranganji w’ubutungane ariko acinyiza bamwe n’abandi kandi ri ibinyoma, nkabasaba yuko ivyo bintu mutobiha agaciri kuko na jewe ntagaciro nabihaye, nabonye ko ari abagomba gusambura, ari abagomba gutoba gusa kuko badafise ico bakora, ico bagomba gukora gusa ari ugusambura bonone igihugu ntigitere imbere, dufise ibibazo politiques tukagira ibibazo sociales na économiques dutegerezwa gutorera inyishu muri iki gihugu kandi ubutungane buza imbere muri vyose nico gituma tubasavye ko mwodushigikira kuko mutadushigikiye ntibizokunda ntaho tuzoshika, kandi ikigihugu kizokizwa na twebwe ubutungane bukoze neza bukanywanisha abarundi.

 Ivyo vyose bizoshoboka ari uko mudushigikiye. Nkaba rero ntarandiye mumbabarire ndabashikirize ayo mazina yabo twabonye bakwiye guhindugwa kuko turavye imyidogo y’abanyagihugu batugendera, tukaraba n’iyo bamwe muri mwebwe mwagiye mutugendera na mwebwe mudushikiriza muti hariho aho bitagenda neza twabonye yuko vyoba ngombwa yuko ahantu hamwe hamwe vyogenda bihinduka kugira ngo abenegihugu kuko turabibona cane iyo baje kuturaba umwenegihugu akarara muri corridor, akarara muri Roi Khaled ariko arondera ijambo k’Umushikiranganji kubera yuko yarenganijwe biba ari ibintu bikomeye cane dutegerezwa kuguma dukosora. None rero mudukundire muturabire ayo mazina ni amazina y’abantu bashika cumi n’icenda muribo harimwo abahutu cumi na  babiri n’abatutsi indwi ni ukuvuga ibice mirongo itandatu na bitatu kw’ijana vy’abahutu na mirongo itatu n’indwi kw’ijana vy’abatutsi.

Muri abo rero harimwo uwo Umukuru w’igihugu yari yifuza ko yokwongegwa muri sentare ntahinyuzwa akaba ari uwitwa Nsengiyumva Antoine ariwe yari asanzwe ari Substitut du Procureur mu Cibitoke, akaba ari umuhutu, akaba yatanguye akazi itariki mirongo itatu z’ukwezi kwa gatatu ibihumbi bibiri na gatanu.

Hakaba Cour d’Appel y’i Gitega, akaba ari uwitwa MANIRAKIZA Anatole, akaba ari umututsi ava mu ntara ya Gitega  akaba asubiriye umututsi nyene.

Hariho Cour d’Appel y’i Ngozi  ikaba igiye kurongorwa n’uwitwa RUGANYIRA Daphrose, akaba ari umuhutukazi akaba yahora ari Procureur de la République mu ntara ya Ngozi aturuka mu ntara ya Ngozi akaba yatanguye akazi mu bihumbi bibiri na cumi.

Hariho Sentare nkuru y’igihugu ya Kayanza igiye kurongorwa n’uwitwa NDAYISHIMIYE Marie Goreth  asubiriye umututsikazi yahora ari Procureur wo mu Kayanza muraza kubibona Procureur wo mu Kayanza yahinduwe hama uwahora ari wa Tribunal de  Grande Instance niwe aja kuba Procureur, aturuka mu ntara ya Kayanza akaba yahora akora muri Sentare nkuru y’igihugu ya Kirundo akaba yatanguye akazi mu bihumbi bibiri na gatanu.

Hariho Sentare nkuru y’igihugu ya Kirundo, uwahora ayirongoye yajejwe amabanga muri cour constitutionnelle akaba ari Madame ICOYIKUNDIYE Florence akaba yari asanzwe akora muri Parquet yo mu Kirundo, akaba ava mu ntara ya ngozi akaba yatanguye akazi mu bihumbi  bibiri n’icenda, ubwoko bwiwe ni umututsikazi.

Hariho Sentare nkuru y’igihugu ya Gitega igiye kurongorwa n’uwitwa KANYAMUNEZA Nadine, umututsikazi yahora ari Procureur  wo mu Kayanza agiye kuba Président wa Tribunal de Grande Instance de Gitega akaba ari umututsikazi wo muri Bujumbura Mairie,yatanguye akazi mu bihumbi bibiri n’umunani.

Hariho Tribunal de Commerce igiye kurongorwa n’uwitwa MUNEZERO Eric ni umuhutu akaba aturuka mu ntara ya Muyinga akaba yatanguye akazi muri 2012.

Hariho Tribunal du Travail de Bujumbura igiye kurongorwa n’uwitwa NKONJI Colette akaba ari umututsikazi ava mu ntara ya Cibitoke, akaba yari asanzwe akora muri Tribunal de Grande Instance ya Mairie de Bujumbura.

Hanyuma hariho Tribunal de Gitega igiye kurongorwa n’uwitwa HARIMENSHI Venantie, umututsikazi akaba yakora muri Tribunal de Grande Instance de Gitega, ava ingozi, umututsikazi.

Tuje kuma Parquets naho, hariho uwugomba kuja muri Parquet Général de la République yitwa KUBWAYO Isaac, ni umuhutu yasuiriye umututsi yaheruka kujejwa ayandi  mabanga muri service de législation,  akaba aturuka mu ntara ya Kirundo akaba ari umuhutu yatanguye akazi  mu bihumbi bibiri na kane.

Hariho Parquet Général pré la Cour d’Appel de Ngozi igiye kurongorwa n’uwitwa NIBIGIRA Salomon w’umuhutu subiriye umututsi yahora ari Directeur de la prison de Ngozi, akaba aturka mu ntara ya Ngozi, akaba ari umuhutu.

 Hariho parquet ya Bujumbura, uwitwa NIYONZIMA Patrice, ni umuhutu asubiriye uwundi muhutu akaba ava mu ntara ya Bujumbura akaba yatanguye akazi mu bihumbi bibiri na cumi na rimwe.

Hariho Parquet y’ingozi igiye kuongorwa n’uwitwa BIZIMANA Désirée ni umuhutukazi asubiriye umuhutukazi yagiye gutwara cour d’Appel de Ngozi akaba asanzwe akora muri Tribunal de Grande Instance de Ngozi akaba asanzwe aturuka mu ntara ya Kayanza akaba yatanguya akazi mu bihumbi bibiri n’indwi.

Hariho Parquet yo mu Kayanza igiye gutwarwa n’uwitwa NDUWIMANA Ernest umuhutu yahora ari président wa Grande Instance yo mu Kayanza  akaba aturuka mu ntara ya Kayanza, akaba ari umuhutu.

Hariho Parquet ya Gitega igiye kurongorwa n’uwitwa MANIRAMPA Rénovât, umuhutu ava mu ntara ya Gitega, yahora akora muri parquet ya Gitega yatanguye akazi mu bihumbi bibiri na cumi na gatatu.

Hariho Parquet ya Rutana igiye kurongorwa n’uwitwa BIGIRINDAVYI Ferdinand, umuhutu akaba yasubiriye umututsi yahahora, akaba yahora ari umucamanza wo muri Sentare nkuru y’igihugu ya Rutana akaba aturuka mu Rutana akaba ari umuhutu.

Hariho Parquet ya Rumonge igiye kurongorwa n’uwitwa NIYONKURU Donate umuhutukazi asubiriye umututsi akaba yahora ari juge muri Tribunal de Grande Instance ya Mairie akaba aturuka mu ntara ya Rumonge, umuhutukazi.

Hanyuma Parquet BUBANZA, uwitwa NDAYISABA Richard umuhutu aje gusubirira umututsi, akaba aturuka muntara ya Bubanza  akaba yahora akora muri Parquet Général pré la Cour d’Appel de Bujumbura akaba yatanguye akazi mu bihumbi bibiri n’umunani.

Ayo mazina akaba ariyo y’abagomba guhindurwa, hama dufashe aya mazina y’abagomb guhindurwa tukayinjiza muri situation yari isanzwe ihari duca dusanga yuko turonka ibice mirongo ine n’ibice indwi kubatutsi na mirongo itanu n’icenda n’ibice bitatu kubahutu mu masentare yose y’igihugu.

Hanyuma mumbabarire ncishemwo gatoyi no kubijanye ama admnistrations personnalisées kugira ngo mushobore kuronka situation globale. Administration personnalisée dusanga hariho ico bita Centre d’études de documentation  juridique, irongowe n’umuhutu aturuka i Gitega. Hanyuma hakaba service national de législation irongowe n’umuhutu aturuka i Muyinga. Hanyuma hakaba na Titre Foncier irongowe n’umuhutu aturuka i Ngozi. Hanyuma Direction Générale des affaires pénitentiaires irongowe n’umuhutu aturuka mu Rumonge.

Hanyuma Centre de formation professionnelle de la justice ikaba irongowe n’umuhutu aturuka mu  Rutana. Hanyuma Inspection générale de la justice ikaba irongowe n’umututsi aturuka i Mwaro. Direction Générale de la justice ntawe ifise ayirongoye uno munsi uwahahora yaragiye yari umututsikazi. Ahandi novuga ni muri service du contentieux, Directeur akaba ari umututsi ava mu ntara ya Mwaro. Murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

 Murakoze Nyakubahwa Mushikiranganji. Ngira ngo abakenguzamateka bava mu ntara zinyuranye mwumvise ibibaraba twebwe i Makamba nta ngorane kuko ntibahakozeko. Hagumye uko hahora. Twagomba tubahe ijambo mugire ico mushikirije. Mwumvise yuko hari n’ibindi yaciye arenzako kugira ngo ababwire ahandi ingene vyifashe kuko murazi ko Inama Nkenguzamateka iraba vyinshi : iraba ama équilibres y’ubwoko kandi n’abakenyezi numvise umenga si bake na Désirée namwe ngira ngo n’umugabo nasanze  hariko zibiri (2) urumva nkuko batubwira,  bagwiriye kumbure sinzi ku ntara ingene bimeze, mugabo uravye muri rusangi si bibi cane. Nagomba ndabaye ijambo rero mugire ico mubivuzeko imbere yuko tugira ico tubivuzeko muri rusangi, dukwirikije irya tableau mubona imbere yanyu. Nagomba rero ndabahe ijambo. Wewe ndaguhereza. Gloriose, hanyuma Gloriose ahejeje, Premier-Vice Président, hanyuma hace hatangura Honorable Busuguru hanyuma Premier- vice Président. Gloriose.

Umukenguzamateka Gloriose HAKIZIMANA

Murakoze Excellence kumpa ijambo. Jewe n’ukuri mbanje gushimira umushikiranganji kuko vy’ukuri rirya jambo yavuze avuga ati mwarumvise ingene babivuga, turavye amakuru yaramaze iminsi atangwa yari amakuru n’ukuri adahumuriza namba . Kandi vyaratumye mu ntara iwacu badukarira gose benshi jewe iwacu i Muramvya ntibankariye kuko ntangorane ngira ngo yari ihari. Mugabo mu ntara nyinshi ngaha muri Mairie twarumvise ibintu bitari vyaduhumurije. Ndamushimiye rero, kandi ndamubwira nti humura natwe turabikwirikirana, turabibona. Ariko nashaka ndababwire  Nyakubahwa Mushikiranganji, jewe nashaka ndababwire ko haheze nk’ukwezi n’igice muciye hano, mutuzaniye rurya rwego mukorana kugira ngo mushireho aya mazina mukore iki kikorwa.

 Mbega ko mbona hari haheze nk’umwaka rurya rwego rwahahora rwari ruhari tutahora twumva mwibarabara ivyo mwize hoba hari  nk’ukuntu  hariho abo mwashizeyo kumbure bataramenyera akarangamutima k’urwego rwanyu ngo bashobore kugumya ibanga koko kuko hari haheze nk’imyaka itanu (5ans) turi amahoro bidushikira hano atabantu babanje kutubwira ibintu bitarashika ngaha. Urumva nashaka ndababwire raba muhanurane, mubwirane hariya kugira ngo iryo banga, ico gikorwa muriko muragikora kigume koko mwibanga hanyuma mubahanure.

Aho n’ukuri  urabona baravyimbije umutima, natwe baratuvyimbije umutima nk’abatowe n’abanyagihugu bavuga ngo Inama Nkenguzamateka ikabitora ngo mwimbe mwigera ngo  ntimusubire kugaruka  mu ntara iwanyu. Urumva rero vyari ngombwa ko natwe tubahumuriza tukababwira tuti ariko raba abo mukorana muze murababwira muti gumya ibanga mureke, mugabo  kumbure nivyo babesha nyene.

Nashaka rero  Nyakubahwa  mushikiranganji ndababwire akandi  kantu nzosubira kuguma ndababwira iminsi yose tuzoza turahura. Twebwe n’ukuri nkabakenguzamateka, burya uru rwego rw’ iwanyu iyo muzanye abacamanza ngaha muba muje ngo tubatore  kandi vy’ukuri, turazi ko muba mwavyize. Ariko muzogume mwiyumvira yuko hava abakenguzamateka babiri(2) mu ntara mu ntara, kandi twari twaramenyerejwe n’umushikiranganji mwasubiriye yuko, nduva menga bari babimusavye muri 2012 canke umwaka umwe ahashitse, imbere yukugira ico akora mu ntara, imbere yo kuvugana n’abandi ababijejwe muvugana aya mazina nyene, canke inyuma yaho yavuyeyo kuko twebwe abakenguzamateka ntitugena , ntituvuga ngo uyu naka ni we abibereye, ariko kuko tuba dukwirikirana abacamanza biwacu. Kuko niyo ngorane dufise ikomeye cane.

Twebwe mu ntara ya Muramvya ndabahaye akarorero dufise ibiro  vy’abatowe mu ntara, buri munsi buri wa mbere nta mukenguzamateka canke umushingamateka atagenda muri birya biro ngo ahure n’ibibazo vy’ubucamanza. Twama duhura  ibibazo vyonyene duhura n’ivyubucamanza. Imanza zariwe, zaciwe nabi,  zagize gute Vyumvikana rero ko ari ibintu bituraza ishinga. N’ukuri nobasaba nongera ndabahanura, kumbure sinzi ko ari nk’impanuro, murabe muze muraraba mu ntara i ya Makamba hageze ko mugira ivyo muhindura, muvugane nababijejwe kumbure bobo nibo baba babijejwe, ariko muheze mubaze abakenguzamateka muti mbega bariya mukorana gute, muvyumva gute ? Kugira ngo natwe tubabwire ico twumva, kuko hariho vyinshi twumva. Aho rero mwavuze hari  nk’impanuro gatoyi.

Hari ikintu mwavuze muvuga muti ibitigiri birakwiye n’ibi n’ibi n’ibi. Jewe nagomba ndababwire yuko hariho ahantu, ikindi gikorwa natwe twakoze. Twarakoze igikotrwa co mu ma Sentare y’intango. Nyakubahwa Mushikiranganji ico gikorwa twari twarakibwiye umushikiranganji mwasubiriye. Vy’ukuri mu ma Sentare y’intango hari hafi ubwoko bumwe. Nimba hari vyinshi ni nka mirongo ibiri na bine kw’ijana (24%) Twararavye nyakubahwa Martin arihano ico gikorwa twaragikoranye, vy’ukuri mushatse muzoduhe umubonano tuze tubabwire tubereke ako ga tableau nimba muri remise et reprise batakabahaye kugira ngo mu ma Sentare y’intango naho nyene l’équilibre ishobore kuduga buke buke. Twebwe nyagihe baraduhinduriye barongeramwo babiri(2), muri Muramvya hari ama Sentare atanu(5)  yose atanu yarimwo ubwoko bumwe gusa. Nyakubahwa Mushikiranganji aradufasha arongeramwo 2  gusa.

 Urumva birakwiye yuko nimba mubona nkumbure hariho  amashure atizwe cane muduhimirize twebwe nico gikorwa dukora, duhimirize abakobwa cane cane n’abahungu bacu bige  uyo mwuga kugire bizobe ko ico gisata naco kijamwo ubwoko bwose. Kuko mu ma Sentare y’intango vy’ukuri les équilibres ntizibaho kumbure iyo tableau umunsi twaje kubaraba muzobibona. Aho rero ndabashimiye ndabashimira nyene  uko mwabidushikirije kandi muhumure. Murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Busuguru

Umukenguzamateka Déo BUSUGURU

Murakoze Nyakubahwa  Prezida kumpa ijambo. Sinagoka kuvuga menshi kuko ivyo nagomba kuvuga honorable Gloriose arabivuze. Nagomba gushimangira akantu gatoyi : nako kantu kuko  iyo tugiye ruguru, twebwe murabona kenshi abakenguzamateka tuba turi no muri conseil communal, bisigura ko duhura  kenshi n’abanyagihugu. Kandi barazi ko ari twebwe mugushiraho abacamanza, abo mu bucamanza kenshi tujamwo. Jewe nkavuga nti igihe bitoba ari ibintu babonye ko twoba tugomba  kubinjirira  mu kazi ako kantu yaravuze kuko iyo bagomba bashireho nk’umuntu, cane cane mbere harya mu bucamanza bwo hasi,  akaba ariho bavuga bati mwe mwumva ibibazo iwanyu ari ibihe ? Nagomba, si ukugira ngo tubinjirire ni ukuri ! Muri abo bakavuga  bati tubafashe kugira ngo munyuma ntituze kubogora twasheshe kuko arashobora kwiyumvira ko ashizeho umuntu ava i Gishubi amukuye nk’i Ngozi. Mugabo i Ngozi nkumbure atakoze na neza. Ico gihe rero nkumbure ab’i Gishubi nabo nyene ntazobakorera neza. S’uko aje nkumbure ngo n’umunyagishubi. Aho rero nkavuga nti yose nk’uwutugirishije inama, abonye atangorane bitera. Murakoze Nyakubahwa Prezida sinagomba na mbere kurandira kuko ico cari iciyumviro nagomba gushigikira. Murakoze Nyakubahwa Prezida.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze. Premier-Vice Président.

Icegera ca mbere c’Umukuru W’Inama Nkenguzamateka

Murakoze Nyenicubahiro kumpa ijambo. Jewe nagomba gutangura gushimira umushikiranganji kuri iki gikorwa yakoze, urabona ko ari igikorwa cafasha umwnya, hama kandi tukamuremesha kuko ivyavuzwe vyari vyinshi.Jewe numvise avuze ati ibice vy’abahutu muraba sivyo twari twiteze kuko murazi ko ayavuzwe ari menshi cane.

Ariko rero inama Nkenguzamateka iraguteye intege kugirango ubandanye ukora kandi ukora neza, kandi ugume uze urasaba n’impanuro nkuko abamaze gufata amajambo babivuze kugira vy’ukuri igikorwa tujejewe, munyuma ntibizotugarukeko ati raba babantu twashira imbere kugira ngo batuvugire raba ingene  bariko baradukorera.Hama ikindi twoshima n’uko tubona yuko intara nka zose zaronse, hariho umuntu avuka mu ntara yaronse. Ariko rero ndiko ndaraba hariho intara zagunze izindi, turavye bamwe bamwe iyo bavuka.

 Nk’i Ngozi haje ama candidatures 4 kayanza haje  3, i Mwaro hari 2. Ayo 2 hariho n’abandi bafise 2 nka Cibitoke barafise ama candidatures 2. None nagire ndakubaze gatoya urabona  ushobora n’ukuvuga ngw’ i Ngozi haje 4 kumbure nkasanga harimwo umukazana wacu ,ko numvise umuntu yavuye i Ngozi aza aje i Gitega, arashobora kuba ari umwana wiwacu ari umukazana. None nyakubahwa mushikiranganji wari wihweje neza i Gitega uyu mututsi yavuye i Ngozi ko umenga i Gitega dufise abatutsi benshi kandi bize, urabura umututsi woha ico kibanza cagiyemwo umunyengozi ? Akabazo kanje nako, murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze, ngira ngo honorable Martin niwe wanyuma na Yozefu. Duca duheza. Martin.

Umukenguzamateka Martin NITERETSE

Murakoze Nyakubahwa murongoye Inama Nkenguzamateka kumpa ijambo. Nari mfise utuntu tubiri nagomba kuvuga. Ica mbere n’ugukengurukira Nyakwubahwa Mushikiranganji kuko la façon dont elle a presenté izi candidatures, iratandukanye niyo twahora twumva, kandi iratandukanye niyo yari yagize ubwa mbere. Aho nibaza yuko yabaye touché par izi nkuru canke urukurukuru rwari rumaze iminsi ruca kuri internet no kuma sms kugira bigende neza kuruta muri présentation ico ndakimishimiye kandi na équilibre yatubwiye ntidukekeranya ni vyo. Nko mu Kayanza ivyo yavuze sindabihinyuza kuko umwe wewe twariganye ndabazi sinokwihenda.

Ica kabiri nagomba mvuge nogera kuryo honorable Gloriose na honorable BUSUGURU bavuze ku bijanye na ma tribunaux de résidence. Murambabaririra  nyakwubahwa mushikiranganji kuko  hariho aga surnom bahaye les tribunaux de résidences  sinzi ko mwari mukazi. Bazise ngo ni sentare z’intango (inkono). Zitwa sentare z’intango ariko bazise sentare z’intango. Kubera iki ? Ngo udafise intango y’inzoga ngo ntushobora gutsinda. Sinzi ko ari vyo.

 Murazobikurikirana kuko ngo hariho abakuru b’amasentare imanza zacitse bazihindura kandi bakazihinduza amakete.ikete ntiryandikirwe musitanteri canke chef de zone ariko bakandikira umukuru w’umutumba ngo shira mu ngiro uru rubanza kandi  bagahindura dispositif y’urubanza. Ico ni ikintu kibabaje cane ugasanga nko mw’ikomine imwe iyo cas iramaze kuba nko kubantu icumi. Twotanga nk’akarorero muri  komine ya Kayanza iwacu bagize inama ya conseil communal yandurutse ihakwa guhagarara kubera imanza za sentare gusa. Vyumvikana ko n’ahandi vyoba biriyo.

No muri aba bantu mugenye mugerageze mubakurikirane ku munsi ku munsi  kuko kugena uyu canke guhindura uyu ce n’est pas un fait en soi bisaba ko mwobakurikirana kuko haravurwa abakuru b’amasentare turetse muma résidences no muri aya ma truibunaux spécialisés canke izi ordinaires usanga umuntu nko ku mwaka umwe canke imyaka ibiri bavugako yoba yarariye ibiturire biharurwa nko mu miriyoni 200 canke 300 ngo ariko aragira course ngo aronke amafaranga.

Ico nibaza ko mwoba plus attentif cane kuburyo uwukoze ikosa mutomurindiriza abandi ngo babanze babe benshi mwoca mukora uwo mwanya nyene kugira abantu boroherwe. Hariho n’abantu qui ont excellé muri libération y’abantu bica abandi tukarindira ko ico kintu gisohoka tukabura tukibaza mbere ko twoba twakoreye ku nkuru zitarizo. Tubasaba rero Nyakwubahwa ko aba bantu bacu erega ni promotion. Nta carrière ya promotion ibaho umuntu akoze neza yobandanya uwukoze nabi agasubirizwa kare, murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Honorable Joseph.

Umukenguzamateka  Joseph

Murakoze Nyakwubahwa kumpa ijambo. Jewe ni akabazo nagomba kubaza umushikiranganji. Umushikiranganji mwasubiriye hariho ikete yasohoye ryerekana ko imanza zaciwe muri CNTB zitokwakirwa muri sentare. Ariko iwacu hariho ikibazo aho i Bururi sentare yaciye urubanza rwari urw’itongo ryari ryashikirijwe na CNTB ririmwo imiryango 21. Twagomba kumenya mbega ubu mukorana gute na CNTB ? Murakoze.

 

 

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Hanyuma ibibazo bimwe bimwe bizobazwa hanyuma, ubu tuje ku ma nominations. Hazokenerwa ko umushikiranganji agaruka ngaha kugirango ivyo bibazo avyishure. Honorable Rémy niwe wanyuma.

 Umukenguzamateka BARAMPAMA Rémy

Murakoze kumpa ijambo. Ni akantu kagufi cane. Ndashima yuko umushikiranganji yatanze motivation kuri izi mpinduka zihari yuko bigaragara ko hariho bamwe batagiye bashimisha mu bikorwa vyabo ko arico gituma yipfuje ko bihinduka kandi niwo mwitwarariko w’abanyagihugu. Nagira mbaze. Mu gifaransa barabivuga neza si on quitte le village mais le village ne nous quitte pas du tout. Abo bantu bari basanzwe bari mu mabanga bakuwe muri ayo mabanga ariko ikiri muri bo ni cakindi nyene. Ni ukuvuga aho bagiye mu bikorwa bagiye kubandanirizamwo ka kageso karimwo. None hategekanijwe iki kugira aho bagiye ntibabandanye bakora uko nyene? Murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze. Ku bijanye na conseil supérieur de la magislature uravye ivyanditswe n’ivyaje urabona ko bidasa. Ni ukuvuga yuko iyo hasohoka amazina mu minsi iheze vyarigeze gusohokera rimwe n’amazina nominativement. Mugabo ubu urabona ni  abantu  biyumviriye ko bohava bashikirwa kubera bari  bavuze amajambo akomeye yuko ngo bagiye kwiruka ku muntu wese azoba ariko arakora utuntu. Barabivuze kuko babizanye en vraque ntibazi n’uko ari ama TGI ntibazi n’ivyarivyo bari bazi yuko ari ibintu bindi. Nico gituma nibaza ko bitavuye indani bashobora kuba bafatiye kuri ultimatum yabahaye yuko bagiye kubirukako abariko barakora nabi. Jawe nibaza ko ariho vyandurukiye. Bishobora kuba bitavuye muri  cour suprême de la magislature. Abantu benshi iyo bavuzwe ko bariko baranyotora baca batangura gutangiriza ku kintu kiri sensible ubwoko. Reka rero umushikiranganji yishure ku bibazo.

 

 

Umushikiranganji w’ubutungane

Murakoze Nyakwubahwa kunyongera ijambo kugira n’ishure ku bibazo abakenguzamateka. Nanje mbanje kubashimira yuko mwanshimiye ko biriko biraza neza kuko ku vy’ukuri nari naje nfise ikintu kitameze neza ku mutima. Hanyuma rero mpereye ku kibazo ca mbere bati bashobora kuba bamena ibanga abantu bo muri conseil supérieur de la magislature. Loin de là ni ahantu nasanze hari ibibanga ridasanzwe. Kuva ku munsi wa kane babifise bakumva n’ibivurwa ntihagire uwumenya ukuri ni abo gushimira. Na mwebwe murabona ko mubimenyeye ngaha. Niho naciye ndema nti ibi bintu nta gaciro ndabiha kuko abantu benshi barondera yuko nca ngira ubwoba ngaca ntanga imihoho niyo plan yarihari. Jewe rero nibaza ko ico kintu categuwe imbere yuko n’inama iba ama messages ya mbere mwarabonye ko yavuga ibintu inama itaraba tuzotohoza ibintu bizoteba bimenyekane iyo vyavuye kandi muze munshigikire abakoze ayo makosha bahanwe bareke kudusubiza inyuma. Ivyo vy’ubwoko n’intara twarabirenganye turiko turakora kugira igihugu cacu cogorore kandi turabibemereye tuzokora kugira igihugu cacu cogorore uwuzoshaka akwumva bimubabaje hagiye jewe canke hakagenda uwundi abasigaye bazoheza bakore kuko bazoba baronse akarorero keza. Hanyuma kubijanye na consultation y’abatowe ni ukuri consultation muri bene ibi bintu ntiyoroshe kuko la magislature est indépendante birimwo na muri constitution.

Ni ukuvuga rero nka mwebwe abatowe ntituvuga ngo turabirengagiza ariko tugenda tukaraba ingene umucamanza yigenza mu buzima bwiwe bwa minsi yose tukavuga tuti uyu muntu arabikwiye turavye dossier administratif yiwe tukaraba n’abo bakorana ingene bamuvuga tukaraba n’ibirego vyo mu ntara kuko biradushikira kuko no muri mwebwe hariho benshi bahora baza mu biro tukavugana nkagira ico nfashije iyo hari ahantu hatagenda neza. Benshi muri mwebwe barabizi. Jewe rero umushingamateka canke umukenguzamateka iyo aje ntashobora kurindira ngo ministre ariko arakora ibindi bintu. Ndamwakira kuko mbanzi ko azanye ubutumwa bw’umunyagihugu. Uwutahora aza akibaza ngo sinasavye rendez-vous jewe ikibazo c’umunyagihugu ndagiha priorité. Karibu imiryango iruguruye mushitse muramubwira naje nzomwibutsa muti yavuze ko aba députés et les sénateurs bazanye message y’umunyagihugu bakirwa ubwambere. Kuba hari abo ntashitseko ngo ndababaze ni amategeko abitubuza ariko votre contribution irimwo indirectement kuko turabimenya. Hariho ukuntu intererano y’umwumwe wese idushikira ariko tutarenze amategeko.

Hanyuma mwavuze ibijanye n’ama tribunaux de résidences. Ico naracumvise barakimbariye ariko iyo rapport ntimwaribwayinshikirize ndipfuza ko mwoyinshikiriza ndayibone hanyuma ndayikorereko na mwebwe mumfashe kuko hariya mu ma tribunaux de résidence ni ahantu hagoye cane. Murabona ni amasentare ari muma komine kandi burya arya ma sentare arakomeye cane gusumba ayandi ma sentare ari muri iki gihugu kuko niyo araba ibibazo vy’umunyagihugu hariya hasi. Uriya munyagihugu yadutoye yabatoye ari harya hasi. Mugabo hariya nta budget ishikayo bakoresha amafaranga umunyagihugu atanya kuri dossier, harya baje gusaba udu service.

Ni ukuvuga niyo ma sentare afashwe ukuntu kudateye imbere gutuma badakora neza gusumba ayandi. Jewe rero nk’abatowe muriko murabimbarira nca numva nezerewe cane ngaca ngira icizere ko muri révision budgétaire canke muri vote du budget 2017 hazoboneka amafaranga afadika kugira ariya ma sentare tuyakore neza. Muri  sentare z’intango hakorerayo abantu bafise niveau A2 kandi hariyo dossiers très complexes zirimwo amatongo, zirimwo accident de roulage ivy’ama assurance bose niyo baniganira zirimwo bimwe vy’inzoga zitemewe n’amategeko ni ukuvuga agateka k’umwenegihugu le sort y’iwe ni hariya. Ariko ndashimye cane ku bona mwarabibonye munfashe tugire ico duhinduye kuko bica biduga bishike n’ahandi.

Hanyuma les équilibres zozo nta ngorane mumuze kubinshikiriza tukavugana n’abajejwe amakomine bari hafi yabo mwese tugafashanya ndibaza ko tuzoshobora ku bikosora kandi twige n’ingene hoba suivi y’abo bantu basanzwe bariyo kugirango bakore neza kuko nta kindi tubereye ngaha. Abandi bose bagumye bagaruka kuri consultation.

Hanyuma nyakwubahwa icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nkenguzamateka yavuze ati hariho intara za gunze izindi. Ntabwo zagunze izindi kubera yuko nko mu ntara ya Ngozi président wa cour d’appel yakuwe aca aba remplacé par uwahora ari procureur w’I Ngozi nyene kuko turanashira imbere k’umuntu aja gutwara ahegereye région avamwo kugira abe azi ingorane z’abenegihugu z’aho hantu kandi biranamutuma atanabarenganya kuko baba bazinanye bose. Niyo stratégie turiko turakoresha kugira turabe ko abantu bogira une justice humanisée. Haciye haza n’uwundi procureur général près la courd’appel de Ngozi nawe nyene yahinduwe aca asubirirwa n’uw’i Ngozi nyene kuri izo mvo navuze.

Hanyuma i Ngozi hariho uwundi yagiye gutwara tribunal du travail de Gitega. Iyi tribunal du travail de Gitege ni nk’ugufatisha turiko turategura réforme kuko nta ma dossiers ifise. Uwahahora twaramukuye kuko twabonye ari umupfasoni très dynamique ko yoja muyindi sentare twamaze gutegura kuko vyose biba vyateguwe umuntu wese bakabona ikibabza ciwe akwiriye kugira ashobore gufasha ibintu bitere imbere. Duca turavuga tuti reka turabe uwo dutoye hafi ku vy’ukuri uyu nta n’uwo nabajije. Navuze nti kubera uyu mupfasoni mbona ko mfise ahandi hantu yofasha bidasanzwe nti reka habe haragiye uyu en attendant la réforme izotegerezwa kuba na les juriduction social du travail.

Iki si ikintu kinini. Hama au niveau du tribunal de grande instance de Kirundo ni umunyengozi naho nyene vyavuye kuki, mu kirundo twarahize umuntu w’umututsi canke umututsikazi ashobora gutwara iyo Sentare turabaririkiza ntaco tutakoze kubera twaragiye no mu batowe turagerageza ntawe bashoboye kuronka hama mugabo baravuga bati hariho umugore ngaha dushima cane wo mu ntara ya Ngozi turabona ko yotunganiriza abenegihugu bo mu ntara ya Kirundo turamushiraho.

Rero nta kibazo naho nyene vyavuye ku gushaka kw’abenegihugu bo mu Kirundo. Hama Kayanza ni batatu kubera yuko mu kayanza hariho Tribunal de grande instance bifuje ko haza gutwara umunyakayanza. Hanyuma uyo yahora muri parquet Kayanza kubera ko ari umugore très dynamique nawe nyene ata kosa tubona ko yakoze tuvuga tuti ko i Gitega hakeneye umugore kandi akaba yubatse i Gitega nyene kugire tumworohereze ko asanzwe akora akazi neza, reka agende gukora i Gitega ni ukuvuga naho nyene ni umukazana w’i gitega ntaho bigiye kuko twari tumurenganije uwo mugore, ni umugore wo mu Kayanza bose bashima kandi n’amakete twaramwandikiye tumukeza kuri rendement yiwe. Nta kuntu atari gusubira gutegwa iteka.

Hanyuma hari uwundi yabajije ikibazo ati les tribunaux de résidence basigaye bayita amasentare y’intango (inkono y’inzoga). Kuvy’ukuri jewe narabivuze n’ejobundi nti abantu bonona bariho ariko umuryambwa aba umwe agatukisha umuryango murabizi. Ariko vy’ukuri dans les tribunaux de résidence kubera ya suivi régulier rapproché itahari hariho ingorane turazibona baje kutubwira abenegihugu bati nivyo urubanza rwaraciwe none baruhinduye bashitse kuri terrain bagira ibindi, ivyo ni ingorane naha nyene bisaba iki, twariko dusaba yuko twokwiragiza inspection générale de la justice kugira ibe au niveau y’intara, kugira ngo nka président de tribunal de grande instance tuvuga ngo niwe araba amasentare y’intango, aba ariko arakira nawe abenegihugu ntamwanya aronka wo kuja araja mu masentare.

Dufate rero abo ba inspecteurs bazoba bari mu ntara bazoce bafata imodokari ya Président de tribunal de grande instance canke ya procureur bobo birirwa kuri terrain bakurikirana peut être aho tuzobona ko abatwara amasentare n’abakozi bayo bagiye barigenga ubuntu. Twarafashe n’ayandi ma stratégies yo kugira boîte à suggestions, tugomba gushiraho les numéros vert kugira ngo turabe yuko bobona yuko ivyo bakora tubibona.

Rero bisaba navyone uburyo muzodushigikire muri budget kugira ngo buboneke, umwenegihugu yoroherezwe, niyo ntango y’umutekano ya vyose. Abandi baravuga bati borekura les criminels, ibi vyose murabizi neza yuko uwutosora imfuku yamizamwo akatsi. Ntako tutagira ngo dukurikirane ivyo abantu bariko barakora mugabo jewe nk’umushikiranganji ndi mu bureau, abacamanza biherereye sindabinjirira mu kazi murabizi jewe ngira nti ngirisha amanama gusa yo kubakebura minsi yose, uwo mbonye yakoze ikosa nkarungika inspection générale de la justice ikagenda ikabiraba neza kandi hariho aho tumaze kubibona tugakosora n’uguhana tugahana.

Rero jewe ndababwira nti umutima w’umuntu ariwo. Muze muramfasha rero namwe aho mubonye bitagenda neza jewe mumpe rapport hanyuma ngire contrôle nsanze amakosa ahari kuko les procédures nazo zirugaye ubucamanza ntuzobubwira ngo waciye urubanza nabi kuko arafise iyo indépendance, arafise ukuntu utamufatanye itonga utavuga ngo wewe wagize gurtya.

Ngaca ndagifatanya n’iki bavuze bati mbega none abo bakuwe bakoze amakosa muzobagira gute. Iyo ni imyidogo abenegihugu bagiye badushikiriza ariko twebwe ntabwo twovuga ngo twarabafashe la main dans le sac. Twashatse kugira ngo tugire amortissement du choc kugira abenegihugu barabe ko baronka agahengwe. Rero basubira mu kazi kuko baba bafise matricule mugabo aho bari tuguma tubakurikirana twongere tubagirishe n’amanama tubibutsa ko atakuja baronona ari naco gituma ubu mwumvise umwanzuro w’umukuru w’igihugu yafashe. Twese turabishigikiye yuko umucamanza azokonona bikaboneka, duca tumwirukana tutiriwe turamutekerera canke ngo tumuteguze. Rero muze muradushigikira kuko naho nyene biragoye kuko murabona ivyitwazo bica biba vyinshi ngo nagiye kubera iki mugabo jewe nibaza ko umusuma aba ari umusuma si ubwoko, si intara.

Hama hari n’ikindi kibazo cerekeye ikete ryerekana ko imanza zaciwe muri CNTB zihava zija ziraja mu ma sentare twari twacumvise hanyuma duca turavugana na Sentare na cour spéciale terre et autres biens yuko bokorana na sentare zose kugira bashikirize izo dossier kuko ntibakiri compétent. Ubu rero tugomba kuzokora évaluation mu minsi mikeya turabe izisigaye mu ma sentare hanyuma dusabe n’abenegihugu ko babonye ko dossier zabo zavuyeyo babitubwire kuko dusanga abenegihugu bacu batanamenya niyo baja kwitwara. Ukaza usanga rero dossier yiwe yarapfiriye hariya, twebwe ntitumenya ko afise ikibazo.

Ubu rero mu minsi mikeya twarateguye kugira campagne de sensibilisation yo kwigisha abenegihugu ingene boza baratwitura hamwe boba bafise ibibazo ari naco gituma haciye hakenerwa yuko umwenegihugu atwituye afise ibibazo tubona ko adashoboye kubikurikirana, ikintu ca assistance judiciaire dushobora kumuronsa un avocat ku mwenegihugu ari vulnérable kugira ivyiwe ntibipfe naco nyene muze mumfashe muri budget. Dufise budget ntoya ya dix millions. Turagerageza kuyikoresha kandi turamaze gufasha abashika mirongo itatu. Turabona ko ibintu vy’abo bigenze neza abenegihugu borohewe. Muzobandanye mudufashe kugira ngo muri abo ibintu vy’abo biba vyarazinzwe hagire abaza baratezurirwa murakoze.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Murakoze nyakubahwa mushikiranganji. Nibaza ko tuzoronka uyundi mwanya wo kugutumira kuko hariho ibibazo bitari bike. Ibibazo bijanye na za procurations ku bantu bafise nationalité muri Tanzaniya navyo nyene tuzoca tuvyiga kuko igihe twavugana naturalisation y’abarundi bari muri Tanzaniya ibihumbi ijana na mirongo itandatu twagomba ko dutora umuti w’ikibazo kiri mu Burundi c’amatongo. Nta kuntu rero les procurations zogaruka kugira zirondere amatongo mu Burundi kandi bafise nationalité muri Tanzaniya kandi arivyo twashize imbere kugire tubasabire nationalité. Nibaza yuko ico tuzoronka umwanya wo kukivugana kugira ngo dutorere umuti ingorane ziri mu burere bumwe bumwe usanga abantu bo mu mirongo irindwi na kabiri bahunze ari benshi bakaronka nationalité ari benshi kuko muri Tanzaniya ntibemera double nationalité. Ntakuntu bokumva rero umuntu ariko ararondera ibintu hakurya no hakuno. Murakoze rero.

Banyakubahwa bakenguzamateka mwaronse inkaratasi, umwe wese atore mw’ibanga agire ico avuze kuri izi propositions hanyuma ntitwirirwa turasohora abantu ubu ni kumugaragaro, bace baguma ngaha hanyuma commission électorale, mugabo twagomba dutangure dusabe batubwire abari ngaha n’abafise les procurations. Hari abakenguzamateka mirongo itatu na bane.

Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Procurations ni zitatu. Hariho nyakubahwa icegera ca kabiri c’Inama Nkenguzamateka yatumye Jean Pierre. Hariho umukenguzamateka Benoite yatumye Béde. Hariho umukenguzamateka Vénant yatumye umukenguzamateka Appollinaire.   

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Donc mirongo itatu na bane na procurations zitatu. Ok mirongo itatu n’indwi. Commission électorale. Commission électorale nticanze, ntigiramwo umuhutu n’umwe. Nyakubahwa Mushikiranganji uraja urarondera abatwa naho yoba afise niveau A2 mupfume mumugirira encadrement mumushire muri tribunal de Résidence. Muramufise. Ok Gédéon wumvise ko bariko baragira encadrement y’umuntu w’iwanyu.

Ngira nkuko mubibona kandi uwaronse make yaronse mirongo itatu n’atanu ku mirongo itatu n’indwi, n’abandi batanditse harya kubera le tableau ari ntoya. Dusavye les services du Sénat yuko bategerezwa kurondera ibikoresho ku buryo tuzohora dukora neza. Ku majwi rero yabonetse abantu bose barungitswe baremejwe n’Inama Nkenguzamateka ko baja mu mabanga bari babifurije.

Nyakubahwa Mushikiranganji, igikorwa Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yaturungikiye turakirangije, tukaba tubasavye kuzotanga rapport. Iraza gukurikira ariko mube murayitanga verbalement yuko bamwe bemejwe ijana kw’ijana ahandi hagiye harabura amajwi abiri abiri mugabo naho nyene ni ibice bishimishije birenga mirongo icenda na bitanu kw’ijana. Urumva rero amazina yose yemejwe hanyuma abavuga ivyo mw’ibarabara twebwe ntidukorera mw’ibarabara. Twebwe dukorana n’abanyagihugu urumva n’abantu turamenya abaribo ku buryo rero tutokangwa n’ibintu bija mw’ibarabara. Nico gituma tubahumurije. Muhumure mugende muremye n’ejo mukabona umuntu agomvye gukora nabi mumutuzanire tumuhindure ntangorane. Murakoze rero muri protocole babaherekeze.

Banyakwubahwa bakenguzamateka mwakoze ngira tuvuganye mu gitondo tuti twaje ku kazi mugume hafi murabona ko vyari bikenewe yuko igikorwa Nyenicubahiro adutumye kinyarutse murazi ko nawe nyene anyarutsa ibintu kuko arakunda ibikorwa. Murakoze rero hanyuma ngira mwabonye yuko abo mu ma commissions umwanya urababanye muto twari tuzi ko duheza kare mugabo kandi ntibibuza ko dukora ku buryo mwitanga kuko inyuma ya sasita kuwa kane ni uwa kane mutagatifu, no kuwa gatanu mutagatifu murabe inyuma ya sasita hariho abantu baja gusenga bitegurira Pasika. Twagomba rero yuko mworaba uko mukora ibishoboka vyose kuko mwari mwabiteguye kuva kera mugerageze ejo rapport après midi zizobe disponible. Abashikiranganji batumweko bose avant-midi kugira ngo vyorohe après-midi mugire les rapports.

Umukenguzamateka NITERETSE Martin

Merci Excellence. Inquiétude ni uko twese duhurira ku Mushikiranganji umwe. Umushikiranganji w’ikigega ca Reta kandi nta commission n’imwe arajamwo. Ni uko twibaza ko commission imwe yomwakira avant-midi, iyindi après-midi.

Umukuru w’Inama Nkenguzamateka

Imwe izomwakire isaha zibiri z’igitondo, iyindi isaha zine. Nawe nyene bamubwire ko bikenewe naho ari umu islamu bamubwire bati abakiristu kuva kuwa kane no kuwa gatanu turafise urubanza rukomeye hanyuma ace aza isaha zibiri muri commission imwe kuko amasaha abiri arakwiye kugira Umushikiranganji yishure ibibazo bitanu. Hariho abantu babajije ibibazo vyinshi yarasomye ijwi riragenda aguma avuga amajambo kandi ariwe yabisomborokeje. Oya ibibazo vyinshi ntaco bimaze. Mubaza ibikenewe. Mwotegura ibibazo bitandatu birakwiye. Ibindi babibariza muri plénière. None wumva azovyishura amasaha angahe? Araza isaha zibiri z’igitondo iwanyu aca agenda isaha zitatu n’inusu mu yindi commission hanyuma isaha zitanu azoba ahejeje ace yitahira namwe musigare muragira rapport après-midi. Murakoze rero ibikorwa vy’uyu munsi bigarukiye ngaha.

En clôturant la séance, les sénateurs se sont réjouis du travail accompli et du climat d’entente qui les a caractérisés.

Write a comment

No Comments

No Comments Yet!

Let me tell You a sad story ! There are no comments yet, but You can be first one to comment this article.

Write a comment
View comments

Write a comment

Your e-mail address will not be published.
Required fields are marked*